Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyibutsa vya Yehova nubigire umwigino w’umutima wawe

Ivyibutsa vya Yehova nubigire umwigino w’umutima wawe

“Ivyibutsa vyawe nabifashe nk’ikintu nigabira gushika igihe kitagira urugero.”—ZAB. 119:111.

1. (a) Abantu bakira ivyibutsa mu buryo butandukanye ubuhe, kandi kubera iki? (b) Ubwibone bwoshobora kugira ico bukoze gute ku kuntu umuntu abona impanuro?

ABANTU bakira ubuyobozi mu buryo butandukanye. Icibutsa gitanzwe n’umuntu afise ubukuru coshobora kwakiranwa umutima mwiza, mu gihe impanuro itanzwe n’uwo mu runganwe canke umuntu turusha ubukuru yoshobora gushiburirwa kure. Inyiyumvo abantu bagira igihe batojwe indero be n’igihe bakebuwe na zo nyene usanga zitandukanye cane. Hari aboshobora kugira intuntu, umubabaro canke ibimaramare, abandi na bo bagashobora kwumva bashatse kugira ico bakoze, kwumva bokwihata no kwumva bipfuza kugira ico baryohoye. None ukwo kuvyakira mu buryo butandukanye guterwa n’iki? Kimwe mu kibitera ni ubwibone. Egome, agatima ko kwishira hejuru karashobora gutuma umuntu atabona ibintu mu buryo bwiza, bigatuma yanka impanuro maze agahomba ubuyobozi bw’agaciro.—Imig. 16:18.

2. Ni kubera iki abakirisu b’ukuri baha agaciro impanuro zo mw’Ijambo ry’Imana?

2 Abakirisu b’ukuri bobo baraha agaciro impanuro ngirakamaro, canecane igihe zishingiye kw’Ijambo ry’Imana. Ivyibutsa vya Yehova bituma tugira ugutahura kwimbitse kw’agaciro, bikatwigisha bikongera bikadufasha kwirinda imitego nk’uguhahamira amaronko, ubuhumbu no kunywa ibiyayuramutwe canke inzoga zirenze urugero. (Imig. 20:1; 2 Kor. 7:1; 1 Tes. 4:3-5; 1 Tim. 6:6-11) Vyongeye, turahimbarwa n’ ‘ukumererwa neza mu mutima’ kuva ku kugamburuka ivyibutsa vy’Imana.—Yes. 65:14.

3. Ni agatima k’umwanditsi w’amazaburi akahe vyoba vyiza twiganye?

3 Kugira ngo tuzigame ubucuti bw’agaciro dufitaniye na Dawe wa twese wo mw’ijuru, dutegerezwa kubandanya gushira mu ngiro mu buzima bwacu ubuyobozi bwa Yehova buranga ubukerebutsi. Ese ukuntu vyoba  vyiza tugaragaje agatima nk’ak’umwanditsi w’amazaburi, uwanditse ati: “Ivyibutsa vyawe nabifashe nk’ikintu nigabira gushika igihe kitagira urugero, kuko ari vyo mwigino w’umutima wanje”! (Zab. 119:111) Twoba natwe duhimbarwa n’amabwirizwa ya Yehova, canke twoba rimwe na rimwe tubona ko ari umuzigo? Naho gacamwo tukababazwa n’impanuro zimwezimwe duhabwa, ntidukwiye kwihebura. Turashobora kwizigira bimwe bikomeye ubukerebutsi ntangere bw’Imana! Nimuze turimbure uburyo butatu twobigira.

NUTSIMBATAZE UKWIZIGIRA BICIYE KW’ISENGESHO

4. Ni ikintu ikihe kitigera gihindagurika mu buzima bwa Dawidi?

4 Umwami Dawidi yaragize amahirwe n’amagorwa mu buzima bwiwe, mugabo hariho ikintu kimwe kitigera gihindagurika, ico na co kikaba ari ukuba yarizigira Umuremyi wiwe aherejeko. Yavuze ati: “Nduza umutima wanje kuri wewe. Ewe Mana yanje, ni wewe nizigiye.” (Zab. 25:1, 2) Ni igiki cafashije Dawidi kwizigira Se wiwe wo mw’ijuru gutyo?

5, 6. Ijambo ry’Imana ritubwira iki ku bijanye n’ubucuti Dawidi yari afitaniye na Yehova?

5 Abantu benshi basenga Imana igihe gusa bari mu bihe bitoroshe. Wovyakira gute mu gihe umugenzi canke incuti yoba akuvugisha igihe gusa akeneye amahera canke ashaka ko umukorera ikintu? Mu nyuma, wohava utangura gukekeranya ku mvo ituma akurondera. Dawidi wewe ntiyari ameze gutyo. Ubucuti yari afitaniye na Yehova bwerekana ko yizera akongera agakunda Imana yiwe mu buzima bwiwe bwose, ni ukuvuga mu mahirwe no mu magorwa.—Zab. 40:8.

6 Raba amajambo yo gushemeza Yehova no kumukengurukira Dawidi yanditse, agira ati: “Ewe Yehova Mukama wacu, ese ukuntu izina ryawe ari agakomeye mw’isi yose, wewe w’iteka riyagwa hejuru y’amajuru!” (Zab. 8:1) Ntubona none ko Dawidi yari afitaniye na Se wiwe wo mw’ijuru ubucuti somambike? Kuba Dawidi yarakenguruka ubuninahazwa n’ubwiza bw’Imana vyaramuvyuriye umutima wo gushira hejuru Yehova ‘burinda bwira.’—Zab. 35:28.

7. Twungukira gute ku kwiyegereza Imana mw’isengesho?

7 Cokimwe na Dawidi, turakeneye kuyaga na Yehova tudahorereza kugira ngo turushirize kumwizigira. Bibiliya ivuga iti: “Mwiyegereze Imana, na yo izobiyegereza.” (Yak. 4:8) Kwiyegereza Imana mw’isengesho na bwo nyene ni uburyo buhambaye budufasha kuronka impwemu nyeranda.—Soma 1 Yohani 3:22.

8. Ni kubera iki dukwiye kwirinda gutura amasengesho tuguma tuyasubiramwo?

8 Igihe usenga, woba ugira impengamiro yo gusubiramwo amajambo canke yo kwama ukoresha imvugo zimwe? Nimba ari ukwo biri, imbere y’uko utura isengesho, nufate akanya uzirikane ku vyo wipfuza kuvuga. Hamwe twoza turabwira umugenzi canke incuti amajambo amwe igihe cose tugize ico tumubwira, vyoba vyomuhimbara? Yoshobora gutangura kureka kudutega amatwi. Ego ni ko, Yehova ntiyokwigera yanka kwumviriza isengesho rivuye ku mutima ry’umwe mu basavyi biwe b’intahemuka. Mugabo vyoba vyiza twirinze kwama tuvuga vya bindi nyene igihe tuyaga na we.

9, 10. (a) Ni ibiki twoshobora gushira mu masengesho yacu? (b) Ni igiki codufasha gutura amasengesho avuye ku mutima?

9 Birumvikana ko amasengesho yacu adashobora kuba ayo guheza umwuga nimba twipfuza kwiyegereza Yehova. Uko turushiriza gusuka ibiri mu mutima wacu imbere ya Yehova, ni ko tuzorushiriza kumwiyegereza kandi tukarushiriza kumwizigira. Ni ibiki none dukwiye gushira mu masengesho yacu? Ijambo ry’Imana ryishura riti: “Muri vyose, mu gusenga no mu gutakamba hariko n’ugukenguruka, ivyo musaba bimenyeshwe Imana.” (Flp. 4:6) Ico twomenya co ni uko ikintu cose kigira ico gikoze ku bucuti dufitaniye n’Imana canke ku buzima bwacu twebwe abasavyi bayo, kibereye gushirwa mw’isengesho.

 10 Biri n’ico bitwigisha kurimbura amajambo y’abagabo n’abagore b’abizigirwa, abo amasengesho yabo yanditswe muri Bibiliya. (1 Sam. 1:10, 11; Ivyak. 4:24-31) Amazaburi arimwo icegeranyo c’amasengesho akora ku mutima yatuwe Yehova be n’indirimbo zikora ku mutima yaririmbiwe. Inyiyumvo zose abantu bagira, kuva ku ntuntu gushika ku munezero ziraserurwa muri ayo masengesho no muri izo ndirimbo. Gusuzuma ayo majambo yavuzwe n’abantu b’intahemuka birashobora kudufasha gutura Yehova amasengesho ari n’ico avuze.

NUZIRIKANE KU VYIBUTSA VY’IMANA

11. Ni kubera iki dukeneye kuzirikana ku majambo yo kudukebura ava ku Mana?

11 Dawidi yavuze ati: “Icibutsa ca Yehova ni ico kwizigirwa, gituma umuntu atazi utuntu n’utundi aba inkerebutsi.” (Zab. 19:7) Egome, n’igihe nyene tuba tutazi utuntu n’utundi, turashobora kuba inkerebutsi mu kugamburuka amabwirizwa y’Imana. Ariko rero, amajambo amwamwe yo kudukebura yo mu Vyanditswe, asaba ko tuyazirikanako nimba twipfuza kuyungukirako bimwe bishitse. Ivyo vyoshobora kuvugwa ku bijanye no kugumana ugutungana kwacu igihe tugizweko akosho kw’ishure canke ku kazi, ku bijanye no gushigikira ingingo mfatirwako z’Imana zijanye n’amaraso, kuguma ata ho duhengamiye mu vya politike no gushira mu ngiro ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya zerekeye ukwambara n’ukwitunganya. Gutahura ukuntu Imana ibona ivyo bintu bizodufasha kubona imbere y’igihe ingorane zoshika. Turashobora guca twiyemeza mu mutima wacu ico twokora mu gihe ikintu nk’ico gishitse. Ukwo kwiyumvira no kwitegura imbere y’igihe birashobora kuturinda intuntu nyinshi.—Imig. 15:28.

12. Ni ibiki twozirikanako bikadufasha kugumya ivyibutsa vy’Imana?

12 Uko turindira iranguka ry’ivyo Imana yasezeranye, ukuntu tubayeho vyoba vyerekana ko tuguma turi maso mu vy’impwemu? Nk’akarorero, twoba vy’ukuri twemera ko Babiloni Akomeye agiye gutikizwa? Imihezagiro yo muri kazoza, nk’akarorero kubaho ibihe bidahera mw’isi y’iparadizo, yoba atari umugani kuri twebwe muri iki gihe nk’uko vyari igihe twatangura kuyiga? Twoba tuguma dufise umwete mu busuku aho kureka ngo ivyacu abe ari vyo bija imbere mu buzima bwacu? Bite ho ku vyerekeye icizigiro c’izuka, ukwezwa kw’izina rya Yehova be n’ukwemezwa kw’ubusegaba bwiwe? Vyoba bigihambaye kuri twebwe? Kuzirikana ku bibazo nk’ivyo vyoshobora kudufasha kwigana umwanditsi w’amazaburi, uwavuze ko ‘ivyibutsa vy’Imana yabifashe nk’ikintu yigabira gushika igihe kitagira urugero.’—Zab. 119:111.

13. Ni kubera iki abakirisu bo mu kinjana ca mbere hari ibintu vyabagora gutahura? Tanga akarorero.

13 Ibintu bimwebimwe bivugwa muri Bibiliya twoshobora kutabitahura neza ubu kubera ko igihe c’uko Yehova abitomora kitaragera. Yezu yarabwiye akatari gake intumwa ziwe ko vyobaye ngombwa ko ababazwa hanyuma akicwa. (Soma Matayo 12:40; 16:21.) Mugabo intumwa ntizatahura ico yashaka kuvuga. Zagiye kubitahura aho amariye gupfa hanyuma akazuka igihe yiyambika umubiri nk’uw’abantu, akiyereka abigishwa batari bake, maze “[ak]ugurura imizirikanyi yabo bimwe bishitse kugira ngo bategere insobanuro y’Ivyanditswe.” (Luka 24:44-46; Ivyak. 1:3) Muri ubwo buryo nyene, abayoboke ba Kristu bagiye gutahura yuko Ubwami bw’Imana bwoshinzwe mw’ijuru aho impwemu nyeranda isukiwe kuri bo kuri Pentekoti yo mu 33 G.C.—Ivyak. 1:6-8.

14. Mu ntango z’ikinjana ca 20, ni akarorero keza akahe abavukanyi benshi batanze naho batahura ibintu ukutari kwo ku bijanye n’imisi ya nyuma?

14 Muri ubwo buryo nyene, mu ntango z’ikinjana ca 20, hariho ibintu bitari bike bitari vyo abakirisu b’ukuri bari biteze ku bijanye n’ “imisi ya nyuma.” (2 Tim. 3:1) Nk’akarorero, mu mwaka wa 1914, hari abiyumvira ko bagira bajanwe mw’ijuru. Igihe ivyo bintu bari bizigiye bitaca biranguka, gusubira gusuzuma Ivyanditswe babigiranye ubwira vyarerekanye ko isekeza rikomeye ryo kwamamaza ryari ribarindiriye.  (Mrk. 13:10) Ni co gituma mu 1922, J. F. Rutherford, uwari ahagarikiye igikorwa co kwamamaza ico gihe, yabwiye abari bakoraniye kw’ihwaniro mpuzamakungu ryabereye i Cedar Point muri Ohio, muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, ati: “Raba Umwami ari ku ngoma! Muri abakozi bamwamamaza. Ku bw’ivyo rero, tangaze, tangaze, tangaze Umwami n’ubwami bwiwe.” Kuva ico gihe, kwamamaza “inkuru nziza y’ubwami” vyarabaye ikintu kiranga abasavyi ba Yehova bo mu gihe ca none.—Mat. 4:23; 24:14.

15. Twungukira gute ku kuzirikana ku kuntu Imana yafashe abasavyi bayo?

15 Mu kuzirikana ku kuntu Yehova yafashe abasavyi biwe mu buryo bwiza igitangaza, baba aba kera canke ab’ubu, biratuma turushiriza kwizigira ubushobozi afise bwo gushitsa ivyo agomba be n’umugambi wiwe muri kazoza. Muri ico gihe nyene, ivyibutsa vy’Imana biradufasha kugumiza mu mizirikanyi no mu mitima yacu ubuhanuzi bwiwe butararanguka. Turashobora kwemera tudakeka ko kubigenza gutyo bizodufasha kurushiriza kwizigira ivyo yasezeranye.

NUTSIMBATAZE UKWIZIGIRA BICIYE KU BIKORWA BIJANYE NO GUSENGA

16. Ni imihezagiro iyihe iva ku kuguma turi abanyamwete mu busuku?

16 Imana yacu Yehova ni Imana y’inyenkomezi, Imana ikora cane. Umwanditsi w’amazaburi yabajije ati: “Ni nde yuzuye ingoga nkawe ga Ya?” Yongeyeko ati: “Ukuboko kwawe kurakomeye, ukuryo kwawe gushizwe hejuru.” (Zab. 89:8, 13) Mu guhuza n’ivyo, Yehova arakenguruka akongera agahezagira akigoro tugira ko guteza imbere ivyungura Ubwami. Arabona ko abasavyi biwe, baba abagabo canke abagore, abato canke abakuze, batiraramira ngo “[barye] umukate w’ubunebwe.” (Imig. 31:27) Mu kwigana Umuremyi wacu, tuguma dufise vyinshi dukora mu bikorwa vya gitewokarasi. Gukorera Imana n’umutima wacu wose biratuzanira ivyiza, kandi biratuma Yehova ahimbarwa cane no guhezagira ubusuku turangura.—Soma Zaburi 62:12.

17, 18. Ni kubera iki twovuga yuko ibikorwa biranga ukwizera bidufasha kurushiriza kwizigira impanuro za Yehova? Tanga akarorero.

 17 Ni mu buryo ubuhe ibikorwa biranga ukwizera bidufasha kurushiriza kwizigira Yehova? Rimbura ya nkuru yo mu Vyanditswe ivuga ibijanye n’igihe Isirayeli yinjira mu Gihugu c’isezerano. Yehova yari yategetse abaherezi barerura isandugu y’isezerano kugenda bagaca mu Ruzi Yorodani. Ariko rero, igihe abantu bariko baregereza, barabonye ko imvura yo mu mpeshi yari yatumye urwo ruzi rwuzura rurarenga inkombe. None Abisirayeli bari gukora iki? Boba bari gushinga ikambi ku nkombe y’urwo ruzi maze bakamara amayinga canke igihe kiruta ico barindiriye ko ayo mazi agabanuka? Oya, barizigiye Yehova bimwe bishitse maze barakurikiza ubuyobozi yari yabahaye. None havuyemwo iki? Iyo nkuru igira iti: “Ibirenge vy’abaherezi bigikora ku mazi, urwo ruzi ruca rurareka gutemba, . . . maze abaherezi bahagarara hagati ku butaka bwumutse iruhande ya Yeriko magingo abandi bantu bose bariko barajabuka.” (Yos. 3:12-17, Contemporary English Version) Iyumvire ukuntu bitegerezwa kuba vyarakora ku mutima kwibonera ayo mazi yari yasaze ahagarara! Egome, Abisirayeli bararushirije kwizera Yehova kubera ko bizigiye ubuyobozi bwiwe.

Woba uzogira ukwizigira nk’uko abasavyi ba Yehova bo mu gihe ca Yosuwa bari bafise? (Raba ingingo ya 17, 18)

18 Ego ni ko, Yehova ntakora ibitangaro nk’ivyo ku neza y’abasavyi biwe muri iki gihe, mugabo arahezagira ibikorwa vyabo biranga ukwizera. Inguvu ikora y’Imana iratuma bashobora kurangura igikorwa bashinzwe co kwamamaza ubutumwa bw’Ubwami kw’isi yose. Kandi ca Cabona ca Yehova kiruta abandi bose, uwo na we akaba ari Kristu Yezu yazutse, yarakuye amazinda abigishwa biwe yuko yobafashe mu mugongo muri ico gikorwa gihambaye, ati: “Nimugende rero muhindure abantu bo mu mahanga yose abigishwa. . . Ehe ndi kumwe namwe imisi yose gushika ku nsozero y’ivy’isi.” (Mat. 28:19, 20) Ivyabona benshi bashobora kuba bari bafise agatima ko kugira amasoni canke gutinyatinya, barashobora kwiyemerera ko impwemu nyeranda y’Imana yatumye bagira umutima rugabo wo kuyagisha abantu batazi mu busuku bwo mu ndimiro.—Soma Zaburi 119:46; 2 Abakorinto 4:7.

19. Naho twoba dufise amagara make, ni igiki twemera tudakeka?

19 Benewacu na bashiki bacu bamwebamwe usanga bafise amagara make cane kubera indwara canke ukwiterera mu myaka. Yamara, barashobora kwemera badakeka ko “Se w’imbabazi zuzuye ikibabarwe [a]kaba n’Imana y’uruhoza rwose” atahura ukuntu ivy’umukirisu w’ukuri wese vyifashe. (2 Kor. 1:3) Arakenguruka ivyo dukora vyose mu guteza imbere ivyungura Ubwami. Twese turakeneye kwibuka yuko kuba twizera intunganyo y’incungu ya Kristu ari vyo ahanini bituzigama magingo dukora ivyo dushoboye vyose.—Heb. 10:39.

20, 21. Ni mu buryo bumwebumwe ubuhe twerekana ko twizigira Yehova?

20 Ugusenga kwacu gusaba ko dukoresha umwanya wacu, inguvu zacu be n’ivyo dutunze uko bishoboka kwose. Egome, twipfuza n’umutima wacu wose “[gukora] igikorwa c’umwamamaji w’injili.” (2 Tim. 4:5) Ikizwi coco ni uko duhimbarwa no kubigira kubera ko gifasha abandi “[gu]shika ku bumenyi butagira amakosa bwerekeye ukuri.” (1 Tim. 2:4) Biragaragara ko gutera iteka no gushemeza Yehova bituma tuba abatunzi mu vy’impwemu. (Imig. 10:22) Kandi biradufasha kwizigira bimwe bikomeye Umuremyi wacu.—Rom. 8:35-39.

21 Nk’uko twabibonye, kwizigira ko Yehova aturonsa ubuyobozi buranga ubukerebutsi ntibipfa kwizana; turakeneye kwihatira kugira ukwo kwizigira. Uko bishoboka kwose rero, niwiheke kuri Yehova biciye kw’isengesho. Nuzirikane ku kuntu Yehova yashikije ivyo agomba muri kahise no ku kuntu azobigira muri kazoza. Vyongeye, nubandanye kurushiriza kwizigira Yehova biciye ku bikorwa bijanye no gusenga. Egome, ivyibutsa vya Yehova bizokwamaho. Na wewe urashobora kwamaho!