Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

‘Muragire ibi mu kunyibuka’

‘Muragire ibi mu kunyibuka’

“Amaze gukenguruka [amanyura umukate], avuga ati: ‘Iki gisobanura umubiri wanje utanzwe ku bwanyu. Muragume mugira ibi mu kunyibuka.’ ” —1 KOR. 11:24.

1, 2. Intumwa zishobora kuba zariyumviriye iki igihe zagira zigire urugendo zija i Yeruzalemu?

‘UBU ikirere kirakeye, tukaba tubona ukwezi kwihese. Ejo mw’ijoro, abarinzi b’i Yeruzalemu bategerezwa kuba na bo nyene barakubonye. Inama Nkuru imaze kubimenya, yaramenyesheje ko ukwezi gushasha kwa Nisani kwatanguye. Imicanwa yo kumenyesha amakuru canke intwarabutumwa vyaciye bikwiragiza iyo nkuru, irashika no ng’aha. Nta gukeka ko Yezu ahava aja i Yeruzalemu kugira ngo ashikeyo imbere ya Pasika.’

2 Ivyiyumviro nk’ivyo bishobora kuba vyaraje mu bwenge bwa bamwebamwe mu bantu bari kumwe na Yezu i Pereya (hakurya ya Yorodani) imbere y’uko agira urugendo rwiwe rwa nyuma aja i Yeruzalemu. (Mat. 19:1; 20:17, 29; Mrk. 10:1, 32, 46) Umusi wa mbere w’ukwezi kw’Abayuda Nisani umaze kumenyekana, Pasika yaca iba haciye imisi 13, izuba rimaze kurenga ku wa 14 Nisani.

3. Ni kubera iki bibereye ko abakirisu bitwararika itariki Pasika yahimbarizwako?

3 Itariki izohimbarizwako Imfungurwa z’Umukama zo ku mugoroba, iyihuye n’itariki yahimbarizwako Pasika, izoba ari ku wa 14 Ndamukiza 2014 izuba rimaze kurenga. Uzoba ari umusi udasanzwe ku bakirisu b’ukuri no ku bashimishijwe. Kubera iki? Kubera ivyo dusoma mu 1 Abakorinto 11:23-25 ahagira hati: “Yezu mw’ijoro yagira atangwemwo, yatoye umukate, hanyuma amaze gukenguruka arawumanyura, avuga ati: ‘Iki gisobanura umubiri wanje utanzwe ku bwanyu. Muragume mugira ibi mu kunyibuka.’ Yagize kuno no ku gikombe.”

4. (a) Ni ibibazo ibihe vyoshobora kuvyuka ku bijanye n’Icibutso? (b) Itariki y’Icibutso imenyekana gute buri mwaka? (Raba uruzitiro ruvuga ngo  “Icibutso co mu 2014.”)

4 Nta gukeka ko uzoba ari ho uri kugira uhimbaze ca kintu kimwe Yezu yavuze ko abayoboke biwe bakwiye guhimbaza uko umwaka utashe. Niwibaze imbere y’igihe uti: ‘Nkwiye kwitegurira gute uwo mugoroba? Ni ibintu ibihe bizokoreshwa? Ni ibintu ibihe bizogirwa mu gihe c’urwo rubanza? Kandi urwo rubanza n’ivyo bintu bizokoreshwa bikwiye gusobanura iki kuri jewe?’

 IBIMENYETSO

5. Yezu yasavye ko hagirwa imyiteguro iyihe ku bwa Pasika ya nyuma yahimbaje ari kumwe n’intumwa?

5 Igihe Yezu yabwira intumwa ziwe gutegura icumba co kuriramwo imfungurwa za Pasika, ntiyavuze ibijanye n’ibisharizo bihanitse; ahubwo nyabuna, birashoboka cane ko yipfuza gusa icumba kibereye kandi gisukuye, cagutse bihagije ku buryo gikwiramwo abatumire. (Soma Mariko 14:12-16.) Boteguye ibintu bimwebimwe ku bw’izo mfungurwa, harimwo umukate utarimwo umwambiro be n’umuvinyu utukura. Barangije kurya imfungurwa za Pasika, Yezu yaciye ashimika kuri ivyo bimenyetso bibiri.

6. (a) Inyuma y’imfungurwa za Pasika, Yezu yavuze iki ku bijanye n’umukate? (b) Ni umukate bwoko ki ukoreshwa ku Cibutso?

6 Intumwa Matayo ni ho yari akaba yahavuye yandika ati: “Yezu atora umukate, hanyuma amaze kuwuhezagira, arawumanyura awuhereza abigishwa, avuga ati: ‘Akire, murye.’ ” (Mat. 26:26) Uwo “mukate” ntiwarimwo umwambiro, nk’uko wari wakoreshejwe ku bwa Pasika. (Kuv. 12:8; Gus. 16:3) Uwo mukate wari ukozwe mw’ifu y’ingano n’amazi, ata mwambiro canke ibirungo, nk’umunyu, vyongewemwo. Kubera ko ata mwambiro warimwo, ntiwovyimvye. Wobaye ufise intimbatimba ntoyi, wumye, kandi woroshe kumanyagura. Muri iki gihe, imbere y’uko Icibutso kiba, abakurambere b’ishengero boshobora gusaba umuntu ngo akore uwo mukate mw’ifu y’ingano n’amazi, akawuteka kw’ipanu iriko utuvuta dukeyi. (Nimba ifu y’ingano idashobora kuboneka, uwo mukate woshobora gukorwa mw’ifu y’umuceri, iya sayiri, iy’ibigori, canke iy’ibindi binyantete nk’ivyo.) Canke na ho hoshobora gukoreshwa wa mukate w’Abayuda bita azyme, mwene wa wundi utarimwo umwambiro, amagi, canke ibitunguru.

7. Ni umuvinyu nyabaki Yezu yavuze, kandi ni umuvinyu bwoko ki woshobora gukoreshwa ku Cibutso muri iki gihe?

7 Matayo yabandanije ati: “[Yezu] atora . . . igikombe, hanyuma amaze gukenguruka, arakibaha, avuga ati: ‘Nimukinyweko mwese.’ ” (Mat. 26:27, 28) Ico gikombe Yezu yatoye carimwo umuvinyu utukura. (Ntiwari umutobe w’inzabibu nshasha, kuko iyimbura ry’inzabibu ryari rimaze igihe kirekire riheze.) Umuvinyu ntiwari muri za mfungurwa za mbere zo mu Misiri, yamara Yezu ntiyanse ko ushirwa mu mfungurwa za Pasika. Yarakoresheje mbere mukeyi kuri wo mu gihe c’Imfungurwa z’Umukama zo  ku mugoroba. Ni co gituma abakirisu baba bafise umuvinyu ku Cibutso. Kubera ko bitari bikenewe kwongereza canke gukomeza agaciro k’amaraso ya Yezu, umuvinyu ukoreshwa si mwene wa wundi wongerwamwo inzoga canke ibirungo kugira ngo ukare. Hakwiye gukoreshwa umuvinyu utukura utongewemwo ikintu na kimwe, waba umuvinyu umuntu yiganiye kibure umuvinyu ugurishwa n’abadandaza nka Beaujolais, Bourgogne, Bordeaux canke Chianti.

ICO IVYO BIMENYETSO BISOBANURA

8. Ni kubera iki abakirisu bitwararika ico umukate n’umuvinyu bisobanura?

8 Intumwa Paulo yaratomoye ko n’abandi bakirisu, uretse intumwa, babwirizwa guhimbaza Imfungurwa z’Umukama zo ku mugoroba. Yandikiye abo basangiye ukwemera b’i Korinto ati: “Nahawe n’Umukama ico nanje nabahereje, yuko Umukama Yezu . . . yatoye umukate, hanyuma amaze gukenguruka arawumanyura, avuga ati: ‘Iki gisobanura umubiri wanje utanzwe ku bwanyu. Muragume mugira ibi mu kunyibuka.’ ” (1 Kor. 11:23, 24) Ni co gituma gushika n’uno musi abakirisu bahimbaza urwo rubanza rudasanzwe buri mwaka, bakaba kandi bitwararika ico umukate n’umuvinyu bisobanura.

9. Bamwebamwe bafise iciyumviro kitari co ikihe ku bijanye n’umukate Yezu yakoresheje?

9 Abanyamadini bamwebamwe bavuga ko Yezu yavuze ijambo ku rindi ati: ‘Iki ni umubiri wanje,’ bakaba rero bemera ko uwo mukate wahindutse ku gitangaro umubiri nya mubiri wiwe. Ariko rero, ivyo birahushanye n’uko ibintu biri. * Umubiri wa Yezu wari ng’aho imbere y’intumwa z’intahemuka, cokimwe n’umukate utarimwo umwambiro bagira bihereze. Biragaragara ko Yezu yariko aravuga mu buryo bw’ikigereranyo, nk’uko yabigize no mu bindi bihe vyinshi.—Yoh. 2:19-21; 4:13, 14; 10:7; 15:1.

10. Umukate ukoreshwa mu gihe c’Imfungurwa z’Umukama zo ku mugoroba ugereranya iki?

 10 Uwo mukate izo ntumwa zabona kandi zagira zihereze wasobanura umubiri wa Yezu. Uwuhe mubiri? Abasavyi b’Imana barigeze kuba biyumvira ko kubera yuko Yezu yamanyuye umukate mugabo ntihagire na rimwe mu magufa yiwe rivunika, uwo mukate wasobanura “umubiri wa Kristu,” ni ukuvuga ishengero ry’abarobanuwe. (Ef. 4:12; Rom. 12:4, 5; 1 Kor. 10:16, 17; 12:27) Ariko rero, bahavuye batahura ko umuntu akoresheje ubwenge kandi akisunga Ivyanditswe abona yuko uwo mukate ugereranya umubiri w’inyama wa Yezu yari yarateguriwe. Yezu “ya[ra]babajwe mu mubiri,” mbere aramanikwa. Ku bw’ivyo, mu gihe c’Imfungurwa z’Umukama zo ku mugoroba, umukate ugereranya uwo mubiri w’inyama Yezu ‘yikorereyemwo ibicumuro vyacu.’—1 Pet. 2:21-24; 4:1; Yoh. 19:33-36; Heb. 10:5-7.

11, 12. (a) Yezu yavuze ku bijanye n’umuvinyu? (b) Umuvinyu ukoreshwa mu gihe c’Imfungurwa z’Umukama zo ku mugoroba ugereranya iki?

11 Ivyo biradufasha gutahura ivyo Yezu yaciye avuga ku bijanye n’umuvinyu. Dusoma duti: “Yagize kuno no ku gikombe, amaze kwihereza imfungurwa zo ku mugoroba, avuga ati: ‘Iki gikombe gisobanura isezerano rishasha hishimikijwe amaraso yanje.’ ” (1 Kor. 11:25) Bibiliya nyinshi zihavuga nk’uko iy’uwitwa Robert Young ihavuga ijambo ku rindi iti: “Iki gikombe ni isezerano rishasha mu maraso yanje.” (Ni twe dushimitse.) Ico gikombe nyene Yezu yari afise coba ari co cari isezerano rishasha? Oya. Ijambo “igikombe” ryerekeza ku vyari muri co, ni ukuvuga umuvinyu. Yezu yavuze ko uwo muvinyu wasobanura canke wagereranya iki? Amaraso yiwe yasheshwe.

12 Mu Njili ya Mariko, tuhasanga amajambo ya Yezu agira ati: “Iki gisobanura ‘amaraso yanje y’isezerano’ agiye guseswa ku bwa benshi.” (Mrk. 14:24) Egome, amaraso ya Yezu “[yosheshwe] ku bwa benshi ku bwo kubabarirwa ibicumuro.” (Mat. 26:28) Ku bw’ivyo, uwo muvinyu utukura ugereranya mu buryo bubereye amaraso ya Yezu. Biciye kuri ayo maraso, turashobora kubohorwa n’incungu, ari kwo “kubabarirwa amakosa yacu.”—Soma Abanyefeso 1:7.

Intumwa zarihereje ku muvinyu wagereranya amaraso ya Yezu ya rya sezerano (Raba ingingo ya 11, 12)

KWIBUKA URUPFU RWA KRISTU

13. Dondora ukuntu Icibutso c’urupfu rwa Kristu kiba buri mwaka gihimbazwa?

13 Nimba uzokwitaba Icibutso hamwe n’Ivyabona vya Yehova ari bwo bwa mbere, wokwitega iki? Uwo mutororokano ushobora rwose kuzobera ahantu hakwegera kandi hasukuye, aho bose bashobora guhimbarirwa urwo rubanza. Hoshobora kuzoba hari amashurwe asanzwe, mugabo ntuzosamazwa n’ibisharizo vy’amabara menshi canke ibintu bijanye n’umusi mukuru. Umukurambere abishoboye azoca irya n’ino mu buryo bwumvikana kandi buteye iteka ico Bibiliya ivuga ku bijanye n’urwo rubanza. Azofasha abantu bose gukenguruka ivyo Kristu yadukoreye. Yapfuye bwa ncungu kugira ngo dushobore kubaho. (Soma Abaroma 5:8-10.) Uwo mushikirizansiguro azosigura vya vyizigiro bibiri bitandukanye abakirisu bafise bivugwa muri Bibiliya.

14. Ni ivyizigiro ibihe birimburwa mu nsiguro y’Icibutso?

14 Kimwe muri ivyo vyizigiro ni ico gufadikanya na Kristu kuganza mw’ijuru, kikaba ari icizigiro gifiswe n’igitigiri gitoya c’abayoboke ba Kristu, nka za ntumwa z’intahemuka. (Luka 12:32; 22:19, 20; Ivyah. 14:1) Ico kindi cizigiro gifiswe n’abakirisu benshi bakorera Imana badahemuka mu gihe cacu. Biteze kuba kw’isi ibihe bidahera mw’Iparadizo izoba yagarukanywe. Ukugomba kw’Imana kuzoca gukorwa kw’isi nko mw’ijuru, ico kikaba ari ikintu abakirisu bamaze igihe kirekire basenga basaba. (Mat. 6:10) Vyongeye, Ivyanditswe birerekana mu buryo bwiza igitangaza ibintu vy’akaroruhore bazokwama binovora.—Yes. 11:6-9; 35:5, 6; 65:21-23.

15, 16. Bigenda gute ku bijanye n’umukate mu gihe c’Imfungurwa z’Umukama zo ku mugoroba?

 15 Amaja mu mpera y’iyo nsiguro, umushikirizansiguro azomenyesha yuko igihe co gukurikiza ivyo Yezu yabwiye intumwa ziwe gukora kigeze. Nk’uko vyamaze kuvugwa, hazokoreshwa ibimenyetso bibiri: Umukate utarimwo umwambiro n’umuvinyu utukura. Vyoshobora kuba biri ku meza hafi y’umushikirizansiguro. Azokwerekeza ku nkuru yo muri Bibiliya idondora ivyo Yezu yavuze n’ivyo yakoze igihe yatanguza urwo rubanza. Nk’akarorero, mu nkuru ya Matayo dusoma duti: “Yezu atora umukate, hanyuma amaze kuwuhezagira, arawumanyura awuhereza abigishwa, avuga ati: ‘Akire, murye. Iki gisobanura umubiri wanje.’ ” (Mat. 26:26) Yezu yaramanyuye uwo mukate utarimwo umwambiro kugira ngo awuhereze intumwa zari ibubamfu bwiwe n’iburyo bwiwe. Kw’ikoraniro ryo ku wa 14 Ndamukiza uzobona imikate itarimwo umwambiro izoba yamaze kumanyagurwa no gushirwa ku masahani.

16 Hazokoreshwa amasahani ahagije kugira ngo ashobore gutemberezwa mu bantu bose bari ng’aho mu mwanya ugereranye. Ivyo ntibizogirwa mu buryo bw’umugenzo uhanitse. Hazoturwa isengesho rigufi, maze amasahani ace atemberezwa mu buryo buri ku rutonde, hisunzwe ibiboneka ko bibereye aho hantu. Bakeyi ni bo bazokwihereza ku mukate (canke kumbure ntihagire n’umwe), nk’uko vyagenze mu mashengero menshi igihe umukate watemberezwa ku rubanza nk’urwo rwabaye mu 2013.

17. Ubuyobozi Yezu yatanze ku bijanye n’umuvinyu bukurikizwa gute ku Cibutso?

17 Hazoca herekezwa ku vyo Matayo yabandanije kudondora ati: “[Yezu] atora n’igikombe, hanyuma amaze gukenguruka, arakibaha, avuga ati: ‘Nimukinyweko mwese; kuko iki gisobanura “amaraso yanje y’isezerano” agiye guseswa ku bwa benshi ku bwo kubabarirwa ibicumuro.’ ” (Mat. 26:27, 28) Mu gukurikiza ico citegererezo, hazoturwa irindi sengesho maze ‘ibikombe’ vy’umuvinyu bice bitemberezwa mu bari ng’aho bose.

18. Nimba bakeyi ari bo bihereza kuri ivyo bimenyetso canke mbere ntihagire n’umwe avyiherezako, ni kubera iki biguma bihambaye ko tuba ari ho turi?

18 Benshi mu bari ng’aho baririnda babigiranye icubahiro kwihereza kuri ivyo bimenyetso igihe biriko biratemberezwa kubera ko Yezu yerekanye ko abazoganza mu Bwami bwiwe bwo mw’ijuru ari bo bonyene bakwiye kuvyiherezako. (Soma Luka 22:28-30; 2 Tim. 4:18) Abandi bose baba bari ng’aho baba ari abarorerezi bubaha. Naho ari ukwo, kwitaba Imfungurwa z’Umukama zo ku mugoroba birahambaye, kuko kuba bari ng’aho vyerekana ko baha agaciro cane inkuka ya Yezu. Mu gihe c’Icibutso, barashobora kuzirikana ku mihezagiro bashobora kwironkera hishimikijwe inkuka y’incungu ya Yezu. Biteze kuzoba bari muri rya “sinzi rinini” rizorokoka ya “makuba akomeye” yimirije. Abo ni abasavyi b’Imana bazoba “bamesuye amakanzu yabo ba[ka]yeza mu maraso ya wa Mwagazi w’intama.”—Ivyah. 7:9, 14-17.

19. Wokora iki kugira ngo witegurire Imfungurwa z’Umukama zo ku mugoroba wongere uzungukireko

19 Ivyabona vya Yehova bo hirya no hino kw’isi baritegurira iryo koraniro ridasanzwe. Hagisigaye amayinga nk’angahe, tuzogira uruhara mu gutumira abantu benshi bashoboka ngo bazoryitabe. Vyongeye, mu misi ishikana ku Cibutso, benshi muri twebwe bazosoma inkuru zo muri Bibiliya zivuga ivyo Yezu yakoze be n’ivyabaye ku magenekerezo ahuye n’ayo vyabereyeko mu 33 G.C. Tuzoba twatunganije ivyacu kugira ngo twiyemeze kuba ari ho turi. Biraba vyiza dushitse imbere cane y’uko ururirimbo n’isengesho vyo kwugurura bitangura kugira ngo dushobore guha ikaze abashitsi duheze dukurikire porogarama yose. Twese, abagize ishengero n’abashitsi, tuzokwungukira vy’ukuri ku gukurikira muri Bibiliya zacu igihe ivyiyumviro bizoba biriko birashikirizwa. N’igihambaye kuruta, kwitaba Icibutso bizokwerekana ko dukenguruka bivuye ku mutima inkuka Yezu yatanze be n’uko tugamburuka itegeko yatanze rigira riti: “Muragume mugira ibi mu kunyibuka.”—1 Kor. 11:24.

^ par. 9 Incabwenge y’Umudagi yitwa Heinrich Meyer ivuga iti: “Kubera . . . yuko umubiri wa Yezu utari bwamanyurwe (ni ukuvuga kuba yari akiri muzima), be n’uko amaraso yiwe atari bwaseswe, nta n’umwe muri abo batumire [ni ukuvuga intumwa] yari gushobora kwiyumvira . . . ko bariko bararya bongera banywa vy’ukuri umubiri nya mubiri n’amaraso nya maraso vy’Umukama, [akaba ari co gituma] Yezu ubwiwe atari afise intumbero y’uko amajambo yiwe asanzwe atahurwa mu buryo batari basanzwe bemera ico gihe.”