Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Impanuro nziza zijanye n’ubwirebange be n’umubano w’ababiranye

Impanuro nziza zijanye n’ubwirebange be n’umubano w’ababiranye

Impanuro nziza zijanye n’ubwirebange be n’umubano w’ababiranye

“Ivyo ndabivuze . . . kugira ndabajane ku kibereye no ku cotuma muguma mukorera Umukama ata kibasamaza.”​—1 KOR. 7:35.

1, 2. Kubera iki umuntu akwiye kurondera impanuro Bibiliya itanga ku bijanye n’ubwirebange be n’umubano w’ababiranye?

AGAHIMBARE, uguta umutwe hamwe n’uguhagarika umutima ni inyiyumvo dukunda kugira mu migenderanire tugiranira n’abo tudasangiye igitsina. Kuba dukeneye kuvyifatamwo neza muri izo nyiyumvo ni ikintu gikwiye gutuma turondera kuyoborwa n’Imana, mugabo hariho n’izindi mvo zikwiye gutuma tubigira. Umukirisu ahimbarwa no kuba umwirebange yoshobora kwiyumvamwo ko umuryango wiwe canke abagenzi biwe bariko baramuhata ngo yubake urwiwe. Uwundi yoshobora kuba yipfuza kwubaka urwiwe mugabo akaba atararonka uwo bubakana abereye. Bamwebamwe usanga bakeneye ubuyobozi ku bijanye n’ukuntu bokwitegurira amabanga yo kuba umunega canke umukenyezi. Vyongeye, abakirisu b’abirebange be n’abubatse barashikirwa n’ibigeragezo bijanye n’ubuhumbu.

2 Turetse ko ivyo bintu bigira ico bikoze ku gahimbare kacu bwite, biragira kandi ico bikoze ku bucuti dufitaniye na Yehova Imana. Mu kigabane ca 7 c’ikete Paulo yandikiye Abakorinto, yaratanze ubuyobozi ku bijanye n’ubwirebange be n’umubano w’ababiranye. Yari afise intumbero yo kujana abari gusoma iryo kete ku “kibereye no ku cotuma [ba]guma [ba]korera Umukama ata kibasamaza.” (1 Kor. 7:35) Uko wihweza impanuro yatanze ku bijanye n’ivyo bintu bihambaye, nugerageze kubona uko ivyawe vyifashe, waba uri umwirebange canke wubatse, nk’akaryo ko kurushiriza gukorera Yehova mu buryo bushitse.

Ingingo ihambaye yega umwe wese ukwiwe

3, 4. (a) Ni gute rimwe na rimwe havyuka ingorane igihe abantu barajwe ishinga birenze urugero n’umugenzi canke incuti itubatse? (b) Impanuro ya Paulo ikwiye gufasha gute umuntu kubona mu buryo bubereye ibijanye n’umubano w’ababiranye?

3 Cokimwe n’ikibano c’Abayuda bo mu kinjana ca mbere, muri iki gihe abantu bo mu mico kama myinshi babona yuko umubano w’ababiranye ari co kintu gihambaye kuruta ibindi. Mu gihe umusore canke inkumi arengeje imyaka minaka atarubaka urwiwe, abagenzi n’incuti barajwe ishinga n’ivyiwe boshobora kwumva ko babwirizwa kumuhanura. Mu vyo bavuga, boshobora kumugira inama yo kurondera n’umwete uwo bubakana. Boshobora kumuha ivyiyumviro bakikiriza ku bijanye n’uwo badasangiye igitsina babona ko abereye. Boshobora mbere gukoresha urwenge kugira ngo batume abantu babiri batarubaka izabo bahura. Ivyo bintu rimwe na rimwe biratuma abantu bamaramara, ubugenzi bugasambuka, bikongera bigatuma abantu bababara.

4 Paulo ntiyigeze ahata abandi ngo bubake izabo canke ngo bagume ari abirebange. (1 Kor. 7:7) Yarahimbarwa no gukorera Yehova atagira umukenyezi, mugabo yarubahiriza uburenganzira abandi bafise bwo kwubaka izabo. No muri iki gihe umukirisu wese arafise uburenganzira bwo kwihitiramwo kwubaka urwiwe canke kuguma ari umwirebange. Abandi ntibakwiye kumuhata ngo agire iki canke kiriya.

Kuroranirwa uri umwirebange

5, 6. Ni kubera iki Paulo yaremesheje abakirisu kuguma ari abirebange?

5 Ikintu gihambaye kiboneka mu majambo Paulo yabwiye Abakorinto ni ukuntu yabona mu buryo bwiza ibijanye n’ubwirebange. (Soma 1 Abakorinto 7:8.) Naho Paulo atari yubatse, ntiyirase ku bari bubatse, nka kumwe indongozi z’amadini y’abiyita abakirisu zitubatse zibigira. Ahubwo nyabuna, iyo ntumwa yarerekanye akarusho abasuku b’inkuru nziza batubatse benshi bironkera. None ako karusho ni akahe?

6 Umukirisu w’umwirebange usanga yama yiteguriye kwemera ibikorwa ashingwa mu murimo wa Yehova bitoshobora gushingwa umuntu yubatse. Paulo yaratewe agateka kadasanzwe ko kuba “intumwa ku mahanga.” (Rom. 11:13) Soma Ivyakozwe ikigabane ca 13 gushika ku ca 20, maze ukurikirane ukuntu we hamwe n’abamisiyonari bagenziwe bakorera mu vyibare bishasha bagashinga amashengero hirya no hino. Mu murimo Paulo yaranguye, yarihanganiye ibintu bitoroshe bitazoshikira benshi muri twebwe muri iki gihe. (2 Kor. 11:23-27, 32, 33) Mugabo umunezero yakura mu gufasha abantu benshi kuba abigishwa watumye izo ngorane zicika ubusa. (1 Tes. 1:2-7, 9; 2:19) Yoba yari kurangura ibintu vyose yakoze iyo aza kuba yubatse canke afise abana? Birumvikana ko bitari gushoboka.

7. Tanga akarorero k’Ivyabona batubatse bakoresheje ukuntu ivyabo vyifashe mu guteza imbere ivyungura Ubwami.

7 Abakirisu batubatse benshi barakoresha ukuntu ivyabo vyifashe kugira ngo barangure vyinshi ku bijanye n’Ubwami. Sara na Limbania, bano bakaba ari abatsimvyi b’abirebange bo muri Boliviya, barimukiye mu kigwati kimwe aho abantu bari bamaze imyaka myinshi batarabwirwa inkuru nziza. Kuba ata muyagankuba wari uhari vyoba vyari kubabera ingorane? Biganye bati: “Kubera ko ata radiyo canke Televiziyo bihari, abantu bamara umwanya munini bariko barasoma.” Abantu bamwebamwe bo muri ico kigwati bareretse abo batsimvyi ibisohokayandikiro vy’Ivyabona vya Yehova bari bagisoma mugabo bikaba bitari bigicapurwa. Kubera ko abo bashiki bacu wasanga baronka umuntu ashimishwa ku mihana nka yose, vyarabagora kugendera ingo zose zo muri ico cibare. Hari umutamakazi yababwiye ati: “Iherezo ritegerezwa kuba riri hafi kubera ko Ivyabona vya Yehova bagiye badushikira.” Bidatevye, abantu bamwebamwe bo muri ico kigwati baratanguye kwitaba amakoraniro y’ishengero.

8, 9. (a) Ni kubera iki Paulo yavuze neza ibijanye no gukorera Imana umuntu ari umwirebange? (b) Ni uturusho utuhe abakirisu batubatse baronka?

8 Ego ni ko, n’abakirisu bubatse barashika ku bintu vyiza igihe bariko baramamaza inkuru nziza mu vyibare bigoye. Mugabo ibikorwa bimwebimwe abatsimvyi b’abirebange bashingwa vyoshobora kutorohera abantu bubatse canke bafise abana. Igihe Paulo yandikira amashengero, yari azi yuko hari hakiriho ibikorwa vyinshi vyo gukora mu kwamamaza inkuru nziza. Yipfuza ko bose bagira umunezero, nk’uko na we yari awufise. Ni co gituma yavuze neza ibijanye no gukorera Yehova umuntu ari umwirebange.

9 Mushiki wacu umwe w’umutsimvyi akiri umwirebange wo muri Leta Zunze Ubumwe yanditse ati: “Abantu bamwebamwe babona yuko umuntu atubatse adashobora kugira agahimbare. Mugabo narabonye ko agahimbare karamba kava ku kuba umuntu afitaniye ubucuti na Yehova. Naho ubwirebange busaba ko umuntu agira ivyo ahevye, ni ingabirano itangaje mu gihe ayikoresheje neza.” Ku bijanye no kuronka agahimbare, yanditse ati: “Ubwirebange burashobora gutuma umuntu agira agahimbare, aho gutuma abura agahimbare. Ndazi yuko Yehova agirira ikibabarwe abantu bose, baba abirebange canke abubatse.” Ubu uwo mushiki wacu akorera ahimbawe mu gihugu gikeneye cane abamamaji b’Ubwami. Nimba uri umwirebange, woba ushobora gukoresha umwidegemvyo wawe mu kurushiriza kugira uruhara mu bijanye no kwigisha abandi ukuri? Na wewe nyene woshobora kubona ko ubwirebange ari ingabirano y’agaciro ntangere iva kuri Yehova.

Abirebange bipfuza kwubaka izabo

10, 11. Yehova afasha gute abantu bipfuza kwubaka urwabo mugabo bakaba batararonka uwo bubakana abereye?

10 Benshi mu basavyi ba Yehova b’abizigirwa iyo bamaze igihe kinaka ari abirebange, barafata ingingo yo kurondera uwo bubakana. Kubera ko baba bazi yuko bakeneye ubuyobozi, barasaba Yehova ngo abafashe kuronka uwo bubakana abereye.​—Soma 1 Abakorinto 7:36.

11 Nimba wipfuza kwubakana n’umuntu afise icipfuzo nk’ico ufise co gukorera Yehova n’ubuzima bwawe bwose, nubandanye utura Yehova ico kibazo mw’isengesho. (Flp. 4:6, 7) Naho vyosaba yuko urindira igihe kingana gute, ntiwihebure. Niwizigire yuko Imana yacu y’urukundo izogufasha, na yo izoheza ikuremeshe yisunze ivyo ukeneye.​—Heb. 13:6.

12. Ni kubera iki umukirisu akwiye kuzirikana yitonze igihe hari uwumusavye ngo bubakane?

12 Umukirisu w’umwirebange yipfuza kwubaka urwiwe yoshobora kuronka umuntu ateye amakenga mu vy’impwemu canke mbere badasangiye ukwemera amusaba ngo bubakane. Mu gihe ivyo bigushikiye, uribuka yuko intuntu iterwa no kuba wahisemwo nabi uwo mwubakana ishobora kuba nyinshi kuruta irungu ugira uri umwirebange. Kandi umaze kwubaka urwawe, waba wahisemwo neza canke nabi, uba ubohewe kuri uwo muntu mwubakanye ubuzima bwawe bwose. (1 Kor. 7:27) Ntureke ngo ukwihebura gutume ufata ingingo yo kwubaka urwawe, ukazohava wicuza igituma wayifashe.​—Soma 1 Abakorinto 7:39.

Niwitegurire ibintu bibwirizwa gushika mu mubano w’ababiranye

13-15. Ni ibintu ibihe bishobora guteza amakuba mu mubano w’ababiranye umusore n’inkumi bakwiye kuganirako mu gihe co kureshanya?

13 Naho Paulo yaremesheje abantu gukorera Yehova ari abirebange, ntiyasuzuguye abari barafashe ingingo yo kwubaka izabo. Ahubwo nyabuna, impanuro yatanze ahumekewe n’Imana irafasha abubatse guhangana n’ingorane zishika mu buzima bw’abubatse no gutuma umubano wabo uramba.

14 Abasore n’inkumi bamwebamwe bipfuza kwubakana barakeneye kugira ico bahinduye ku vyo biteze muri kazoza. Igihe abantu babiri bareshanije, boshobora kubona yuko urukundo rwabo ari ikintu kidasanzwe, c’akataraboneka, ivyo akaba ari ikimenyamenya c’uko umubano wabo uzorangwa agahimbare gusa. Bubakana baratwawe n’izo nyiyumvo bigatuma babona ko ata kintu na kimwe cobabuza kugira agahimbare bari kumwe. Kwiyumvira gutyo ni ukwihenda. Ego ni ko ibiringo bimwebimwe vyo kugaragarizanya urukundo mu buzima bw’abubakanye usanga biteye umunezero, mugabo ubwavyo ntibituma umukwe n’umugeni batorera umuti amakuba ashikira ingo zose.​—Soma 1 Abakorinto 7:28. *

15 Abantu baheruka kwubaka izabo baratangara, mbere bakavunika umutima, igihe badahuza n’abo bubakanye ku bibazo bihambaye. Uko ari babiri boshobora gusanga badahuza ku bijanye n’ukuntu bakwiye gukoresha amahera n’umwanya wo kwisamaza, aho bazoba be n’incuro bakwiye kuja kuramutsa incuti. Kandi umwe wese usanga afise utunenge dushobora kubabaza uwundi. Mu gihe co kureshanya, biroroshe ko abantu birengagiza ivyo bibazo bihambaye, ariko mu nyuma birashobora guteza ingorane zikomeye mu mubano w’ababiranye. Vyoba vyiza umusore n’inkumi batoreye umuti ivyo badahurizako imbere y’uko bubakana.

16. Ni kubera iki abubakanye bakwiye kwumvikana ku bijanye n’ukuntu botorera umuti ingorane zo mu mubano?

16 Kugira ngo abubakanye baroranirwe bongere bagire agahimbare, bategerezwa kunyinyana n’ingorane zabo bafatanye mu nda. Barakwiye kwumvikana ku bijanye n’ukuntu botoza indero abana babo no ku bijanye n’ukuntu bobungabunga abavyeyi babo bageze mu zabukuru. Umukazo uturuka ku ngorane zo mu muryango ntukwiye kubatandukanya. Mu gihe bashize mu ngiro impanuro zo muri Bibiliya, baratorera umuti ingorane nyinshi, bakihanganira izo batashoboye gutorera umuti, maze bakaguma bahimbawe bari kumwe.​—1 Kor. 7:10, 11.

17. Ni imyitwarariko y’“ivy’isi” iyihe abubakanye bakwiye kwitega kugira?

17 Mu 1 Abakorinto 7:32-34 (Soma.) Paulo aravuga ikindi kintu gishika mu mubano w’ababiranye. Abubakanye usanga babwirizwa “[ku]ganyishwa n’ivy’isi,” nk’ibifungurwa, ivyambarwa, uburaro be n’ibindi bintu bitari ivy’impwemu. Ni kubera iki ari ukwo biri? Igihe umuvukanyi aba akiri umwirebange, yoshobora kwihebera ubusuku. Mugabo amaze kuba serugo, asanga ategerezwa kugabanya umwanya n’inguvu yahora akoresha kugira ngo yitwararike umukenyezi wiwe maze bitume uno amushima. Ivyo nyene ni vyo umugore agirira umugabo wiwe. Mu bukerebutsi bwiwe, Yehova aratahura ko ico kintu gikenewe. Arazi ko kugira ngo umubano w’ababiranye uroranirwe akenshi bisaba ko umunega n’umukenyezi bagabanya umwanya n’inguvu bahora bakoresha mu murimo wiwe igihe bari bakiri abirebange.

18. Ni amahinduka ajanye n’ibikorwa vyo kwisamaza ayahe vyoba ngombwa ko bamwebamwe bagira bamaze kwubaka izabo?

18 Mugabo icigwa tuhakura si ico gusa. Nimba abubakanye bategerezwa kugabanya umwanya n’inguvu bahora bakoresha mu murimo w’Imana kugira ngo bitwararikane, ntibakwiye none kubigenza gutyo nyene ku bijanye n’uburyo bahora bakoresha mu kwiruhura bari kumwe n’abandi igihe bari bakiri abirebange? Hamwe umunega yoza aramara umwanya munini ariko arakina inkino zo kwinonora imitsi hamwe n’abagenzi biwe, ivyo vyogira ico bikoze gute ku mukenyezi wiwe? Canke umunega yokwumva amerewe gute hamwe umukenyezi wiwe yoza aramara umwanya munini ariko arakora utuntu two kwisamaza yikundira ari kumwe n’abagenzi biwe? Umwe mu bubakanye yirengagijwe yoshobora guca atangura kugira irungu, kubura agahimbare, no kwumva yuko adakundwa. Abubakanye boshobora kwirinda ico kintu mu gihe bompi bakoze uko bashoboye kwose kugira ngo bakomeze ubucuti bafitaniye mu mubano wabo.​—Ef. 5:31.

Yehova asaba ko tuba abadahumanye mu nyifato runtu

19, 20. (a) Ni kubera iki kwubaka bidaca bituma umuntu adashobora kwoshwa ngo akore ivy’ubuhumbu? (b) Ni akaga akahe abubatse bishiramwo igihe baretse hagaca igihe kirekire batari kumwe?

19 Abasavyi ba Yehova bariyemeza kuguma badahumanye mu vy’inyifato runtu. Hari abahitamwo kwubaka izabo kugira ngo birinde ingorane muri uwo muce. Ariko rero, kwubaka ntibica bituma umuntu yikingira ubuhumbu. Mu bihe vya Bibiliya, igisagara gikingijwe ibihome cakingira abantu igihe gusa bagumye muri co. Mu gihe umuntu yaba asohotse ico gisagara abasuma n’abambuzi baba babunze inyuma yaco, barashobora kumwambura canke kumwica. Muri ubwo buryo nyene, abubatse bashobora gukingirwa ubuhumbu mu gihe gusa batarenze uturimbi bashingiwe n’Umwe yatanguje umubano w’ababiranye.

20  Paulo yaradondoye utwo turimbi mu 1 Abakorinto 7:2-5. Umugore arafise uburenganzira yiharije bwo kurangura amabanga mpuzabitsina n’umunega wiwe. Umugabo na we nyene arafise ubwo burenganzira ku mugore wiwe gusa. Vyitezwe ko umwe wese muri bo aha mugenzi we “ivyiwe,” ivyo na vyo bikaba ari amabanga mpuzabitsina umuntu yubatse afitiye uburenganzira. Ariko rero, abanega n’abakenyezi bamwebamwe usanga bamara igihe kirekire batari kumwe, ugasanga bagiye kuruhukira ahantu hatandukanye canke umwe ari kure y’uwundi kubera akazi, ivyo bigatuma yima mugenziwe “ivyiwe.” Iyumvire ukuntu ryoba ari ibara ku mutemere mu gihe umuntu yotwarwa n’umukazo uva kuri Shetani maze akarenga ibigo kubera “ukutigumya.” Yehova arahezagira ba serugo baronsa imiryango yabo ivyo ikeneye batarinze gushira mu kaga imibano yabo.​—Zab. 37:25.

Ivyiza biva ku gukurikiza impanuro zo muri Bibiliya

21. (a) Ni kubera iki ingingo zijanye n’ubwirebange hamwe n’umubano w’ababiranye zigoye gufata? (b) Ni kubera iki impanuro dusanga mu 1 Abakorinto ikigabane ca 7 ari ngirakamaro?

21  Ingingo zijanye n’ubwirebange be n’umubano w’ababiranye ni zimwe mu ngingo zigoye cane kuruta izindi umuntu afata. Abantu bose barafise agasembwa, ari na ko gateza nyinshi mu ngorane zishika mu migenderanire yabo. Ku bw’ivyo, n’abantu Yehova atonesha kandi akabahezagira birashika bakavunika umutima, baba ari abirebange canke bubatse. Ushize mu ngiro impanuro ziranga ubukerebutsi dusanga mu 1 Abakorinto ikigabane 7, urashobora kugabanya izo ngorane. Imbere ya Yehova uzoba “ugize neza,” waba uri umwirebange canke wubatse. (Soma 1 Abakorinto 7:37, 38.) Gushimwa n’Imana ni ryo hangiro rihambaye kuruta ayandi yose ushobora gushikako. Urashobora gushimwa na yo ukongera ukabandanya gutera imbere ugana mw’isi nshasha aho uzokwibera. Ng’aho, ubucuti abagabo n’abagore bagiranira ntibuzoba burimwo imikazo yiraye cane muri iki gihe.

[Akajambo k’epfo]

^ ing. 14 Raba igitabu Akabanga ko Kuronka Agahimbare mu Rugo, ikigabane ca 2, ingingo ya 16-19.

Woshobora kuvyishura?

• Ni kubera iki ata muntu n’umwe akwiye guhata uwundi ngo yubake urwiwe?

• Umusavyi wa Yehova w’umwirebange ashobora gute gukoresha neza umwanya wiwe?

• Umusore n’inkumi bareshanije bashobora gute kwitegurira ingorane zo mu mubano w’ababiranye?

• Ni kubera iki kwubaka bidaca bituma umuntu yikingira ubuhumbu?

[Ibibazo vy’icigwa]

[Amafoto ku rup. 14]

Abakirisu batubatse bakoresha umwanya wabo mu kwagura ubusuku bwabo, bararonka umunezero

[Ifoto ku rup. 16]

Ni amahinduka ayahe vyoba ngombwa ko bamwebamwe bagira bamaze kwubaka izabo?