Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

‘Niwitegereze ubwiza bwa Yehova’

‘Niwitegereze ubwiza bwa Yehova’

Ingorane zirashobora kutugirako ingaruka zikomeye. Zirashobora kwizizira ivyiyumviro vyacu, kudutwara inguvu no kugira ico zikoze ku kuntu tubona ubuzima. Umwami Dawidi wa Isirayeli ya kera yarashikiwe n’ingorane nyinshi cane. None yazihanganiye gute? Mw’izaburi imwe ikora ku mutima, Dawidi yishura ati: “Natabaje Yehova n’ijwi ryanje; natanguye kuririra Yehova n’ijwi ryanje ngo angirire ubutoni. Imbere yiwe nagumye nsuka amaganya yanje; imbere yiwe nabandanije kuvuga amarushwa yanje igihe umushaha wanje wadendebukirwa muri jewe. Waciye umenya ibarabara ryanje.” Egome, Dawidi yarasenze Imana yicishije bugufi ayisaba ngo imufashe.Zab. 142:1-3.

Mu bihe bigoye, Dawidi yarasenga Yehova yicishije bugufi amusaba ngo amufashe

Mu yindi zaburi, Dawidi yaririmvye ati: “Nasavye Yehova ikintu kimwe, ni co nzorondera, ni uko nokwibera mu nzu ya Yehova imisi yose y’ubuzima bwanje, ngo nitegereze ubwiza bwa Yehova no kugira ngo ndabe urusengero rwiwe nikugura.” (Zab. 27:4) Dawidi ntiyari Umulewi, mugabo nuse n’uwumubona ahagaze hanze y’ikigo ceranda hafi y’intimatima nyezina y’ugusenga kw’ukuri. Umutima wa Dawidi uruzura ugukenguruka ku buryo yipfuza kuhamara imisi yose asigaje kubaho, gutyo “[akitegereza] ubwiza bwa Yehova.”

Ijambo “ubwiza” rirafitaniye isano no kuba ikintu “gihimbara umuzirikanyi canke inyiyumvo.” Dawidi yama araba yikugura indinganizo Imana yashizeho ijanye no gusenga. Vyoba vyiza twibajije duti: ‘Noba niyumva nk’uko Dawidi yiyumva?’

‘NURABE WIKUGUGURA’ INDINGANIZO IMANA YASHIZEHO

Muri iki gihe cacu, indinganizo Yehova yashizeho ijanye no kumwegera ntishingiye ku nyubakwa nya nyubakwa. Ahubwo, ni urusengero rw’Imana ruhambaye rwo mu buryo bw’impwemu, ni ukuvuga indinganizo nyeranda ijanye n’ugusenga kw’ukuri. * Nimba ‘turaba twikugura’ iyo ndinganizo, na twebwe nyene turashobora “[kwitegereza] ubwiza bwa Yehova.”

Rimbura ibijanye na ca gicaniro c’umujumpu c’ishikanwa riturirwa cari imbere y’ubwinjiriro bw’itaberenakulo. (Kuv. 38:1, 2; 40:6) Ico gicaniro cagereranya ukuba Imana yari yiteguriye kwemera ubuzima bwa Yezu bw’umuntu ngo bube ikimazi. (Heb. 10:5-10) Zirikana ku co ivyo bisobanura kuri twebwe! Intumwa Paulo yanditse ati: “Igihe twari abansi, twasubijwe hamwe n’Imana biciye ku rupfu rw’Umwana wayo.” (Rom. 5:10) Twizeye amaraso ya Yezu yasheshwe, turashobora gutoneshwa no kwizigirwa n’Imana kubera ko turi abagenzi bayo. Ivyo bituma tugiranira “ubugenzi somambike na Yehova.”Zab. 25:14.

Kubera ko ‘ibicumuro vyacu bihanagurwa,’ turagira ‘ibiringo vy’ukuruhurirwa bivuye imbere ya Yehova.’ (Ivyak. 3:19) Ivyacu biba bimeze nk’ivy’imbohe yicuza ivyo yakoze kera maze ikagira amahinduka akomeye igihe irindiriye kwicwa. Umucamanza w’umunyabuntu abibonye, aravyurirwa umutima wo guhanagura ivyo uwo muntu yakoze, akamukurako igihano c’urupfu yaciriwe. Ese ukuntu iyo mbohe yumva ihumurijwe kandi igahimbarwa cane! Cokimwe n’uwo mucamanza, Yehova aragirira ubuntu abacumuzi bigaya akabakurako igihano c’urupfu.

NUHIMBARWE N’UGUSENGA KW’UKURI

Mu mice yari igize ugusenga kw’ukuri Dawidi yashobora kwihweza ku nzu ya Yehova, harimwo ugukoranira hamwe kw’amasinzi y’Abisirayeli bagenziwe, ugusomera abantu rya Tegeko no kuribasobanurira, ukwosa imibavu be n’ukurangura umurimo mweranda kwagirwa n’abaherezi hamwe n’Abalewi.  (Kuv. 30:34-38; Guh. 3:5-8; Gus. 31:9-12) Iyo mice yari igize ugusenga kw’ukuri muri Isirayeli ya kera irafise iyo bihuye muri iki gihe.

“Ese ukuntu ari vyiza kandi bihimbaye ko abavukana babana mu bumwe” muri iki gihe nk’uko vyari biri muri kahise! (Zab. 133:1) Mu ‘muryango wacu w’abavukanyi’ ukwiye kw’isi yose harabaye iyongerekana rikomeye. (1 Pet. 2:17) Ku makoraniro yacu, abantu barasomerwa Ijambo ry’Imana bakongera bakarisigurirwa. Yehova abicishije kw’ishirahamwe ryiwe, yarashizeho porogarama yo kwigishwa yubaka. Hariho kandi ibifungurwa vyo mu buryo bw’impwemu vyinshi cane biboneka mu buryo bw’ibisohokayandikiro kugira tubikoreshe mu kwiyigisha no mu nyigisho y’umuryango. Umwe mu bagize Inama Nyobozi yavuze ati: “Kuzirikana kw’Ijambo ry’Imana no ku nsobanuro yaryo, be no kurondera ugutahura kwimbitse hamwe n’ugutegera vyaratumye nironkera itunga ryinshi ryo mu buryo bw’impwemu nongera ndashira akanyota cane mu buzima.” Egome, ‘ubumenyi burashobora kuduhimbara.’Imig. 2:10.

Muri iki gihe, amasengesho yemerwa n’Imana aturwa n’abasavyi bayo araduga kuri Yehova buri musi. Yehova abona ko ayo masengesho ameze nk’imibavu imota neza cane. (Zab. 141:2) Ese ukuntu biduhimbara kumenya ko tunezereza cane Yehova Imana igihe tumwituye mw’isengesho twicishije bugufi!

Musa yasenze ati: “Ubwiza bwa Yehova Imana yacu nibube kuri twebwe; igikorwa c’amaboko yacu ugishimangire.” (Zab. 90:17) Igihe turangura ubusuku bwacu n’umwete, Yehova arahezagira igikorwa cacu. (Imig. 10:22) Nkako, dushobora kuba twarafashije abantu bamwebamwe kumenya ukuri. Ariko kandi, dushobora kuba tumaze imyaka myinshi twihangana mu busuku naho abantu batavyakira neza, canke tukaba dufise amagara make, dutuntuye, kibure duhamwa. (1 Tes. 2:2) Naho ari ukwo, twarabonye “ubwiza bwa Yehova” maze turatahura ko Dawe wa twese wo mw’ijuru ahimbarwa cane n’utwigoro tugira.

Dawidi yaririmvye ati: “Yehova ni we mugabane w’umuturi nahawe akaba n’umugabane w’igikombe canje. Intoranwa yanje urayigumije. Amakamba yo gupimisha angwiriye ahantu hahimbaye.” (Zab. 16:5, 6) Dawidi yarakenguruka “umugabane” wiwe, ni ukuvuga ukuba yari afitaniye na Yehova ubucuti bwiza be n’agateka ko kumukorera. Cokimwe na Dawidi, twoshobora gushikirwa n’ingorane, mugabo turafise imihezagiro myinshi cane yo mu buryo bw’impwemu! Nimuze rero tubandanye guhimbarwa n’ugusenga kw’ukuri kandi twame ‘turaba urusengero rwa Yehova rwo mu buryo bw’impwemu twikugura.’

^ par. 6 Raba Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Mukakaro 1996, urupapuro rwa 21-31.