Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Elisha yarabonye imikogote y’umuriro—Woba nawe uyibona?

Elisha yarabonye imikogote y’umuriro—Woba nawe uyibona?

Umwami wa Siriya yariko arahiga umuhanuzi w’Imana Elisha maze amusanga mu gisagara c’imirambi kizitijwe ibihome ca Dotani. Mw’ijoro, uwo mutware w’Umusiriya yararungitse i Dotani amafarasi, imikogote y’intambara be n’ingabo. Mu mutwenzi, izo ngabo zari zamaze gukikuza ico gisagara.—2 Abm. 6:13, 14.

Igihe umusuku wa Elisha yavyuka maze agasohoka, yarabonye abo bantu bagira bafate uwo muhanuzi. Yaciye asemerera ati: “Yoo, databuja! Tugire iki?” Elisha yavuze ati: “Ntutinye, kuko abari kumwe natwe ari benshi kuruta abari kumwe na bo.” Uwo muhanuzi yaciye asenga ati: “Ewe Yehova, ndakwinginze wugurure amaso yiwe, kugira ngo abone.” Iyo nkuru ibandanya iti: “Yehova aca yugurura amaso ya nya musuku, ku buryo abona; maze ehe, nya karere k’imisozi kari kuzuye amafarasi n’imikogote y’intambara y’umuriro hirya no hino ya Elisha.” (2 Abm. 6:15-17) Twokwigira iki kuri ivyo bintu hamwe no ku bindi vyashitse mu buzima bwa Elisha?

Elisha yari atekanye igihe yasugerezwa n’Abanyasiriya kubera ko yizigira Yehova akaba kandi yarabona ukuntu Imana ikoresha ububasha bwayo bwo gukingira. Ntitwitega ko haba ibitangaro muri iki gihe, mugabo turatahura vy’ukuri yuko Yehova akingira abasavyi biwe uko bagize umugwi. Ni nk’aho natwe dukikujwe n’amafarasi be n’imikogote vy’umuriro. ‘Nitwabibona’ n’amaso yacu y’ukwizera kandi tukaguma twiheka ku Mana, ‘tuzobaho mu mutekano’ twongere duhezagirwe na Yehova. (Zab. 4:8) Nimuze turimbure ukuntu twokwungukira ku bindi bintu vyabaye mu buzima bwa Elisha.

ELISHA ATANGURA GUSUKURIRA ELIYA

Igihe kimwe, Elisha akaba yariko ararimisha inka mu murima, umuhanuzi Eliya yaramwegereye maze amutererako impuzu y’ibango yiwe. Elisha yari azi ico ivyo vyasobanura. Yarateguye inzimano, arasezera se na nyina maze ava i muhira aja kuba umusuku wa Eliya. (1 Abm. 19:16, 19-21) Kubera ko Elisha yaciye yitanga ngo akorere Imana uko bishoboka kwose, Yehova yaramukoresheje kandi yahavuye aba umuhanuzi mu kibanza ca Eliya.

Elisha yamaze imyaka nk’itandatu ari umusuku wa Eliya. Muri ico kiringo, Elisha ni we “[y]asuka amazi ku  maboko ya Eliya.” (2 Abm. 3:11) Muri iyo misi, abantu bari bafise akamenyero ko gufungura n’amaboko, badakoresheje amakanya, imbugita canke ibindi bikoresho vyo gufungura. Bahejeje gufungura, umusuku yarasuka amazi ku maboko ya shebuja kugira ngo akarabe. Ku bw’ivyo, n’imiburiburi bimwebimwe mu bikorwa vya Eliya vyari biciye bugufi. Naho vyari ukwo, yabona ko ari agateka kuba umusuku wa Eliya.

No muri iki gihe, abakirisu benshi baraja mu mice itandukanye y’umurimo w’igihe cose. Ivyo babitumwa n’ukwizera be n’icipfuzo co gukoresha inguvu zabo uko bishoboka kwose mu gukorera Yehova. Bimwebimwe mu bikorwa bashingwa bisaba ko bava i muhira maze bagakora ibikorwa benshi boshobora kubona ko biciye bugufi, bakabikorera kuri Beteli, mu bwubatsi n’ahandi. Nta mukirisu n’umwe akwiye kubona ko uwo murimo ata co umaze canke utuma aba uwukengeretse, kubera ko Yehova awuha agaciro cane.—Heb. 6:10.

ELISHA YARUMIYE KU GIKORWA CIWE

Imbere y’uko Imana “[i]dugana Eliya mu kirura c’umuyaga mu majuru,” yararungitse uwo muhanuzi i Beteli avuye i Gilugali. Eliya yasavye ko uwo mugenziwe atojana na we, mugabo Elisha yishuye ati: “Ntituvana.” Igihe bariko barabandanya urugendo, Eliya yarongeye gusaba Elisha incuro zibiri ngo asigare mugabo biba ivy’ubusa. (2 Abm. 2:1-6) Nka kumwe nyene Rusi yari yarumiye kuri Nawomi, ni ko Elisha yumiye kuri Eliya. (Rusi 1:8, 16, 17) Uti kubera iki? Biboneka ko kwari kubera yuko Elisha yaha agaciro agateka yari yarahawe n’Imana ko gusukurira Eliya.

Elisha yaradusigiye akarorero keza. Nitwaterwa agateka kanaka k’umurimo mw’ishirahamwe ry’Imana, tuzogaha agaciro cane nitwaguma twibuka yuko turiko dukorera Yehova. Nta kandi gateka koza karuta ako.—Zab. 65:4; 84:10.

“SABA ICO NDAGUKORERA”

Igihe abo bagabo babiri bariko baragenda, Eliya yabwiye Elisha ati: “Saba ico ndagukorera imbere y’uko njanwa, ngakurwa iruhande yawe.” Nka kumwe nyene ca kintu Salomo yasaba imyaka itari mike imbere y’aho cari kijanye n’ivy’impwemu, ni na ko ico Elisha yasavye cari kimeze. Yasavye ko ‘imigabane ibiri y’impwemu ya Eliya yoza kuri we.’ (1 Abm. 3:5, 9; 2 Abm. 2:9) Muri Isirayeli, umuhungu w’imfura yabwirizwa kuronka imigabane ibiri y’intoranwa. (Gus. 21:15-17) Ni nk’aho rero Elisha yari asavye ko yoba samuragwa wa Eliya wo mu buryo bw’impwemu. N’ikindi kandi, biboneka ko Elisha yipfuza kugira umutima rugabo nk’uwa Eliya, uno akaba “[yar]agize koko ishari ku bwa Yehova.”—1 Abm. 19:13, 14.

Eliya yakiriye gute ico kintu umusuku wiwe yari amusavye? Uwo muhanuzi yavuze ati: “Usavye ikintu kigoye. Niwambona igihe nzoba njanywe nkuwe iruhande yawe, birakubera gutyo; mugabo nutambona, ntibiza kuba.” (2 Abm. 2:10) Biboneka ko iyo nyishu ya Eliya yari ifise insobanuro zibiri. Ubwa mbere, Imana ni yo yonyene yari gushobora kwerakana nimba Elisha yoronse ico kintu yari asavye. Ubwa kabiri, kugira ngo Elisha aronke ico kintu, yategerezwa kuguma yiyemeje kugumana na Eliya, naho hoshitse iki.

IVYO ELISHA YABONYE

Kuba Elisha yasavye imigabane ibiri y’impwemu ya Eliya, Imana yabibonye gute? Iyo nkuru ivuga iti: “Bakiriko baragenda, bakaba bagenda baravuga, erega, ehe umukogote w’intambara w’umuriro n’amafarasi y’umuriro, maze bitandukanya abo babiri; nuko Eliya aduga mu kirura c’umuyaga mu majuru. Muri ico gihe cose Elisha yariko arabibona.” * Iyo ni yo nyishu Yehova yatanze ku vyo Elisha yari asavye. Elisha yarabonye Eliya akurwa iruhande yiwe, araronka imigabane ibiri y’impwemu ya Eliya hanyuma araba samuragwa wo mu buryo bw’impwemu w’uwo muhanuzi.—2 Abm. 2:11-14.

Elisha yaciye atora ya mpuzu y’ibango yari ikorotse ivuye kuri Eliya maze arayambara. Ico gihe iyo mpuzu yarerekana ko Elisha ari umuhanuzi w’Imana. Ikindi kimenyamenya c’uko yari yagenywe cagaragaye igihe mu nyuma yakora igitangaro mu kugaburamwo kubiri amazi y’Uruzi Yorodani.

Ivyo Elisha yabonye igihe Eliya yaduga mu kirura c’umuyaga, nta gukeka ko atigeze avyibagira na gato. Nakare, umuntu ntiyigera abona umukogote w’intambara w’umuriro n’amafarasi y’umuriro! Ivyo bintu vyaratanze ikimenyamenya c’uko Yehova yakiriye neza ico kintu Elisha yari asavye. Igihe Imana yishuye amasengesho yacu, ntitubona mw’iyerekwa umukogote w’intambara waka umuriro n’amafarasi y’umuriro. Mugabo turashobora gutahura yuko Imana ikoresha ububasha bwayo buhambaye kugira ngo yiyemeze neza ko ivyo igomba  bikorwa. Kandi igihe tubona ko Yehova ariko arahezagira igice co kw’isi c’ishirahamwe ryiwe, ni nk’aho ‘tubona’ umukogote wiwe wo mw’ijuru uriko uragenda.—Ezk. 10:9-13.

Elisha yariboneye ibintu vyinshi vyamujijuye yuko Yehova afise ububasha bw’akaburarugero. Nkako, impwemu nyeranda y’Imana yaratumye uwo muhanuzi ashobora gukora ibitangaro 16, bikaba biruta incuro zibiri ivyakozwe na Eliya. * Incuro igira kabiri Elisha yabonye amafarasi n’imikogote y’intambara y’umuriro ni ca gihe yari mu bintu bitoroshe i Dotani, bimwe bivugwa mu ntangamarara y’iki kiganiro.

ELISHA YARIZIGIRA YEHOVA

Naho Elisha yari akikujwe n’abansi i Dotani, yagumye atekanye. Uti kubera iki? Kubera ko yizera Yehova bimwe bikomeye. Na twebwe nyene turakeneye ukwizera nk’ukwo. Nimuze rero dusenge dusaba impwemu nyeranda y’Imana kugira ngo dushobore kugaragaza ukwizera be n’iyindi mice y’icamwa c’impwemu.—Luka 11:13; Gal. 5:22, 23.

Ico kintu cabaye i Dotani caratumye kandi Elisha agira imvo yumvikana yo kwizigira Yehova be n’ingabo ziwe zitaboneka akoresha mu gukingira abasavyi biwe. Uwo muhanuzi yaratahuye yuko Imana yari yarungitse abamarayika amasinzi kugira ngo bakikuze ico gisagara be n’abari bagisugereje. Mu guteza uruhumyi abo bansi, Imana yarakijije ku gitangaro Elisha n’uwo musuku wiwe. (2 Abm. 6:17-23) Muri ico gihe kitoroshe, cokimwe no mu bindi bihe, Elisha yarizeye Yehova yongera aramwizigira aherejeko.

Cokimwe na Elisha, nimuze twizigire Yehova Imana. (Imig. 3:5, 6) Nitwabigenza gutyo, “Imana ubwayo izotugirira ubutoni kandi iduhezagire.” (Zab. 67:1) Ego ni ko, ntidukikujwe nya gukikuzwa n’imikogote be n’amafarasi vy’umuriro. Ariko rero mu gihe ca ya “makuba akomeye” yimirije, Yehova azodukingira uko tugize umuryango w’abavukanyi ukwiye kw’isi yose. (Mat. 24:21; Ivyah. 7:9, 14) Mu kurindira, nimuze twame twibuka yuko “Imana [ari] ubuhungiro bwacu.”—Zab. 62:8.

^ par. 16 Eliya ntiyaduze mu majuru, ahantu ho mu buryo bw’impwemu Yehova n’abana biwe b’abamarayika baba. Raba Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Gitugutu 1997, urupapuro rwa 12.

^ par. 19 Raba Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Myandagaro 2005, urupapuro rwa 10.