Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ingene twofasha mu vyo kuronsa abandi ivyo bakeneye

Ingene twofasha mu vyo kuronsa abandi ivyo bakeneye

UWITWA François, akaba ari umukurambere mu gihugu kimwe kikiri mu nzira y’amajambere, yigana ati: “Haradutse ubukozi bw’ikibi inyuma gato y’aho habereye amatora yiyamirijwe, maze biba ngombwa ko Ivyabona vya Yehova ibihumbi bata izabo bagahunga. Ibifungurwa n’imiti vyarakeshe, ivyari bisigaye na vyo bikaba vyari bizimvye cane. Amabanki yarugaye, bene za mashini zisohora amahera na zo zisigara zigaragara canke zidakora.”

Abavukanyi bo ku biro vy’ishami baciye batangura guha amahera n’ibindi bintu vya nkenerwa vyihutirwa Ivyabona bari bataye izabo bari begeranirijwe ku Ngoro z’Ubwami zo hirya no hino muri ico gihugu. Imigwi yari ishamiranye yarazibiye amabarabara, mugabo kubera ko izo mpande zompi zari zizi ko Ivyabona baguma ata ho bahengamiye na gato mu vya politike, imiduga y’ishami akenshi barayireka ikarengana.

François avuga ati: “Igihe twari tugiye ku Ngoro y’Ubwami imwe, abantu bari binyegeje bararashe umuduga wacu. Ariko rero, amasoro yaduciye hagati. Igihe twabona umusoda aza iyo turi yiruka afise ikirwanisho mu minwe, twaciye dusubiza inyuma umuduga, turakata, duca dusubira kw’ishami twihuta. Twarakengurukiye Yehova kuba tutahasize ubuzima. Ku musi ukurikira, abavukanyi 130 bari muri iyo Ngoro y’Ubwami barashitse ahantu hari umutekano. Bamwe muri bo baraje ku biro vy’ishami, aho twabaronkeje ivyo bari bakeneye mu vy’impwemu no mu vy’umubiri gushika ayo magume arangiye.”

François avuga ati: “Mu nyuma, ibiro vy’ishami vyararonse amakete menshi birungikiwe n’abavukanyi bo hirya no hino muri ico gihugu baserura ko bakenguruka cane. Kwibonera ukuntu abavukanyi babo bo mu yindi mihingo bari babafashije, vyatumye barushiriza kwizigira Yehova.”

Igihe hateye ivyago vy’ivyaduka be n’ibitejwe n’abantu, ntitubwira bene wacu na bashiki bacu bari n’ivyo bakeneye ngo ‘bagume basusurutse kandi barya neza.’ (Yak. 2:15, 16) Ahubwo, turarondera kubaronsa ivyo bakeneye mu vy’umubiri. Muri ubwo buryo nyene, aho abigishwa bamariye kuburirwa ku bijanye n’ikigoyi cagira gitere mu kinjana ca mbere, “umwe wese nk’uko ashoboye, [bariyemeje] kurungika imfashanyo yo gutabara abavukanyi baba i Yudaya.”—Ivyak. 11:28-30.

Twebwe abasavyi ba Yehova, turashashaye gufasha abantu bari n’ivyo bakeneye mu buryo bw’umubiri. Ariko rero, abantu barakeneye n’ivy’impwemu. (Mat. 5:3) Kugira ngo Yezu abafashe kumenya ko bakeneye ico kintu maze bagire ico bakoze kugira bacironse, yarashinze abayoboke biwe igikorwa co guhindura abantu abigishwa. (Mat. 28:19, 20) Umwe wese muri twebwe arakoresha umwanya wiwe mwinshi, inguvu ziwe nyinshi be n’ivyo atunze kugira ngo arangure ico gikorwa. Uko tugize ishirahamwe, turakoresha amwe mu mahera y’intererano turonka kugira ngo dufashe mu buryo bw’umubiri, mugabo izo ntererano zikoreshwa ahanini mu guteza imbere ivyungura Ubwami no mu gukwiragiza inkuru nziza. Gutyo tuba twerekanye ko dukunda Imana na bagenzi bacu.—Mat. 22:37-39.

Abashigikira igikorwa Ivyabona vya Yehova barangurira kw’isi yose barashobora guhera amazinda yuko intererano batanga zikoreshwa mu buryo bubereye kandi bw’ingirakamaro. Woba ushobora gufasha mu bijanye no gutabara abavukanyi bawe bari n’ivyo bakeneye? Woba wipfuza gushigikira igikorwa co guhindura abantu abigishwa? Nimba ari ukwo biri, “ntureke kugirira iciza abagikwiriye kandi ukuboko kwawe kuri n’ububasha bwo kugikora.”—Imig. 3:27.