Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ijambo ryawe ryoba ari “Ego yamara ari Oya”?

Ijambo ryawe ryoba ari “Ego yamara ari Oya”?

Iyumvire iki kintu: Umukurambere wo muri Komite ija inama n’ibitaro yasezeranye gukorana n’umuvukanyi akiri muto mu ndimiro ku w’iyinga mu gitondo. Muri ico gitondo uwo mukurambere agiye yumva umuvukanyi amuterefona amubwira ko umugore wiwe ahejeje kugira isanganya ry’umuduga baca bamunyarukana kwa muganga. Aciye asaba uwo mukurambere ngo amufashe kuronka umuganga yokwemera kumuvura adakoresheje amaraso. Uwo mukurambere arahevye kujana na wa muvukanyi mu ndimiro kugira agaragarize urukundo uwo muryango ushikiwe n’ikintu cihutirwa mu kuwufasha.

Iyumvire ikindi kintu: Inabibondo yireranye abana babiri aratumiwe n’umuvukanyi n’umukenyezi wiwe bo mw’ishengero arimwo ngo aze agorobezanye na bo. Arabibwiye abana biwe akamwemwe gaca karabasya. Si bo bazobona uwo mugoroba urashitse. Ariko rero, buca hagera, nya muvukanyi n’umugore wiwe babwiye uwo inabibondo ko hari ikintu batari biteze cashitse bica biba ngombwa ko babasivya. Mu nyuma aramenye igituma babasibije. Inyuma y’aho bamutumiriye, na bo baratumiwe n’abagenzi ngo baze bagende kubatemberera kuri uwo mugoroba nyene, baremera.

Mu vy’ukuri twebwe abakirisu dukwiye gushitsa ivyo dusezerana. Ntidukwiye kwigera tuvuga ngo “Ego yamara ari Oya,” mu yindi mvugo, ntidukwiye kwemera ikintu hanyuma ngo duce twihindukiza mw’ijambo ata mvo yumvikana ihari. (2 Kor. 1:18) Ariko rero, nk’uko ubwo burorero bubiri buvyerekana, ibintu ntivyama vyifashe kumwe. Vyoshika aho twobona umengo nta kundi turi bugire atari ugusivya isango twatanze. Intumwa Paulo yarigeze gushikirwa n’ikintu nk’ico.

PAULO YAGIRIZWA KO ARI MAHINDAGU

Mu 55 Inyuma ya Kristu, igihe Paulo yagendera Efeso ari mu rugendo rwiwe rw’ubumisiyonari rugira gatatu, yategekanya kujabuka Ikiyaga Égée akaja i Korinto maze avuye ng’aho agaca aja i Makedoniya. Igihe yariko asubira i Yeruzalemu, yarategekanije kugendera ishengero ry’i Korinto ubugira kabiri, bikaba biboneka ko yari agiye kwegeranya ingabirano itanganywe umutima mwiza bari kurungikira abavukanyi b’i Yeruzalemu. (1 Kor. 16:3) Ivyo biribonekeza neza mu 2 Abakorinto 1:15, 16, aho dusoma duti: “Muri ukwo kujijuka . . . ni ho nariko niyumvira kubanza kuza iwanyu, kugira ngo muronke akaryo kagira kabiri ko kugira akanyamuneza, hanyuma maze guhagarara iwanyu, nkaja i Makedoniya, maze nkagaruka iwanyu mvuye i Makedoniya, hanyuma mukamperekeza gatoyi nja i Yudaya.”

 Biboneka ko imbere y’aho, Paulo yari yarandikiye abavukanyi b’i Korinto abamenyesha ko yategekanya kubagendera. (1 Kor. 5:9) Ariko rero, haciye igihe gito yanditse iryo kete, yarumvise abibwiwe n’abo mu nzu kwa Keloya ko muri iryo shengero hari ukwica ibice gukomeye. (1 Kor. 1:10, 11) Paulo yaciye afata ingingo yo guhindura ico kintu yari yategekanije, aca yandika ikete ubu ryitwa Abakorinto ba mbere. Muri iryo kete, Paulo abigiranye urukundo yarabahaye impanuro yongera arabakosora. Yaravuze kandi ko yari yahinduye inzira yari kujana, abamenyesha ko yobanje kuja i Makedoniya hanyuma akaja i Korinto.1 Kor. 16:5, 6. *

Bisa n’uko igihe abavukanyi b’i Korinto baronka ikete ryiwe, zimwezimwe mu “ntumwa z’agahebuza” zo muri iryo shengero zamwagirije ko ari mahindagu, ko adashitsa ivyo asezerana. Mu kwiburanira, Paulo yabajije ati: “None igihe nagira ico ciyumviro hari ukwanjanjwa nagize? Canke ibintu nishingira, noba ndavyishingira nisunze umubiri, kugira ngo kuri jewe habe ‘Ego, Ego’ na ‘Oya, Oya’?”2 Kor. 1:17; 11:5.

Twoshobora kwibaza duti: “Muri ivyo bihe, intumwa Paulo yoba koko ‘yaragize ukwanjanjwa’?” Ihibambewe! Ijambo ryahinduwe ngo “ukwanjanjwa” risobanura kuba mahindagu, nk’aho umuntu yoba atari umwizigirwa, adashitsa ivyo asezerana. Ikibazo Paulo yabajije ngo “ibintu nishingira, noba ndavyishingira nisunze umubiri?” cari gikwiye gutuma abakirisu b’i Korinto babona ko Paulo atari yafashe ingingo yo guhindura ivyo yari yategekanije kubera atari umwizigirwa.

Paulo yariyamirije ico kirego yivuye inyuma mu kwandika ati: “Mugabo Imana irashobora kwizigirwa, yuko ijambo twababwiye atari Ego yamara ari Oya.” (2 Kor. 1:18) Nta gukeka ko Paulo yipfuriza ineza bene wabo na bashikiwe basangiye ukwizera b’i Korinto igihe yahindura ivyo yari yategekanije. Mu 2 Abakorinto 1:23, dusoma yuko yaretse kuja i Korinto nk’uko yari yabitegekanije, ‘kugira ngo bazigurizwe.’ Mu vy’ukuri, yari yabahaye akaryo ko kugorora ibintu imbere y’uko aba kumwe nabo. Nk’uko Paulo yari yaravyizigiye, igihe yari i Makedoniya yarumvise biciye kuri Tito yuko ikete ryiwe ryari ryaratumye koko batuntura barigaya, ivyo bikaba vyatumye anezerwa cane.2 Kor. 6:11; 7:5-7.

“AMEN” IBWIRWA IMANA

Igihe bagiriza Paulo ko ari mahindagu, bashobora kuba bashaka kuvuga ko mu buzima bwa misi yose atigera ashitsa ivyo asezerana, ko atari akwiye no kwizigirwa mu gikorwa co kwamamaza yarangura. Ariko rero, Paulo yaribukije Abakorinto ko yari yaramamaje Yezu Kristu kuri bo. Yavuze ati: “Umwana w’Imana, Kristu Yezu, uwamamajwe muri mwebwe biciye kuri twebwe, ni ukuvuga biciye kuri jewe na Silivano na Timoteyo, [ntiyabaye] ‘Ego yamara ari Oya’, ahubwo ‘Ego yabaye Ego’ ku bimwerekeye.” (2 Kor. 1:19) Yezu Kristu we karorero ka Paulo yoba atabaye umwizigirwa? Oya! Mu buzima bwiwe bwose no mu busuku bwiwe bwose, yamye avuga ukuri. (Yoh. 14:6; 18:37) Nimba ivyo Yezu yamamaza kwari ukuri kwigendera bikaba n’ivyo kwizigirwa ijana kw’ijana kandi Paulo akaba yamamaza ubwo butumwa nyene, rero igikorwa co kwamamaza c’iyo ntumwa na co nyene cari ico kwizigirwa.

Yehova ni “Imana y’inyakuri.” (Zab. 31:5) Ivyo turabibonera ku vyo Paulo yaciye yandika ati: “Uko imihango y’Imana ingana kwose, yabaye Ego biciye kuri we,” ni ukuvuga biciye kuri Kristu. Kubera ko Yezu yagumye atunganye igihe yari kw’isi, vyatumye ata n’umwe yokekeranya ku bijanye n’ivyo Yehova asezerana. Paulo abandanya ati: “Rero, biciye muri we [Yezu] kandi ni ho ‘Amen’ ibwirwa Imana ku bw’ubuninahazwa biciye kuri twebwe.” (2 Kor. 1:20) Yezu ni “Amen,” ni ukuvuga icemezo c’uko ivyo Yehova Imana asezerana vyose bizoranguka!

Nk’uko Yehova na Yezu bama bavuga ukuri, ni ko na Paulo yama ashitsa iryo avuze  (2 Kor. 1:19) Ntiyari mahindagu, ni ukuvuga umuntu asezerana ‘yisunze umubiri.’ (2 Kor. 1:17) Ahubwo ‘yagenda yisunga impwemu.’ (Gal. 5:16) Ivyo yagirira abandi yabibagirira abashakira ineza. Ego yiwe yari Ego!

EGO YAWE YOBA IBA EGO?

Muri iki gihe, birakunda gushika abantu batisunga ingingo ngenderwako za Bibiliya bagasezerana ariko ntibashitse kubera gusa akagorane gatoya kabaye canke kubera habaye ikintu bashima kuruta. Mu bijanye n’urudandaza, “ego” ntiyama iba “ego,” n’igihe nyene amasezerano aba yaremejwe mu nyandiko. Abantu benshi ntibakibona ko umubano w’ababiranye, uwo na wo ukaba ari isezerano hagati y’abantu babiri, ari indagano y’ubuzima bwose. Ahubwo riho, kubera ko igitigiri c’abahukana kiguma kiduga bwampi, birerekana ko abantu benshi babona ko umubano w’ababiranye ari ikintu kidahambaye umuntu ashobora guheba abishatse.2 Tim. 3:1, 2.

Weho bite? Ego yawe yoba iba Ego? Ego ni ko, nk’uko twabibonye mu ntango z’iki kiganiro, vyoshika ko wica isango, atari kubera uri mahindagu, ariko bitumwe n’uko ata kundi uri bugire. Ariko iyo wewe umukirisu usezeranye ikintu canke ugize indagano, ukwiye vy’ukuri gukora uko ushoboye kwose ugashitsa ivyo wasezeranye. (Zab. 15:4; Mat. 5:37) Ubigenjeje gutyo, uzomenyekana ko uri umuntu w’umwizigirwa, atihindukiza mw’ijambo, umuntu yama avuga ukuri. (Ef. 4:15, 25; Yak. 5:12) Igihe abantu babonye ko ushobora kwizigirwa mu bintu vya misi yose, boshobora kurushiriza kugira umutima ukunze wo kukwumviriza igihe ubabwira ukuri kwerekeye Ubwami bw’Imana. Nimuze rero twiyemeze ko Ego yacu ari Ego!

^ par. 7 Haciye igihe gito yanditse ikete ry’Abakorinto ba mbere, yarafashe koko urugendo aciye i Tirowa aja i Makedoniya, ari na ho yandikiye ikete ry’Abakorinto ba kabiri. (2 Kor. 2:12; 7:5) Mu nyuma yaragiye koko i Korinto.