Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Woba warahinduwe?

Woba warahinduwe?

“Muhindurwe mu guhindura umuzirikanyi wanyu ukaba musha.”—ROM. 12:2.

1, 2. Ukuntu twarezwe be n’aho tubaye bigira ico bidukozeko gute?

UKUNTU twarezwe be n’aho tuba biragira ico bidukozeko cane twese. Twambara mu buryo bunaka; dukunda ibifungurwa binaka; twifata mu buryo bunaka. Kubera iki? Kimwe mu bibituma, ni uko abantu badukikuje be n’ukuntu ivyacu vyifashe mu buzima bigira ico bidukozeko.

2 Ariko rero, hariho ibintu bihambaye rwose kuruta uguhitamwo ibifungurwa n’ukuntu twambara. Nk’akarorero, dukura tubona ko ibintu bimwebimwe bibereye kandi vyemewe mugabo ko ibindi bitabereye kandi bitemewe. Ibintu vyinshi nk’ivyo usanga biraba umuntu ku giti ciwe kandi usanga abantu babibona mu buryo butandukanye. Ijwi ryacu ryo mu mutima na ryo nyene riragira ico rikoze ku mahitamwo tugira. Bibiliya iremera icese ko akenshi “abanyamahanga badafise itegeko bako[ra] ivyo itegeko rivuga nk’uko bisanzwe bibarimwo.” (Rom. 2:14) Ariko none ivyo vyoba bisobanura ko igihe cose hataba hariho itegeko ritomoye riva ku Mana, dushobora guca twisunga inzira be n’ingingo ngenderwako twarerewemwo canke izisungwa na benshi mu karere iwacu?

3. Ni imvo zibiri izihe zituma abakirisu badapfa gukurikiza inzira be n’ingingo ngenderwako zisungwa na benshi?

3 Hariho n’imiburiburi imvo zibiri zihambaye zituma abakirisu batabigenza gutyo. Ubwa mbere, Bibiliya itwibutsa iti: “Hari inzira iba igororotse imbere y’umuntu, mugabo iherezo ryayo mu nyuma ari inzira z’urupfu.” (Imig. 16:25) Kubera ko twebwe abantu turi abanyagasembwa, ntidushoboye rwose kumenya icodufasha vy’ukuri kuyobora neza intambuko zacu. (Imig. 28:26; Yer. 10:23) Ubwa kabiri, Bibiliya yerekana ko inyifato n’ingingo ngenderwako vyo mw’isi ata wundi avyifatiye mu minwe atari Shetani, we “mana y’iki gihe.” (2 Kor. 4:4; 1 Yoh. 5:19) Nimba rero twipfuza guhezagirwa no gushimwa na Yehova, turakeneye kwumvira inkeburo iri mu Baroma 12:2.Soma.

4. Turimbura iki muri iki kiganiro?

 4 Hari ivyiyumviro bihambaye nka bingahe biri mu Baroma 12:2 dukwiye kurimbura twitonze. (1) Ni kubera iki dukeneye ‘guhindurwa’? (2) Ukwo guhindurwa kurimwo ibiki? kandi (3) Dushobora gute guhindurwa? Nimuze twihweze ivyo bibazo.

KUBERA IKI TWOHINDURWA?

5. Amajambo ya Paulo ari mu Baroma 12:2 yayabwiye canecane bande?

5 Amajambo y’intumwa Paulo ari mw’ikete yandikiye Abaroma ntiyayabwiye abatemera canke abanyagihugu muri rusangi, ahubwo yayabwiye abakirisu bagenziwe barobanuwe. (Rom. 1:7) Yabahimirije guhindurwa no “[kureka] gushushanywa n’ivy’iki gihe.” Ku bakirisu baba i Roma ico gihe, nko mu 56 G.C., ‘ivy’ico gihe’ vyari bigizwe n’ingingo ngenderwako, imigenzo, inyifato be n’uburyo bwo gukora ibintu vyaranga Abaroma. Kuba Paulo akoresha ijambo ‘kureka’ vyerekana ko bamwebamwe muri bo bari bakigirwako akosho n’ivy’ico gihe. Ni utwosho bwoko ki ivy’ico gihe vyagira kuri bene wacu na bashiki bacu?

6, 7. Mu gihe ca Paulo, ukuntu ivyo mu kibano be n’ivy’idini vyari vyifashe vyabera gute intambamyi abakirisu?

6 Muri iki gihe, ingenzi zigendera Roma akenshi zirahabona ibisigarira vy’insengero, vy’imva, vy’ivyibutso, vy’ibibuga vy’inkino, vy’ibibanza vyaberamwo ibikino n’ibindi n’ibindi. Bimwebimwe muri vyo ni ivyo mu kinjana ca mbere. Ivyo bisigarira vya kera birerekana ukuntu ivyo mu kibano be n’ivy’idini vyari vyifashe i Roma ha kera. Turashobora kandi gusoma mu bitabu vya kahise ibijanye n’inkino zo kunyinyurana, amasiganwa yo ku mikogote be n’ibikino hamwe n’imiziki vyerekeye ibintu vyinshi cane, bimwebimwe muri vyo bikaba vyari biteye isoni. N’ikindi kandi, Roma cari ikibanza gikuru c’ivy’ubudandaji giteye imbere cane, hakaba rero hariho uturyo twinshi two kwironkera ibintu vy’umubiri.—Rom. 6:21; 1 Pet. 4:3, 4.

7 Naho Abaroma bari bafise insengero n’imana vyinshi, nta bucuti bwa hafi bari bafitaniye n’izo mana basenga. Kuri bo, ivyo gusenga vyari bigizwe ahanini n’ibintu bijanye n’imigenzo, ni ukuvuga imigenzo ijanye no kuvuka, kwabira no gupfa, ivyo bikaba vyari mu bigize ubuzima bwo mu kibano. Urashobora kwiha ishusho y’ukuntu ivyo vyose vyabera intambamyi abakirisu baba i Roma. Benshi muri bo bari bakuriye muri ivyo bintu, bikaba rero biboneka ko bari bakeneye guhindurwa kugira ngo babe abakirisu b’ukuri, kandi ukwo guhinduka ntikwogarukiye ku kubatizwa kwabo.

8. Isi igeramiye gute abakirisu muri iki gihe?

8 Nk’ukwo kwa Roma, isi ya kino gihe na yo nyene irageramiye abakirisu biyeguye. Kubera iki? Kubera ko impwemu y’isi yigaragaza mu buryo bwinshi. (Soma Abanyefeso 2:2, 3; 1 Yohani 2:16.) Uko bukeye uko bwije twama turi kumwe n’abantu bafise ivyipfuzo n’ivyiyumviro vy’isi kandi bisunga ingingo ngenderwako n’imico vyayo, akaba ari co gituma duhakwa gutwarwa n’isi. Ku bw’ivyo, turafise imvo nyinshi zo kwumvira ya ngabisho yahumetswe idusaba ‘kureka gushushanywa n’ivy’iki gihe’  no ‘guhindurwa.’ None tubwirizwa gukora iki?

NI IGIKI GIKENEYE GUHINDURWA?

9. Ni amahinduka ayahe benshi bagira imbere y’uko bakwiza ibisabwa vyo kubatizwa?

9 Uko umuntu yiga ukuri kwo muri Bibiliya kandi akagushira mu ngiro, aratangura gutera imbere mu vy’impwemu. Mu kugaragaza ukwo gutera imbere, aragira ivyo ahinduye mu buzima bwiwe yisunze ivyo yize. Arambura imigenzo ijanye n’idini ry’ikinyoma be n’ingeso zitabereye yahorana agaheza agatsimbataza kamere nk’iya Kristu. (Ef. 4:22-24) Turahimbarwa no kubona abantu ibihumbi amajana bagira iterambere nk’iryo buri mwaka maze bagakwiza ibisabwa kugira ngo babatizwe mu kwerekana ko biyeguriye Yehova Imana. Nta gukeka ko ivyo binezereza umutima wa Yehova. (Imig. 27:11) Ariko rero, turakwiye kwibaza duti: Ayo mahinduka yoba ari yo yonyene akenewe?

10. Uguhinduka gutandukaniye he no kugira ivyo umuntu aryohoye?

10 Mu bisanzwe, guhindurwa harimwo n’ibindi uretse gutera imbere canke kugira ivyo umuntu aryohoye. Ikidandazwa kinaka coshobora kwandikwako ngo “caryohowe,” mugabo muri rusangi kiba kikiri ca kindi nyene. Coshobora kuba congeweko akantu kamwe gusa gashasha kandi kigatekerwa mu kintu kiryoheye ijisho kuruta. Ku vyerekeye imvugo ‘guhindurwa,’ kazinduzi imwe (Vine’s Expository Dictionary) isigura iti: “Mu Baroma 12:2, gushushanywa n’ivy’iki gihe ku bijanye n’ukuntu umuntu aboneka inyuma, bihushanywa no guhindurwa (canke kuryohorwa) ku bijanye n’ukuntu umuntu ameze imbere muri we mu kugira ivyiyumviro bishasha biciye ku bubasha bw’Impwemu Nyeranda.” Ku bw’ivyo, uguhinduka umukirisu ategerezwa kugira si ukwiyambura gusa ingeso mbi, imvugo itabereye be n’inyifato iranga ubuhumbu. Abantu bamwebamwe badafise ubumenyi bwo muri Bibiliya barihatira ku rugero runaka kwirinda ivyo bintu mu buzima bwabo. None ihinduka abakirisu bategerezwa kugira ririmwo iki?

11. Paulo yerekanye ko uguhinduka kugirwa mu buryo ubuhe?

11 Paulo yanditse ati: “Muhindurwe mu guhindura umuzirikanyi wanyu ukaba musha.” Iryo jambo “umuzirikanyi” ryerekeza ku bushobozi bwacu bwo kwiyumvira. Mugabo nk’uko rikoreshwa muri Bibiliya, ririmwo n’agatima dufise be n’ububasha bwo kwiyumvira. Amaja mu ntango y’iryo kete Paulo yandikiye Abaroma, yaravuze ibijanye n’abantu wasanga bagaragaza “imero y’umuzirikanyi itemewe.” Abo bantu bari baratwawe n’ “ukutagororoka, ububisha, umwina, ububi, buzuye agashari, ubwicanyi, ugushihana, ubuhendanyi” n’ibindi bintu bibi. (Rom. 1:28-31) Turashobora gutahura icatumye Paulo ahimiriza abakirisu bari barakuriye mu bintu nk’ivyo ‘guhindurwa’ no ‘guhindura imizirikanyi yabo.’

‘Ishavu ryose, n’uburake, n’ugukankama, n’ugutukana, bikurwe muri mwebwe.’—Ef. 4:31

12. Abantu benshi biyumvira gute muri iki gihe, kandi ako gatima koshobora gute kugeramira abakirisu?

12 Ikibabaje ni uko dukikujwe n’abantu bo mw’isi bameze nka barya Paulo yavuze. Bashobora kuba biyumvira yuko kwumira  ku ngingo mfatirwako no ku ngingo ngenderwako ari ikintu cataye igihe kandi co gukavya. Abigisha n’abavyeyi benshi bararekerana ibintu bakongera bakaremesha uburyo bwo kwiyumvira bwitwa yuko burimwo umwidegemvyo. Kuri bo, ikintu cose kivana n’ukuntu ibintu vyifashe; nta na kimwe kidashobora guhinduka. Mbere n’abantu benshi bavuga ko bayobokera Imana babona ko bafise uburenganzira bwo gukora ico biyumvira ko kibereye, ata kibagobera kugamburukira Imana n’amabwirizwa yayo. (Zab. 14:1) Ako gatima koshobora kugeramira vy’ukuri abakirisu b’ukuri. Abantu batiyubara boshobora kubona indinganizo za gitewokarasi muri ubwo buryo nyene. Boshobora kutagira umutima ukunze wo gukurikiza intunganyo z’ishengero bagashobora mbere no kwidodomba ku kintu ico ari co cose kitagenze nk’uko bagomba. Canke boshobora kugonanwa gukurikiza impanuro zishingiye kuri Bibiliya zijanye n’ukwisamaza, ugukoresha Internet be n’ukwiga amashure ahanitse.

13. Ni kubera iki dukwiye kwisuzuma ata buryarya?

13 Kugira ngo rero ntitwongere kubumbabumbwa n’isi, turakeneye gusuzuma ata buryarya agatima n’inyiyumvo dufise, imigambi yacu be n’ingingo ngenderwako twisunga. Ivyo bintu vyoshobora kutabonwa n’abantu. Abandi boshobora kutubwira yuko ivyacu vyifashe neza. Yamara, ni twe gusa tumenya nimba vy’ukuri twararetse ivyo twize muri Bibiliya bikaduhindura muri iyo mice ihambaye kandi bikabandanya kuduhindura.—Soma Yakobo 1:23-25.

UKUNTU UGUHINDUKA KUGIRWA

14. Ni igiki codufasha guhindura ibikenewe?

14 Kubera ko ukwo guhinduka ari ukw’imbere muri twebwe, kugira ngo gushoboke turakeneye ikintu gishobora kwinjira kigashika ibwina muri twebwe. Ni igiki codufasha muri ivyo? Igihe twize ivyo Yehova adusaba mu buryo buhuye n’umugambi wiwe uvugwa muri Bibiliya, ukuntu twakira ivyo dusoma kurahishura ibiri mu mutima wacu be n’ivyo dukeneye guhindura kugira ngo dukore duhuza n’ “ukugomba kw’Imana . . . kutagira akanenge.”—Rom. 12:2; Heb. 4:12.

15. Kubumbabumbwa na Yehova bishobora gutuma duhinduka gute?

15 Soma Yesaya 64:8. Iyo mvugo ngereranyo umuhanuzi Yesaya yakoresheje iradufasha kubona iciyumviro ngirakamaro twozirikana. Yehova we Mubumvyi atubumbabumba gute twebwe ibumba? Emwe, ntahindura ukuntu tuboneka, kumbure ngo atume turushiriza gusa neza canke kumera neza ku mubiri. Yehova ntatumenyereza mu buryo bw’umubiri ahubwo atumenyereza mu buryo bw’impwemu. Turetse akatubumbabumba, bituma duhinduka imbere muri twebwe, ni kuvuga mu buryo bw’impwemu, iryo hinduka rikaba ari ryo neza na neza dukeneye kugira ngo turwanye utwosho tw’isi. None igikorwa co kubumbabumba kigenda gute?

16, 17. (a) Nuvuge ivyo umubumvyi akora kw’ibumba akoresha kugira ngo ahingure ikibumbano ciza. (b) Ijambo ry’Imana ridufasha gute guhindurwa tukaba ikintu c’agaciro kuri Yehova?

16 Kugira ngo umubumvyi ahingure ikibumbano ciza, akoresha ibumba ry’ubwoko bwiza cane. Ariko rero, hari ibintu bibiri akeneye gukora. Ubwa mbere, iryo bumba rirakenera kwozwa rigakurwamwo uducafu twose canke ubundi butare bwoshobora kuryonona. Ubukurikira, ritegerezwa kuvangwa n’amazi agereranye maze rigategurwa ku buryo riguma rifise imero warihaye.

17 Urabona ko amazi akoreshwa mu gukura ubucafu mw’ibumba no mu gutuma riguma rimeze neza kandi ryoroshe kugira ngo rihingurwemwo icombo, mbere n’icombo c’agaciro. Twoba tubona ukuntu Ijambo ry’Imana rishobora kurangura uruhara nk’urwo nyene mu buzima bwacu? Rirashobora kudufasha guheba ukuntu twahora twiyumvira igihe tutari bwamenye  Imana no guhindurwa tukaba ikintu c’agaciro mu maso yayo. (Ef. 5:26) Iyumvire incuro tumaze guhimirizwa gusoma Bibiliya ku musi ku musi no kwitaba amakoraniro ya gikirisu tudahorereza, aho Ijambo ry’Imana ryigishirizwa. Ni kubera iki twaremeshejwe gukora ivyo bintu? Ni kubera ko tubigize tuba turiko turareka Yehova ngo atubumbabumbe.—Zab. 1:2; Ivyak. 17:11; Heb. 10:24, 25.

Guhindurwa bizogufasha gutorera umuti ingorane mu buryo bwiza kuruta uko wahora ubigira (Raba ingingo ya 18)

18. (a) Ni kubera iki kuzirikana bihambaye cane nimba twipfuza ko Ijambo ry’Imana rigira ico ridukozeko maze rikaduhindura? (b) Ni ibibazo ibihe bishobora kudufasha?

18 Kugira ngo Ijambo ry’Imana ritume tugira amahinduka akenewe, gusoma Bibiliya no kuyiga ni intango gusa. Abantu benshi barasoma Bibiliya rimwe na rimwe ku buryo bahavuye bamenya ivyo ivuga. Ushobora kuba umaze guhura n’abantu nk’abo igihe uri mu busuku bwo mu ndimiro. Hari mbere n’abashobora gusubiramwo ku mutwe imirongo yo muri Bibiliya. * Yamara, ivyo bishobora kuba ata co bihindura ku kuntu biyumvira no ku kuntu babayeho. None habuze iki? Kugira ngo Ijambo ry’Imana rigire ico rikoze ku muntu maze rimuhindure, ategerezwa kurireka rikinjira mu mutima. Ku bw’ivyo, turakeneye gufata akanya ko kuzirikana ku vyo twiga. Vyoba vyiza twibajije duti: ‘Noba najijutse yuko ibi atari gusa inyigisho ijanye n’idini? Noba nabonye ko ari ukuri? Vyongeye, noba mbona ukuntu noshira mu ngiro mu buzima bwanje bwite ivyo niga simbone gusa ko ari ikintu noshobora kwigisha abandi? Noba mbona ko ari jewe Yehova ariko arabwira?’ Kuzirikana ku bibazo nk’ivyo birashobora kudufasha kurushiriza kwiyumvamwo Yehova. Urwo tumukunda ruzokwongerekana. Nitwakorwa ku mutima muri ubwo buryo, bizotuma tugira ivyo duhinduye.—Imig. 4:23; Luka 6:45.

19, 20. Ni impanuro zo muri Bibiliya izihe twoshira mu ngiro bigatuma twironkera ivyiza biboneka?

19 Gusoma Ijambo ry’Imana tudahorereza no kurizirikanako bizotuvyurira umutima wo kubandanya gukora ivyo dushobora kuba tumaze gukora ku rugero runaka, ivyo na vyo bikaba ari ‘ukwambura wa muntu wa kera n’ingeso ziwe, hanyuma tukambara wa muntu mushasha, umwe agirwa mushasha biciye ku bumenyi butagira amakosa.’ (Kol. 3:9, 10) Egome, turashobora kubandanya kuroranirwa uko turushiriza gutahura Ijambo ry’Imana no kureka rikagira ico ridukozeko. Kamere nshasha ya gikirisu tuzoba twaronse izodufasha kwikingira amayeri ya Shetani.

20 Intumwa Petero atwibutsa ati: “Nk’abana bagamburuka, nimureke gushushanywa nk’uko ivyipfuzo mwari mufise kera . . . vyari, mugabo . . . ubwanyu mube beranda mu ngeso zanyu zose.” (1 Pet. 1:14, 15) Gukora uko dushoboye kwose kugira ngo twiyambure ivyiyumviro n’inyifato twahorana no kureka tugahindurwa bizotuma twironkera imihezagiro nk’uko tuzobibona mu kiganiro gikurikira.

^ par. 18 Raba akarorero katanzwe mu Munara w’Inderetsi (mu gifaransa) wo ku wa 1 Ruhuhuma 1994, urupapuro rwa 9, ingingo ya 7.