UMUNARA W’INDERETSI (INTEGURO Y'UKWIGA) Ruhuhuma 2014

Iyi nomero iradondora ibintu biteye akamwemwe bivugwa muri Zaburi ya 45. Iradufasha kandi gutahura ko Yehova Imana ari we aturonsa ivyo dukeneye, adukingira, akaba na we Mugenzi wacu mwiza kuruta abandi bose.

Ha impundu Kristu, wa Mwami aninahaye!

Ibintu biteye akamwemwe bivugwa muri Zaburi ya 45 bisobanura iki kuri twebwe muri iki gihe?

Nunezererwe ubugeni bwa wa Mwagazi w’intama!

Umugeni ni nde, kandi ni gute Kristu amaze igihe amutegura ku bw’ubwo bugeni? Ni bande bazonezererwa ubwo bugeni?

Wa mupfakazi w’i Zarefati yarahawe impera kubera ukwizera kwiwe

Izuka ry’umuhungu w’uwo mupfakazi ryabaye kimwe mu bintu bikomeza ukwizera kuruta ibindi vyabaye mu buzima bwiwe. Ni ivyigwa ibihe twomwigirako?

Yehova araturonsa ivyo dukeneye kandi akadukingira

Nutahure ko Yehova Imana ari Dawe wa twese wo mw’ijuru. Numenye ukuntu wokomeza ubucuti ufitaniye n’Imana mu gutahura ko ari yo gaheta mu kuturonsa ivyo dukeneye kuruta uwundi wese ikongera ikadukingira.

Yehova ni we Mugenzi wacu mwiza kuruta abandi bose

Rimbura akarorero ka Aburahamu n’aka Gideyoni, abagenzi somambike ba Yehova Imana. Ni ibisabwa ibihe dutegerezwa gushitsa kugira ngo tube abagenzi ba Yehova?

Ibibazo vy’abasomyi

Ni imvo izihe Abayuda bo mu kinjana ca mbere bari bafise zo ‘kwitega’ Mesiya?

‘Niwitegereze ubwiza bwa Yehova’

Umwami Dawidi wa Isirayeli ya kera yarikugura indinganizo y’Imana ijanye n’ugusenga kw’ukuri. Dushobora gute guhimbarwa n’ugusenga kw’ukuri muri iki gihe?

IVYO MU BUSHINGURO BWACU

Isinema ikomeza ukwizera imaze imyaka 100

Uwu ni umwaka ugira 100 hatanguye kwerekanwa “Urukurikirane rw’amafoto yerekeye ivy’irema,” rwagenewe gutuma abantu barushiriza kwizera ko Bibiliya ari Ijambo ry’Imana.