Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Woba uvyibuka?

Woba uvyibuka?

Woba warasomye witonze inomero z’Umunara w’Inderetsi za vuba? Raba rero nimba ushobora kwishura ibibazo bikurikira:

Yezu ‘yamamaje ku mpwemu ziri mw’ibohero’ ryari? (1 Pet. 3:19)

Biboneka ko haciye igihe kinaka Yezu azutse, yatangarije izo mpwemu mbi yuko zoronse igihano kibereye rwose.15/6, urupapuro rwa 23.

Ni ibintu bitatu ibihe vyotuma abasubiye kwubaka izabo baroranirwa?

Ni ibi: kutareka ngo umubano wa mbere uhungabanye umubano wawe mushasha; kumenya ingene ufata abagenzi bawe batamenyeranye n’uwo mwubakanye; kwizigira uwo mwubakanye naho uwa mbere yoba yaraguhemukiye.1/7, urupapuro rwa 9-10.

Ni ryari Yezu azocira urubanza abantu ko ari intama canke impene? (Mat. 25:32)

Bizoba niyaza gucira urubanza abantu mu gihe ca ya makuba akomeye, idini ry’ikinyoma rimaze gutikizwa.15/7, urupapuro rwa 6.

Abantu bakora ivy’ubugarariji bavugwa muri wa mugani w’ingano n’icatsi kibi bazorira bongere bahekenye amenyo ryari? (Mat. 13:36, 41, 42)

Bazobigira mu gihe ca ya makuba akomeye bamaze kubona ko ata ho bashobora guhungira ugutikizwa.15/7, urupapuro rwa 13.

Amajambo ya Yezu yerekeye umushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge aranguka ryari? (Mat. 24:45-47)

Ntiyatanguye kuranguka kuri Pentekoti yo mu 33 G.C, mugabo yatanguye kuranguka inyuma ya 1914. Mu 1919, uwo mushumba yarashinzwe abakozi bo mu nzu, bano bakaba ari abakirisu bose bagaburirwa mu buryo bw’impwemu.15/7, urupapuro rwa 21-23.

Ni ryari Yezu azeza umushumba w’umwizigirwa ivyo atunze vyose?

Ivyo bizoba muri kazoza, mu gihe ca ya makuba akomeye uwo mushumba w’umwizigirwa niyaronka impembo yiwe yo mw’ijuru.15/7, urupapuro rwa 25.

Bibiliya yoba itavuga amazina y’abantu bamwebamwe kubera ko bari babi canke ata co bari bamaze?

Si ngombwa ngo twiyumvire gutyo. Bibiliya ntivuga amazina y’abantu bamwebamwe bari beza n’abari babi. (Rusi 4:1-3; Mat. 26:18) Duhabwa amazina ya babiri gusa mu bamarayika b’abizigirwa.1/8, urupapuro rwa 10.

Turetse ububasha buva ku Mana, ni igiki cafashije Ivyabona 230 kurokoka urugendo rurerure bagize bava mw’ikambi y’itunatuniro y’i Sachsenhausen?

Naho bari bafise intege nke ku- bera inzara n’indwara, baguma baremeshanya kubandanya.15/8, urupapuro rwa 18.

Kubera iki ya nkuru ivuga ukuntu Isirayeli yajabutse Uruzi Yorodani ikinjira mu Gihugu c’isezerano ituremesha?

Naho urwo ruzi rwari rwuzuye rukarenga inkombe, Yehova yaratumye rureka gutemba kugira ngo abasavyi biwe bashobore kujabuka. Ivyo bishobora kuba vyaratumye barushiriza kumwizera no kumwizigira, kandi turashobora kuremeshwa n’iyo nkuru.15/9, urupapuro rwa 16.

Kuba Bibiliya ivuga kenshi ivyerekeye amabara vyerekana iki?

Kuba Bibiliya ivuga ivyerekeye amabara vyerekana ko Imana itahura yuko amabara ashobora kugira ico ahinduye ku kuntu abantu biyumva iyo babonye ikintu be n’uko amabara ashobora kudufasha kwibuka ibintu.1/10, urupapuro rwa 14-15.

Ubuhanuzi bwo muri Mika 5:5 buvuga ivyerekeye abatware n’abungere buriko buranguka gute muri iki gihe?

Turatahura ko abo ‘bungere indwi n’abatware umunani’ bavugwa muri Mika 5:5 berekeza ku bakurambere bagenywe bo mw’ishengero, bakomeza abasavyi b’Imana ku bw’igitero cavuzwe ko kizogabwa kuri bo.15/11, urupapuro rwa 20.

Ni kubera iki dukeneye Imana?

Turakeneye ubuyobozi bwiza be n’umuti w’ingorane ziduhanze, ivyo bikaba bitangwa n’Imana. Iradufasha kubaho neza no guhimbarwa, kandi izoshitsa ivyo yasezeranye mw’Ijambo ryayo kugira ngo itume bishoboka.1/12, urupapuro rwa 4-6.