Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

‘Ivyo bize bibabere Icibutso’

‘Ivyo bize bibabere Icibutso’

“Uyo musi uze ubabere icibutso, kandi mubwirizwa kuwuhimbaza bwa musi mukuru wa Yehova.”—KUV. 12:14.

1, 2. Ni umusi wo kwibuka ikintu kidasanzwe uwuhe abakirisu bose bakwiye kwitwararika bimwe bidasanzwe, kandi kubera iki?

IYO wiyumviriye ibijanye n’imisi yo kwibuka ibintu bidasanzwe vyabaye, ni umusi uwuhe uca ubona mu bwenge? Umuntu yubatse yoshobora kuvuga ati: “Ni umusi nagiriyeko ubugeni.” Ku bandi, woshobora kuba ari umusi wabereyeko ikintu c’intibagirwa gihimbazwa n’abantu benshi, nk’igihe igihugu cabo cikukira. Ariko none woba uzi ikintu kidasanzwe kimaze imyaka irenga 3.500 gihimbazwa n’ihanga ryose?

2 Ico kintu kirahari, kikaba ari Pasika. Ico kintu caributsa igihe Isirayeli ya kera yabohorwa ikava mu bushumba mu Misiri. Ico kintu gikwiye kuba igihambaye kuri wewe. Kubera iki? Kubera ko gifitaniye isano n’ibintu bimwebimwe bihambaye cane mu buzima bwawe. Woshobora kwibaza uti: ‘Mugabo naho Abayuda bahimbaza Pasika, jewe si ndi Umuyuda. Kubera iki none nokwitwararika umusi yabereyeko?’ Inyishu tuyisanga muri aya majambo atekeye insobanuro ikomeye agira ati: “Kristu we pasika yacu yaratanzweko ikimazi.” (1 Kor. 5:7) Kugira ngo dutahure igituma ukwo kuri guhambaye, turakeneye kumenya ibijanye na Pasika y’Abayuda maze tukayisuzuma twisunze itegeko kanaka ryahawe abakirisu bose.

NI IGIKI CATUMYE HABA PASIKA?

3, 4. Ni ibintu ibihe vyatumye haba Pasika ya mbere?

3 Abantu amamiliyoni amajana bo hirya no hino kw’isi batari Abayuda barazi ku rugero runaka ibintu vyabaye vyatumye haba ico twokwita Pasika ya mbere. Boshobora kuba barabisomye mu gitabu co muri Bibiliya co Kuvayo, barumvise ivy’iyo nkuru, canke barabonye isenema yari ishingiye kuri ivyo bintu.

4 Igihe Abisirayeli bari bamaze imyaka myinshi ari abashumba mu Misiri, Yehova yararungitse Musa na mwene wabo Aroni kuri Farawo kumusaba ngo arekure abantu biwe. Uwo mutware w’Umunyamisiri w’umunyabwibone ntiyarekuye Abisirayeli, akaba ari co gituma Yehova yateje ico gihugu urukurikirane rw’ivyago vyatema bigatongora. Amaherezo, Imana yararungitse icago  kigira cumi, kukaba kwari ukwica imfura zo mu Misiri, kino kikaba catumye Farawo arekura Abisirayeli.—Kuv. 1:11; 3:9, 10; 5:1, 2; 11:1, 5.

5. Abisirayeli babwirizwa gukora iki mu kwitegurira kurekurwa? (Raba ishusho itangura.)

5 Ariko none Abisirayeli babwirizwa gukora iki imbere y’uko barekurwa? Hari mu mpeshi yo mu mwaka wa 1513 B.G.C., mu kwezi kw’Abayuda kwa Abibu, ukwahavuye kwitwa Nisani. * Imana yavuze ko ku musi ugira cumi w’ukwo kwezi, Abisirayeli babwirizwa gutangura kwitegurira gukora ibintu binaka ku wa 14 Nisani. Uwo musi watangura izuba rirenze kubera ko imisi y’Abaheburayo yatangura izuba rirenze ikarangira izuba rirenze. Ku wa 14 Nisani, urugo rwose rwategerezwa gukerera isuguru y’intama (canke y’impene) maze rukamija makeyi mu maraso yayo ku bishimaryango no ku gice co hejuru c’umuryango. (Kuv. 12:3-7, 22, 23) Urwo rugo rwabwirizwa gufungura umwagazi w’intama utaze hamwe n’umukate utarimwo umwambiro be n’imboga z’insoromano. Umumarayika w’Imana yorenganye hejuru y’ico gihugu akica imfura zo mu Misiri, mugabo Abisirayeli bagamburuka bokingiwe, maze bakagenda ari abidegemvya.—Kuv. 12:8-13, 29-32.

6. Abasavyi b’Imana bo hanyuma babwirizwa kubona gute Pasika?

6 Ivyo ni vyo vyabaye, kandi Abisirayeli babwirizwa kuza baribuka ukurekurwa kwabo mu myaka yokurikiye. Imana yababwiye iti: “Uyo musi uze ubabere icibutso, kandi mubwirizwa kuwuhimbaza bwa musi mukuru wa Yehova mu mayaruka yanyu yose. Mukwiye kuwuhimbaza bwa cagezwe gushika igihe kitagira urugero.” Iryo himbaza ryo ku musi ugira 14 ryabwirizwa gukurikirwa n’umusi mukuru wamara imisi indwi. Umusi wa 14 Nisani ni wo wari Pasika nyezina, mugabo iryo zina Pasika ryarashobora gukoreshwa kuri iyo misi umunani yose uwo musi mukuru wamara. (Kuv. 12:14-17; Luka 22:1; Yoh. 18:28; 19:14) Pasika yari umwe muri iyo misi mikuru yashinzwe (“imisi yo kwibuka ibintu bidasanzwe vyabaye,” The Bible in Living English) yabwirizwa guhimbazwa n’Abaheburayo buri mwaka.—2 Ngo. 8:13.

7. Ni igiki Yezu yatanguje kuri Pasika ya nyuma yemewe?

7 Kubera ko Yezu n’intumwa ziwe bari Abayuda bagengwa n’Itegeko rya Musa, barahimbaza Pasika yagirwa buri mwaka. (Mat. 26:17-19) Igihe bayihimbaza ubwa nyuma, Yezu yaratanguje ikindi kintu abayoboke biwe b’inyuma y’aho babwirizwa kwibuka uko umwaka utashe, ico na co kikaba ari Imfungurwa z’Umukama zo ku mugoroba. Ariko none babwirizwa kuzihimbaza ku musi uwuhe?

IMFUNGURWA Z’UMUKAMA ZO KU MUGOROBA ZATANGUJWE RYARI?

8. Twihweje ibijanye na Pasika be n’Imfungurwa z’Umukama zo ku mugoroba, ni ikibazo ikihe kivyuka?

8 Kubera ko Yezu yatanguje Imfungurwa z’Umukama zo ku mugoroba Pasika ya nyuma yemewe ikimara kurangira, ico kintu gishasha cohuriranye n’umusi wa Pasika. Ariko rero, ushobora kuba umaze kubona yuko itariki iberako Pasika y’Abayuda yerekanwa ku birangamisi bimwebimwe vyo muri iki gihe, yoshobora gutandukana umusi umwe canke urenga n’itariki twibukirako urupfu rwa Kristu. Ivyo bitumwa n’iki? Kimwe mu bibituma kijanye n’itegeko Imana yahaye Abisirayeli. Musa amaze kuvuga ko “ishengero ryose ry’ikoraniro rya Isirayeli ribwirizwa [gu]kerera” umwagazi w’intama, yaratomoye igihe co ku wa 14 Nisani ryabwirizwa kuwukerererako.—Soma Kuvayo 12:5, 6.

9. Twisunze ibivugwa muri Kuvayo 12:6, umwagazi w’intama wa Pasika wabwirizwa gukererwa ryari? (Raba kandi uruzitiro ruvuga ngo  “Ni igice ikihe c’umusi?”)

9 Igitabu kimwe (The Pentateuch and Haftorahs) cerekana ko muri Kuvayo 12:6 havuga yuko uwo mwagazi w’intama wabwirizwa gukererwa “hagati ya ya migoroba ibiri.”  Bibiliya zimwezimwe zikoresha ayo majambo nyene. Izindi, harimwo n’igitabu ceranda c’Abayuda (Tanakh), zihahindura ngo “mu gahwibi.” Izindi na zo zihahindura ngo “buhwibiriye,” canke ngo “izuba rirenze.” Ku bw’ivyo, uwo mwagazi w’intama wabwirizwa gukererwa izuba rimaze kurenga mugabo hakibona, mu ntango yo ku wa 14 Nisani.

10. Nk’uko bamwebamwe babivuga, umwagazi w’intama wakererwa ryari, mugabo ivyo bivyura ikibazo ikihe?

10 Mu nyuma, Abayuda bamwebamwe biyumviriye yuko gukerera imyagazi y’intama yose yazanwa ku rusengero vyari gutwara amasaha atari make. Ni co gituma vyatahurwa ko muri Kuvayo 12:6 herekeza ku mpera z’uwa 14 Nisani, hagati y’igihe izuba ryaba ritanguye kurenga (ku muhingamo) be n’impera z’uwo musi izuba rirenze. Ariko none nimba ari ukwo vyasobanura, izo mfungurwa zaribwa ryari? Porofeseri Jonathan Klawans, akaba ari umuhinga mu bijanye n’idini ry’Abayuda rya kera, yavuze ati: “Umusi mushasha utangura izuba rirenze, akaba ari co gituma ico kimazi gitangwa ku wa 14 mugabo Pasika hamwe n’ivyo bifungurwa mu vy’ukuri bigatangura ku wa 15, naho ukwo gukurikirana kw’amatariki kudatomorwa muri Kuvayo.” Yanditse kandi ati: “Ibitabu vy’Abarabi . . . ntibinatubwira ukuntu Seder [imfungurwa za Pasika] yagirwa imbere y’itikizwa rya rwa Rusengero” mu 70 G.C.—Ni twe dushimitse.

11. (a) Ni ibiki vyashikiye Yezu ku musi wa Pasika yo mu 33 G.C.? (b) Ni kubera iki uwa 15 Nisani mu 33 G.C. wiswe Isabato ‘ikomeye’? (Raba akajambo k’epfo.)

11 Turafise rero imvo yumvikana yo kwibaza duti: Bite ho ku bijanye na Pasika yo mu 33 G.C.? Urumva, ku wa 13 Nisani, igihe umusi wariko uregereza “uwo imbagwa ya pasika yategerezwa gutangirwako ikimazi,” Kristu yabwiye Petero na Yohani ati: “Gende mudutegurire pasika turye.” (Luka 22:7, 8) “Amaherezo isaha [yarageze]” yo kurya imfungurwa za Pasika, izuba rimaze kurenga ku wa 14 Nisani, hakaba hari ku wa kane ku mugoroba. Yezu yarariye izo mfungurwa ari kumwe n’intumwa ziwe, inyuma y’aho aca atanguza Imfungurwa z’Umukama zo ku mugoroba. (Luka 22:14, 15) Muri iryo joro yarafashwe maze arasambishwa. Yezu yamanitswe nka sasita ku wa 14 Nisani, maze ku muhingamo arapfa. (Yoh. 19:14) Ku bw’ivyo, “Kristu we pasika yacu [yatanzweko] ikimazi” ku musi nyene umwagazi w’intama wa Pasika wakerereweko. (1 Kor. 5:7; 11:23; Mat. 26:2) Igihe uwo musi w’Abayuda wari mu kurangira, Yezu yarahambwe, hakaba hari imbere y’uko uwa 15 Nisani utangura. *Lew. 23:5-7; Luka 23:54.

 ICIBUTSO KIRI N’ICO KIVUZE KURI WEWE

12, 13. Ni mu buryo ubuhe abana b’Abayuda bari kugira uruhara canecane mw’ihimbazwa rya Pasika?

12 Mugabo nimuze dusubire twihweze ca kintu caba mu Misiri. Musa yavuze ko muri kazoza, abasavyi b’Imana bobwirijwe kwubahiriza Pasika; ivyo vyobwirijwe kuba ingingo nyobozi “igihe kitagira urugero.” Kubera ko abana bogize uruhara mu guhimbaza ico kintu buri mwaka, bobajije abavyeyi babo ibibazo barondera kumenya insobanuro y’ico kintu. (Soma Kuvayo 12:24-27; Gus. 6:20-23) Ku bw’ivyo, Pasika yobaye “icibutso” no ku bana.—Kuv. 12:14.

13 Uko amayaruka mashasha yogiye arakura, ivyigwa bihambaye vyoshimitsweko, sebibondo akavyigisha umuhungu wiwe. Kimwe muri ivyo vyigwa cari ic’uko Yehova yari ashoboye gukingira abasavyi biwe. Abo bana baramenye ko atari ikimana kanaka kidatomoye kandi kidatahurika. Yehova ni Imana ibaho koko yitwararika abasavyi bayo kandi ikora ku bw’ineza yabo. Ivyo yarabigaragaje hamwe yakingira imfura z’Abisirayeli “igihe yateza ivyago Abanyamisiri.” Yarazigamye izo mfura.

14. Abavyeyi bakirisu bashobora gukoresha inkuru yerekeye Pasika mu gufasha abana babo gutahura iki?

14 Abavyeyi bakirisu ntibiganira buri mwaka abahungu n’abakobwa babo ico iyo Pasika isobanura. Ariko none, woba wigisha abana bawe ico cigwa nyene c’uko Imana ikingira abasavyi bayo? Woba ubaserurira ko wajijutse bikomeye yuko Yehova akingira vy’ukuri abasavyi biwe? (Zab. 27:11; Yes. 12:2) Ivyo woba utabigira mu buryo bwo kubacucagira amajambo atarimwo igishika, ahubwo ukabigira mu kiyago gihimbaye ugiranira n’abana bawe? Nugire akigoro ko gushiramwo ico cigwa kugira ngo utume umuryango wawe ukomera mu vy’impwemu.

Mu kwihweza ibijanye na Pasika, ni ivyigwa ibihe uzofasha abana bawe kwiga? (Raba ingingo ya 14)

15, 16. Inkuru yerekeye Pasika be n’ingene Abisirayeli bavuye mu Misiri ishobora gukoreshwa mu gushimika ku biki ku vyerekeye Yehova?

15 Ubushobozi Yehova afise bwo gukingira abasavyi biwe si co kintu conyene umuntu ashobora kwigira kuri Pasika. Yaranabarokoye, ‘abakura mu Misiri.’ Zirikana ku co ivyo vyarimwo. Barayobowe n’inkingi y’igicu ikaba n’iy’umurimo. Baraciye kw’isi yumutse igihe amazi y’Ikiyaga Gitukura yigaburamwo kubiri, amwe agahagarara nk’igihome kirekire ibubamfu ayandi na yo iburyo. Bamaze kujabuka ata nkomanzi, barabonye ayo mazi asenyukira ku ngabo z’Abanyamisiri. Abo Bisirayeli bari barokowe baciye biha akamo bati: “Reka ndirimbire Yehova . . . Ifarasi n’uwuyigendesha yajugunyiye mu kiyaga. Inkomezi zanje n’ubushobozi bwanje ni Ya, kuko ambera ubukiriro.”—Kuv. 13:14, 21, 22; 15:1, 2; Zab. 136:11-15.

16 Nimba ufise abana, woba ubafasha kwizigira ko Yehova ari Umurokozi? Boba bashobora kukubonamwo ukwo kujijuka, mu vyo uvuga no mu ngingo ufata? Nta gukeka ko mu Gusenga kwo mu muryango mushobora kuganira ku vyo dusoma muri Kuvayo ikigabane ca 12-15 maze ugashimika ku kuntu Yehova yarokoye abasavyi biwe. Mu bindi bihe woshobora guca irya n’ino ico ciyumviro mu kwihweza ibivugwa mu Vyakozwe 7:30-36 canke muri Daniyeli 3:16-18, 26-28. Egome, abato n’abakuze  barakwiye kwizigira yuko Yehova atabaye Umurokozi muri kahise gusa. Nk’uko yarokoye abasavyi biwe mu gihe ca Musa, azoturokora muri kazoza.—Soma 1 Abatesalonika 1:9, 10.

ICO DUKWIYE KWIBUKA

17, 18. Kuzirikana ku kuntu amaraso yakoreshejwe kuri Pasika ya mbere bikwiye kutwibutsa iki?

17 Abakirisu b’ukuri ntibahimbaza Pasika y’Abayuda. Iryo himbaza ryari mu bigize Itegeko rya Musa, tukaba tutagengwa n’iryo Tegeko. (Rom. 10:4; Kol. 2:13-16) Ahubwo, turaha agaciro cane ikindi kintu, ico na co kikaba ari urupfu rw’Umwana w’Imana. Naho ari ukwo, hariho imice ijanye n’ihimbazwa rya ya Pasika yatanguzwa mu Misiri iri n’ico ivuze kuri twebwe.

18 Amaraso y’umwagazi w’intama yamijwe ku bishimaryango no ku gice co hejuru c’umuryango bwari uburyo bwo kuzigama ubuzima. Muri iki gihe, ntidushikanira Imana ibimazi vy’ibitungwa, haba ku musi iyo Pasika yabereyeko canke ikindi gihe. Mugabo hariho ikimazi ciza kuruta gishobora kuzigama ubuzima ibihe vyose. Intumwa Paulo yaranditse ibijanye n’ “ishengero ry’imfura zanditswe mw’ijuru.” Uburyo bwo kuzigama ubuzima bw’abo bakirisu barobanuwe ni “amaraso y’ukumijagira,” ayo na yo akaba ari aya Yezu. (Heb. 12:23, 24) Abakirisu bafise icizigiro co kubaho ibihe bidahera kw’isi bazigamwa biciye kuri ayo maraso nyene. Bakwiye kwama biyibutsa aya majambo akura amazinda agira ati: “Muri we, turaronka ukubohorwa biciye ku ncungu tubihawe n’amaraso y’uwo, egome, ukubabarirwa amakosa yacu, nk’uko ubutunzi bw’ubuntu ata wari abukwiriye bwayo buri.”—Ef. 1:7.

19. Ukuntu imbagwa ya Pasika yafashwe bishobora gute gutuma turushiriza kwizigira ubuhanuzi?

19 Igihe umwagazi w’intama wakererwa ku bw’imfungurwa za Pasika, Abisirayeli babwirizwa kutavuna amagufa yawo. (Kuv. 12:46; Guh. 9:11, 12) Tuvuge iki ku bijanye n’ “Umwagazi w’intama w’Imana” waje gutanga incungu? (Yoh. 1:29) Yamanikanywe n’inkozi z’ikibi, imwe ibubamfu iyindi iburyo. Abayuda basavye Pilato yuko amagufa y’abo bantu bari bamanitswe yovunwa. Ivyo vyari gutuma bapfa ningoga kugira ngo ntibagumizwe ku biti gushika ku wa 15 Nisani, ino ikaba yari Isabato irimwo zibiri. Abasoda baravunye amaguru y’izo nkozi z’ikibi zibiri zari zimanitswe, “mugabo bashitse kuri Yezu, kubera babonye ko yamaze gupfa, ntibamuvuna amaguru.” (Yoh. 19:31-34) Ivyo vyaciye bihura n’ivyagizwe ku mwagazi w’intama wa Pasika, akaba ari co gituma uwo mwagazi w’intama wari “igitutu” c’ivyobaye ku wa 14 Nisani mu 33 G.C. (Heb. 10:1) Vyongeye, ukuntu ibintu vyagenze vyarashikije amajambo ari muri Zaburi 34:20, ivyo bikaba bikwiye gutuma turushiriza kwizigira ubuhanuzi.

20. Ni itandukaniro rihambaye irihe riri hagati ya Pasika n’Imfungurwa z’Umukama zo ku mugoroba?

20 Ariko rero, hariho itandukaniro hagati ya Pasika n’Imfungurwa z’Umukama zo ku mugoroba. Iryo tandukaniro rirerekana ko Pasika Abayuda babwirizwa guhimbaza itari kuba igitutu c’ivyo Kristu yabwiye abayoboke biwe kugira mu kwibuka urupfu rwiwe. Mu Misiri, Abisirayeli barihereza inyama z’umwagazi w’intama mugabo ntibihereza amaraso yawo. Ivyo biratandukanye n’ivyo Yezu yategetse abigishwa biwe kugira. Yavuze ko aboganje “mu bwami bw’Imana” bokwihereje umukate n’umuvinyu bwa bimenyetso bigereranya umubiri n’amaraso vyiwe. Ivyo tuzovyihweza ido n’ido mu kiganiro gikurikira.—Mrk. 14:22-25.

21. Ni kubera iki ari ngirakamaro kumenya ivyerekeye Pasika?

21 Naho ari ukwo, nta gukeka ko Pasika cari ikintu gihambaye mu vyo Imana yagiranye na Isirayeli, kandi irimwo ivyigwa biri n’ico vyigisha umwe wese muri twebwe. Naho rero Pasika yari ‘Icibutso’ ku Bayuda, atari ku bakirisu, twebwe abakirisu dukwiye kumenya ibiyerekeye no gufata nkama bimwebimwe mu vyigwa bihambaye itanga bikaba biri mu bigize ‘Icanditswe cose cahumetswe n’Imana.’—2 Tim. 3:16.

^ par. 5 Naho Nisani ryari izina ry’ukwezi kw’Abaheburayo ryakoreshejwe inyuma y’aho baviriye mu bunyagano i Babiloni, kugira ngo tworoshe ibintu turaza gukoresha iryo zina mu kwerekeza ku kwezi kwa mbere kwo ku kirangamisi c’Abayuda.

^ par. 11 Izuba rirenze, uwa 15 Nisani waratanguye, ivyo bikaba vyasobanura ko Isabato yama igirwa buri ndwi (ku wa gatandatu) muri uwo mwaka yahuriranye n’umusi wa mbere w’Umusi mukuru w’udutsima tutarimwo umwambiro, uno ukaba wama ari isabato. Kubera ko izo Sabato zibiri zahuriranye, yari Isabato ‘ikomeye.’—Soma Yohani 19:31, 42.