Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Imyaka 100 Ubwami bumaze butegeka—Igira ico ikoze gute kuri wewe?

Imyaka 100 Ubwami bumaze butegeka—Igira ico ikoze gute kuri wewe?

“Ibikorwa vyawe birakomeye kandi ni agatangaza, Yehova Mana, . . . Mwami w’ibihe bidahera.”IVYAH. 15:3.

1, 2. Ni igiki Ubwami bw’Imana buzorangura, kandi ni kubera iki twokwizigira ko ubwo Bwami buzoza?

IGIHE Yezu Kristu yari ku musozi hafi y’i Kaperinawumu mu mpeshi yo mu 31 G.C., yigishije abayoboke biwe gusenga bati: “Ubwami bwawe nibuze.” (Mat. 6:10) Muri iki gihe, abantu benshi baribaza nimba ubwo Bwami buzoteba bukaza. Ariko rero, turizigiye yuko amasengesho avuye ku mutima dutura dusaba ko Ubwami bw’Imana buza, azokwishurwa.

2 Yehova azokoresha ubwo Bwami mu gutuma umuryango wiwe wo mw’ijuru no kw’isi wunga ubumwe. Uwo mugambi w’Imana uzoranguka. (Yes. 55:10, 11) Nkako, Yehova aramaze gucika Umwami muri iki gihe cacu! Ibintu biteye umunezero vyabaye muri iyi myaka 100 iheze biremeza ico kintu. Imana iriko irakora ibikorwa bihambaye kandi bitangaje ku bw’abatwarwa b’intahemuka amamiliyoni. (Zek. 14:9; Ivyah. 15:3) Naho biri ukwo, kuba Yehova amaze gucika Umwami biratandukanye n’ukuza kw’Ubwami bw’Imana, ubwo Yezu yatwigishije gusenga dusaba. None ivyo bintu bitandukaniye he, kandi bigira ico bikoze gute kuri twebwe?

UMWAMI YIMITSWE NA YEHOVA ATANGURA GUKORA

3. (a) Ni ryari Yezu yimitswe akaba Umwami, kandi yimikiwe he? (b) Wokwerekana gute ko Ubwami bwashinzwe mu 1914? (Raba akajambo k’epfo.)

3 Amaja mu mpera y’ikinjana ca 19, abantu baratanguye gutahura ubuhanuzi bumaze imyaka 2.500 bwanditswe na Daniyeli, ubugira buti: “Mu misi y’abo bami, Imana yo mw’ijuru izoshinga ubwami butazokwigera busenyurwa.” (Dan. 2:44) Abatohoji ba Bibiliya baramaze imyaka mirongo berekana yuko umwaka wa 1914 wobaye uwudasanzwe. Abantu benshi bo muri ico gihe bari bizigiye ko ibintu bizogenda neza. Nk’umwanditsi umwe, abivuga ati: “Isi yo mu 1914 yari yuzuye ivyizigiro n’imihango.” Ariko rero, igihe Intambara ya mbere y’isi yose yaduka amaja mu mpera z’uwo mwaka, ubuhanuzi bwo muri Bibiliya bwararangutse. Amapfa, vya nyamugigima n’ibiza vyakurikiye hamwe n’ubundi buhanuzi bwo muri Bibiliya bwarangutse, vyaremeje ko Yezu Kristu yari yatanguye kuganza mw’ijuru ari Umwami w’Ubwami bw’Imana mu 1914. * Mu kwimika Umwana wiwe akaba Umwami Mesiya, Yehova yari acitse vy’ukuri Umwami mu bundi buryo!

4. Uwo Mwami yari aherutse kwimikwa yaciye akora iki, kandi ni bande yitwararitse ubukurikira?

4 Igikorwa ca mbere uwo Mwami yari aherutse kwimikwa n’Imana yashinzwe gukora, kwabaye ukurwanya Shetani, wa Mwansi mukuru wa Se wiwe. Yezu n’abamarayika biwe barirukanye mw’ijuru Shetani n’amadayimoni yiwe. Ivyo vyatumye mw’ijuru haba umunezero mwinshi, mugabo kw’isi haba igihe c’ivyago bitari bwigere bibaho. (Soma Ivyahishuwe 12:7-9, 12.) Ubukurikira, uwo Mwami yaritwararitse abatwarwa biwe bo kw’isi kugira ngo abatyorore, abigishe yongere abungunganye ngo bakore ivyo Imana igomba. Nimuze turimbure ukuntu kuba barakiriye neza ivyo bintu bitatu vyakozwe n’ubutegetsi bw’Ubwami bitubera akarorero keza muri iki gihe.

UMWAMI MESIYA ATYORORA ABATWARWA BIWE B’INTAHEMUKA

5. Ni ugutyororwa ukuhe kwabaye hagati ya 1914 no mu ntango za 1919?

5 Uwo Mwami yimitswe amaze gukura mw’ijuru akosho konona ka Shetani n’amadayimoni yiwe, Yehova yarategetse Yezu gusuzuma ukuntu ivy’abayoboke biwe bo kw’isi vyifashe mu vy’impwemu no kubatyorora. Umuhanuzi Malaki yavuze ko ukwo kwari ugutyororwa kwo mu buryo bw’impwemu. (Mal. 3:1-3) Kahise kerekana ko ivyo vyabaye hagati ya 1914 no mu ntango za 1919. * Kugira ngo tube mu bagize umuryango wa Yehova wo kw’isi no mw’ijuru, dutegerezwa kuba tudahumanye, ni ukuvuga turi beranda. (1 Pet. 1:15, 16) Dutegerezwa kwirinda kwanduzwa mu buryo na bumwe n’idini ry’ikinyoma canke ivya politike vyo muri iyi si.

6. Ibifungurwa vyo mu buryo bw’impwemu bitangwa gute, kandi ni kubera iki bihambaye cane?

6 Yezu yaciye akoresha ububasha bwiwe bwa cami mu kugena “umushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge.” Uwo mushumba yobandanije kuronsa ibifungurwa vyo mu buryo bw’impwemu bimeze neza abantu bose bagize “ubusho bumwe” bwitwararikwa na Yezu. (Mat. 24:45-47; Yoh. 10:16) Kuva mu 1919, umugwi mutoyi w’abavukanyi barobanuwe wararanguye udahemuka iryo banga rikomeye ryo kugaburira “abakozi . . . bo mu nzu.” Ibifungurwa umukimba vyo mu buryo bw’impwemu bitangwa biciye kuri uwo muhora biratuma dukomera mu kwizera. Birakomeza umwiyemezo dufise wo kuguma tudahumanye mu vy’impwemu, mu vy’inyifato runtu, mu bwenge no ku mubiri. N’ikindi kandi, ivyo bifungurwa biratwigisha bikongera bikaturonsa ibikenewe vyose kugira tugire uruhara bimwe bishitse mu gikorwa gihambaye kuruta ibindi vyose biriko birakorwa kw’isi muri iki gihe. Woba uriko urungukira bimwe bishitse kuri izo ntunganyo?

UMWAMI YIGISHA ABATWARWA BIWE KWAMAMAZA KW’ISI YOSE

7. Ni igikorwa gihambaye ikihe Yezu yatanguye igihe yari ng’aha kw’isi, kandi cobandanije gushika ryari?

7 Igihe Yezu yatangura ubusuku bwiwe kw’isi, yavuze ati: “Ntegerezwa kumenyesha n’ibindi bisagara inkuru nziza y’ubwami bw’Imana, kubera ko ico ari co natumwe.” (Luka 4:43) Mu myaka itatu n’igice, ico gikorwa ni co Yezu yitwararika kuruta ibindi mu buzima bwiwe. Yabwiye abigishwa biwe ati: “Uko mugenda, mwamamaze, muti: ‘Ubwami bwo mw’ijuru buregereje.’” (Mat. 10:7) Yezu amaze kuzuka, yaravuze yuko abayoboke biwe bokwiragije ubwo butumwa “gushika mu karere ka kure rwose k’isi.” (Ivyak. 1:8) Yabasezeraniye ko we ubwiwe yogize uruhara muri ico gikorwa gihambaye gushika no muri iki gihe cacu.Mat. 28:19, 20.

8. Umwami yavyuriye gute abatwarwa biwe bo kw’isi umutima wo kugira ico bakoze?

8 Kuva mu 1919, “inkuru nziza y’ubwami” yaragize iyindi nsobanuro. (Mat. 24:14) Uwo Mwami yariko araganza mw’ijuru, kandi yari yaratororokanije umugwi mutoyi w’abatwarwa bo kw’isi batyoroye. Baremeye babishashaye ubuyobozi bwa Yezu bwatuma bagira ico bakoze, bugira buti: Nimwamamaze mw’isi yose inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana bwashinzwe! (Ivyak. 10:42) Nk’akarorero, abantu bashigikira ubwo Bwami bababa 20.000 baratunganije ihwaniro mpuzamakungu i Cedar Point muri Ohio muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, muri Nyakanga 1922. Iyumvire umunezero bagize igihe umuvukanyi Rutherford yashikiriza insiguro ivuga ngo “Ubwami bwo mw’ijuru buri hafi” agaca avuga ati: “Raba, Umwami ari ku ngoma! Muri abakozi bamwamamaza. Ku bw’ivyo rero, tangaze, tangaze, tangaze Umwami n’ubwami bwiwe.” Abantu ibihumbi bibiri bari bavuye mu bindi bihugu baritabiriye ako kamo mu kwifatanya n’abandi ku “Musi w’umurimo” udasanzwe, baragendera imihana gushika ku yari ku bilometero 72 uvuye aho iryo hwaniro ryariko rirabera. Umwe muri abo bantu bari bavuye mu bindi bihugu yavyuriwe umutima wo kugira ico akoze, yavuze ati: “Sinzokwigera nibagira ako kamo ko gutangaza Ubwami be n’umwete isinzi rinini ryari ryitavye iryo hwaniro ryari rifise!” Si we wenyene yaseruye izo nyiyumvo.

9, 10. (a) Ni intunganyo izihe zashizweho ku bwo kumenyereza abamamaji b’Ubwami? (b) Wewe ubwawe wungukiye gute kuri ukwo kumenyerezwa?

9 Mu 1922, abamamaji b’Ubwami barenga 17.000 bariko barakorera mu bihugu 58 vyo hirya no hino kw’isi. Ariko rero, bari bakeneye kumenyerezwa. Mu kinjana ca mbere, wa Mwami yari yaratowe yarahaye abigishwa biwe ubuyobozi butomoye ku bijanye n’ico bokwamamaje, aho bokwamamaje be n’ukuntu bokwamamaje. (Mat. 10:5-7; Luka 9:1-6; 10:1-11) Mu gukurikiza ico citegererezo, Yezu aritwararika ivy’uko abantu bose bagira uruhara mu gikorwa co kwamamaza Ubwami baronka ubuyobozi n’ibikoresho bakeneye kugira ngo bamamaze mu buryo buri n’ico buvamwo. (2 Tim. 3:17) Yezu abicishije kw’ishengero rya gikirisu, ariko aramenyereza abatwarwa biwe ku bw’ubusuku. Uburyo bumwe abamenyereza, abicisha kw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi, irigirwa muri rimwerimwe ryose mu mashengero arenga 111.000 ari hirya no hino kw’isi. Mu kwungukira kuri iyo nyigisho, abamamaji barenga imiliyoni indwi ubu barafise ibikenewe vyose kugira ngo bamamaze bongere bigishe mu buryo bukwegera “abantu b’uburyo bwose.”Soma 1 Abakorinto 9:20-23.

10 Uretse iryo Shure ry’ubusuku bwa gitewokarasi, harashizweho ayandi mashure y’ivya Bibiliya ku bwo kumenyereza abakurambere b’amashengero, abatsimvyi, abavukanyi batubatse, abakirisu bubakanye, abagize Komite z’amashami n’abakenyezi babo, abacungezi b’ingenzi n’abakenyezi babo hamwe n’abamisiyonari. * Abanyeshure bo mu mugwi umwe w’Ishure ry’ivya Bibiliya ry’abakirisu bubakanye barerekanye ko bakenguruka iryo shure muri ubu buryo: “Ukumenyerezwa kudasanzwe twaronse kwatumye turushiriza gukunda Yehova no kuronka ibikenewe kugira ngo dufashe abandi.”

11. Abamamaji b’Ubwami bashoboye gute kwihangana naho barwanijwe?

11 Umwansi Shetani ntareka kubona ico gikorwa amahero co kwamamaza Ubwami be n’akigoro kagirwa ko kwigisha. Aragaba ibitero vy’imbonankubone be n’ibidashoka vyibonekeza ku butumwa bw’Ubwami no ku babushikiriza kugira ngo agerageze guhagarika ico gikorwa. Mugabo utwigoro tw’uwo mwansi ni utw’impfagusa. Yehova yaricaritse Umwana wiwe “hejuru cane y’intwaro zose n’ububasha bwose n’ubushobozi bwose n’ubutware bwose.” (Ef. 1:20-22) Yezu we Mwami, arakoresha ububasha bwiwe mu gukingira no mu kuyobora abigishwa biwe kugira ngo yiyemeze neza yuko ivyo Se wiwe agomba bikorwa. * Inkuru nziza iriko iramamazwa, kandi abantu amamiliyoni b’umutima nziraburyarya bariko barigishwa inzira za Yehova. Mbega agateka dufise ko kugira uruhara muri ico gikorwa gihambaye!

UMWAMI YUNGUNGANYA ABATWARWA BIWE KU BW’IGIKORWA CIYONGEREYE

12. Dondora bimwebimwe mu bintu vyaryohowe mu bijanye n’ukuntu abasavyi b’Imana bungunganijwe kuva Ubwami bushinzwe.

12 Kuva Ubwami bushinzwe mu 1914, uwo Mwami yararyohoye uburyo abasavyi b’Imana bungunganijwe kugira ngo bakore ivyo Se wiwe agomba. (Soma Yesaya 60:17.) Mu 1919, umuyobozi w’umurimo yaragenywe muri buri shengero kugira ngo aje imbere abandi mu gikorwa co kwamamaza. Mu 1927, haratunganijwe ivy’uko igikorwa c’inzu ku nzu cama gikorwa ku misi y’iyinga. Mu 1931, abashigikira Ubwami baravyuriwe umutima wo kwongerereza igikorwa igihe bitwa izina rishingiye ku Vyanditswe, ari ryo Ivyabona vya Yehova. (Yes. 43:10-12) Mu 1938, ivyo gutora mu buryo bwa demokarasi abagabo bazezwa amabanga mw’ishengero vyasubiriwe n’ivyo kubagena mu buryo bwa gitewokarasi. Mu 1972, ivyo guhagarikira ishengero vyashinzwe inama y’abakurambere aho gushingwa umucungezi umwe. Abagabo babishoboye bose bararemeshejwe kurondera gukwiza ibisabwa kugira ngo bagire uruhara mu ‘kuragira ubusho bw’Imana bajejwe.’ (1 Pet. 5:2) Mu 1976, Inama Nyobozi yaratunganijwe mu makomite atandatu kugira ngo ihagarikire igikorwa c’Ubwami kw’isi yose. Birabereye kuba Umwami yagenywe na Yehova yarungunganije intambwe ku yindi abatwarwa b’Ubwami mu buryo bwa gitewokarasi, ni ukuvuga yisunze ukuntu Imana iganza.

13. Ivyaranguwe mu myaka 100 Ubwami bumaze butegeka vyagize ico bikoze gute ku buzima bwawe?

13 Rimbura ivyo Umwami Mesiya yaranguye mu myaka 100 ya mbere y’ingoma yiwe. Yaratyoroye igisata citirirwa izina rya Yehova. Yarahagarikiye igikorwa co kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami mu bihugu 239 yongera arigisha abantu amamiliyoni ibijanye n’inzira za Yehova. Yaratororokanije abatwarwa b’intahemuka barenga imiliyoni indwi, umwe wese akaba yitanga abikunze kugira akore ivyo Se wiwe agomba. (Zab. 110:3) Mu vy’ukuri, ibikorwa Yehova yakoze abicishije ku Mwami Mesiya birahambaye kandi ni vyiza igitangaza. Akari inyuma karahinda!

IMIHEZAGIRO IZOZANWA N’UBWAMI BWA MESIYA

14. (a) Ni igiki tuba turiko turasaba Imana ngo ikore igihe dusenga duti: “Ubwami bwawe nibuze”? (b) Icanditswe cacu c’umwaka wa 2014 ni ikihe, kandi ni kubera iki kibereye?

14 Naho Yehova yimitse Umwana wiwe Yezu Kristu ngo abe Umwami Mesiya mu 1914, iyo ntiyari inyishu yuzuye ya rya sengesho dutura dusaba duti: “Ubwami bwawe nibuze.” (Mat. 6:10) Vyari vyaravuzwe muri Bibiliya yuko Yezu ‘yogiye kuganza hagati y’abansi biwe.’ (Zab. 110:2) Intwaro z’abantu ziyobowe na Shetani ziracarwanya Ubwami. Igihe dusenga dusaba ko Ubwami bw’Imana buza, tuba turiko dusaba Imana yuko Umwami Mesiya n’abafadikanya na we kuganza boza gukuraho ubutegetsi bw’abantu be n’abarwanya ubwo Bwami kw’isi. Ico kintu kizoshitsa amajambo yo muri Daniyeli 2:44, ahavuga ko Ubwami bw’Imana “buzojanjagura ubwo bwami bwose [bukabuherengeteza].” Kizokuraho abanyapolitike barwanya Ubwami. (Ivyah. 6:1, 2; 13:1-18; 19:11-21) Igihe c’uko ivyo bishika kiregereje cane. Ese ukuntu bibereye ko icanditswe cacu c’umwaka wa 2014, hakaba haciye imyaka 100 Ubwami bw’Imana bushinzwe mw’ijuru, kiba Matayo 6:10 ahagira hati: “Ubwami bwawe nibuze”!

Icanditswe cacu c’umwaka wa 2014: “Ubwami bwawe nibuze.”Matayo 6:10

15, 16. (a) Ni ibintu biteye akamwemwe ibihe bizoba mu gihe ca ya Ngoma y’imyaka igihumbi? (b) Ni ikintu ca nyuma ikihe Yezu azokora ari Umwami Mesiya, kandi ivyo bizoba bisobanura iki ku bijanye n’umugambi Yehova afitiye ibiremwa vyiwe vyose?

15 Umwami Mesiya amaze gutikiza abansi b’Imana, azoca aterera Shetani n’amadayimoni yiwe mu nyenga bamareyo imyaka igihumbi. (Ivyah. 20:1-3) Ako kosho kabi kamaze kuvaho, Ubwami buzotuma abantu bungukira ku vyiza biva ku nkuka y’incungu ya Yezu bwongere burandurane n’imizi ingaruka z’igicumuro ca Adamu. Umwami azozura abantu amamiliyoni adaharurika basinziriye mu mva yongere atunganye porogarama nini cane yo kubigisha ivyerekeye Yehova. (Ivyah. 20:12, 13) Isi yose izomera nka ya Paradizo yo muri wa murima wa Edeni. Abantu bose b’abizigirwa bazoshikanwa ku kutagira agasembwa.

16 Mu mpera y’Ingoma ya Kristu y’imyaka igihumbi, Ubwami bwa Mesiya buzoba bwashitse ku mugambi wabwo. Yezu azoca ashikiriza Ubwami Se. (Soma 1 Abakorinto 15:24-28.) Ntibizoba bigikenewe ko haba umuhuza hagati ya Yehova n’abana biwe bo kw’isi. Abana b’Imana bose bo mw’ijuru be n’abana bayo bo kw’isi bazokwunga ubumwe na Se wabo wo mw’ijuru bari mu muryango wiwe wo kw’isi no mw’ijuru.

17. Wiyemeje gukora iki ku bijanye n’Ubwami?

17 Ivyo bintu biteye akamwemwe vyabaye mu myaka 100 Ubwami bumaze buganza biradukura amazinda ko Yehova yifatiye ibintu mu minwe be n’uko umugambi afitiye isi uzoranguka. Ese twobandanya kuba abatwarwa biwe b’intahemuka kandi tugatangaza uwo Mwami n’Ubwami bwiwe! Ivyo tubigira twizigiye rwose ko Yehova vuba azokwishura rya sengesho duturana ubwira rigira riti: “Ubwami bwawe nibuze”!

^ par. 5 Raba Umunara w’Inderetsi wo ku wa 15 Mukakaro 2013, urupapuro rwa 22-23, ingingo ya 12.

^ par. 10 Raba Umunara w’Inderetsi wo ku wa 15 Nyakanga 2012, urupapuro rwa 13-17, ikiganiro kivuga ngo “Amashure y’ivya gitewokarasi—Ni ikimenyamenya c’urukundo rwa Yehova.”

^ par. 11 Wipfuza uburorero bw’intsinzi twatahukanye mu vy’amategeko mu bihugu bitandukanye, raba Umunara w’Inderetsi wo ku wa 15 Myandagaro 2013, urupapuro rwa 30.