UMUNARA W’INDERETSI (INTEGURO Y'UKWIGA) Kigarama 2013

Iyi nomero iraca irya n’ino uburyo butandukanye tworinda ukwizera kwacu ngo ntikwononekare. Vyongeye, Imfungurwa z’Umukama zo ku mugoroba zikwiye guhimbazwa ryari kandi zisobanura iki kuri twebwe?

Yehova yarabakingiye mu bitutu vy’imisozi

Ibisohokayandikiro bishingiye kuri Bibiliya vyaronswa gute Ivyabona vya Yehova baba mu Budagi mu gihe c’intwaro y’Abanazi? Ni ibintu biteye akaga ibihe Ivyabona baciyemwo?

Niwirinde ‘kunyiganyizwa ningoga ngo uve ku kwiyumvira kwawe’

Ni ingabisho zaje ku gihe kibereye izihe zari mw’ikete rigira kabiri Pau­lo yandikiye Abatesalonika? Ni ibiki vyodufasha kwirinda guhendwa?

Woba uzogira ivyo utanze ku bw’Ubwami?

Numenye ukuntu twokoresha umwanya wacu, amahera yacu, inguvu zacu be n’ububangukirwe bwacu mu gushigikira Ubwami bw’Imana.

Woba uvyibuka?

Woba warasomye witonze inomero z’Umunara w’Inderetsi za vuba? Niwisuzume maze urabe ivyo wibuka.

‘Ivyo bize bibabere Icibutso’

Abakirisu bakwiye kumenya iki ku vyerekeye Pasika? Imfungurwa z’Umukama zo ku mugoroba zisobanura iki kuri twese?

‘Muragire ibi mu kunyibuka’

THS.15umenya gute igihe Imfungurwa z’Umukama zo ku mugoroba zikwiye guhimbarizwako? Umukate n’umuvinyu bigereranya iki?

Ukuntu wokwihangana igihe upfakaye

Umubabaro umuntu agira igihe apfakaye urakomeye kandi umara igihe kirekire. Rimbura ukuntu icizigiro c’izuka kiri mw’Ijambo ry’Imana ari isôko ry’uruhoza.

Ironderero ry’ibiganiro vy’Umunara w’Inderetsi wo mu 2013

Nurabe ironderero ry’ibiganiro vyose, bitondetswe hisunzwe imitwe, vyasohowe mu Munara w’Inderetsi wo mu 2013.