Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

“Mugume muri maso”—Kubera iki bihambaye cane?

“Mugume muri maso”—Kubera iki bihambaye cane?

“Mugume muri maso”​​—Kubera iki bihambaye cane?

“NI IGIKI kizoba ikimenyetso c’ukuhaba kwawe n’ic’insozero y’ivy’isi?” (Mat. 24:3) Mu kwishura ico kibazo, Yezu yarahaye abigishwa biwe ikimenyetso cari gitomoye, gisiguwe ido n’ido kandi coroshe kumenya, nk’uko kivugwa muri Matayo ikigabane ca 24, muri Mariko ikigabane ca 13, no muri Luka ikigabane ca 21. Yongeyeko ati: “Mugume muri maso.”​—Mat. 24:42.

Nimba ico kimenyetso ubwaco cobaye cibonekeza gutyo, ni kubera iki Yezu yongeyeko iyo nkeburo? Rimbura ibi bintu bibiri bishobora kuba vyarabitumye. Ica mbere, ibintu bisamaza vyari gushobora gutuma bamwebamwe batitaho ico kimenyetso, bigatuma bareka kwitwararika ivy’impwemu no kuguma bari maso. Ikigira kabiri, umukirisu yari gushobora kubona ibintu binaka bigize ico kimenyetso mugabo kubera ibintu bimukikuje, ntabone ko we ubwiwe bimwerekeye. Yoshoboye guca yiyumvira ko ya “makuba akomeye,” ni ukuvuga igihe c’agaheta c’ubwo buhanuzi bwa Yezu, akiri kure nk’ukwezi be n’uko bitari bwabe ngombwa rero ko ‘aguma ari maso.’​—Mat. 24:21.

‘Ntibagize ico bitaho’

Yezu yaribukije abayoboke biwe ibijanye n’abantu bo mu gihe ca Nowa. Ukwamamaza kwa Nowa, iyubakwa rya bwa bwato amahero be n’ubukazi bwari buhari ico gihe vyari ibintu vyibonekeza cane. Naho vyari ukwo, abantu benshi ‘ntibagize ico bitaho.’ (Mat. 24:37-39) No muri iki gihe, abantu benshi ntibitaho ibijanye n’ingabisho. Nk’akarorero, ku mabarabara usanga hariho ivyapa bisaba abashoferi kugabanya umuvuduko, yamara benshi baravyirengagiza. Akenshi usanga ababijejwe babwirizwa gushira ibidunduri mu mabarabara yo mu gisagara kugira ngo batume abashoferi bagabanya umuvuduko. Muri ubwo buryo nyene, umukirisu yoshobora kubona ca kimenyetso kiranga imisi ya nyuma mugabo akabandanya kwitwararika ibikorwa biterekana ko atahura ico kintu. Ivyo ni vyo vyashikiye uwitwa Arielle, uno akaba ari umuyabaga aba muri Afrika yo mu burengero.

Arielle yarakunda kuraba kuri televiziyo umupira w’amaboko (handball) wakinwa n’abagore. Igihe ishure yigako ryashinga umugwi w’uwo mupira, icipfuzo yari afise co gukina catumye ataba akibona ko kamere yiwe y’ivy’impwemu yari gushobora kugeramirwa. Yariyandikishije ngo azohore akina mw’igoli. None vyagenze gute mu nyuma? Asigura ati: “Bamwebamwe mu bo twari kumwe muri uwo mugwi bari bafise abahungu bakundana bafata ibiyayuramutwe bakongera bakanywa itabi. Barantwenga kubera ko ntandukanye na bo, mugabo nibaza ko nari gushobora kuvyihanganira. Urwo rukino ubwarwo rwaratanguye gutitura kamere yanje y’ivy’impwemu ntari ndavyiteze. Nta kindi nari nciyumvira atari urwo rukino. Igihe naba ndi ku makoraniro ya gikirisu, narakunda kwangaza ivyiyumviro ngasanga ndi mu kibuga c’umupira w’amaboko aho kuba mu Ngoro y’Ubwami. Kamere yanje y’ivy’impwemu na yo nyene yarahaboneye. Gukunda gukina vyatumye nipfuza cane gutahukana intsinzi. Narimenyereza nivuye inyuma kugira ngo mpaze agatima ko guhiganwa nari nsigaye mfise. Naciye ntangura kuja mu mukazo. Naremeye mbere guheba abagenzi kubera urwo rukino.

“Agahomerabunwa kabaye igihe umugwi twariko turakina wahabwa uburenganzira bwo gutera werekeza mw’igoli ryacu mu kuduhana. Nari niteguriye gutangira umupira ngo ntibinjize. Ntabiciye n’ikanda, nasanze namaze gusaba Yehova ngo amfashe kuzibira uwo mupira! Ico kintu cabaye caratumye ntahura ukuntu kamere yanje y’ivy’impwemu yari imaze kwononekara. Nashoboye gute none kuyisubirana?

“Nari nararavye ka kadisiki kacu kavuga ngo Les jeunes s’interrogent . . . Que vais-je faire de ma vie ? (Urwaruka ruribaza​Nzokoresha gute ubuzima bwanje?) * Naciye mfata ingingo yo kwongera kukaraba, ico gihe hoho nkagafatana uburemere. Nakare, ivyanje vyari vyifashe nk’ivya André, wa musore avugwa muri ako kadisiki. Naritwararitse canecane inama umukurambere umwe yagiriye André, yo gusoma Abafilipi 3:8 no kuhazirikana. Ivyo vyaramfashije. Narahevye uwo mugwi.

“Ese ukuntu ivyo vyamfashije cane! Agatima nari mfise ko guhiganwa be n’umukazo katuma ngira vyarakamanganye. Nararushirije kugira agahimbare no kwiyegereza abagenzi banje b’abakirisu. Ibikorwa bijanye n’ivy’impwemu vyararushirije kugira ico bivuze. Narumviriza nitonze ku makoraniro maze ndasubira kuyakunda. Nararyohoye kandi ubusuku bwanje. Ubu nama nkora ubutsimvyi bwo gufasha.”

Nimba hari ikintu gisamaza kiriko kiratuma wirengagiza ca kimenyetso Yezu yaduha, nugire ivyo ukoze ata gufyina, nk’uko Arielle yabigize. Woshobora kugerageza bimwebimwe muri ibi bintu bikurikira. Nusuzume ca gitabu Index des Publications Watch Tower, kino kikaba cavuzwe ko ari ikintu gishikana ku butunzi bunyegeje. Uzogisangamwo impanuro nziza be n’ibintu vyiganwa n’abo vyashikiye vyerekana ukuntu bahanganye n’ibigeragezo. Niwungukire bimwe bishitse ku makoraniro ya gikirisu mu kuyategura neza no mu kugira utwo wiyandikiye. Bamwebamwe basanze kwicara amaja imbere hafi y’umukiruruko bibafasha. Igihe hari ikiganiro co guhana ijambo n’abumviriza, nugerageze gutanga insasanuro hakiri kare. N’ikindi kandi, nugume urikanuye mu vy’impwemu mu kuguma uraba isano riri hagati y’amakuru agezweho n’ibintu bijanye na ca kimenyetso be n’ibindi bintu biranga “imisi ya nyuma.”​—2 Tim. 3:1-5; 2 Pet. 3:3, 4; Ivyah. 6:1-8.

“Mwame mwiteguye”

Ca kimenyetso kiranga imisi ya nyuma kiba mu bihugu vyose, ni ukuvuga kw’“isi yose.” (Mat. 24:7, 14) Abantu amamiliyoni usanga baba mu turere twasinzikajwe n’ibiza, amapfa, vya nyamugigima be n’ibindi bintu vyari vyaravuzwe. Ariko rero, abandi benshi usanga baba ahantu hari agahengwe. Nimba wewe ubwawe utarigera ushikirwa na bimwebimwe mu bintu biranga ico kimenyetso, woba ukwiye kwiyumvira ko ya makuba akomeye akiri kure nk’ukwezi? Ntivyoba biranga ubukerebutsi.

Nk’akarorero, nuzirikane ivyo Yezu yavuze ku vyerekeye “ibiza n’amapfa.” (Luka 21:11) Ubwa mbere, ntiyavuze ko ivyo bintu vyoshikiye ica rimwe mu turere twose canke ngo bishike ku rugero rumwe. Ahubwo, yavuze ko vyovuye “hamwe bija ahandi.” Ntidukwiye rero kwitega ko ibintu bisa bishikira ica rimwe hose. Ubugira kabiri, Yezu amaze kuvuga ibijanye n’amapfa, yarerekanye ko bamwebamwe mu bayoboke biwe bobwirijwe kuba maso kugira ngo ntibarire agahokero. Yavuze ati: “Mwiyubare ubwanyu kugira ngo imitima yanyu ntiyigere iremerwa n’ukurira agahokero.” (Luka 21:34) Ku bw’ivyo, abakirisu bose ntibakwiye kwitega gushikirwa n’ibintu vyose bigize ico kimenyetso. Ahubwo, Yezu yavuze ati: “Mukabona ivyo bintu biriko biraba, muze mumenye yuko ubwami bw’Imana buri hafi.” (Luka 21:31) Uburyo bwo guhanahana amakuru bwo mu gihe ca none buradufasha kubona ibintu vyose bigize ico kimenyetso, naho bitoba biriko birashika aho duherereye.

Uribuka kandi yuko Yehova yamaze gushinga ‘umusi n’isaha’ ya makuba akomeye azotangurirako. (Mat. 24:36) Ibintu bigenda biraba kw’isi ntibizohindura uwo musi.

Yezu yakebuye abakirisu aho bari hose ati: “Mwame mwiteguye.” (Mat. 24:44) Dukwiye kwama twiteguye. Ariko ntiwumve, ntidushobora kumara amasaha yose buri musi turi mu bikorwa vya gitewokarasi. Vyongeye, ntituzi ico tuzoba turiko turakora ya makuba akomeye niyatangura. Bamwebamwe boshobora kuzoba bari mu ndimiro canke bariko baritwararika udukorwa tw’i muhira. (Mat. 24:40, 41) Twokora iki none kugira ngo twame twiteguye?

Emmanuel, Victorine hamwe n’abakobwa babo batandatu, baba mu karere ko muri Afrika aho badashikirwa cane n’ibintu vyose biranga ca kimenyetso. Baciye rero bafata ingingo yo kuza baraganira ku bintu vy’impwemu buri musi kugira ngo bibafashe kwama biteguye. Emmanuel asigura ati: “Vyari bigoye kuronka umwanya worohereza bose. Twahavuye duhitamwo inusu y’isaha, guhera isaha cumi na zibiri gushika cumi na zibiri n’inusu mu gitondo. Iyo duhejeje kwihweza icanditswe c’umusi, duca dutegura ingingo nkeyi zo muri kimwe mu bisohokayandikiro biba bitegekanijwe kwigwa mw’ishengero muri iyo ndwi.” Iyo porogarama yoba none yarabafashije kuguma barikanuye? Cane nyene! Emmanuel ni umuhuzabikorwa w’inama y’abakurambere mw’ishengero. Victorine arakunda gukora ubutsimvyi bwo gufasha kandi yarafashije benshi kwakira ukuri. Abakobwa babo bose bariko baratera imbere neza mu vy’impwemu.

Yezu adukebura ati: “Mugume mureretse, mugume murikanuye.” (Mrk. 13:33) Ntureke ngo hagire ikintu kigusamaza kigatuma utaguma uri maso mu vy’impwemu. Ahubwo, nutege yompi impanuro nziza ziboneka mu bisohokayandikiro vyacu be n’izitangwa ku makoraniro y’ishengero, nk’uko Arielle yabigize. Nka kumwe kw’umuryango wa Emmanuel, nugerageze kugira ico ukoze buri musi kugira ngo wame witeguye wongere ‘ugume uri maso.’

[Akajambo k’epfo]

^ ing. 8 Ni igikino cerekana ibishika mu gihe ca none cerekeye umukirisu akiri muto arwana urugamba rwo gukora ibibereye mu maso ya Yehova.

[Ifoto ku rup. 4]

Kuganira ku bintu vy’impwemu buri musi birafasha Emmanuel n’umuryango wiwe ‘kwama biteguye’