Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ingene twoshikira umutima w’incuti zitemera

Ingene twoshikira umutima w’incuti zitemera

“JA IWANYU ku ncuti zawe, ubabwire ibintu vyose Yehova agukoreye be n’ingene yakugiriye imbabazi.” Ivyo vyavuzwe na Yezu Kristu. Ico gihe, ashobora kuba yari i Gadara, mu bumanuko bushira ubuseruko bw’Ikiyaga ca Galilaya. Yariko abwira umugabo yashaka kuba umuyoboke wiwe. Ayo majambo Yezu yavuze arerekana ko yatahura kamere nyamukuru abantu bafise, na yo ikaba ari icipfuzo co kubwira incuti ibintu bishimishije kandi bihambaye.Mrk. 5:19.

Turakunda kubona iyo kamere no muri iki gihe, naho usanga yibonekeza cane mu mico kama imwimwe kuruta mu yindi. Ku bw’ivyo, igihe umuntu abaye umusavyi w’Imana y’ukuri Yehova, kenshi na kenshi aripfuza kubwira incuti ziwe ivyo asigaye yemera. Mugabo none akwiye kubigira gute? Ashobora gute gushikira umutima w’incuti ziri mu rindi dini canke zitizera na gato? Bibiliya iratanga impanuro nziza kandi ngirakamaro.

“TWABONYE MESIYA”

Mu kinjana ca mbere, Andereya yari umwe mu bantu ba mbere bamenye ko Yezu yari we Mesiya. None ni nde yaciye abwira ico kintu yari yamenye? Andereya “yabanje kurondera mwene wabo bwite Simoni, amubwira ati: ‘Twabonye Mesiya’ (bikaba bisobanura ngo ‘Kristu’).” Yaciye ajana Petero kuri Yezu, gutyo aba amuhaye akaryo ko kuba umwe mu bigishwa ba Yezu.Yoh. 1:35-42.

Haciye nk’imyaka itandatu, igihe Petero yari i Yopa, yarasabwe gufata urugendo ava mu buraruko aja i Sezariya agiye kugendera inzu ya Koruneliyo, uno akaba yari intwazangabo. Ni bande Petero yasanze bakoraniye muri iyo nzu? “Mu bisanzwe Koruneliyo yari [yiteze Petero n’abo bari bafatanije urugendo], akaba kandi yari yakoranije incuti ziwe n’abagenzi somambike biwe.” Ku bw’ivyo, Koruneliyo yarahaye izo ncuti ziwe akaryo ko kwumva Petero avuga be n’ako gufata ingingo ishingiye ku vyo bumvise.Ivyak. 10:22-33.

 Ni igiki twigira kuri Andereya na Koruneliyo turavye ukuntu bafashe incuti zabo?

Yaba Andereya canke Koruneliyo, nta waretse ngo ibintu bipfe kwikora. Andereya ubwiwe yaramenyekanishije Petero kuri Yezu, Koruneliyo na we yaratunganije ivy’uko incuti ziwe zumva ivyo Petero yari agiye kuvuga. Mugabo Andereya na Koruneliyo ntibahase incuti zabo canke ngo bagerageze ku mayeri kubakwegakwega ngo bacike abayoboke ba Kristu. Woba ubona icigwa twohakura? Vyoba vyiza tubigenjeje gutyo nyene. Twoshobora kubwira incuti zacu ivyiyumviro bimwebimwe gutyo tugatuma zironka uturyo two kumenya ukuri kwo muri Bibiliya be n’abo dusangiye ukwemera. Ariko rero, turubahiriza uburenganzira bafise bwo kwihitiramwo maze tukirinda kubahata. Kugira twerekane ukuntu dushobora gufasha incuti zacu, rimbura akarorero ka Jürgen na Petra, bano bakaba ari abubakanye bo mu Budagi.

Petra yariganye Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova mu nyuma arabatizwa. Umugabo wiwe Jürgen yari intwazangabo mu gisoda. Mu ntango, Jürgen ntiyahimbawe n’iyo ngingo umugore wiwe yari yafashe. Mugabo yahavuye atahura yuko Ivyabona bamamaza ukuri kwo muri Bibiliya. Na we nyene yariyeguriye Yehova, ubu akaba ari umukurambere mw’ishengero barimwo. Ni impanuro iyihe ubu atanga ku bijanye no gushikira umutima w’incuti tudasangiye ukwemera?

Jürgen avuga ati: “Ntidukwiye kugerageza guhata incuti zacu canke kuzicucagira ivy’Imana. Ivyo nta kindi vyomara atari ugutuma zirushiriza kuvyanka. Uko igihe kihaca, vyorushiriza kuba vyiza tugiye turacishamwo tukazibwira tubigiranye ukwiyubara bimwebimwe mu vyo twemera bishimishije. Biraba kandi ngirakamaro tugerageje gutuma incuti zacu zibonana n’abavukanyi bacu banganya imyaka, kandi bakunda bimwe. Ivyo birashobora gutuma birushiriza kworoha kuzifasha.”

“Ntidukwiye kugerageza guhata incuti zacu canke kuzicucagira ivy’Imana.”—Jürgen

Intumwa Petero be n’incuti za Koruneliyo ntibatevye kwemera ubutumwa bwo muri Bibiliya. Abandi bantu bo mu kinjana ca mbere bumvise ukuri bari bakeneye umwanya kugira bafate ingingo.

BENE WABO NA YEZU BO BITE?

Incuti za Yezu zitari nke zaramwizeye mu gihe c’ubusuku bwiwe. Nk’akarorero, birashoboka ko intumwa Yakobo n’intumwa Yohani bari bene wabo na Yezu be n’uko nyina wabo Salome yari nyinabo. Uno ashobora kuba yari umwe muri ba “bagore benshi [bakorera Yezu n’intumwa] bakoresheje ibintu batunze.”Luka 8:1-3.

Ariko rero, abandi bo mu muryango wa Yezu ntibaciye bamwizera. Nk’akarorero, igihe kimwe haciye umwaka urenga Yezu abatijwe, abantu amasinzi barakoraniye mu nzu imwe kugira bumvirize ivyo avuga. “Mugabo incuti ziwe zivyumvise, zirasohoka zija kumufata, kuko zariko zivuga ngo: ‘Yasaze.’ ” Inyuma y’aho gato, igihe bene wabo na Yezu basangiye nyina barondera kumenya ibijanye n’ingendo yagira afate, ntiyaciye abishura. Kubera iki? Kubera ko mu vy’ukuri “bene wabo [batari] bamwizeye.”Mrk. 3:21; Yoh. 7:5.

Ni igiki twokwigira ku kuntu Yezu yafashe incuti ziwe? Ntiyashavuye igihe bamwebamwe bavuga ko yari yasaze. Mbere n’aho Yezu amariye kwicwa maze akazuka, yarongeye kuremesha incuti ziwe mu kubonekera Yakobo mwene wabo basangiye nyina. Biboneka ko ukwo kumubonekera kwafashije Yakobo kujijuka ko Yezu yari Mesiya vy’ukuri, kuranafasha  n’abandi bene wabo na Yezu basangiye nyina kujijuka kuri ico kintu. Ni co gituma bari kumwe n’intumwa hamwe n’abandi mu cumba co hejuru i Yeruzalemu, bikaba biboneka ko baronse impwemu nyeranda. Mu nyuma, Yakobo na Yuda, uno akaba yari uwundi mwene wabo na Yezu basangiye nyina, baratewe uduteka twiza igitangaza.Ivyak. 1:12-14; 2:1-4; 1 Kor. 15:7.

HARI ABAKENERA UMWANYA MWINSHI

“Iyo umuntu yihanganye, akihangana akongera akihangana, arashobora gushika ku vyiza vyinshi.”—Roswitha

Nk’uko vyari biri mu kinjana ca mbere, muri iki gihe incuti zimwezimwe zirakenera umwanya mwinshi imbere y’uko zija mu nzira ijana mu buzima. Fata nk’akarorero uwitwa Roswitha, uno akaba yari umugatolika w’imena igihe umugabo wiwe yabatizwa akaba Icabona ca Yehova mu 1978. Kubera ko yemera ata buryarya ivyo yari yarigishijwe, mu ntango yararwanije umugabo wiwe. Mugabo uko imyaka yahaca ni ko yagabanya kumurwanya, arateba arabona ko Ivyabona bigisha ukuri. Mu 2003, yarabatijwe. Ni igiki catumye haba iryo hinduka? Aho kubabazwa n’uko umugore wiwe yabanje kumurwanya, yaramuhaye uturyo two guhindura ivyiyumviro. Ni impanuro iyihe none Roswitha atanga? Avuga ati: “Iyo umuntu yihanganye, akihangana akongera akihangana, arashobora gushika ku vyiza vyinshi.”

Uwitwa Monika yabatijwe mu 1974, abahungu biwe babiri na bo baba Ivyabona haciye imyaka nka cumi. Naho umugabo wiwe Hans atigeze arwanya ukwizera kwabo, mu 2006 ni ho yabatizwa. Uwo muryango utereje amaso inyuma, ni impanuro iyihe utanga? Uvuga uti: “Niwumire kuri Yehova udahemuka, kandi ntudohoke ku bibazo bijanye n’ukwizera.” Ariko ntiwumve, vyari bihambaye ko baguma basubiriza umutima mu nda Hans yuko bakimukunda. Kandi ntibigeze bareka kwizigira yuko yotevye akemera ukwizera kwabo.

BARAHEMBURWA N’AMAZI Y’UKURI

Igihe kimwe Yezu yavuze ko ubutumwa bwerekeye ukuri bumeze nk’amazi atanga ubuzima budahera. (Yoh. 4:13, 14) Twipfuza ko incuti zacu zihembuka mu kunywa kuri ayo mazi y’ukuri apfutse kandi meza. Mu vy’ukuri, ntitwokwipfuza ko zinigwa n’amazi arenze urugero tuzinywesha ningoga na ningoga. Zoshobora guhembuka canke kunigwa bivanye n’ukuntu tuzisigurira ukwizera kwacu. Bibiliya ivuga ko “umutima w’umugororotsi [uzirikana] kugira ngo wishure” be n’uko “umutima w’umuntu w’inkerebutsi utera akanwa kiwe kwerekana ugutahura kwimbitse, kandi [ko] wongera ku minwa yiwe ubushobozi bwo gutuma umuntu anyurwa.” Dushobora gute gushira mu ngiro iyo mpanuro?Imig. 15:28; 16:23.

Umugore yoshobora kwipfuza gusigurira umugabo wiwe ukwizera kwiwe. ‘Azirikanye imbere yo kwishura,’ azohitamwo yitonze amajambo akoresha kandi ntazovuga yihutagiza. Ntakwiye kwerekana yuko abona ko ari we mugororotsi canke ko aruta umugabo wiwe. Mu gihe avuze ivyo yiyumviriye neza, birashobora guhembura no kuremesha amahoro. Ni ryari umugabo wiwe aba atekanye kandi yoroshe kuyagisha? Ni ibiganiro bwoko ki akunda kuyaga no gusoma? Yoba akunda ivya siyansi, ivya politike canke ivyo kwinonora imitsi? Uwo mugore ashobora gute gutuma umugabo yipfuza kumenya ivyerekeye Bibiliya muri ico gihe nyene akubahiriza inyiyumvo ziwe n’ivyiyumviro vyiwe? Kuzirikana muri ubwo buryo bizomufasha kuvugana no gukorana ugutahura kwimbitse.

Gushikira umutima w’abagize umuryango bataraba Ivyabona ntibisaba gusa ko tuza turasigura ukwizera kwacu ku rugero rugereranye. Ivyo tuvuga bibwirizwa kujana n’ingeso nziza.

NUGARAGAZE INGESO NZIZA

Jürgen umwe twavuga asigura ati: “Niwame ushira mu ngiro ingingo ngenderwako za Bibiliya mu buzima bwa misi yose. Ubwo ni uburyo bwiza cane bwo gutuma incuti ifata akanya ko kwihweza ibintu, naho nyene yoba itemera vyinshi.” Hans, uwabatijwe haciye imyaka hafi 30 umugore wiwe abatijwe, yiyemerera ati: “Birahambaye ko umukirisu agaragaza ingeso nziza kugira ngo incuti ibone ingaruka nziza ukuri kugira mu buzima bwacu.” Incuti zacu zikwiye kubona ko ukwizera kwacu kudutandukanya n’abandi mu buryo bwiza, atari mu buryo bubi.

“Birahambaye ko umukirisu agaragaza ingeso nziza kugira ngo incuti ibone ingaruka nziza ukuri kugira mu buzima bwacu.”—Hans

Intumwa Petero yarahaye impanuro ngirakamaro abagore bafise abagabo badasangiye na bo ukwizera ati: “Muyobokere abagabo banyu bwite, kugira ngo nimba hari abatagamburukira rya jambo, bagondozwe ata jambo rivuzwe, biciye ku ngeso z’abagore babo, kubera biboneye ingeso zanyu zitanduye ziri kumwe n’icubahiro kigera kure. Kandi ugushaza kwanyu ntikube ukwo gutsiba imishatsi kw’inyuma be n’ukwo kwambara udusharizo tw’inzahabu  canke ukwambara impuzu zo hejuru, ahubwo kube wa muntu yihishije wo mu mutima mu vyambarwa bitabora vy’umutima utekereje kandi witonda, ari wo w’agaciro kanini mu maso y’Imana.”1 Pet. 3:1-4.

Petero yaranditse ko umugabo ashobora kureshwa n’inyifato nziza y’umugore wiwe. Mushiki wacu yitwa Christa, kubera ko yafashe nkama ubwo buyobozi bwo muri Bibiliya, aramaze igihe yihatira gukora ku mutima umugabo wiwe mu kugaragaza ingeso nziza kuva abatijwe mu 1972. Naho umugabo wiwe yigeze kwigana Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova, ukuri ntarakugira ukwiwe. Aramaze kwitaba amakoraniro amwamwe ya gikirisu kandi arahuza n’abo mw’ishengero. Na bo barubahiriza uburenganzira afise bwo guhitamwo. None Christa agerageza gute gushikira umutima w’umugabo wiwe?

Avuga ati: “Niyemeje kwama ngenda nk’uko Yehova ashaka. Muri ico gihe nyene, ndagerageza kugondoza umugabo wanje ‘ata jambo rivuzwe’ biciye ku nyifato yanje nziza. Ndakora uko nshoboye kwose ngo mpuze n’ivyo yipfuza mu gihe bitaba biteye kubiri n’ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya. Ariko ntiwumve, ndubahiriza uburenganzira afise bwo kwihitiramwo maze nkarekera ibintu mu maboko ya Yehova.”

Ingendo ya Christa irerekana agaciro ko guhuza n’uko ibintu vyifashe. Aguma yitwararika ibintu bimukomeza mu vy’impwemu, nko kwitaba amakoraniro adahorereza no kugira uruhara rushimishije mu busuku bwa gikirisu. Yamara, arerekana ko atahura yuko uwo bubakanye afise uburenganzira bwo gukundwa, guhabwa umwanya no kwitwararikwa. Vyoba biranga ubukerebutsi uwo ari wese muri twebwe ariko ararondera gufasha incuti zitemera ahuje n’uko ibintu vyifashe kandi agatahura ibintu. Bibiliya isigura iti: “Ikintu cose kirafise igihe cashingiwe.” Aho harimwo umwanya tumarana n’abo mu muryango tudasangiye ukwemera, canecane abo twubakanye. Umwanya tumarana utuma haboneka akaryo ko kuyaga. Ivyashitse birerekana ko kuyaga bigabanya irungu, ukwiyumvamwo ko umuntu yahebwe canke ishari.Umus. 3:1.

NUGUME UFISE ICIZIGIRO

Uwitwa Holger, se wiwe akaba yabatijwe haciye imyaka 20 abandi bagize umuryango barabatijwe, avuga ati: “Birahambaye ko tugaragariza urukundo uwo muntu wo mu muryango kandi tugasenga tumusabira.” Christa yongerako yuko ‘atazokwigera areka kwizigira ko impera n’imperuka umugabo wiwe azoja ku ruhande rwa Yehova akemera ukuri.’ Dukwiye kwama tubona neza incuti zacu tudasangiye ukwemera, tukaguma dufise icizigiro.

Intumbero yacu ni iyo kuguma dufitaniye imigenderanire myiza n’incuti zacu, kuziha akaryo ko kwemera ukuri, no kuzibwira ubutumwa bwo muri Bibiliya mu buryo bukora ku mutima. Kandi muri vyose dukwiye gukorana “ubwitonzi n’icubahiro kigera kure.”1 Pet. 3:15.