Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

“Mugume murikanuye ku bw’amasengesho”

“Mugume murikanuye ku bw’amasengesho”

“Mube abaroranye mu muzirikanyi, . . . kandi mugume murikanuye ku bw’amasengesho.”—1 PET. 4:7.

1, 2. (a) Ni kubera iki bihambaye ko ‘tuguma turikanuye ku bw’amasengesho’? (b) Ni ibibazo vyo kwisuzuma bijanye n’isengesho ibihe vyoba vyiza twibajije?

UMUNTU umwe yigeze gukora akazi k’ijoro avuga ati: “Ikiringo co mw’ijoro aho usanga bigoye cane ko umuntu aguma ari maso, ni imbere y’uko umutwenzi utambika.” Birashoboka rwose yuko n’abandi babwirizwa kuguma bari maso ijoro ryose bemera ico kintu. Abakirisu bo muri iki gihe barahanganye n’ingorane nk’iyo kubera ko ijoro rirerire ry’isi mbi ya Shetani ubu rigeze kure rwose. (Rom. 13:12) Ese ukuntu vyoba birimwo akaga dusinziriye muri ico kiringo! Birahambaye cane ko “[tuba] abaroranye mu muzirikanyi” kandi tugakurikiza impanuro yo mu Vyanditswe idusaba “[kuguma t]urikanuye ku bw’amasengesho.”—1 Pet. 4:7.

2 Kubera igihe tugezemwo, vyoba vyiza twibajije duti: ‘Noba ndarikanuye ku bw’amasengesho? Noba nkoresha ubwoko bwose bw’amasengesho kandi ngasenga ubudasiba? Noba mfise akamenyero ko gusabira abandi, canke amasengesho ntura akenshi yibanda ku vyo nkeneye no ku vyo nshaka? Vyongeye, isengesho rihambaye ku rugero rungana iki ku bijanye n’ubukiriro bwanje?’

NUBANDANYE GUSENGA UKORESHEJE UBWOKO BWOSE BW’AMASENGESHO

3. Ubwoko bumwebumwe bw’amasengesho ni ubuhe?

3 Mw’ikete intumwa Paulo yandikiye Abanyefeso yaravuze ibijanye n’ “ubwoko bwose bw’amasengesho.” (Ef. 6:18) Mu masengesho dutura twoshobora gusanga dukunda gutakambira Yehova tumusaba ngo adufashe kuronka ivyo dukeneye no gutsinda intambamyi. Umwe “[y]umva amasengesho” arumviriza abigiranye urukundo amasengesho dutura tumusaba ngo adufashe. (Zab. 65:2) Ariko rero, turakwiye no kwihatira gukoresha ubundi bwoko bw’amasengesho. Aho harimwo amasengesho yo gushemeza Imana, kuyikengurukira no kuyitakambira.

4. Ni kubera iki dukwiye gushemeza Yehova kenshi mu masengesho dutura?

4 Hariho imvo nyinshi zikwiye gutuma amasengesho  dutura Yehova abamwo amajambo yo kumushemeza. Nk’akarorero, turavyurirwa umutima wo kumushemeza igihe tuzirikanye ku “bikorwa vy[iwe] vy’ubushobozi” no ku “murengera w’ubukuru bw[iwe].” (Soma Zaburi 150:1-6.) Nkako, imirongo itandatu ya Zaburi ya 150 iduhimiriza incuro 13 gushemeza Yehova. Uwatunganije iyindi Zaburi, abigiranye ukwubaha Imana bimwe bigera kure, yaririmvye ati: “Nagushemeje incuro indwi ku musi kubera ingingo zawe z’ubutungane zigororotse.” (Zab. 119:164) Mu vy’ukuri, Yehova arabereye gushemezwa. Ku bw’ivyo, ntidukwiye none kumushemeza mu masengesho yacu “incuro indwi ku musi,” ni ukuvuga kenshi cane?

5. Ni gute guserura agatima ko gukenguruka mw’isengesho birimwo uburinzi?

5 Gukenguruka ni ubundi bwoko bw’isengesho buhambaye. Paulo yahimirije abakirisu bo mu gisagara ca Filipi ati: “Ntimwiganyire ku kintu na kimwe, ahubwo muri vyose, mu gusenga no mu gutakamba hariko n’ugukenguruka, ivyo musaba bimenyeshwe Imana.” (Flp. 4:6) Gukengurukira Yehova bivuye ku mutima mw’isengesho birimwo uburinzi. Ivyo ni ko biri na canecane kubera yuko tubayeho mu misi ya nyuma aho abantu ari “intashima.” (2 Tim. 3:1, 2) Mu vy’ukuri, isi yuzuyemwo agatima ko kudashima. Tutabaye maso, ako gatima koshobora kutwandukira bitagoranye. Gukengurukira Imana mw’isengesho biratuma tubumbwa n’ivyo dufise bikongera bikaturinda kuba ‘abidodomvyi n’abidozi bidogera umugabane wabo mu buzima.’ (Yuda 16) Vyongeye, igihe ba serugo bakengurukira Imana mu masengesho batura bari kumwe n’abo mu muryango wabo, baba bariko bararemesha abakenyezi n’abana babo kugira agatima ko gukenguruka.

6, 7. Gutakamba ni iki, kandi twotakambira Yehova ku bijanye n’iki?

6 Gutakamba ni ugutura isengesho ubigiranye ubwira n’inyiyumvo zikomeye. Twotakambira Yehova ku bijanye n’iki? Nta gukeka ko ivyo twobigira igihe turiko turahamwa canke igihe turwaye indwara ishobora kuduhitana. Mu bihe nk’ivyo, amasengesho dutura Imana tuyisaba ngo idufashe birumvikana ko aba ari ayo gutakamba. Ariko none, twotakambira Yehova muri ivyo bihe gusa?

7 Rimbura ibijanye na rya sengesho rya Yezu ry’akarorero, maze urabe ico yavuze ku vyerekeye izina ry’Imana, Ubwami bwayo n’ukugomba kwayo. (Soma Matayo 6:9, 10.) Iyi si yuzuye ububisha, kandi intwaro z’abantu ntizishoboye kuronsa mbere ibintu vya nkenerwa abo zitwara. Turakwiye rero gusenga dusaba ko izina rya Dawe wa twese wo mw’ijuru ryezwa be n’uko Ubwami bwiwe bukura kw’isi ubutegetsi bwa Shetani. Iki kandi ni co gihe co gutakambira Yehova ngo atume ukugomba kwiwe gukorwa kw’isi nk’uko gukorwa mw’ijuru. Nimuze rero tugume turikanuye, twiteguriye gukoresha ubwoko bwose bw’amasengesho.

“MUGUME MUSENGA”

8, 9. Ni kubera iki dukwiye kwiyubara ku bijanye no gucira urubanza Petero n’izindi ntumwa ngo ni uko batashoboye kuguma bari maso mw’itongo ry’i Getsemani?

8 Naho intumwa Petero yahimirije abakirisu “[k]ugum[a ba]rikanuye ku bw’amasengesho,” we ubwiwe vyaramutaye ku w’amazi n’imiburiburi igihe kimwe. Yari umwe muri za ntumwa zasinzira igihe Yezu yariko arasenga mw’itongo ry’i Getsemani. Mbere n’aho Yezu amariye kubabwira ngo ‘bagume bari maso kandi bagume basenga,’ ntibabigize.—Soma Matayo 26:40-45.

9 Ariko rero, aho gucira urubanza rubi Petero n’izindi ntumwa ngo ni uko batashoboye kuguma bari maso, vyoba vyiza twibutse yuko uwo musi ushobora kuba wari waruhishije imibiri yabo yagoyagoya. Bari bagize imyiteguro ijanye na Pasika bongera barayihimbaza kuri uwo mugoroba. Yezu yaciye atanguza Imfungurwa z’Umukama zo ku mugoroba, aba atanze icitegererezo  bokurikije muri kazoza mu kuza barahimbaza Icibutso c’urupfu rwiwe. (1 Kor. 11:23-25) “Bahejeje kuririmba amashemezo, barasoho[tse] baja ku musozi w’Imyelayo,” bakaba bagize urugendo runaka baca mu tuyira tw’i Yeruzalemu. (Mat. 26:30, 36) Ico gihe hashobora kuba hari harenze mu gicugu. Iyo tuza kuba turi mw’itongo ry’i Getsemani muri iryo joro, na twebwe twari gusinzira. Aho gutora amahinyu izo ntumwa zari zirushe, Yezu abigiranye urukundo yaremeye icese yuko ‘umutima wari ushashaye, mugabo umubiri ukaba goyigoyi.’

Naho Petero yatsitaye, yarize kuguma ‘arikanuye ku bw’amasengesho’ (Raba ingingo ya 10, 11)

10, 11. (a) Ni icigwa ikihe Petero yakuye ku vyamushikiye mw’itongo ry’i Getsemani? (b) Ivyashikiye Petero bikwigisha iki?

10 Ico kintu cabaye mw’itongo ry’i Getsemani nticabaye impfagusa kuri Petero. Yarakuye icigwa gikomeye ku kuba atagumye arikanuye. Imbere y’aho, Yezu yari yavuze ati: “Mwese ivyanje birabatsitaza muri iri joro.” Petero yaciye avuga ashimitse ati: “Naho abandi bose botsitazwa n’ivyawe, jeho sinzokwigera ntsitara!” Yezu yishuye mu kuvuga yuko Petero yomwihakanye gatatu. Petero yavuze umutima uri mu nda ati: “Naho noba ntegerezwa gupfana nawe, sinzogenda ndakwihakanye.” (Mat. 26:31-35) Ariko rero, Petero yaratsitaye koko, nk’uko Yezu yari yabivuze. Petero ababajwe cane n’uko yihakanye Yezu ubugira gatatu, yaciye ‘arira arabogoza.’—Luka 22:60-62.

11 Nta gukeka ko Petero yakuye icigwa kuri ico kintu camushikiye yongera aratsinda agatima yari afise ko kwiyizigira. Biboneka ko isengesho ryafashije Petero muri ivyo. Nkako, birahambaye kuba ya mpanuro ijanye no ‘kuguma turikanuye ku bw’amasengesho’ itangwa na Petero. Twoba turiko turakurikiza iyo mpanuro yahumetswe? Vyongeye, twoba ‘tuguma dusenga,’ gutyo tukerekana ko twiheka kuri Yehova? (Zab. 85:8) Nimuze kandi twame twibuka inkeburo intumwa Paulo yatanze igira iti: “Uwiyumvira ko ahagaze yiyubare ntagwe.”—1 Kor. 10:12.

AMASENGESHO YA NEHEMIYA YARISHUWE

12. Ni kubera iki Nehemiya atubera akarorero keza?

12 Rimbura ivyerekeye Nehemiya, uwahereza ibinyobwa Umwami w’Umuperesi Aritazerusi mu kinjana ca gatanu B.G.C. Nehemiya ni akarorero keza k’umuntu yasengana ubwira. Yari amaze imisi ‘aguma yisonzesha yongera asenga imbere y’Imana’ ku bijanye n’amarushwa Abayuda barimwo i Yeruzalemu. (Neh. 1:4) Igihe Aritazeruzi yamubaza igituma yijiriwe, “[Nehemiya yaciye a]senga Imana y’amajuru.” (Neh. 2:2-4) Havuyemwo iki? Yehova yarishuye amasengesho yiwe hanyuma arayobora ibintu mu buryo bugirira akamaro  abasavyi biwe. (Neh. 2:5, 6) Ese ukuntu ivyo bitegerezwa kuba vyarakomeje ukwizera kwa Nehemiya!

13, 14. Dukwiye gukora iki kugira ngo ukwizera kwacu kugume gukomeye twongere tunanire utwigoro Shetani agira arondera kuduca intege?

13 Kuguma dusenga nk’uko Nehemiya yabigize, biradufasha kuguma dufise ukwizera gukomeye. Shetani ni ruburakigongwe kandi akenshi atugabako ibitero igihe tugoyagoya. Nk’akarorero, mu gihe turiko turanyinyana n’indwara canke tudendebukiwe, twoshobora gutangura kubona ko umwanya tumara mu busuku buri kwezi ata co umaze imbere y’Imana. Bamwebamwe muri twebwe boshobora kugira ivyiyumviro bidurumbanya, kumbure kubera ibintu baciyemwo mu buzima. Shetani yipfuza ko tubona yuko ata co tumaze. Akenshi ibitero vyiwe biba bifise intumbero yo kugira ico bikoze ku nyiyumvo zacu gutyo bigatuma ukwizera kwacu kugoyagoya. Ariko rero, “[tugumye t]urikanuye ku bw’amasengesho,” turashobora gutuma ukwizera kwacu kuguma gukomeye. Nkako, iyo ‘nkinzo yagutse y’ukwizera, izodushoboza kuzimya imyampi yose yaka umuriro ya wa mubisha.’—Ef. 6:16.

Kuguma ‘turikanuye ku bw’amasengesho’ biradufasha kwihanganira ingorane zitandukanye (Raba ingingo ya 13, 14)

14 ‘Tugumye turikanuye ku bw’amasengesho,’ ntituzoterwa tutiteguye maze ngo tudohoke nitwashikirwa n’ikintu kigerageza ukwizera tutari twiteze. Igihe dushikiwe n’ibigeragezo, nimuze twibuke akarorero ka Nehemiya, duce ubwo nyene twitura Imana mw’isengesho. Dufashijwe na Yehova ni ho gusa dushobora kunanira inyosha mbi tukongera tukihanganira ibintu bigerageza ukwizera kwacu.

NUSABIRE ABANDI

15. Ni ibibazo ibihe dukwiye kwibaza ku bijanye no gusabira abandi?

15 Yezu yaratakamvye ku bwa Petero kugira ngo ukwizera kw’iyo ntumwa ntikudegere. (Luka 22:32) Wa mukirisu w’umwizigirwa wo mu kinjana ca mbere Epafura yariganye  Yezu muri ivyo, akaba yarihata mu masengesho yatura asabira abavukanyi biwe b’i Kolosayi. Paulo yabandikiye ati: “Yama asenga bimwe bikomeye abasabira, kugira ngo mushikame, mufise ukujijuka gushitse kandi mwihebeye rwose gukora ivyo Imana igomba.” (Kol. 4:12, The New English Bible) Vyoba vyiza twibajije duti: ‘Noba nsenga bimwe bikomeye nsabira abavukanyi banje bo hirya no hino kw’isi? Ni kangahe mu masengesho ntura nshiramwo abo dusangiye ukwemera bashikiwe n’ingorane kubera icago c’icaduka? Ni ryari mperuka kwihata mw’isengesho nsabira abafise amabanga ahambaye mw’ishirahamwe rya Yehova? Noba mperuka gusabira abantu bo mw’ishengero bari mu ngorane?’

16. Amasengesho dutura dusabira abandi yoba vy’ukuri ari n’ico amaze? Sigura.

16 Amasengesho dutura Yehova Imana dusabira abandi arashobora vy’ukuri kubafasha. (Soma 2 Abakorinto 1:11.) Naho Yehova atabwirizwa kugira ico akoze abitumwe n’uko abasavyi biwe benshi bamusavye akatari gake ibintu binaka mw’isengesho, arabona ikintu bipfuza uko bagize umugwi maze akitwararika ico kintu kibaraje ishinga cane vy’ukuri igihe yishura amasengesho yabo. Ku bw’ivyo, tubwirizwa gufatana uburemere agateka n’ibanga dufise vyo gusabira abandi. Cokimwe na Epafura, turakwiye kwerekana ko dukunda bimwe bivuye ku mutima bene wacu na bashiki bacu bakirisu be n’uko tubitwararika mu kwihata mu masengesho dutura tubasabira. Kubigenza gutyo bizotuma turushiriza kugira agahimbare, kubera ko “gutanga birimwo agahimbare kuruta guhabwa.”—Ivyak. 20:35.

“UBUKIRIRO BWACU BURI HAFI”

17, 18. Kuguma ‘turikanuye ku bw’amasengesho’ bizodufasha gute?

17 Imbere gato y’uko Paulo avuga ko “ijoro rigeze kure; bugira buce,” yanditse ati: “Mu[ra]zi iki kiringo, yuko isaha y’uko mwikangura mukava mw’itiro imaze kugera, kuko ubu ubukiriro bwacu buri hafi kuruta igihe twacika abemera.” (Rom. 13:11, 12) Isi nshasha Imana yasezeranye iri hafi, kandi ubukiriro bwacu buri hafi kuruta uko twovyiyumvira. Ntidukwiye gusinzira mu buryo bw’impwemu, kandi ntidukwiye kwigera tureka ngo ibintu bisamaza vyo mw’isi bidutware umwanya wo gutura amasengesho Yehova turi twenyene. Ahubwo nyabuna, nimuze ‘tugume turikanuye ku bw’amasengesho.’ Kubigenza gutyo bizodufasha kugira uruhara mu “bikorwa vy’ingeso nyeranda be n’ibikorwa vy’ukwihebera Imana” uko turindira umusi wa Yehova. (2 Pet. 3:11, 12) Ukuntu tubayeho kuzokwerekana rero ko tuguma turi maso mu buryo bw’impwemu be n’uko twemera vy’ukuri yuko iherezo ry’ivy’iyi si mbi ryegereje. Ku bw’ivyo, nimuze ‘dusenge ubudasiba.’ (1 Tes. 5:17) Nimuze kandi twigane Yezu mu kurondera umwanya wo gutura amasengesho turi twenyene. Nitwamara umwanya muremure dutura amasengesho Yehova, tuzorushiriza kumwiyegereza. (Yak. 4:7, 8) Kandi ese ukuntu bizovamwo ivyiza!

18 Ivyanditswe bigira biti: “Mu misi y’umubiri wiwe Kristu yashikaniye ugutakamba n’ugusaba Umwe yari ashoboye kumukiza urupfu, hariko n’amaborogo akomeye be n’amosozi, kandi yarumviwe ku bw’ugutinya Imana kwiwe.” (Heb. 5:7) Yezu yarashikanye ugutakamba n’ugusaba kandi yagumye ari umwizigirwa ku Mana gushika arangije ubuzima bwiwe bwo kw’isi. Ivyo vyatumye Yehova arokora uwo Mwana wiwe mukundwa amukuye mu rupfu maze amuha impera y’ubuzima budapfa mw’ijuru. Na twebwe nyene turashobora kuba abizigirwa kuri Dawe wa twese wo mw’ijuru naho twoshikirwa n’inyosha mbi be n’ibigeragezo bimeze gute muri kazoza. Egome, turashobora kuronka agashimwe k’ubuzima budahera, dukire gusa kuguma “[t]urikanuye ku bw’amasengesho.”