Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Narahimbawe no gukorera Yehova

Narahimbawe no gukorera Yehova

Narahimbawe no gukorera Yehova

Nk’uko vyavuzwe na Fred Rusk

Igihe nari nkiri umwana nariboneye ko amajambo ya Dawidi dusanga muri Zaburi 27:10 ari ay’ukuri, ano akaba agira ati: “Hamwe data na mama bonta, Yehova ubwiwe yonyitorera.” Reka ndabiganire ukuntu ivyo vyandangukiyeko.

NAKURIYE kw’itongo ry’ipampa rya sokuru i Jeworojiya, muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, muri ca Kiringo ivy’ubutunzi vyashika ahatemba mu myaka ya 1930. Dawe, uno akaba yari atuntujwe cane n’urupfu rwa mawe hamwe n’urwa mwenewacu yari aherutse kuvuka, yansize kwa sokuru w’umupfakare maze yimukira mu gisagara ca kure agiye kurondera akazi. Mu nyuma, yarakoze uko ashoboye kugira ngo ndamusangeyo, mugabo ntivyigeze bikunda.

Abakobwa ba sokuru bakuru ni bo babazwa ivyo mu rugo. Naho sokuru atari umuntu akunda ivy’Imana, abakobwa biwe bobo barakunda cane ivy’idini kandi barashimika bavuga ko ntegerezwa kubaho nisunga ivyiyumviro vy’idini ryabo ntaca ku ruhande. Kubera ko natinya gukubitwa, nabwirijwe kuza ndaja gusenga imisi yose ku w’indwi. Ni co gituma kuva nkiri umwana ntubaha na gato ivy’idini. Ariko rero, narakunda ishure n’inkino zo kwinonora imitsi.

Urugendo rwahinduye ubuzima bwanje

Umusi umwe ku muhingamo mu 1941, igihe nari mfise imyaka 15, hari umutama n’umukenyezi wiwe baje iwacu. Nabwiwe ko ari ‘data wacu Talmadge Rusk.’ Sinari bwigere numva ibimwerekeye mugabo naramenye yuko we n’umukenyezi wiwe bari Ivyabona vya Yehova. Ivyo yasiguye ku bijanye n’umugambi Imana ifitiye abantu wo kubaho kw’isi ibihe bidahera vyari bitandukanye cane n’ivyo nari narumvise ku rusengero. Benshi mu bagize umuryango wacu bariyamirije, eka mbere barakengera, ivyo bavuze. Ntibigeze basubira kwemererwa kuza i muhira. Ariko rero, senge yitwa Mary, uwandusha imyaka itatu gusa, yarakiriye Bibiliya hamwe n’ibisohokayandikiro biyisigura.

Mary ntiyatevye kujijuka yuko yari yubuye ukuri kwo muri Bibiliya akaba yabatijwe mu 1942 araba Icabona ca Yehova. Yarashikiwe kandi n’ivyo Yezu yari yaravuze, ati: “Abansi b’umuntu bazoba abo mu rugo rwiwe bwite.” (Mat. 10:34-36) Abo mu muryango baramurwanije bimwe bikomeye. Senge mukuru umwe, akaba yari akomeye cane muri ako karere, yaragiye umugambi n’umukuru w’igisagara maze arafatisha datawacu Talmadge. Yagirijwe ko akwiragiza ivyo yemera atabifitiye uburenganzira. Yarakubiswe intahe mu gahanga.

Ikinyamakuru co mu gisagara c’iwacu cavuze yuko uwo mukuru w’igisagara, uno akaba kandi yari umucamanza, yabwiye abari muri sentare y’ico gisagara ati: “Ibitabu uwu mugabo akwiragiza . . . birica nk’ishano.” Datawacu yarunguruje urubanza maze ararutsinda, mugabo yamaze imisi cumi mw’ibohero.

Ingene senge Mary yamfashije

Uretse ko Mary yambwira ibijanye n’ivyo yari asigaye yemera, yaratanguye kubwira inkuru nziza ababanyi. Twarajanye ku mugabo umwe bigana Bibiliya, uno akaba yari yaremeye kwakira igitabu gifise umutwe uvuga ngo Isi nshasha (mu congereza). * Umukenyezi wiwe yavuze ko umugabo wiwe yari yaraye aragisoma. Naho ntashaka gushoka nja mu kintu na kimwe kijanye n’idini, ivyo nariko ndiga vyarandyohera. Ariko rero, inyigisho zo muri Bibiliya si zo ahanini zanjijuye ko Ivyabona ari abasavyi b’Imana. Ukuntu bafatwa ni vyo vyanjijuye.

Nk’akarorero, umusi umwe twe na Mary dutashe tuvuye kurima itomati, twarabonye mu kintu batuririramwo umwavu cariko kirapfumba umwotsi ikimenyamenya c’uko bene wabo na Mary bari baturiye ibitabu vyiwe, harimwo n’icuma gisohora amajwi be n’ibisomwa vyo muri Bibiliya vyafashwe amajwi. Vyaranshavuje cane mugabo senge umwe yaranebaguye avuga ati: “Uzodukengurukira mu nyuma kuri ico kintu twakoze.”

Vyarabaye ngombwa ko Mary ava i muhira mu 1943 kubera yuko yanse guheba ivyo yari asigaye yemera be n’uko yanse kureka kubwira inkuru nziza ababanyi. Ico gihe, narahimbarwa cane no kuba nari naramenye yuko Imana ifise izina ari ryo Yehova, ikaba n’Imana y’urukundo n’impuhwe, idaturirira abantu mu muriro udahera. Naramenye kandi yuko Yehova afise ishirahamwe rirangwa urukundo, naho ntari bwitabe ikoraniro na rimwe.

Mu nyuma, igihe nariko ndakata ivyatsi, hari umuduga waje bukebuke maze umwe mu bagabo babiri bari muri wo ambaza yuko noba ndi Fred. Maze kumenya ko ari Ivyabona, navuze nti: “Reka nurire, tuje ahantu hatekanye kugira ngo tuyage.” Mary yari yatunganije ivy’uko bangendera. Umwe muri abo bagabo yari uwitwa Shield Toutjian, akaba yari umusuku w’ingenzi yandemesheje yongera arampa ubuyobozi bwo mu vy’impwemu ku gihe kibereye. Ico gihe abo mu muryango baciye batangura kundwanya kuko naburanira ivyo Ivyabona vya Yehova bemera.

Mary yaranyandikiye ari muri Virijiniya, aho yari yarimukiye, ambwira ko nimba niyemeje gukorera Yehova, nogenda tukabana. Naciye mfata ingingo yo kugenda. Ku wa gatanu ku mugoroba muri Gitugutu 1943, narashize ibintu bimwebimwe vya nkenerwa mw’ikarato maze ndayibohera mu giti cari hirya y’i muhira. Ku wa gatandatu, narakuye iyo karato muri nya giti, mfata ibarabara ryaca inyuma y’urugo rw’umubanyi, nca nja mu gisagara. Nshitse mu gisagara ca Roanoke, nasanze Mary aba kwa Edna Fowlkes.

Ntera imbere mu vy’impwemu, mbatizwa, nja kuri Beteli

Edna yari Icabona yarobanuwe w’umunyempuhwe, akaba yari umwakiranyi nka Lidiya. Yari yarakose inzu nini maze arakira muramukaziwe, hamwe n’abakobwa biwe babiri ushizeko na senge Mary. Abo bakobwa, ari bo Gladys Gregory na Grace Gregory, bahavuye baba abamisiyonari. Gladys, ubu akaba ari mu myaka 90, aracakorera kw’ishami ry’Ubuyapani ari umwizigirwa.

Igihe naba kwa Edna, naritaba amakoraniro ntahorereza nkongera nkamenyerezwa mu busuku. Kuba nari mfise umwidegemvyo wo kwiga Ijambo ry’Imana no kwitaba amakoraniro vyaratumye mpera akanyota nari mfise ko gutera imbere mu vy’impwemu. Nabatijwe ku wa 14 Ruheshi 1944. Mary na Gladys hamwe na Grace baratanguye gukora ubutsimvyi kandi baremeye igikorwa bashinzwe co kuja gukorera mu buraruko bwa Virijiniya. Muri ako karere baragize uruhara ruhambaye mu gutanguza ishengero ry’i Leesburg. Mu ntango z’umwaka wa 1946, naratanguye gukorera ubutsimvyi mu karere gahana urubibe n’ako barimwo. Mu ci ryo muri uwo mwaka twarafashe urugendo tuja kw’ihwaniro mpuzamakungu ry’intibagirwa ryabereye i Cleveland muri Ohio, guhera kw’itariki ya 4 gushika ku ya 11 Myandagaro.

Kuri iryo hwaniro, Nathan Knorr, uno akaba ari we yari ahagarikiye ishirahamwe, yaravuze yuko hariko harategekanywa ivyo kwagura Beteli y’i Brooklyn. Mu vyariko birategekanywa harimwo kwubaka inzu nshasha y’uburaro n’iyindi nyubakwa y’icapuriro. Hari hakenewe abavukanyi benshi bakiri bato. Nariyemeje gukorera Yehova ndi ng’aho. Naciye nuzuza urukaratasi rwo gusabirako uwo murimo, maze mu mezi makeyi, ni ukuvuga ku wa 1 Kigarama 1946, ndaja kuri Beteli.

Haciye nk’umwaka, umuhagarikizi w’icapuriro ari we Max Larson, yarahagaze iruhande y’imeza nakorerako mu Rwego rujejwe kwakira no kurungika amakete. Yamenyesheje ko nagenywe gukorera mu Rwego rw’umurimo. Muri ico gikorwa, narahamenyeye vyinshi ku bijanye no gushira mu ngiro ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya no ku bijanye n’ukuntu ishirahamwe ry’Imana rikora, na canecane igihe nakorana na T. J. (Bud) Sullivan, uno akaba yari umuhagarikizi w’urwo rwego.

Dawe yaraje kundamutsa akatari gake kuri Beteli. Mu busaza bwiwe yari asigaye akunda cane ivy’idini. Igihe yaza kundamutsa irya nyuma mu 1965, yavuze ati: “Woshobora kuza kundamutsa, mugabo jewe sinzokwigera ngaruka kukuraba ng’aha.” Naragiye kumuramutsa incuro nkeyi imbere y’uko apfa. Yaremera adakeka ko azoca aja mw’ijuru. Ariko jewe ndizigiye yuko Yehova amwibuka, kandi nimba ari ukwo biri, mu gihe c’izuka ntazoba ari aho yibaza ko yobaye ari, mugabo azoba ari ng’aha kw’isi yizigiye kubaho ibihe bidahera mw’Iparadizo izoba yasubijweho.

Ayandi mahwaniro be n’ubwubatsi vy’intibagirwa

Amahwaniro yamye nantaryo ari ibiringo vy’intibagirwa bituma haba iterambere mu vy’impwemu. Amahwaniro mpuzamakungu yabereye ku kibuga c’inkino ca Yankee Stadium c’i New York mu myaka ya 1950 yarashikije canecane ico kintu. Mu kiringo kimwe c’ihwaniro ryabereye ku kibuga c’inkino ca Yankee Stadium be n’i Polo Grounds mu 1958, hari abantu 253.922 bavuye mu bihugu 123. Kuri iryo hwaniro harabaye ikintu ntazokwigera nibagira. Igihe nariko ndafasha mu biro bijejwe ihwaniro, nagiye mbona umuvukanyi Knorr aza aho ndi amaguru adakora hasi. Yavuze ati: “Fred, biboneka yuko ata muvukanyi nashinze gushikiriza insiguro abatsimvyi bose bakoraniye mu ngoro twakose igirirwamwo imisi mikuru iri hafi y’aha. Woba wonyaragasa ukabashikiriza insiguro nziza ishingiye ku vyo uza kwiyumvira uriko urajayo?” Narasenze cane imbere y’uko nshikayo mpezagirika.

Kubera yuko amashengero yabandanya kwongerekana bimwe bitangaje mu gisagara ca New York mu myaka ya 1950 n’iya 1960, ivyo gukota inyubakwa zikoreshwa nk’Ingoro z’Ubwami ntivyari bikibereye. Ni co gituma kuva mu 1970 gushika mu 1990, i Manhattan haguzwe inyubakwa zitatu maze zirasubirwamwo kugira ngo zibe ibibanza bibereye vyo kugiriramwo amakoraniro. Nari umuhagarikizi w’amakomite ajejwe ubwo bwubatsi kandi ndibuka ibintu biteye umunezero vyinshi bijanye n’ukuntu Yehova yahezagiye cane amashengero yasenyeye ku mugozi umwe mu gutanga amahera yo kwubaka no guheraheza izo nyubakwa zibandanya kuba intimatima z’ugusenga kw’ukuri.

Amahinduka yabaye mu buzima bwanje

Umusi umwe mu 1957, igihe nari ngiye ku bikorwa nciye mu busitani bwari hagati y’inyubakwa y’uburaro ya Beteli n’icapuriro, imvura yaratanguye kugwa. Narabonye imbere yanje umwigeme w’Umunyabeteli mushasha asa n’irirenga. Kubera ko ata mutaka yari afise, naramusavye ko twokwipfukana rwanje. Ukwo ni ko twamenyanye na Marjorie, kandi kuva aho tugiriye ubugeni mu 1960, twagumye dusenyera ku mugozi umwe duhimbawe mu murimo wa Yehova, mu mahirwe no mu magorwa. Muri Nyakanga 2010 ni ho twahimbaza imyaka 50 tumaze twubakanye.

Haciye igihe gito tuvuye ku rugendo rwacu rw’inyuma y’ubugeni, umuvukanyi Knorr yambwiye yuko nashinzwe igikorwa co kwigisha kw’Ishure ry’i Gileyadi. Ese ukuntu ako kari agateka kadasanzwe! Kuva mu 1961 gushika mu 1965, haratunganijwe imigwi itanu y’ivyigwa yamaze igihe kirekire, ikaba ahanini yari igizwe n’abakorera kw’ishami bamenyerejwe mu buryo budasanzwe mu bijanye no guhagarikira amashami. Mu mpera z’umwaka wa 1965, ivyo vyigwa vyarasubiriye kuza biramara amezi atanu, vyongera kandi biribanda ku kumenyereza abamisiyonari.

Mu 1972, narakuwe kw’Ishure ry’i Gileyadi nimurirwa mu Rwego rujejwe kwishura ibibazo bishingiye kuri Bibiliya, nkaba nari umuhagarikizi warwo. Kugira ubushakashatsi kugira ngo ntorere umuti ibibazo n’ingorane bitandukanye vyaratumye ndushiriza gutahura inyigisho zo mw’Ijambo ry’Imana n’ishirwa mu ngiro ry’ingingo ngenderwako ziri hejuru z’Imana yacu mu bijanye no gufasha abandi.

Mu nyuma, mu 1987, naragenywe gukorera mu rwego rushasha rwitwa Inzego zitanga amakuru y’ivy’ubuvuzi. Haratunganijwe amanama nkarishabwenge yo kwigisha abakurambere bo mu Makomite aja inama n’ibitaro ukuntu bokwegera abaganga, abacamanza n’abakora mu vy’imibano kugira ngo baganire ibijanye n’ukuntu tubona ivyo guterwa amaraso twisunze Ivyanditswe. Ingorane ikomeye yariho yari iy’uko abaganga bariko baratera abana bacu amaraso ku nguvu, akenshi bakaba babitegekwa na sentare.

Igihe abaganga baba bagiriwe inama yo gukoresha uburyo bwo kuvura hadakoreshejwe amaraso, wasanga baca bishura yuko butaboneka canke ko buzimvye cane. Umuganga abaga yaba avuze gutyo akenshi namwishura nti: “Ndakwinginze uramvure ukuboko.” Abigize, naca ndamubwira nti: “Mbega urazi, urafise bumwe mu buryo bwo kuvura hadakoreshejwe amaraso bwiza kuruta ubundi bwose.” Mwene ayo majambo yo kumushimagiza yaramwibutsa ikintu azi neza c’uko gukoreshanya ubwitonzi mwene ka kabugita kabaga bituma hadatakara amaraso menshi.

Mu myaka amajana abiri ihaciye, Yehova yarahezagiye cane utwo twigoro two gucisha ubwenge abaganga n’abacamanza. Inyifato yabo yarahindutse cane igihe barushiriza gutahura impagararo yacu. Baramenye ko ubushakashatsi bwagizwe mu vy’ubuvuzi bwerekana yuko uburyo bwo kuvura hadakoreshejwe amaraso buvamwo ivyiza be n’uko hariho abaganga benshi be n’ibitaro vyinshi bidutahura vyoshobora kurungikwako umurwayi.

Kuva mu 1996, twe na Marjorie dukorera kuri ca Kigo gitangirwamwo inyigisho c’Ivyabona vya Yehova c’i Patterson muri New York, kiri nko ku bilometero 110 mu buraruko bwa Brooklyn. Ng’aho naramara igihe gito nkorera mu Rwego rujejwe umurimo nkongera nkamara ikindi gihe ndiko ndafasha mu bijanye no kwigisha abakorera ku mashami n’abacungezi b’ingenzi. Muri iyi myaka 12 iheze, narasubiye kuba umuhagarikizi muri rwa Rwego rujejwe kwishura ibibazo bishingiye kuri Bibiliya, runo rukaba rwarimuriwe i Patterson ruvuye i Brooklyn.

Ingorane zo mu busaza

Kurangura ibikorwa nshinzwe kuri Beteli birarushiriza kuba urugamba kubera ko maze gushikana imyaka nka 85. Maze imyaka irenga cumi nyinyana na kanseri. Ndumva merewe nka Hezekiya, umwe Yehova yongera imisi yo kubaho. (Yes. 38:5) Umukenyezi wanje na we nyene arafise amagara make, kandi turasenyera ku mugozi umwe kugira ngo yihanganire indwara arwaye yonona ubwonko yitiriwe Alzheimer. Marjorie yarabaye umusuku wa Yehova abishoboye, umuntu afasha abakiri bato, yongera ambera umufasha w’umwizigirwa n’umugenzi w’intahemuka. Yamye nantaryo ari umutohoji mwiza wa Bibiliya n’umwigisha mwiza wayo, kandi abana bacu benshi bo mu buryo bw’impwemu baguma bahanahana amakuru natwe.

Senge Mary yapfuye muri Ntwarante 2010 afise imyaka 87. Yari umwigisha mwiza igitangaza w’Ijambo ry’Imana kandi yarafashije abandi gushigikira ugusenga kw’ukuri. Yaramaze imyaka myinshi mu busuku bw’igihe cose. Ndamukengurukira cane ku ruhara yagize mu kumfasha kumenya ukuri kwerekeye Ijambo ry’Imana no mu kumwigana nkaba umusavyi wa ya Mana yacu y’urukundo ari yo Yehova. Mary yahambwe iruhande y’umunega wiwe, uno akaba yarigeze kuba umumisiyonari muri Isirayeli. Ndizigiye yuko Yehova abibuka, bakaba barindiriye izuka.

Iyo ntereje amaso inyuma nkibuka imyaka irenga 67 maze nkorera Yehova, ndamukengurukira ku bw’imihezagiro myinshi nironkeye. Narahimbawe no gukora ivyo Yehova agomba! Narizigiye ubuntu atugirira tutabibereye kandi ndizigiye cane kwungukira ku muhango Umwana wiwe yatanze ugira uti: “Umuntu wese yasize amazu, canke bene wabo canke bashikiwe, canke se canke nyina, canke abana, canke amatongo ku bw’izina ryanje, azobironka incuro nyinshi yongere atorane ubuzima budahera.”​Mat. 19:29.

[Akajambo k’epfo]

^ ing. 11 Casohowe mu 1942 mugabo ntikigicapurwa.

[Ifoto ku rup. 19]

Aha nari kuri rya tongo ry’ipampa rya sokuru i Jeworojiya, muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika mu 1928

[Ifoto ku rup. 19]

Senge Mary na datawacu Talmadge

[Ifoto ku rup. 20]

Mary, Gladys na Grace

[Ifoto ku rup. 20]

Igihe nabatizwa ku wa 14 Ruheshi 1944

[Ifoto ku rup. 20]

Aha nakorera mu Rwego rujejwe umurimo kuri Beteli

[Ifoto ku rup. 21]

Aha nari kumwe na Mary kuri rya hwaniro mpuzamakungu ryabereye ku kibuga c’inkino ca Yankee Stadium mu 1958

[Ifoto ku rup. 21]

Aha nari kumwe na Marjorie ku musi wacu w’ubugeni

[Ifoto ku rup. 21]

Turi kumwe mu 2008