Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Niwizigire Yehova, we “Mana y’uruhoza rwose”

Niwizigire Yehova, we “Mana y’uruhoza rwose”

Niwizigire Yehova, we “Mana y’uruhoza rwose”

“Hahezagirwe Imana ikaba na Se w’Umukama wacu Yezu Kristu, Se w’imbabazi zuzuye ikibabarwe ikaba n’Imana y’uruhoza rwose.”​—2 KOR. 1:3.

1. Ni igiki abantu bakenera uko boba bangana kwose?

KUVA tukivuka, twumva dukeneye guhozwa. Iyo uruyoya rukeneye guhozwa rurakoresha ijwi ryarwo kugira ngo rubitumenyeshe. Kumbure ruba rwipfuza guterurwa canke ruba rushonje. N’igihe nyene tuba dukuze, akenshi turumva dukeneye guhozwa. Ivyo ni ko biri na canecane igihe tuba turiko turashikirwa n’ibintu bitoroshe.

2. Yehova asubiriza umutima mu nda gute abamwizigira?

Abagize umuryango hamwe n’abagenzi akenshi barashobora kuduhoza ku rugero runaka. Ariko rero, rimwe na rimwe ibintu biduteza amarushwa usanga abantu badashobora kubitorera umuti. Imana ni yo yonyene ishobora kuduhoza naho twoba turi mu marushwa ameze gute. Ijambo ryayo ridukura amazinda riti: “Yehova ari hafi y’abamwambaza bose, . . . kandi azokwumva ugutabaza kwabo.” (Zab. 145:18, 19) Egome, “amaso ya Yehova ari ku bagororotsi, kandi amatwi yiwe ari ku gutabaza kwabo.” (Zab. 34:15) Mugabo nimba twipfuza yuko Imana idushigikira ikongera ikaduhoza, dutegerezwa kuyizigira. Umwanditsi wa Zaburi Dawidi yaratomoye ico kintu igihe yaririmba ati: “Yehova azocika ahantu hakirurutse hatagira inkomanzi kuri uwo wese ajanjaguwe, ahantu hakirurutse hatagira inkomanzi mu bihe vy’amarushwa. Abazi izina ryawe bazokwizigira, kuko utazogenda uhevye abakurondera, Yehova we.”​—Zab. 9:9, 10.

3. Yezu yavuze iki mu kwerekana ko Yehova akunda abasavyi biwe?

3 Abasavyi ba Yehova bari n’agaciro kuri we. Yezu yaratomoye ico kintu igihe yavuga ati: “None utujuri dutanu ntitugurishwa ibiceri bibiri vy’agaciro gatoyi? Yamara nta na kamwe muri two kibagirwa imbere y’Imana. Mugabo n’imishatsi yo ku mitwe yanyu iraharuwe yose. Ntimutinye; mwebwe muri n’agaciro kuruta utujuri twinshi.” (Luka 12:6, 7) Yehova abicishije ku muhanuzi Yeremiya, yabwiye abasavyi biwe ba kera ati: “Nagukunze urukundo rwo gushika igihe kitagira urugero. Ni co catumye ndagukwegesha ubuntu bwuzuye urukundo.”​—Yer. 31:3.

4. Ni kubera iki dushobora kwizigira ivyo Yehova yasezeranye?

4 Kwizigira Yehova no kwizigira yuko ivyo yasezeranye bizoranguka birashobora kuduhoza mu bihe vy’amarushwa. Dukwiye rero kwizigira Imana nk’uko Yosuwa yayizigira, uno akaba yavuze ati: “[Nta] jambo na rimwe mu majambo meza yose Yehova Imana yanyu yababwiye ritashitse. Yose yararangutse ku bwanyu. Nta jambo na rimwe muri yo ritashitse.” (Yos. 23:14) Vyongeye, turashobora kwemera tudakeka yuko naho nyene turiko turashikirwa n’ibintu bitoroshe, ivyo bikaba bizomara igihe gito, “Imana [ari] inyizigirwa” be n’uko itazokwigera iheba abasavyi bayo b’intahemuka.​—Soma 1 Abakorinto 10:13.

5. Dushobora gute guhoza abandi?

5 Intumwa Paulo avuga yuko Yehova ari “Imana y’uruhoza rwose.” Ijambo “guhoza” risobanura gutuma umuntu ari mu marushwa canke afise agahinda aturura. Ivyo bigirwa mu kugabanya amagorwa arimwo canke intuntu afise maze bikamwirura. Nta gukeka ko ivyo ari vyo Yehova agira. (Soma 2 Abakorinto 1:3, 4.) Nta kintu na kimwe canke umuntu n’umwe yobuza Data wa twese wo mw’ijuru kugira ico akoze. Ku bw’ivyo, arashobora gukora ikintu cose gikenewe kugira ngo ahoze abamukunda. Natwe turashobora guhoza abo dusangiye ukwemera “bari mu makuba y’ubwoko bwose.” Ivyo turashobora kubigira “biciye ku ruhoza Imana iduhoresha.” Ese ukuntu ivyo vyerekana neza ubushobozi ntangere Yehova afise bwo guhoza abihebuye!

Kwihanganira ibintu biteza amarushwa

6. Tanga uburorero bw’ibintu bishobora gutuma umuntu agira amarushwa.

6 Turakeneye guhozwa mu mice myinshi y’ubuzima. Kimwe mu bintu bituma umuntu atuntura kuruta ibindi ni ukubura uwiwe, na canecane uwo bubakanye canke umwana. Umuntu yoshobora kandi gukenera guhozwa igihe abandi bamukumiriye canke bamwinuvye. Amagara make, ukwiterera mu myaka, ubukene, ingorane zo mu mubano w’ababiranye canke ibintu vyo kw’isi biteza amarushwa, birashobora gutuma umuntu akenera guhozwa.

7. (a) Mu bihe vy’amarushwa, tuba dukeneye iki? (b) Yehova ashobora gukora iki kugira ngo akize umutima “umenaguritse kandi ujanjaguritse”?

7 Mu bihe vy’amarushwa, turashikirwa n’imibabaro mu buryo butandukanye. Turakenera guhozwa kubera yuko umutima wacu, umuzirikanyi wacu, inyiyumvo zacu, amagara yacu be n’ukwizera kwacu vyoshobora kumererwa nabi. Nk’akarorero, rimbura ivyerekeye umutima. Ijambo ry’Imana riremera icese yuko umutima wacu ushobora ‘kumenagurika ukongera ukajanjagurika.’ (Zab. 51:17) Nta gukeka ko Yehova ashobora gutorera umuti ico kintu, kubera ko “akiza abavunitse umutima, agatubika ahantu habababaza.” (Zab. 147:3) Mbere no mu bihe bigoye cane, Imana irashobora guhumuriza umutima ukubititse mu gihe tuyisenze dufise ukwizera gukomeye tukongera tugakurikiza amabwirizwa yayo.​—Soma 1 Yohani 3:19-22; 5:14, 15.

8. Yehova ashobora gute kudufasha igihe duhagaritse umutima?

8 Akenshi umuzirikanyi wacu urakenera guhozwa ari kwo guhumurizwa kubera yuko ibigeragezo bitandukanye bishobora gutuma duhagarika umutima cane. Hari aho tutoshobora kwihanganira ivyo bintu bigerageza ukwizera kwacu dukoresheje inguvu zacu bwite. Ariko rero, umwanditsi wa zaburi yaririmvye ati: “Igihe ivyiyumviro vyanje bidurumbanya vyaba vyinshi muri jewe, ivyo wiruza vyaciye bitangura gukuyakuya umutima wanje.” (Zab. 94:19) Vyongeye, Paulo yanditse ati: “Ntimwiganyire ku kintu na kimwe, ahubwo muri vyose, mu gusenga no mu gutakamba hariko n’ugukenguruka, ivyo musaba bimenyeshwe Imana; maze amahoro y’Imana arengeye ukwiyumvira kwose azorinda imitima yanyu n’ububasha bwanyu bwo kwiyumvira biciye kuri Kristu Yezu.” (Flp. 4:6, 7) Gusoma Ivyanditswe no kubizirikana birashobora kudufasha cane igihe twahagaritse umutima.​—2 Tim. 3:15-17.

9. Ni igiki codufasha igihe tugize inyiyumvo zica intege?

9 Rimwe na rimwe, twoshobora kuvunika umutima cane ku buryo tugira inyiyumvo zica intege. Kumbure tubona yuko tudashoboye kwitwararika ibanga rinaka dusabwa n’Ivyanditswe canke agateka kanaka k’umurimo. N’ico gihe nyene, Yehova arashobora kuduhoza no kudufasha. Tubitangire akarorero: Igihe Yosuwa yashingwa igikorwa co kuyobora Abisirayeli akabarinda amahanga y’abansi akomeye, Musa yabwiye ico gisata ati: “Mugire umutima rugabo kandi mukomere. Ntutinye canke ngo uranduke umutima imbere yabo, kuko Yehova Imana yawe ari we agendana nawe. Ntazoguta canke ngo aguhebe buhere.” (Gus. 31:6) Yosuwa ashigikiwe na Yehova, yarashoboye kuyobora abasavyi b’Imana abashikana mu Gihugu c’isezerano yongera aratuma batsinda abansi babo bose. Imbere y’aho, igihe bari ku Kiyaga gitukura, Musa yari yarafashijwe n’Imana muri ubwo buryo.​—Kuv. 14:13, 14, 29-31.

10. Igihe amarushwa agize ico akoze ku magara yacu, ni igiki codufasha?

10 Ibintu biteza amarushwa bidushikira birashobora kugira ingaruka mbi ku magara yacu. Birumvikana ko gufungura neza, kuruhuka bihagije no kuza turinonora imitsi hamwe no kuguma tugira isuku, bishobora kugira ico bidufashije. Vyongeye, kuzirikana ivyo Bibiliya ivuga ku bijanye na kazoza, birashobora gutuma tugira amagara meza. Ku bw’ivyo, igihe dushikiwe n’ibintu bitubabaza biraba vyiza twibutse ibintu vyashikiye Paulo be n’amajambo yiwe aremesha agira ati: “Turatunatunwa mu buryo bwose, mugabo ntitubura isaganirizo; turazazanirwa, mugabo ntitubura rwose icanzo; turahamwa, mugabo ntidusigwa mu kangaratete; turakubitwa hasi, mugabo ntidutikizwa.”​—2 Kor. 4:8, 9.

11. Dushobora gute kwirinda kurwara mu buryo bw’impwemu?

11 Ibigeragezo bimwebimwe birashobora kubangamira ukwizera kwacu. N’ico gihe nyene, Yehova arashobora kudufasha. Ijambo ryiwe ridusubiriza umutima mu nda riti: “Yehova ashigikira abatemba bose, kandi ahagurutsa abunamye bose.” (Zab. 145:14) Kugira ngo dushobore kwirinda kurwara mu buryo bw’impwemu, turakwiye kurondera gufashwa n’abakurambere bakirisu. (Yak. 5:14, 15) Vyongeye, kuguma twibuka icizigiro gishingiye ku Vyanditswe kijanye no kubaho ibihe bidahera, birashobora kudukomeza igihe turi mu bintu bigerageza ukwizera kwacu.​—Yoh. 17:3.

Uburorero bw’abantu Imana yahojeje

12. Niwigane ukuntu Yehova yahumurije Aburahamu.

12 Umwanditsi wa Zaburi umwe yanditse ahumekewe n’Imana ati: “Niwibuke rya jambo wabwiye umusavyi wawe, iryo [wewe Yehova] wandindirije. Urwo ni rwo ruhoza rwanje mu marushwa yanje, kuko ijambo ryawe ryanzigamiye ubuzima.” (Zab. 119:49, 50) Muri iki gihe, turafise Ijambo rya Yehova ryanditse, rino rikaba ririmwo uburorero bwinshi bw’abantu Imana yahojeje. Nk’akarorero, Aburahamu ashobora kuba yaragize umubabaro mwinshi igihe yamenya yuko Yehova agiye gutikiza Sodomu na Gomora. Uwo sekuruza w’imiryango w’umwizigirwa yabajije Imana ati: “Ubwo vy’ukuri uzohonereza hamwe umugororotsi n’umubisha?” Yehova yarahumurije Aburahamu mu kumukura amazinda yuko naho hoboneka abagororotsi 50 gusa atotikije Sodomu. Ariko rero, Aburahamu yarabajije Yehova izindi ncuro zitanu ati: Bite ho mu gihe hoba hariyo abagororotsi 45 gusa? 40 gusa? 30 gusa? 20 gusa? 10 gusa? Izo ncuro zose, Yehova abigiranye ukwihangana kwinshi n’umutima mwiza yarasubirije umutima mu nda Aburahamu yuko Sodomu itotikijwe. Naho nyene muri ako karere ata n’abagororotsi cumi bariyo, Yehova yarazigurije Loti n’abakobwa biwe.​—Ita. 18:22-32; 19:15, 16, 26.

13. Hana yerekanye gute ko yizigira Yehova?

13 Hana umukenyezi wa Elikana yaripfuza cane kuronka akana. Mugabo yari ingumba, kandi ivyo vyaramubabaza cane. Yaratuye ico kibazo Yehova mw’isengesho, kandi Umuherezi Mukuru Eli yamubwiye ati: “Imana ya Isirayeli iguhe ico wayisavye.” Ivyo vyarahojeje Hana, “kandi mu maso hiwe ntihasubi[ye] kuboneka amaganya.” (1 Sam. 1:8, 17, 18) Hana yarizigiye Yehova, ararekera ibintu mu maboko yiwe umutima uri mu nda. Naho Hana atari azi icovuyemwo, yaragize amahoro yo mu mutima. Mu nyuma, Yehova yarishuye isengesho ryiwe. Yaribungeze maze yibaruka umwana w’umuhungu, amwita Samweli.​—1 Sam. 1:20.

14. Ni kubera iki Dawidi yari akeneye guhozwa, kandi yituye nde?

14 Umwami Dawidi wa Isirayeli ya kera ni uwundi muntu yahojejwe na Yehova. Kubera yuko Yehova “abona ico umutima uri,” igihe yahitamwo Dawidi ngo azobe umwami wa Isirayeli, yari azi yuko ari umuntu w’inziraburyarya kandi yihebeye ugusenga kw’ukuri. (1 Sam. 16:7; 2 Sam. 5:10) Ariko rero, mu nyuma Dawidi yararenze ibigo na Bati-sheba maze aragerageza guhisha ico gicumuro mu kwicisha umugabo wiwe. Igihe Dawidi yatahura ko igicumuro yari yakoze cari gikomeye, yarasenze Yehova ati: “Nuhanagure ibigabitanyo vyanje nk’uko ubwinshi bw’imbabazi zawe buri. Nunyoze rwose unkureko ikosa ryanje, umpumanure igicumuro canje. Kuko ibigabitanyo vyanje jewe ndabizi, kandi igicumuro canje cama imbere yanje.” (Zab. 51:1-3) Dawidi yarigaye vy’ukuri maze Yehova aramubabarira. Ariko rero, Dawidi yategerezwa gushikirwa n’ingaruka z’ibintu bibi yari yakoze. (2 Sam. 12:9-12) Naho vyari ukwo, imbabazi za Yehova zarahojeje uwo musavyi wiwe yicisha bugufi.

15. Yehova yafashije gute Yezu imbere gatoyi y’uko apfa?

15 Igihe Yezu yari kw’isi, yarashikiwe n’ibintu vyinshi bitoroshe. Imana yararetse ivyo bintu vyagerageza ukwizera biramushikira, mugabo yaragumanye ugutungana kwiwe ari umuntu atagira agasembwa yama na ntaryo yizigira Yehova akongera agashigikira ubusegaba bwiwe. Igihe Yezu yagira agurwe ngo yicwe, yasenze Yehova ati: “Ntihabe ukugomba kwanje, ahubwo habe ukugomba kwawe.” Umumarayika yaciye abonekera Yezu maze aramukomeza. (Luka 22:42, 43) Imana yarahaye Yezu uruhoza, inguvu be n’imfashanyo yari akeneye muri uwo mwanya.

16. Imana ishobora gukora iki ku bijanye n’amaganya twoshobora kugira igihe tugira twicwe kubera twumiye ku gutungana kwacu?

16 Naho nyene twoba tubwirizwa kwicwa duhorwa ukwizera kwacu, Yehova arashobora kudufasha kugumana ugutungana kwacu imbere yiwe kandi azobigira. Vyongeye, turahozwa n’icizigiro c’izuka. Ese kandi ukuntu turindiranye umushasharo wa musi aho urupfu ari we mwansi wa nyuma “[ru]zokurwaho”! (1 Kor. 15:26) Abasavyi b’Imana b’intahemuka bapfuye, be n’abandi, Yehova ntazokwigera abibagira kandi azobazura. (Yoh. 5:28, 29; Ivyak. 24:15) Kwizigira umuhango Yehova yatanze werekeye izuka biraduhoza bikongera bigatuma tugira icizigiro ntakekeranywa mu bihe vy’uruhamo.

17. Yehova ashobora gute kuduhoza igihe tubuze uwacu?

17 Ese ukuntu duhozwa no kumenya yuko abacu ubu basinziriye mu rupfu bazosubira kuba bazima bakibera mw’isi nshasha nziza igitangaza itagiramwo ibintu vyose biteza amarushwa biriho muri iki gihe! Vyongeye, ese ukuntu kwakira no kwigisha abazoba bazukiye kuba kw’isi kazoba ari agateka ku basavyi ba Yehova bagize “isinzi rinini” bazorokoka iherezo ry’ivy’iyi si mbi!​—Ivyak. 7:9, 10.

Munsi hari amaboko yamaho y’Imana

18, 19. Abasavyi ba Yehova bahojejwe gute igihe bariko barahamwa?

18 Mu majambo ari mu ruririmbo rukomeza kandi rukora ku mutima Musa yanditse, yakuye amazinda igisata ca Isirayeli ati: “Ya Mana yo mu gihe ca kera ni ubwikingo, munsi na ho hari ya maboko yamaho igihe kitagira urugero.” (Gus. 33:27) Mu nyuma umuhanuzi Samweli yabwiye Abisirayeli ati: “Ntimukevye ngo mureke gukurikira Yehova, kandi mutegerezwa gukorera Yehova n’umutima wanyu wose. . . . Yehova [n]tazota abantu biwe, kubera izina ryiwe rihambaye.” (1 Sam. 12:20-22) Nitwaguma twumiye kuri Yehova mu gusenga kw’ukuri, ntazokwigera aduheba. Azokwama adushigikira nk’uko tubikeneye.

19 Imana irabandanya kuronsa abasavyi bayo imfashanyo n’uruhoza bakeneye muri iyi misi ya nyuma itoroshe. Mu myaka irenga ijana iheze, abo dusangiye ukwemera ibihumbi n’ibihumbi bo hirya no hino kw’isi barahamwe bongera baratabwa mu mabohero bahorwa gusa ko bakorera Yehova. Ivyabashikiye birerekana yuko mu bihe vy’ibigeragezo, Yehova ahoza vy’ukuri abasavyi biwe. Nk’akarorero, umwe mu bavukanyi bacu bo mu cahoze ari Leta Zunze Ubumwe z’Abasoviyeti yaraciriwe umunyororo w’imyaka 23 ahorwa ukwizera kwiwe. Naho vyari ukwo, harabonetse uburyo bwo kumuronsa ibifungurwa vy’impwemu ku buryo yashoboye gukomezwa yongera arahozwa. Yavuze ati: “Muri iyo myaka yose, narize kwizigira Yehova maze arankomeza.”​—Soma 1 Petero 5:6, 7.

20. Ni kubera iki dushobora kwemera tudakeka ko Yehova atazoduheba?

20  Tutaravye ibintu vyoshobora kuzodushikira, vyoba vyiza tugumye twibuka amajambo aduhoza y’umwanditsi wa Zaburi agira ati: “Yehova [n]tazoheba abantu biwe.” (Zab. 94:14) Naho twebwe ubwacu dukeneye guhozwa, turafise kandi agateka gahambaye ko guhoza abandi. Nk’uko tuzobibona mu kiganiro gikurikira, turashobora kugira uruhara mu guhoza abantu bagandaye bo muri iyi si idurumbanye.

Wokwishura gute?

• Ni ibintu bimwebimwe ibihe bishobora kuduteza amarushwa?

• Yehova ahoza gute abasavyi biwe?

• Ni igiki gishobora kuduhoza igihe tugira twicwe?

[Ibibazo vy’icigwa]

[Uruzitiro/​Ifoto ku rup. 25]

INGENE TWOKWIHANGANIRA IBINTU BISHOBORA KUBANGAMIRA . . .

umutima wacu Zab. 147:3; 1 Yoh. 3:19-22; 5:14, 15

umuzirikanyi wacu Zab. 94:19; Flp. 4:6, 7

inyiyumvo zacu Kuv. 14:13, 14; Gus. 31:6

amagara yacu 2 Kor. 4:8, 9

ukwizera kwacu Zab. 145:14; Yak. 5:14, 15