Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Woba uzogira ivyo utanze ku bw’Ubwami?

Woba uzogira ivyo utanze ku bw’Ubwami?

“Imana ikunda uwutangana akamwemwe.” —2 KOR. 9:7.

1. Ni ibintu ibihe abantu benshi baheba, kandi kubera iki?

ABANTU baragira ivyo bahevye bavyigombeye ku bw’ibintu bihambaye kuri bo. Abavyeyi baraheba umwanya, amahera n’inguvu vyabo kugira ngo bungure abana babo. Abanonotsi bakiri bato bipfuza kuzoserukira igihugu cabo mu nkino mpuzamakungu, igihe abo mu runganwe rwabo baba bariko barakina bongera biryohera, bobo baramara amasaha n’amasaha buri musi bimenyereza n’inguvu nyinshi. Yezu na we nyene yaragize ivyo ahevye ku bw’ibintu vyari bihambaye kuri we. Ntiyarondeye ibihinda, kandi ntiyari afise abana. Ahubwo, yahisemwo kuguma yitwararika ibijanye no guteza imbere ivyungura Ubwami. (Mat. 4:17; Luka 9:58) Abayoboke biwe na bo nyene barahevye ibintu vyinshi kugira ngo bashigikire Ubwami bw’Imana. Ugutera imbere kw’ubwo Bwami kwari guhambaye cane kuri bo, akaba ari co gituma bagize ivyo bahevye kugira ngo bagire uruhara uko bashoboye kwose mu gushigikira ubwo Bwami. (Mat. 4:18-22; 19:27) Twoshobora rero kwibaza duti: ‘Ni igiki gihambaye mu buzima bwanje?’

2. (a) Ni ibintu ibihe bihambaye cane ku bakirisu b’ukuri bose? (b) Ni ibikorwa vy’inyongera ibihe bamwebamwe bakora?

2 Ibintu bimwebimwe abakirisu b’ukuri bose bagira birahambaye cane kuri bo kandi ni ntahara kugira ngo tugiranire na Yehova ubucuti bwiza twongere tubuzigame. Muri ivyo bintu harimwo gukoresha umwanya n’inguvu vyacu mu gutura amasengesho, gusoma Bibiliya, gusenga kwo mu muryango, kwitaba amakoraniro hamwe n’ubusuku bwo mu ndimiro. * (Yos. 1:8; Mat. 28:19, 20; Heb. 10:24, 25) Bivuye ku twigoro tugira be n’imihezagiro ya Yehova, igikorwa co kwamamaza kiriko kiratera imbere, kandi benshi barabandanya kurindiga baja ku “musozi w’inzu ya Yehova.” (Yes. 2:2) Mu gushigikira  ibikorwa bijanye n’Ubwami, benshi baritanga kugira bakorere kuri Beteli, bafashe mu kwubaka Ingoro z’Ubwami n’iz’amateraniro, batunganye ivy’amahwaniro, canke kugira bakore igikorwa co gutabara igihe hateye ivyago vy’ivyaduka. Ico gikorwa c’inyongera si igisabwa kugira ngo umuntu azoronke ubuzima, mugabo kirahambaye ku bijanye no gushigikira ivyungura Ubwami.

3. (a) Tuhungukira gute igihe tugize ivyo dutanze ku bw’Ubwami? (b) Ni ibibazo ibihe dukwiye kurimbura?

3 Ubu kuruta ikindi gihe cose birakenewe ko dushigikira Ubwami twivuye inyuma. Birateye umunezero kubona benshi bariko barashikanira Yehova ibimazi n’umutima ukunze. (Soma Zaburi 54:6.) Ako gatima ko gutanga cane karatuma tugira umunezero mwinshi uko turindira ukuza kw’Ubwami bw’Imana. (Gus. 16:15; Ivyak. 20:35) Ariko rero, twese turakwiye kwisuzuma twitonze. Hoba hariho uburyo butandukanye tworushiriza kugira ivyo dutanze ku bw’Ubwami? Dukoresha gute umwanya wacu, amahera yacu, inguvu zacu be n’ububangukirwe bwacu? Ni ibiki dutegerezwa kubako maso? Nimuze twihweze akarorero twokwigana mu bijanye no gushikana mwene ivyo bimazi umuntu atanga avyishakiye, gutyo turushirize kugira umunezero.

IBIMAZI MURI ISIRAYELI YA KERA

4. Abisirayeli bungukira gute ku gutanga ibimazi?

4 Gushikana ibimazi muri Isirayeli ya kera ryari ryo shingiro ryo kubabarirwa ibicumuro. Ibimazi vyari ntahara kugira ngo abantu batoneshwe na Yehova. Bimwebimwe muri ivyo vyarasabwa, ibindi na vyo umuntu akabitanga avyishakiye. (Lew. 23:37, 38) Amashikanwa aturirwa uko yakabaye yarashobora gushikanirwa Yehova bwa mashikanwa canke ingabirano umuntu atanga avyishakiye. Akarorero gahambaye k’amashikanwa karibonekeje igihe urusengero rwinjirwa mu gihe ca Salomo.—2 Ngo. 7:4-6.

5. Ni intunganyo iyihe Yehova yashiriyeho aboro?

5 Yehova abigiranye urukundo yaratahura ko bose batashobora gutanga ibingana, akaba yarasaba ko umwe wese atanga bivanye gusa n’ubushobozi afise. Itegeko rya Yehova ryasaba ko amaraso y’igitungwa aseswa, ivyo bikaba vyari “igitutu c’ibintu vyiza bizoza” biciye ku Mwana wiwe Yezu. (Heb. 10:1-4) Ariko rero, Yehova yaragira ibitegereka mu bijanye no gukurikiza iryo tegeko. Nk’akarorero, Imana yaremera ishikanwa ry’intunguru mu gihe umuntu ataba ashoboye kuronka ishikanwa rivuye mu mukuku canke mu busho. Muri ubwo buryo, mbere n’umworo yarashobora gushikanira  ikimazi Yehova anezerewe. (Lew. 1:3, 10, 14; 5:7) Naho ibitungwa vyatangwako ibimazi bishobora kuba vyari bitandukanye, hari ibintu bibiri vyasabwa umuntu wese yashikana ibimazi avyishakiye.

6. Ni ibiki vyasabwa umuntu wese yaba agira ashikane ibimazi, kandi gukurikiza ivyo bintu vyari bihambaye ku rugero rungana iki?

6 Ica mbere, uwo muntu yabwirizwa gutanga ivyiza kuruta ibindi mu vyo atunze. Yehova yabwiye iryo hanga ko ishikanwa iryo ari ryo ryose ryabwirizwa kuba ritagira akanenge kugira ngo umuntu ‘ashimwe.’ (Lew. 22:18-20) Igihe ico gitungwa caba gifise agahonzi, nticabonwa ko ari ikimazi cemewe imbere ya Yehova. Ica kabiri, nyene gutanga ico kimazi yabwirizwa kuba adahumanye. Igihe umuntu yaba ahumanye, yabwirizwa gutanga ishikanwa ry’igicumuro canke ishikanwa ry’ukwagirwa n’icaha kugira asubire kugira impagararo nziza kuri Yehova, imbere y’uko atanga ishikanwa ritangwa ku bushake. (Lew. 5:5, 6, 15) Ico cari ikintu gihambaye. Yehova yari yarategetse ko mu gihe umuntu ahumanye ariye ku kimazi c’ugusangira, icari kigizwe n’amashikanwa atangwa ku bushake, arandurwa mu basavyi b’Imana. (Lew. 7:20, 21) Ariko rero, igihe nyene gutanga ikimazi yaba afise impagararo nziza imbere ya Yehova kandi iryo shikanwa rikaba ritagira agahonzi, uwo muntu yarashobora kunezerwa.—Soma 1 Ngoma 29:9.

KUGIRA IVYO DUTANZE MURI IKI GIHE

7, 8. (a) Ni umunezero uwuhe benshi bakura ku kuba bagira ivyo batanze ku bw’Ubwami? (b) Ni ubutunzi ubuhe dufise?

7 No muri iki gihe, usanga benshi bafise umutima ukunze wo kwitanga mu murimo wa Yehova, kandi ivyo biramuhimbara. Gukorera abavukanyi bacu biravamwo ivyiza. Umuvukanyi umwe agira uruhara mu bijanye no kwubaka Ingoro z’Ubwami no mu gufasha abashikiwe n’ivyago vy’ivyaduka, avuga ko bigoye kudondora umunezero akura muri ivyo bikorwa. Agira ati: “Kwibonera ukuntu bene wacu na bashiki bacu bahimbarwa bakongera bagakenguruka bamaze guhagarara mu Ngoro y’Ubwami yabo nshasha canke igihe baronse imfashanyo inyuma y’icago c’icaduka, biratuma igikorwa cose be n’utwigoro twose tuba twagizwe bitaba impfagusa.”

Amashikanwa menshi yatangwa ku bushake, bikaba bifitaniye isano cane n’ivyo dutanga muri iki gihe (Raba ingingo ya 7-13)

8 Ishirahamwe rya Yehova ryo muri iki gihe ryamye rirondera uturyo two gushigikira igikorwa ciwe. Mu 1904, Umuvukanyi C. T. Russell yanditse ati: ‘Umwe wese ategerezwa kubona ko yagenywe n’Umukama ngo abe umubwiriza w’umwanya wiwe, w’akosho kiwe, w’amahera yiwe, n’ibindi n’ibindi, kandi umwe wese ategerezwa  kurondera gukoresha izo talanto uko ashoboye kwose, ku bw’ubuninahazwa bwa Databuja.’ Naho twironkera imihezagiro myinshi, gushikanira ibimazi Yehova bisaba ko tugira ivyo duhevye. (2 Sam. 24:21-24) Twoba dushobora kurushiriza gukoresha neza ubutunzi dufise?

Abanyabeteli bo muri Ostraliya

9. Ku bijanye n’ukuntu dukoresha umwanya, ni ingingo ngenderwako iyihe dukura mu buyobozi bwa Yezu buri muri Luka 10:2-4 twoshira mu ngiro?

9 Umwanya wacu. Bisaba umwanya mwinshi n’akigoro gakomeye mu guhindura no mu gucapura ibisohokayandikiro vyacu, mu kwubaka ibibanza vyo gusengeramwo, mu gutunganya amahwaniro, mu gufasha abashikiwe n’ivyago no mu kugira uruhara mu bindi bikorwa vyinshi vya nkenerwa. Dufise igitigiri c’amasaha kidahinduka ku musi. Yezu yaratanze ingingo ngenderwako yofasha. Igihe yarungika abigishwa biwe mu ndimiro, yababwiye ‘kutagira umuntu n’umwe bagumbira mu kumuramutsa mu nzira.’ (Luka 10:2-4) Kubera iki Yezu yatanze ubwo buyobozi? Umuhinga umwe mu vya Bibiliya avuga ati: “Kuramukanya mu Banyabuseruko ntivyari bigizwe no kwunama gatoya, canke guha ukuboko umuntu, nk’uko bigirwa muri twebwe, mugabo [vyagirwa] mu kugumbirana kenshi, mu kwunama kenshi, eka mbere no mu gukubita inkoro hasi kenshi. Ivyo vyose vyasaba umwanya mwinshi.” Yezu ntiyariko aremesha abayoboke biwe kutagaragaza urupfasoni. Ahubwo, yariko arabafasha kubona ko bari bafise umwanya muto be n’uko bari bakeneye gukoresha mwinshi muri wo mu kwitwararika ibintu bihambaye kuruta. (Ef. 5:16) Twoba dushobora gushira mu ngiro iyo ngingo ngenderwako kugira ngo turonke umwanya wiyongereye wo gufasha mu gikorwa giteza imbere Ubwami?

Abamamaji b’Ubwami ku Ngoro y’Ubwami muri Kenya, muri Afrika

10, 11. (a) Intererano dutanga ku bw’igikorwa kirangurirwa kw’isi yose zikoreshwa mu buryo butandukanye ubuhe? (b) Ni ingingo ngenderwako iri mu 1 Abakorinto 16:1, 2 iyihe yodufasha?

10 Amahera yacu. Harakenewe amahera menshi yo gushigikira ibikorwa bijanye n’Ubwami. Buri mwaka harakoreshwa amahera amamiliyaridi amajana mu kwitwararika ibikenerwa n’abacungezi b’ingenzi, abatsimvyi badasanzwe n’abamisiyonari. Kuva mu 1999, Ingoro z’Ubwami zirenga 24.500 zarubatswe mu bihugu bifise uburyo buke. Yamara, haracakenewe izindi Ngoro z’Ubwami zababa 6.400. Buri kwezi hacapurwa amakopi y’ibinyamakuru Umunara w’Inderetsi na Be maso! nk’imiliyoni 100. Ivyo vyose bishigikirwa n’intererano mutanga muvyishakiye.

11 Intumwa Paulo yaratanze ingingo ngenderwako umuntu yokurikiza igihe yiyumvira ivyo gutanga intererano. (Soma 1 Abakorinto 16:1, 2.) Ahumekewe n’Imana, yaremesheje abavukanyi biwe b’i Korinto kutarindira gushika iyinga riheze kugira ngo barabe ko hari ayasagutse, ahubwo bagashira ku ruhande amahera mu ntango y’iyinga bivanye n’ivyo bari bashoboye. Nk’uko vyari biri mu kinjana ca mbere, bene wacu na bashiki bacu bo muri iki gihe barategekanya imbere y’igihe gutanga cane bivanye n’uko ivyabo vyifashe. (Luka 21:1-4; Ivyak. 4:32-35) Yehova araha agaciro ako gatima ko gutanga.

Umwe mu bari muri Komite y’ubwubatsi y’akarere i Tuxedo, muri New York muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika

12, 13. Ni ibiki vyoshobora gutuma bamwebamwe bareka gutanga inguvu zabo n’ububangukirwe bwabo, mugabo Yehova azobafasha gute?

12 Inguvu n’ububangukirwe vyacu. Yehova aradushigikira mu twigoro tugira two gukoresha inguvu n’ububangukirwe vyacu ku bw’Ubwami. Adusezeranira kudufasha igihe turushe. (Yes. 40:29-31) Twoba twiyumvamwo ko ata buhanga buhagije dufise bwo gufasha muri ico gikorwa? Twoba twiyumvira ko hariho abandi babishoboye kuturusha? Uribuka yuko Yehova ashobora kwongerereza ububangukirwe umuntu asanganywe, nk’uko yabigize kuri Bezaleli na Oholiyabu.—Kuv. 31:1-6; raba ishusho itangura.

13 Yehova aturemesha gutanga ivyiza kuruta ibindi mu vyo dutunze no kutareka kubigira. (Imig. 3:27) Igihe rwa rusengero rwariko rurasubira kwubakwa, Yehova yabwiye  Abayuda bari i Yeruzalemu kuzirikana ku vyo bariko barakora ku bw’ico gikorwa co kwubaka. (Hag. 1:2-5) Bari barasamajwe maze baribagira ivyo bari bakwiye gushira imbere. Vyoba vyiza turavye nimba ivyo dushira imbere bihuye n’ivyo Yehova ashira imbere. Twoba dushobora ‘gushira umutima ku nzira zacu’ kugira ngo turushirize kugira uruhara mu gikorwa c’Ubwami muri iyi misi ya nyuma?

DUTANGE BIVANYE N’IVYO DUFISE

14, 15. (a) Turemeshwa gute n’akarorero k’abavukanyi bacu bafise uburyo buke? (b) Dukwiye kugira icipfuzo ikihe?

14 Benshi baba mu turere aho usanga ingorane canke ubukene vyiraye. Ishirahamwe ryacu ririhatira “kwuzuriza” ugukehanirwa kw’abavukanyi bacu baba muri ivyo bihugu. (2 Kor. 8:14) Yamara, mbere n’abavukanyi bafise uburyo buke baraha agaciro agateka ko gutanga. Birahimbara Yehova igihe abakene bavyuriwe umutima wo gutangana akamwemwe.—2 Kor. 9:7.

15 Mu gihugu kimwe gikenye cane co muri Afrika, abavukanyi bamwebamwe barashira ku ruhande agace gatoya k’umurima wabo maze bagakoresha amahera bagurishije ivyo bimbuye muri ako gace mu gushigikira igikorwa c’Ubwami. Muri ico gihugu nyene, harategekanijwe kwubaka Ingoro y’Ubwami yari ikenewe cane. Bene wacu na bashiki bacu baho baripfuza gufasha. Ariko rero, ubwo bwubatsi bwategerezwa gutangura mu gihe c’itera. Mugabo kubera ko bari biyemeje kugira uruhara muri ico gikorwa, baraja kwubaka iyo Ngoro y’Ubwami ku murango maze bakaja mu mirima ku mugoroba kugira ngo bitwararike ivyo gutera. Mbega agatima ko kwitanga! Ivyo biratwibutsa abavukanyi b’i Makedoniya ho mu kinjana ca mbere. Bari mu ‘bworo bwinshi,’ yamara baringinze ngo baterwe agateka ko gufasha abavukanyi babo. (2 Kor. 8:1-4) Ese umwe wese muri twebwe na we nyene ‘yotanga bivanye n’umuhezagiro Yehova yamuhaye’!—Soma Gusubira mu vyagezwe 16:17.

16. Twokwiyemeza neza gute ko ibimazi vyacu vyemerwa imbere ya Yehova?

16 Ariko rero, turakeneye kuba maso. Nk’uko vyari biri ku Bisirayeli ba kera, dutegerezwa kwiyemeza neza ko ibimazi dutanga tuvyishakiye vyemerwa imbere y’Imana. Ni igiki cotuma bitemerwa? Tubwirizwa kuguma dufise uburimbane kugira ngo twitwararike amabanga nyamukuru tujejwe ku bijanye n’imiryango yacu no ku bijanye n’ugusenga Yehova. Gufasha mu vy’Ingoro z’Ubwami, mu gikorwa co gutabara hamwe no mu bindi bikorwa ‘ntivyokwemerwa canecane’ mu gihe ugutanga kwacu gutumye dufata minenegwe ukumererwa neza kwo mu vy’impwemu no mu vy’umubiri kw’umuryango wacu. Ni nk’aho twoba turiko turatanga mu vyo tudafise. (Soma 2 Abakorinto 8:12.) Vyongeye, dutegerezwa kuzigama kamere yacu y’ivy’impwemu kugira ngo ntiduhave tuba abadakwije ibisabwa. (1 Kor. 9:26, 27) Ariko rero, nuhere amazinda ko igihe tubayeho twisunga ingingo mfatirwako zo muri Bibiliya, ibimazi vyacu bituma tugira umunezero mwinshi tukongera tugahera akanyota cane, kandi “[bir]emerwa canecane” imbere ya Yehova.

IVYO DUTANGA BIRI N’AGACIRO KANINI

17, 18. Twiyumva gute ku bijanye n’abo bose bagira ivyo batanze ku bw’Ubwami, kandi twese dukwiye kuzirikana ku ki?

17 Benshi muri bene wacu na bashiki bacu ‘barisuka nk’amashikanwa y’ikinyobwa’ biciye ku gikorwa bakora mu gushigikira ibikorwa vy’Ubwami vya nkenerwa. (Flp. 2:17) Turakengurukira bivuye ku mutima abagaragaza ako gatima ko gutanga. Abakenyezi n’abana b’abavukanyi baja imbere mu gikorwa c’Ubwami na bo nyene barakwiye gukezwa ku bw’agatima ko gutanga cane no kwitanga bagaragaza.

18 Harakenewe gukorwa vyinshi mu gushigikira ivyungura Ubwami. Nimuze twese tuzirikane tubijanisha n’isengesho ku kuntu twogira uruhara uko bishoboka kwose. Urashobora kwizigira yuko impera ari nyinshi ubu be n’uko zizoba mbere nyinshi kuruta “mu gihe kizoza.”—Mrk. 10:28-30.

^ par. 2 Raba ikiganiro kivuga ngo “Dushikanire Yehova ibimazi tutiziganya” mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 15 Nzero 2012, urupapuro rwa 21-25.