Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Yehova ni we Mugenzi wacu mwiza kuruta abandi bose

Yehova ni we Mugenzi wacu mwiza kuruta abandi bose

“[Aburahamu] araheza yitwa ‘umugenzi wa Yehova.’”YAK. 2:23.

1. Ni ubushobozi ubuhe dufise kubera twaremwe mw’ishusho y’Imana?

ABANTU barakunda kuvuga bati: “Impfizi y’intama itendera nka se.” Nkako, abana benshi usanga basa cane n’abavyeyi babo. Nakare, abavyeyi bompi bararaga umwana wabo kamere zabo. Yehova, we Dawe wa twese wo mw’ijuru, ni we atanga ubuzima. (Zab. 36:9) Na twebwe abana biwe b’abantu turasa na we ku rugero runaka. Kubera twaremwe mw’ishusho yiwe, turafise ubushobozi bwo kwiyumvira maze tugafata ingingo no kugiranira n’abandi ubugenzi tukongera tukabuzigama.Ita. 1:26.

2. Ni igiki gituma bishoboka ko Yehova aba Umugenzi wacu?

2 Yehova arashobora kutubera Umugenzi mwiza kuruta abandi bose. Ubwo bugenzi bushoboka kubera yuko Imana idukunda no kubera ko tuyizera tukongera tukizera Umwana wayo. Yezu yavuze ati: “Imana yakunze isi cane ku buryo yatanze Umwana wayo w’ikinege, kugira ngo umuntu wese amwizera ntarandurwe ahubwo aronke ubuzima budahera.” (Yoh. 3:16) Hariho uburorero bwinshi bw’abantu bagiraniye na Yehova ubucuti somambike. Nimuze twihweze bubiri muri bwo.

“ABURAHAMU UMUGENZI WANJE”

3, 4. Erekana itandukaniro ryari hagati ya Aburahamu n’abamukomotseko ku bijanye no kugiranira ubugenzi na Yehova.

3 Umwe sekuruza w’Abisirayeli, Yehova yamwise “Aburahamu  umugenzi [wiwe].” (Yes. 41:8) Mu 2 Ngoma 20:7 na ho hita Aburahamu umukunzi w’Imana. Ni igiki catumye uwo mugabo w’umwizigirwa Aburahamu agiranira n’Umuremyi wiwe ubugenzi buramba? Ni ukwizera kwiwe.Ita. 15:6; soma Yakobo 2:21-23.

4 Abakomotse kuri Aburahamu, bano bakaba bahavuye bacika ihanga rya Isirayeli ya kera, mu ntango Yehova yari Se wabo akaba n’Umugenzi wabo. Ikibabaje ni uko batabandanije kuba abagenzi b’Imana. Kubera iki? Kubera ko batagumye bizera ivyo Yehova yari yarasezeranye.

5, 6. (a) Yehova yabaye Umugenzi wawe gute? (b) Ni ibibazo ibihe dukwiye kwibaza?

5 Uko urushiriza kwiga ivyerekeye Yehova, ni ko urushiriza kumwizera no kumukunda. Tereza amaso inyuma wibuke igihe wamenya ko Imana atari umugani, ko ushobora kugiranira na yo ubugenzi somambike. Waramenye kandi ko twese twavukanye igicumuro kubera ukugambarara kwa Adamu. Waratahuye ko abantu bose bigijwe kure y’Imana. (Kol. 1:21) Wahavuye utahura ko Dawe wa twese munyarukundo wo mw’ijuru atari Imana iri kure yacu itatwitwararika. Igihe twamenya ibijanye n’intunganyo yashizeho yerekeye inkuka y’incungu ya Yezu maze tukayizera, twaratanguye kugiranira ubugenzi n’Imana.

6 Igihe dutereza amaso inyuma, twoshobora kwibaza duti: ‘Noba ndiko ndarushiriza kugiranira ubugenzi n’Imana? Noba ndayizigira rwose? Urukundo nkunda Umugenzi wanje mukundwa Yehova rwoba rurushiriza kwongerekana ku musi ku musi?’ Uwundi muntu wo mu bihe vya kera yari afitaniye ubucuti somambike na Yehova ni Gideyoni. Nimuze twihweze akarorero keza yatanze maze tukigane.

“YEHOVA NI AMAHORO”

7-9. (a) Ni ikintu kidasanzwe ikihe cashikiye Gideyoni, kandi cavuyemwo iki? (Raba ishusho itangura.) (b) Dushobora gute gukomeza ubugenzi dufitaniye na Yehova?

7 Umucamanza Gideyoni yakoreye Yehova mu kiringo carangwa umuvurungano muri kahise ka Isirayeli aho iryo hanga rimariye kwinjira mu Gihugu c’isezerano. Mu Bacamanza ikigabane ca 6 higana ko umumarayika wa Yehova yagendeye Gideyoni i Ofura. Ico gihe, ababanyi babo b’Abamidiyani bari bageramiye vy’ukuri Isirayeli. Ni co gituma Gideyoni atariko akubitira ingano mu mbuga, ahubwo yariko azikubitira mu ruganiro rw’umuvinyu, aho yashobora kunyegeza ningoga izo ntete z’agaciro. Gideyoni atangajwe n’uko uwo mumarayika amubonekeye akamubwira ko ari ‘intwari n’umunyenkomezi,’ yaribajije nimba Yehova, uwari yararokoye Abisirayeli akabakura mu Misiri, yari kubafasha vy’ukuri ico gihe. Mu kuvugira Umuremyi, uwo mumarayika yarakuye amazinda Gideyoni yuko Yehova yari amushigikiye vy’ukuri.

8 Gideyoni yaribajije ukuntu vyoshobotse ko ‘akiza Isirayeli akayikura mu kiganza ca Midiyani.’ Yaronse inyishu irashe. Yehova yavuze ati: “Ni uko nzobana nawe, kandi ntuzobura kwica Midiyani nk’aho yoba ari umuntu umwe.” (Abac. 6:11-16) Gideyoni, uwushobora rwose kuba yaribaza ukuntu ivyo vyoshitse, yararondeye ikimenyetso. Urabona ko muri ico kiyago Gideyoni atigeze akekeranya ko Yehova abaho koko.

9 Ivyaciye bikurikira vyarakomeje ukwizera kwa Gideyoni vyongera bituma arushiriza kwiyegereza Imana. Gideyoni yarateguye ibifungurwa maze abiha uwo mumarayika. Igihe ivyo bifungurwa vyarigatwa n’umuriro ku gitangaro uwo mumarayika abikojejeko inkoni yiwe, Gideyoni yaciye atahura ko nya mumarayika yaserukira Yehova koko. Gideyoni yaragize ubwoba maze asemerera ati: “Ndagowe, Mukama Segaba Yehova, kuko mbonye umumarayika wa Yehova amaso mu yandi!” (Abac. 6:17-22) Ariko none ico kintu cabaye coba carahungabanije imigenderanire Gideyoni yari afitaniye n’Imana yiwe? Ashwi da! Habaye igihushane c’ivyo. Gideyoni yahavuye amenya Yehova mu buryo bw’uko yiyumvamwo ko afitaniye amahoro na we. Ivyo tubimenya turavye izina ryahawe igicaniro Gideyoni yubatse aho hantu, ari ryo “Yehova-shalomu.” Iryo zina risobanura  ngo “Yehova ni amahoro.” (Soma Abacamanza 6:23, 24.) Igihe tuzirikanye ku vyo Yehova adukorera buri musi, turatahura ko ari Umugenzi nyakuri. Gusenga Imana tudahorereza biratuma turushiriza kwumva dufise amahoro bikongera bigakomeza ubugenzi dufitaniye na yo.

NI NDE AZOBA ‘UMUSHITSI MW’IHEMA RYA YEHOVA’?

10. Twisunze ibivugwa muri Zaburi 15:3, 5, ni ibiki Yehova adusaba nimba twipfuza kuba abagenzi biwe?

10 Ariko rero, kugira ngo Yehova atubere Umugenzi, dutegerezwa gukwiza ibisabwa binaka. Nk’uko vyanditswe muri Zaburi ya 15, Dawidi yararirimvye ivyo dusabwa kugira ngo tube ‘abashitsi mw’ihema rya Yehova,’ ni ukuvuga tube abagenzi b’Imana. (Zab. 15:1) Nimuze duce irya n’ino bibiri muri ivyo bisabwa, na vyo bikaba ari ukwirinda kwambika ibara abandi no kwigenza mu buryo bugororotse mu vyo dukora vyose. Dawidi yavuze ku bijanye n’uwuba umushitsi mw’ihema rya Yehova ati: ‘Nta we abeshera n’ururimi rwiwe. Ntiyakira igiturire co gutsindisha intungane.’Zab. 15:3, 5.

11. Ni kubera iki dutegerezwa kwirinda kwambika ibara abandi?

11 Mu yindi Zaburi, Dawidi yagabishije ati: “Zigama ururimi rwawe ururinde ikibi.” (Zab. 34:13) Kudakurikiza iyo mpanuro yahumetswe vyotuma hagati yacu na Dawe wa twese wo mw’ijuru haba umukokwe. Nkako, kwambika ibara abandi ni kimwe mu bintu biranga Shetani wa mwansi mukuru wa Yehova. Imvugo ngo “Mubesheranyi” ivuye mw’ijambo ry’ikigiriki risobanura ngo “uwambika ibara abandi.” Gucungera ivyo tuvuga ku bandi biradufasha kuguma dufitaniye na Yehova ubucuti somambike. Ivyo ni ko biri canecane ku bijanye n’ukuntu tubona abagabo bagenywe mw’ishengero.Soma Abaheburayo 13:17; Yuda 8.

12, 13. (a) Ni kubera iki dukwiye kwigenza mu buryo bugororotse muri vyose? (b) Kwigenza mu buryo bugororotse bishobora gute kugira ico bikoze ku bandi?

12 Gukora ibigororotse, umuntu ntarye imitsi abandi, na vyo nyene biri mu biranga abasavyi ba Yehova. Intumwa Paulo yanditse ati: “Mubandanye kudusengera, kuko tuzi neza yuko turi n’ijwi ryo mu mutima rigororotse, kuko dushaka kwigenza mu buryo bugororotse muri vyose.” (Heb. 13:18) Kubera ko twiyemeje “kwigenza mu buryo bugororotse muri vyose,” turirinda kuriramwo mbege abavukanyi bacu. Nk’akarorero, nimba badukorera, turaraba neza ko tutabarenganya be n’uko tubariha nk’uko twabisezeranye. Kubera ko turi abakirisu, turafata mu buryo bugororotse abo dukoresha eka n’abandi bose. N’ikindi kandi, nimba dukorera umuvukanyi mugenzi wacu, turirinda kumuriramwo mbege mu kumusaba ngo adufate mu buryo budasanzwe.

13 Ese ukuntu twama twumvise amajambo yo gukenguruka avugwa n’abantu bo mw’isi bari n’ivyo bakorana n’Ivyabona vya Yehova! Nk’akarorero, umuyobozi w’ishirahamwe rinini ry’ivy’ubwubatsi yarabonye ko Ivyabona vya Yehova batayaga amasigaracicaro. Yavuze ati: “Mwama mushitsa ivyo mwemeye gukora.” (Zab. 15:4) Iyo nyifato iradufasha kuguma dufitaniye ubugenzi na Yehova. Vyongeye, iratuma uwo Dawe wa twese wo mw’ijuru munyarukundo ashemezwa.

DUFASHE ABANDI BABE ABAGENZI BA YEHOVA

Turafasha abandi kuba abagenzi ba Yehova (Raba ingingo ya 14, 15)

14, 15. Mu busuku bwacu, dushobora gute gufasha abandi kuba abagenzi ba Yehova?

14 Naho abantu benshi duhura mu busuku boshobora kuba bemera yuko Imana iriho, ntibayibona nk’Umugenzi wabo mwiza kuruta abandi bose. Twobafasha gute? Rimbura ubuyobozi Yezu yahaye abigishwa biwe 70 igihe yabarungika kwamamaza ari babiribabiri. Yavuze ati: “Aho hose mwinjiye mu nzu mubanze muvuge muti: ‘Iyi nzu nigire amahoro.’ Kandi nimba ng’aho hariho umukunzi w’amahoro, amahoro yanyu azoba kuri we. Mugabo nimba ata wuhari, azogaruka kuri mwebwe.” (Luka 10:5, 6) Turashobora gukwegera abantu ku kuri  mu kubafata kigenzi. Dufashe kigenzi abaturwanya vyoshobora gutuma baturura maze bakazotwakira neza ikindi gihe.

15 Igihe duhuye n’abantu batwawe n’idini ry’ikinyoma canke bakurikiza imigenzo idashingiye ku Vyanditswe, turabandanya kubafata kigenzi no kuba abanyamahoro. Ku makoraniro yacu turaha ikaze n’igishika abantu badahimbarwa n’ikibano c’iki gihe, ivyo bigatuma bipfuza kumenya vyinshi ku vyerekeye Imana dusenga. Mu rukurikirane rw’ibiganiro bivuga ngo “Bibiliya irahindura ubuzima bw’abantu” turasangamwo uburorero bwinshi bwiza.

GUKORANA N’UMUGENZI WACU MWIZA KURUTA ABANDI BOSE

16. Ni mu buryo ubuhe dushobora kubonwa ko turi abagenzi ba Yehova n’ “abakozi bakorana” na we?

16 Abantu bakorana akenshi baraba abagenzi somambike. Abiyeguriye Yehova bose barafise agateka ko kubonwa yuko ari abagenzi biwe n’ “abakozi bakorana” na we. (Soma 1 Abakorinto 3:9.) Nkako, igihe tugira uruhara mu gikorwa co kwamamaza no guhindura abantu abigishwa, turarushiriza gutahura kamere nziza igitangaza za Dawe wa twese wo mw’ijuru. Turabona ukuntu impwemu nyeranda yiwe idufasha kuronka ibikenewe vyose kugira turangure igikorwa twashinzwe co kwamamaza inkuru nziza.

17. Ibifungurwa vyo mu buryo bw’impwemu bitangwa ku materaniro no ku mahwaniro tugira vyerekana gute ko Yehova ari Umugenzi wacu?

17 Uko turushiriza kugira uruhara mu gikorwa co guhindura abantu abigishwa, ni ko turushiriza kwumva ko twiyegereje Yehova. Nk’akarorero, turibonera ukuntu Yehova ahindura ubusa imigambi y’abaturwanya. Tereza amaso inyuma mu myaka mikeyi iheze. None ntitwibonera neza ukuntu Imana iriko iratuyobora? Turatangara turavye ukuntu tubandanya kuronka ibifungurwa vyinshi vyo mu buryo bw’impwemu. Amaporogarama yacu y’amahwaniro n’amateraniro arahishura ko Dawe wa twese atahura mu buryo buranga urukundo ingorane zacu be n’ivyo dukeneye. Mw’ikete ryo gukenguruka ihwaniro, umuryango umwe wanditse uti: “Iyo porogarama yaradukoze ku mutima vy’ukuri. Twariboneye ko Yehova akunda vy’ukuri umwumwe wese muri twebwe akaba kandi atwipfuriza kuroranirwa.” Umugabo umwe n’umugore wiwe baturuka mu Budagi, bamaze kwitaba ihwaniro ridasanzwe ryabereye muri Irlande, barakengurutse ukuntu bakiranywe igishika bakongera bakitwararikwa, baca bongerako bati: “Mugabo abo dukengurukira kuruta abandi bose ni Yehova be n’Umwami yagenye Yezu Kristu. Baraduhaye ikaze ngo tube mu bagize iri hanga ryunze ubumwe vy’ukuri. Ntituvuga gusa ibijanye n’ubumwe ariko kandi turabwinovora buri musi. Ivyo twiboneye ku bijanye n’iryo hwaniro ridasanzwe ryabereye i Dublin bizokwama bitwibutsa agateka kadasanzwe dufise ko  gukorera Imana yacu ihambaye turi kumwe namwe mwese.”

ABAGENZI BARAYAGA

18. Dukwiye kwibaza iki ku bijanye no kuyaga na Yehova?

18 Abantu barushiriza kuba abagenzi igihe bayaga. Uguhanahana amakuru biciye kuri bene vya bibanza vyo kuri Internet abantu bashirako amakuru aberekeye be n’ukurungikiranira ubutumwa kuri telefone ngendanwa birahurumbirwa cane muri iki gihe aho usanga Internet n’ubuhinga bwo guhanahana amakuru bikoreshwa cane. Nimba abantu bahanahana amakuru ku rugero rugeze iyo hose, tweho umwumwe wese ku giti ciwe tuyaga ukungana iki na wa Mugenzi wacu mwiza kuruta abandi bose Yehova? Ego ni ko, “[ar]umva amasengesho.” (Zab. 65:2) Mugabo ni kangahe twibwiriza kumuyagira?

19. Ni igiki codufasha nimba bitugora kwugururira umutima wacu Dawe wa twese wo mw’ijuru?

19 Abasavyi b’Imana bamwebamwe birabagora kwugurura imitima yabo ngo baserure inyiyumvo zabo zigera kure. Yamara, ico ni co Yehova aba yipfuza ko dukora igihe tumusenga. (Zab. 119:145; Int. 3:41) Naho nyene vyotugora guserura mu majambo mwene izo nyiyumvo zigera kure, turafise ikidufasha. Paulo yandikiye abakirisu b’i Roma ati: “Ingorane [ni] uko tutakizi ico dukwiye gusaba Imana iyo tubikeneye, mugabo impwemu ubwayo iratakamba ku bwacu mu miniho itavuzwe. Yamara umwe asesangura imitima arazi ico impwemu ishaka kuvuga, kuko itakamba ihuza n’Imana ku bw’aberanda.” (Rom. 8:26, 27) Kuzirikana ku majambo yanditswe mu bitabu vyo muri Bibiliya nka Yobu, Zaburi n’Imigani, bizodufasha guserurira Yehova inyiyumvo zacu zigera kure.

20, 21. Amajambo ya Paulo ari mu Bafilipi 4:6, 7 aduhumuriza gute?

20 Igihe dushikiwe n’amarushwa, nimuze dukurikize impanuro yahumetswe Paulo yahaye Abafilipi igira iti: “Ntimwiganyire ku kintu na kimwe, ahubwo muri vyose, mu gusenga no mu gutakamba hariko n’ugukenguruka, ivyo musaba bimenyeshwe Imana.” Ukwo kuyaga n’Umugenzi wacu mwiza kuruta abandi bose ata co twisigarije nta gukeka ko bizoduhumuriza bikongera bikaduhoza, kuko Paulo yongerako ati: “Amahoro y’Imana arengeye ukwiyumvira kwose azorinda imitima yanyu n’ububasha bwanyu bwo kwiyumvira biciye kuri Kristu Yezu.” (Flp. 4:6, 7) Nimuze twame duha agaciro ayo “mahoro y’Imana” ata co yogereranywa arinda vy’ukuri imitima yacu n’ububasha bwacu bwo kwiyumvira.

Isengesho rikomeza gute ubugenzi dufitaniye n’Imana? (Raba ingingo ya 21)

21 Isengesho riradufasha kugiranira ubugenzi na Yehova. Ku bw’ivyo, nimuze “[d]usenge ubudahengeshanya.” (1 Tes. 5:17) Ese iki cigwa cokomeza ubucuti bw’agaciro dufitaniye n’Imana be n’umwiyemezo dufise wo gukurikiza ivyo isaba bigororotse! Vyongeye, nimuze dufate akanya ko kuzirikana ku mihezagiro twironkera kubera ko Yehova vy’ukuri ari Dawe wa twese, Imana yacu, akaba n’Umugenzi wacu.