Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Nunezererwe ubugeni bwa wa Mwagazi w’intama!

Nunezererwe ubugeni bwa wa Mwagazi w’intama!

“Tunezerwe kandi dusesekare umunezero . . . kuko ubugeni bwa wa Mwagazi w’intama bushitse.”IVYAH. 19:7.

1, 2. (a) Ni ubugeni bwa nde buzotuma mw’ijuru haba umunezero mwinshi? (b) Ni ibibazo ibihe bivyuka?

GUTEGURA ubugeni vyama bisaba umwanya. Mugabo turaza kwibanda ku bugeni budasanzwe, ubwo na bwo bukaba ari ubw’umwami. Iyumvire ntuze! Bumaze imyaka nka 2.000 buriko burategurwa. Igihe c’uko umukwe aba kumwe n’umugeni wiwe kiriko kiregereza cihuta. Vuba, umuziki uhimbaye uzosamirana hose ku kirimba c’Umwami, kandi amasinzi yo mw’ijuru azoririmba n’ijwi rirenga ati: “Shemeze Ya, kuko Yehova Imana yacu, Mushoboravyose, atanguye kuganza. Tunezerwe kandi dusesekare umunezero, kandi tumuhe ubuninahazwa, kuko ubugeni bwa wa Mwagazi w’intama bushitse, kandi n’umugore wiwe yiteguye.”Ivyah. 19:6, 7.

2 Uwo “Mwagazi w’intama” si uwundi atari Yezu Kristu, ubugeni bwiwe bukaba buzotuma mw’ijuru haba umunezero. (Yoh. 1:29) None yambaye gute ku bw’ubwo bugeni? Umugeni wiwe ni nde? Uwo mugeni yateguwe gute ku bw’ubwo bugeni? Ubwo bugeni buba ryari? Ko none ubwo bugeni buzotuma haba umunezero mw’ijuru, abafise icizigiro co kubaho ibihe bidahera kw’isi boba na bo nyene bazonezerwa? Turashashaye kumenya inyishu z’ivyo bibazo, tukaba tuza kuzironka uko tubandanya guca irya n’ino Zaburi ya 45.

 ‘IMPUZU ZIWE ZIRATAMIRANA’

3, 4. (a) Ni ibiki bivugwa ku bijanye n’impuzu z’ubugeni z’Umukwe, kandi ni igiki gituma arushiriza kunezerwa? (b) “Abakobwa b’abami” be n’ “umugore w’iteka w’umwami” banezeranwa n’Umukwe ni bande?

3 Soma Zaburi 45:8, 9. Uwo Mukwe, ari we Yezu Kristu, arambara impuzu z’ubugeni z’inyambarabami zininahaye. Birabereye kuba impuzu ziwe zirekura akamoto keza nk’ak’ “utumota twizatwiza,” nk’imira n’umubagabaga, ivyari mu bigize amavuta meranda y’ukurobanura yakoreshwa muri Isirayeli.Kuv. 30:23-25.

4 Umuziki wo mw’ijuru usamirana ku kirimba ciwe hose, uratuma umunezero uwo Mukwe agira uko ubugeni bwiwe bwegereza urushiriza kwongerekana. Aranezeranwa n’ “umugore w’iteka w’umwami,” uno akaba ari igice co mw’ijuru c’ishirahamwe ry’Imana, ikirimwo n’ “abakobwa b’abami,” ari bo bamarayika beranda. Ese ukuntu bitera akamwemwe kwumva amajwi yo mw’ijuru atangaza ati: “Tunezerwe kandi dusesekare umunezero . . . kuko ubugeni bwa wa Mwagazi w’intama bushitse”!

UMUGENI ARATEGUWE KU BW’UBUGENI

5. “Umugore wa wa Mwagazi w’intama” ni nde?

5 Soma Zaburi 45:10, 11. Twamaze kumenya umukwe uwo ari we; none umugeni wiwe ni nde? Ni umugeni agizwe n’abantu benshi, bano bakaba ari abagize ishengero Yezu Kristu abereye umutwe. (Soma Abanyefeso 5:23, 24.) Bazoba bamwe mu bagize Ubwami bwa Mesiya. (Luka 12:32) Abo bakirisu 144.000 barobanujwe impwemu, “baguma bakurikira wa Mwagazi w’intama aho aja hose.” (Ivyah. 14:1-4) Baraba “umugore wa wa Mwagazi w’intama” maze bakabana na we mw’ijuru.Ivyah. 21:9; Yoh. 14:2, 3.

6. Ni kubera iki abarobanuwe bavugwa yuko ari “umukobwa w’umwami,” kandi ni kubera iki basabwa ‘kwibagira ab’iwabo’?

6 Uwo azoba umugeni ntavugwa gusa yuko ari “umukobwa,” mugabo kandi avugwa ko ari “umukobwa w’umwami.” (Zab. 45:13) None uwo “mwami” ni nde? Ni Yehova. Abakirisu barobanuwe abagira “abana” biwe. (Rom. 8:15-17) Kubera yuko abarobanuwe bazoba umugeni wo mw’ijuru, babwirwa bati: “Niwibagire ab’iwanyu n’inzu ya so [wo mu buryo bw ‘umubiri].” Bategerezwa kugumiza imizirikanyi yabo “ku bintu vyo hejuru, atari ku bintu vyo kw’isi.”Kol. 3:1-4.

7. (a) Ni gute Kristu amaze igihe ategura uwuzomubera umugeni? (b) Uwo mugeni abona gute uwuzomubera umugabo?

7 Kristu aramaze ibinjana n’ibindi ategura uwuzomubera umugeni ku bw’ubugeni buzobera mw’ijuru. Intumwa Paulo yasiguye yuko Kristu “yakunze ishengero akaryigura, kugira ngo aryeze, aryuhagize amazi biciye kuri rya jambo, kugira ngo azane ishengero kuri we nyene mu bwiza bwakaka bwaryo, ritagira agatosi canke umunkanyari canke ico ari co cose muri mwene ivyo, ahubwo ribe ryeranda kandi ritagira ikirabagu.” (Ef. 5:25-27) Paulo yabwiye abakirisu barobanuwe b’i Korinto ha kera ati: “Ndi n’ishari ku bwanyu, ishari riva ku Mana, kuko ubwanje nasezeranye kubashingira ku mugabo umwe kugira ndabashikirize Kristu muri umwigeme w’isugi atanduye.” (2 Kor. 11:2) Uwo Mwami akaba n’Umukwe, ari we Yezu Kristu, arashima “ubwiza” bwo mu buryo bw’impwemu bw’uwuzomubera umugeni. Uwo mugeni na we abona ko uwo Mwami ari “umukama” wiwe maze ‘akamwunamira’ nk’uwuzomubera umugabo.

UMUGENI ‘AZANIRWA UMWAMI’

8. Ni kubera iki bibereye ko uwo mugeni avugwa yuko ‘aninahaye rwose’?

8 Soma Zaburi 45:13, 14a. Uwo mugeni avugwa ko ‘aninahaye rwose’ ku bw’ubugeni bw’umwami. Mu Vyahishuwe 21:2, uwo mugeni agereranywa n’igisagara, Yeruzalemu Nshasha, kandi “asharirijwe umugabo wiwe.” Ico gisagara co mw’ijuru kirafise “ubuninahazwa bw’Imana” kandi kiraca  ibibatsi, “nk’ibuye ry’agaciro kuruta ayandi yose, nk’ibuye rya yasipi rikayangana nk’ibuye ryitwa kirisitalo.” (Ivyah. 21:10, 11) Ukwakaka kwa Yeruzalemu Nshasha kuradondorwa mu buryo bwiza igitangaza mu gitabu c’Ivyahishuwe. (Ivyah. 21:18-21) Ntibitangaje kuba umwanditsi w’amazaburi avuga ko uwo mugeni ‘aninahaye rwose’! Nakare ubwo bugeni bw’umwami bubera mw’ijuru.

9. “Umwami” azanirwa umugeni ni nde, kandi uwo mugeni yambaye gute?

9 Uwo azanirwa umugeni ni Umukwe, uwo na we akaba ari Umwami Mesiya. Aramaze igihe amutegura, “[amwuhagiza] amazi biciye kuri rya jambo.” Uwo mugeni ni ‘mweranda kandi ntagira ikirabagu.’ (Ef. 5:26, 27) Ategerezwa kandi kuba yambaye mu buryo bujanye n’urwo rubanza. Kandi ni ko biri! Nkako, “impuzu yiwe iriko udutāko tw’inzahabu,” kandi “azozanirwa umwami ari mu vyambarwa vy’ibijishano.” Yarahawe ivyo kwambara ku bugeni bwa wa Mwagazi w’intama: Yahawe “kwambara impuzu y’ilino nziza, yakaka, isukuye, kuko nya mpuzu y’ilino nziza igereranya ibikorwa bigororotse vy’aberanda.”Ivyah. 19:8.

‘UBUGENI BURASHITSE’

10. Ubugeni bw’Umwagazi w’intama butegekanijwe kuba ryari?

10 Soma Ivyahishuwe 19:7. Ubwo bugeni bw’Umwagazi w’intama buzoba ryari? Naho uwo murongo uvuga ko “umugore wiwe yitegu[ri]ye” ubwo bugeni, ibivugwa mu mirongo ikurikira ntibidondora ubwo bugeni nyezina. Ahubwo, biradondora ido n’ido ikiringo ca nyuma ca ya makuba akomeye. (Ivyah. 19:11-21) Ivyo none vyoba bisobanura ko ubwo bugeni buba imbere y’uko uwo Mwami akaba n’Umukwe aheraheza intsinzi yiwe? Oya. Ivyo Yohani yeretswe bivugwa mu gitabu c’Ivyahishuwe ntibishikirizwa hisunzwe ukuntu ibintu vyogiye birakurikirana. Muri Zaburi ya 45 ubwo bugeni bw’Umwami buba Umwami Yezu Kristu amaze gukenyera inkota yiwe maze ‘akabandanya agana ku kuroranirwa’ ari kwo gutsinda abansi biwe.Zab. 45:3, 4.

11. Ibintu bizokurikirana gute igihe Kristu azoba ariko araheraheza intsinzi yiwe?

11 Turashobora rero kuvuga yuko ibintu bizokurikirana gutya: Ubwa mbere, urubanza ruzoshitswa kuri “wa mu maraya akomeye,” ari we Babiloni Akomeye, ya nganji y’isi yose y’idini ry’ikinyoma. (Ivyah. 17:1, 5, 16, 17; 19:1, 2) Ubukurikira, Kristu azoja gushitsa imanza Imana yaciriye iyi si mbi ya Shetani mu kuyitikiza kuri Harumagedoni, ya “ntambara yo kuri wa musi uhambaye w’Imana Mushoboravyose.” (Ivyah. 16:14-16; 19:19-21) Ubwa nyuma, uwo Mwami w’umurwanyi azoheraheza intsinzi yiwe mu guterera Shetani n’amadayimoni yiwe mu nyenga, atume badashobora kugira ico bakoze. Bazoba bameze nk’abapfuye.Ivyah. 20:1-3.

12, 13. (a) Ubugeni bwa wa Mwagazi w’intama buzoba ryari? (b) Ni bande bazonezererwa ubugeni bwa wa Mwagazi w’intama mw’ijuru?

12 Igihe abakirisu barobanuwe barangije ubuzima bwabo bwo kw’isi mu gihe c’ukuhaba kwa Kristu, barazurwa bakaja kuba mw’ijuru. Haciye igihe gito Babiloni Akomeye atikijwe, Yezu azotororokanya abo mu mugwi wa wa mugeni bose bazoba basigaye, abajane aho ari. (1 Tes. 4:16, 17) Ku bw’ivyo, imbere y’uko intambara ya Harumagedoni itangura, abagize uwo “mugeni” bose bazoba bari mw’ijuru. Inyuma y’iyo ntambara, ubugeni bw’uwo Mwagazi w’intama buzoca buba. Ese ukuntu ruzoba ari urubanza ruteye umunezero! Mu Vyahishuwe 19:9 hagira hati: “Hahiriwe abatumiwe ku mfungurwa zo ku mugoroba z’ubugeni bwa wa Mwagazi w’intama.” Mu vy’ukuri bamwe 144.000 bagize umugwi wa wa mugeni bazohimbarwa. Vyongeye, uwo Mwami akaba n’Umukwe azohimbarwa cane no kubona igitigiri gikwiye c’abafadikanya na we kuganza ‘barira bongera banywera ku meza yiwe mu buryo bw’ikigereranyo,  bari kumwe na we mu Bwami bwiwe.’ (Luka 22:18, 28-30) Ariko rero, uwo Mukwe n’umugeni wiwe si bo bonyene bazonezererwa ubwo bugeni bw’Umwagazi w’intama.

13 Nkuko twamaze kubibona, amasinzi ari mw’juru aririmbira hamwe ati: “Tunezerwe kandi dusesekare umunezero, kandi [duhe Yehova] ubuninahazwa, kuko ubugeni bwa wa Mwagazi w’intama bushitse, kandi n’umugore wiwe yiteguye.” (Ivyah. 19:6, 7) Ariko none tuvuge iki ku vyerekeye abasavyi ba Yehova bo kw’isi? Boba na bo nyene bazokwigina ico kintu?

“BAZOZANANWA UMUNEZERO”

14. “Abigeme b’isugi” ari bo “bagenzi” b’umugeni bavugwa muri Zaburi 45 ni bande?

14 Soma Zaburi 45:12, 14b, 15. Umuhanuzi Zekariya yari yaravuze ko mu gihe c’iherezo, abantu bo mu mahanga bokwifatanije n’amasigarira ya Isirayeli yo mu buryo bw’impwemu babigiranye ugukenguruka. Yanditse ati: “Muri iyo misi, abantu cumi bo mu ndimi zose z’amahanga bazofata koko impuzu y’Umuyuda, bavuge bati: ‘Turajana, kuko twumvise yuko Imana iri kumwe namwe.’ ” (Zek. 8:23) Muri Zaburi 45:12, abo “bantu cumi” b’ikigereranyo bavugwa ko ari “Umukobwa wa Tiro” be n’ “abatunzi bo mu bantu.” Baza ku masigarira y’abarobanuwe bitwaje ingabirano, barondera ko abo barobanuwe babatonesha bakongera bakabafasha gukorera Yehova. Kuva mu 1935, abantu amamiliyoni baremeye ko ayo masigarira ‘abazana ku bugororotsi.’ (Dan. 12:3) Abo bagenzi b’intahemuka b’abakirisu barobanuwe baratyoroye ubuzima bwabo, baba abigeme b’isugi bo mu buryo bw’impwemu. Abo ‘bigeme b’isugi ari bo bagenzi’ b’umugeni bariyeguriye Yehova bongera barerekana  ko ari abatwarwa b’abizigirwa b’uwo Mwami akaba n’Umukwe.

15. ‘Abigeme b’isugi ari bo bagenzi’ b’abagize umugwi w’umugeni bakiri kw’isi bakoranye gute na bo?

15 Amasigarira y’abo mu mugwi w’umugeni arakengurukira cane abo ‘bigeme b’isugi ari bo bagenzi’ babo ku kuntu babafasha babigiranye umwete mu kwamamaza “inkuru nziza y’ubwami” hirya no hino kw’isi. (Mat. 24:14) Uretse ko “impwemu na wa mugeni biguma bivuga biti: ‘Ingo!’ ”, n’abumva baravuga bati: “Ingo!” (Ivyah. 22:17) Egome, abo mu “zindi ntama” barumvise abagize umugwi wa wa mugeni barobanuwe bavuga ngo “Ingo!” kandi barifatanije n’uwo mugeni mu kubwira ababa kw’isi ngo “Ingo!”Yoh. 10:16.

16. Ni agateka akahe Yehova yateye abo mu zindi ntama?

16 Amasigarira y’abarobanuwe arakunda abagenzi bayo kandi arahimbarwa no kumenya yuko Se w’Umukwe ari we Yehova yateye izo zindi ntama ziri kw’isi agateka ko kunezerwa na zo nyene mu gihe c’ubugeni bwa wa Mwagazi w’intama buzobera mw’ijuru. Vyari vyaravuzwe ko abo ‘bigeme b’isugi ari bo bagenzi’ b’umugeni ‘bozananywe umunezero n’akanyamuneza.’ Egome, ubugeni bwa wa Mwagazi w’intama nibwaba mw’ijuru, abagize izindi ntama, bano bakaba bafise icizigiro co kuba kw’isi ibihe bidahera, bazonezeranwa n’umuryango wa Yehova wose uko wakabaye. Birabereye kuba igitabu c’Ivyahishuwe cerekana yuko abagize “isinzi rinini . . . bahagaze imbere ya ya ntebe y’ubwami n’imbere ya wa Mwagazi w’intama.”Ivyah. 7:9, 15.

Ubugeni bwa wa Mwagazi w’intama buranezereza ‘abigeme b’isugi ari bo bagenzi’ b’umugeni (Raba ingingo ya 16)

“MU KIBANZA CA BA SOGOKURUZA BAWE HAZOBA ABANA BAWE”

17, 18. Ubugeni bwa wa Mwagazi w’intama buzovamwo ivyiza ibihe, kandi Kristu azoba se wa bande mu gihe ca ya Ngoma yiwe y’imyaka igihumbi?

17 Soma Zaburi 45:16. ‘Abigeme b’isugi ari bo bagenzi’ b’umugeni wa Kristu wo mw’ijuru bazoronka iyindi mvo yo kunezerwa nibabona ubwo bugeni buzanye ivyiza mw’isi nshasha. Uwo Mwami akaba n’Umukwe azokwitwararika isi kandi azozura ba “sogokuruza” biwe bo kw’isi, bano bakaba bazocika “abana” biwe bo kw’isi. (Yoh. 5:25-29; Heb. 11:35) Azogena bamwe muri abo ngo babe “abaganwa mw’isi yose.” Ata gukeka, Kristu azogena abandi mu bakurambere b’abizigirwa bo muri iki gihe kugira ngo baje imbere abandi mw’isi nshasha.Yes. 32:1.

18 Mu gihe c’Ingoma yiwe y’imyaka igihumbi, Kristu azoba kandi se w’abandi bantu. Nkako, abazoronka ubuzima budahera bose kw’isi, bazoburonka kubera bizera inkuka y’incungu ya Kristu. (Yoh. 3:16) Azobabera rero ‘Se ahoraho.’Yes. 9:6, 7.

TURAVYURIRWA UMUTIMA WO ‘KUMENYEKANISHA IZINA RYIWE’

19, 20. Ibintu biteye akamwemwe bivugwa muri Zaburi ya 45 bigira ico bikoze gute ku bakirisu b’ukuri bose muri iki gihe?

19 Soma Zaburi 45:1, 17. Mu vy’ukuri, ibintu bivugwa muri Zaburi ya 45 birerekeye abakirisu bose. Abarobanuwe bakiri kw’isi barahimbarwa no kumenya ko vuba bazokoranirizwa hamwe n’abavukanyi babo be n’Umukwe mw’ijuru. Abo mu zindi ntama baravyurirwa umutima wo kurushiriza kuyobokera Umwami wabo aninahaye kandi barakenguruka agateka ko kwifatanya n’abo mu bagize umugeni wiwe bakiri kw’isi. Kristu n’abazofadikanya na we mu Bwami, inyuma y’ubugeni bwabo bazohunda imihezagiro ababa kw’isi.Ivyah. 7:17; 21:1-4.

20 Uko twitega iranguka rya ca “kintu ciza” cerekeye Umwami Mesiya, ntituvyurirwa none umutima wo ‘kumenyekanisha izina ryiwe’? Ese twoba mu ‘bazohaya uwo Mwami gushika igihe kitagira urugero, mbere ibihe bidahera!’