Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Niwirinde ‘kunyiganyizwa ningoga ngo uve ku kwiyumvira kwawe’

Niwirinde ‘kunyiganyizwa ningoga ngo uve ku kwiyumvira kwawe’

“Bene wacu, . . . tubasavye kutanyiganyizwa ningoga ngo muve ku kwiyumvira kwanyu.”—2 TES. 2:1, 2.

1, 2. Ni kubera iki uruhendo rwiraye muri iki gihe, kandi rushobora kwibonekeza gute? (Raba ifoto itangura.)

IBINYOMA, amayeri be n’uruhendo biriraye muri ino si. Ivyo ntibikwiye kudutangaza. Bibiliya irerekana mu buryo butomoye ko Shetani wa Mubesheranyi ari umuhendanyi karuhariwe, akaba n’umutware w’iyi si. (1 Tim. 2:14; 1 Yoh. 5:19) Uko iherezo ry’ivy’iyi si mbi ryegereza, ni ko ishavu rya Shetani ryongerekana kubera ko azi ko asigaje “igihe gito” gusa. (Ivyah. 12:12) Turashobora rero kwitega ko uruhendo rugirwa n’aboshwa na Shetani ruzorushiriza kwongerekana, na canecane bahenda abaremesha ugusenga kw’ukuri.

2 Amajambo azimiza be n’ibinyoma vyeruye bivugwa ku bijanye n’abasavyi ba Yehova be n’ivyo bemera, rimwe na rimwe birashirwa mu bimenyeshamakuru. Ibiganiro vyo mu binyamakuru, kuri televiziyo, no kuri Internet birakoreshwa mu gukwiragiza ibinyoma. Ivyo bituma abantu bamwebamwe babura ico bafata n’ico bareka, bagapfa kwemera ivyo binyoma.

3. Ni igiki codufasha kwirinda uruhendo?

3 Kugira twirinde ayo mayeri aca intege y’umwansi wacu, turakenguruka kuba dufise Ijambo ry’Imana, rino rikaba ari “ngirakamaro . . . ku kugorora ibintu.” (2 Tim. 3:16) Birahambaye ko twigira ku vyo intumwa Paulo yanditse yuko abakirisu bamwebamwe b’i Tesalonika ho mu kinjana ca mbere bari barazimijwe baremera ibinyoma. Yabahimirije “kutanyiganyizwa ningoga ngo [ba]ve ku kwiyumvira kwa[bo].” (2 Tes. 2:1, 2) Ni ivyigwa ibihe twokwigira kuri iyo nkeburo iranga urukundo ya Paulo, kandi dushobora gute kuyishira mu ngiro?

INGABISHO ZAJE KU GIHE KIBEREYE

4. Abakirisu b’i Tesalonika bagabishijwe gute ku bijanye n’ukuza kw’ “umusi wa Yehova,” kandi natwe tugabishwa gute?

4 Mw’ikete rya mbere Paulo yandikiye ishengero  ry’i Tesalonika, yaravuze ibijanye n’ukuza kw’ “umusi wa Yehova.” Ntiyipfuza ko abavukanyi biwe baba mu mwiza be n’uko baterwa batiteguye. Ahubwo, yabahimirije nk’ “abana b’umuco” ngo ‘bagume barikanuye kandi bazigame ubwenge bwabo.’ (Soma 1 Abatesalonika 5:1-6.) Muri iki gihe, turindiriye ugutikizwa kwa Babiloni Akomeye, ya nganji y’isi yose y’idini ry’ikinyoma. Ivyo bizoba intango y’umusi uhambaye wa Yehova. Duhiriwe duhishije, twararushirije gutahura iranguka ry’umugambi wa Yehova. Vyongeye, biciye kw’ishengero, twama turonka ivyibutsa ku gihe kibereye bidufasha kuzigama ubwenge bwacu. Gufata nkama izo ngabisho twama turonka birashobora gukomeza umwiyemezo twafashe wo gukorera Imana “igikorwa ceranda kijana n’ububasha bwa[cu] bwo kwiyumvira.”—Rom. 12:1.

Paulo yaranditse amakete yahaye abakirisu ingabisho zaje ku gihe kibereye (Raba ingingo ya 4, 5)

5, 6. (a) Paulo yavuze iki mw’ikete rigira kabiri yandikiye Abatesalonika? (b) Imana igiye gukora iki biciye kuri Yezu, kandi dukwiye kwibaza iki?

5 Haciye igihe gito Paulo arungikiye abakirisu b’i Tesalonika ikete ryiwe rya mbere, yarabarungikiye irigira kabiri. Muri iryo kete yaravuze ibijanye n’ukuza kw’amakuba igihe Umukama Yezu azoshitsa urubanza rw’Imana ku “batazi Imana be n’abatagamburukira inkuru nziza.” (2 Tes. 1:6-8) Ico ubu twita ikigabane ca 2 c’iryo kete kirerekana ko bamwebamwe muri iryo shengero bari ‘barakabuwe’ ku bijanye n’umusi wa Yehova ku buryo bemera ko wari mu gushika. (Soma 2 Abatesalonika 2:1, 2.) Abo bakirisu bo mu ntango bari bafise ugutahura kuri n’aho kugarukira ku bijanye n’iranguka ry’umugambi wa Yehova, nk’uko na Paulo yahavuye avyemanga ku bijanye n’ubuhanuzi ati: “Dufise ubumenyi bw’igice kandi tukavuga ubuhanuzi igice; mugabo igikwiye nicashika, ivy’igice bizokurwaho.” (1 Kor. 13:9, 10) Ariko ingabisho zahumetswe zanditswe na Paulo, intumwa Petero be n’abandi bavukanyi barobanuwe b’abizigirwa bo muri ico gihe zarashoboye kubaronsa ivyo bari bakeneye vyose kugira bazigame ukwizera kwabo.

6 Kugira ngo Paulo agorore ibintu, yarasiguye ahumekewe yuko ubuhuni bukomeye be na “wa muntu w’ubugarariji” vyari guseruka imbere y’uko umusi wa Yehova ushika. * Inyuma y’aho, igihe cashinzwe kigeze,  Umukama Yezu ‘yohinduye ubusa’ abobaye barahenzwe bose. Iyo ntumwa yarerekanye imvo yotumye bashitswako urwo rubanza, iyo na yo ikaba ari uko “batemeye gukunda ukuri.” (2 Tes. 2:3, 8-10) Vyoba vyiza twibajije duti: ‘Nkunda ukuri ku rugero rungana iki? Noba njana n’igihe ku bijanye n’ugutahura kwa none nk’uko kuboneka muri iki kinyamakuru no mu bindi bisohokayandikiro bishingiye kuri Bibiliya bitangwa ku bw’ishengero rikwiye kw’isi yose ry’abasavyi b’Imana?’

NUHITEMWO ABO MWIFATANYA UBIGIRANYE UBUKEREBUTSI

7, 8. (a) Ni ingeramizi izihe abakirisu bo mu ntango babwirizwa kwirinda? (b) Abakirisu b’ukuri bo muri iki gihe bahanganye n’ingeramizi idasanzwe iyihe?

7 Tuvugishije ukuri, abakirisu bohanganye n’izindi ngeramizi uretse izovuye ku bahuni no ku nyigisho zabo. Paulo yandikiye Timoteyo ko “urukundo rw’amahera ari umuzi w’ibibi vy’ubwoko bwose.” Iyo ntumwa yavuze ko “mu kurondera gushikira urwo rukundo bamwe [bahubijwe] bava ku kwizera, bitobekeranisha hose imibabaro myinshi.” (1 Tim. 6:10) “Ibikorwa vy’umubiri” na vyo nyene vyobabereye ingeramizi zamaho.—Gal. 5:19-21.

8 Ariko rero, urashobora gutahura igituma Paulo yagabishije ashimitse Abatesalonika ku bijanye n’akaga gakomeye katezwa n’abagabo nka bamwe yise ahandi “intumwa z’ikinyoma.” Muri bo harimwo abagabo bavuga “ibigoramanze kugira ngo bakwegere abigishwa inyuma yabo.” (2 Kor. 11:4, 13; Ivyak. 20:30) Mu nyuma, Yezu yarakeje ishengero ry’i Efeso kubera ko ritashobora “kwihanganira abantu babi.” Abo Banyefeso ‘barageza’ abantu bari intumwa z’ikinyoma vy’ukuri, ku bwa ngingo bakaba bari ababeshi. (Ivyah. 2:2) Biri n’ico bivuze kuba mw’ikete rigira kabiri Paulo yandikiye Abatesalonika, yabahimirije ati: “Ubu rero turabategeka, bene wacu, mw’izina ry’Umukama Yezu Kristu, kwitandukanya na mwene wacu wese atagendera ku rutonde.” Yaciye avuga adomako ibijanye n’abakirisu ‘batashaka gukora.’ (2 Tes. 3:6, 10) Mugabo nimba abo barabonwa ko batagendera ku rutonde, hari akantu abariko baratwarwa n’ubuhuni! Egome, kwifatanya cane n’abo bantu ico gihe vyari biteye akaga bimwe bidasanzwe kandi vyabwirizwa kwirindwa, ivyo bikaba ari ko biri no muri iki gihe.—Imig. 13:20.

9. Ni kubera iki dukwiye kuba maso mu gihe hari uwutanguye kuzana ivyiyumviro bitagira ishingiro canke gutora abandi amahinyu?

9 Turegereje ya makuba akomeye be n’iherezo ry’ivy’iyi si mbi, akaba ari co gituma izo ngabisho zahumetswe zatanzwe mu kinjana ca mbere zirushirije kuba izihambaye. Ntitwipfuza na gato ‘guhusha intumbero’ y’ubuntu ata wari abukwiriye bwa Yehova maze ntituronke ubuzima budahera twasezeraniwe, haba mw’ijuru canke kw’isi. (2 Kor. 6:1) Bishitse umuntu yitaba amakoraniro yacu akagerageza kutujana mu biyago bishingiye ku vyiyumviro bitagira ishingiro canke mu biyago vyo gutora abandi amahinyu, turakwiye kuba maso.—2 Tes. 3:13-15.

“MUGUMYE IVYO MWASHIKIRIJWE”

10. Ni ibintu ibihe abakirisu b’i Tesalonika bari barashikirijwe bahimirijwe kugumya?

10 Paulo yahimirije abavukanyi biwe b’i Tesalonika ‘guhagarara bashikamye’ no kwumira ku vyo bari barize. (Soma 2 Abatesalonika 2:15.) Ivyo bintu bari ‘barashikirijwe’ vyari ibiki? Nta gukeka ko atari ivyigishwa n’idini ry’ikinyoma maze bikabonwa ko biri n’agaciro nk’ivyo dusanga mu Vyanditswe. Ahubwo nyabuna, Paulo yariko aravuga ibijanye n’inyigisho we hamwe n’abandi bari barahawe na Yezu hamwe n’ivyo Imana yatumye iyo ntumwa ishikiriza, vyinshi muri vyo bikaba vyahavuye biba mu Vyanditswe vyahumetswe. Paulo yarakeje abavukanyi biwe bo mw’ishengero ry’i Korinto kubera ko, nk’uko yavyanditse, ‘mu bintu vyose bamuzirikana kandi bakagumya ivyo yabashikirije nk’uko yabibahereje.’ (1 Kor. 11:2) Izo nyigisho zava  kw’isôko ryo kwizigirwa zikaba rero zarashobora kwizigirwa.

11. Ni mu buryo butandukanye ubuhe bamwebamwe boshobora gutwarwa n’uruhendo?

11 Igihe Paulo yandikira Abaheburayo, yaravuze uburyo bubiri umukirisu yari gushobora gutakaza ukwizera maze ntahagarare ashikamye. (Soma Abaheburayo 2:1; 3:12.) Yaravuze ibijanye no ‘kugenda akayombekere’ n’ibijanye no “kuva” ku Mana. Ubwato bugenda akayombekere bukava ku nkombe y’uruzi, bwoshobora kubigira ata wubiciye n’ikanda mu ntango. Buhorobuhoro, burarushiriza kuja kure. Ariko rero, umuntu asunika ubwato bwiwe bukava ku nkombe arabwigiza kure y’iyo nkombe biciye ku vyo we ubwiwe akoze. Izo ngendo zompi zirerekana neza ukuntu bamwebamwe batwarwa n’uruhendo, ntibabe bacizigira ukuri.

12. Ni ibikorwa ibihe vyo muri iki gihe bishobora kwonona kamere yacu y’ivy’impwemu?

12 Ivyo bishobora kuba ari ko vyari vyifashe ku Batesalonika bamwebamwe. Bite ho muri iki gihe? Ibikorwa bituma abantu batakaza umwanya biriraye. Zirikana amasaha abantu bamara bahanahana amakuru biciye ku bibanza vyo kuri Internet bashirako amakuru aberekeye, basoma bongera bishura ubutumwa bakoresheje ivyuma vyo mu buhinga bwa none, baja mu vyo kwisamaza babigiranye umushasharo, canke baguma bakurikiranira hafi ibijanye n’inkino. Ico ari co cose muri ivyo bintu coshobora gusamaza umukirisu bigatuma umwete wiwe ugabanuka. Ingaruka zoba izihe? Gusenga bivuye ku mutima, kwiga Ijambo ry’Imana, kwitaba amakoraniro no kwamamaza inkuru nziza vyoshobora kuhabonera. Twokora iki kugira ngo twirinde kutanyiganyizwa ningoga gutyo, ngo tuve ku kwiyumvira kwacu?

IVYOTURINDA KUNYIGANYIZWA

13. Nk’uko vyari vyaravuzwe, abantu benshi bafise agatima akahe, kandi ni igiki kizotuma ukwizera kwacu kutononekara?

13 Ikintu kimwe dukeneye vy’ukuri kugira ni ukuguma tuzi igihe tubayemwo be n’ingaruka zishobora kuva ku kwifatanya n’abanka kwemera yuko turi mu “misi ya nyuma.” Intumwa Petero yanditse ku bijanye n’iki gihe ati: “Hazoza abashinyaguzi n’agashinyaguro kabo, bagenda bisunga ivyipfuzo vyabo bwite bavuga ngo: ‘Ukwo kuhaba kwiwe kwasezeranywe kuri hehe? Erega, kuva umusi ba sogokuruza bacu basinzira mu rupfu, ibintu vyose bibandanya neza na neza nko kuva mu ntango y’irema.’ ” (2 Pet. 3:3, 4) Gusoma Ijambo ry’Imana buri musi no kwama turyiga bizodufasha kumenya igihe tugezemwo ico ari co, bitume tuguma tuzi yuko turi mu “misi ya nyuma.” Bwa buhuni bwari bwaravuzwe bwaribonekeje kera cane kandi burabandanya no muri iki gihe. “Wa muntu w’ubugarariji” arabandanya kubaho no kurwanya abasavyi b’Imana. Ku bw’ivyo, turakeneye kurushiriza kuba maso uko umusi wa Yehova wegereza.—Zef. 1:7.

Kwitegurira ubusuku neza no kubugiramwo uruhara birashobora kudufasha kwirinda kunyiganyizwa ningoga tukava ku kwiyumvira kwacu (Raba ingingo ya 14, 15)

14. Kuguma dufise vyinshi dukora mu murimo w’Imana bidukingira gute?

14 Ivyagiye biraba vyarerekanye ko uburyo nyamukuru bwo kuguma umuntu ari maso maze akirinda kunyiganyizwa akava ku kwiyumvira kwiwe ari ukwama agira uruhara mu kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami. Ku bw’ivyo, igihe Kristu Yezu we Mutwe w’ishengero yategeka abayoboke biwe guhindura abantu bo mu mahanga yose abigishwa, babigisha kwitondera ibintu vyose yari yarigishije, yariko aratanga impanuro yokingiye abayoboke biwe. (Mat. 28:19, 20) Gukora duhuza n’ubwo buyobozi yatanze bisaba ko tuba abanyamwete mu gikorwa co kwamamaza. Woba wibaza ko abavukanyi bawe b’i Tesalonika bari kubumbwa no kwamamaza be no kwigisha mu buryo bwo guheza umwuga, nk’aho coba cari igikorwa gisanzwe co gukorana urwangara? Niwibuke amajambo Paulo yababwiye ati: “Ntimuzimye umuriro w’impwemu. Ntimukengere ivy’ukuvuga ubuhanuzi.” (1 Tes. 5:19, 20) Ese ukuntu ubuhanuzi  twiga tukongera tukabwira abandi buteye akamwemwe!

15. Ni ibintu ngirakamaro ibihe twokwihweza mu gusenga kwo mu muryango?

15 Birumvikana ko twipfuza gufasha abo mu miryango yacu gutsimbataza ubuhanga bafise mu murimo wo mu ndimiro. Bene wacu na bashiki bacu benshi barabonye ko uburyo bumwe bwo kubigira ari ugutegekanya umwanya wo kuyaga ibijanye n’ubusuku mu gusenga kwabo kwo mu muryango. Mwoshobora gusanga ari ngirakamaro kuyaga ku kuntu abagize umuryango bazokurikirana abashimishijwe. Ni igiki bazovuga basubiye kubagendera? Ni ibiganiro ibihe bishobora rwose kuzotuma abagendewe babandanya gushimishwa? Ni ryari vyorushiriza kuba vyiza basubiye kubagendera? Abenshi barategekanya kandi umwanya wo gutegura amakoraniro y’ishengero mu gusenga kwo mu muryango kugira ngo bamenye ibizorimburwa kuri ayo makoraniro. Woba ushobora kurushiriza kwitegura kugira ngo uzoyagiremwo uruhara? Kuyagiramwo uruhara bizokomeza ukwizera kwawe biheze bigufashe kwirinda kunyiganyizwa ukava ku kwiyumvira kwawe. (Zab. 35:18) Egome, kugira uruhara mu gusenga kwo mu muryango bizokurinda ivyiyumviro bidafise ishingiro n’ugukekeranya.

16. Ni igiki kivyurira Abakirisu barobanuwe umutima wo kuzigama ububasha bwabo bwo kwiyumvira?

16 Igihe tuzirikanye ukuntu Yehova yahezagiye abasavyi biwe mu myaka n’iyindi mu gutuma barushiriza gutahura ubuhanuzi bwo muri Bibiliya, turashobora gukenguruka impembo nziza igitangaza iturindiriye. Abarobanuwe biteze gusanga Kristu mw’ijuru. Ese ukuntu ivyo bibavyurira umutima wo kuzigama ububasha bwabo bwo kwiyumvira! Twoshobora vy’ukuri kuberekezako amajambo Paulo yandikiye Abatesalonika, ayagira ati: “Ntitworeka kwama dukengurukira Imana ku bwanyu, yemwe bene wacu bakundwa na Yehova, kubera ko Imana yabarobanuye . . . mu kubezesha impwemu no mu kwizera mufise mu kuri.”—2 Tes. 2:13.

17. Ni indemesho izihe usanga mu majambo ari mu 2 Abatesalonika 3:1-5?

17 Abiteze kubaho ibihe bidahera kw’isi na bo nyene barakwiye kwihatira kwirinda kunyiganyizwa ningoga bakava ku kwiyumvira kwabo. Nimba ufise icizigiro co kuba kw’isi, nufate nkama indemesho ziranga urukundo Paulo yandikiye abarobanuwe bagenziwe bari i Tesalonika. (Soma 2 Abatesalonika 3:1-5.) Umwe wese muri twebwe arakwiye gukenguruka cane ayo majambo aranga urukundo. Egome, amakete yandikiwe Abatesalonika arimwo ingabisho zihambaye ku bijanye n’ivyiyumviro bidafise ishingiro canke ivyiyumviro biteye amakenga. Kubera ko iherezo riri hafi, izo ni ingabisho abakirisu bo muri iki gihe bakenguruka cane.

^ par. 6 Nk’uko tubisoma mu Vyakozwe 20:29, 30, Paulo yarerekanye ko mu mashengero ya gikirisu, ‘hohagurutse abagabo bakavuga ibigoramanze kugira ngo bakwegere abigishwa inyuma yabo.’ Kahise karemeza ko hahavuye haba umugwi w’abakuru b’idini utandukanye n’abandi bayoboke. Mu kinjana ca gatatu G.C., “wa muntu w’ubugarariji” yarigaragaje, akaba yaribonekeza bitagoranye mu mugwi ugizwe n’imice myinshi w’abakuru b’idini bo mu biyita abakirisu.—Raba Umunara w’Inderetsi (mu gifaransa) wo ku wa 1 Ruhuhuma 1990, urupapuro rwa 10-14.