Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ingene twoguma tubona ibintu mu buryo bwiza

Ingene twoguma tubona ibintu mu buryo bwiza

“Nimba umuntu abayeho . . . imyaka myinshi, nayinezerwemwo yose.”UMUS. 11:8.

1. Ni imihezagiro iyihe iva kuri Yehova ituma duhimbarwa?

YEHOVA ashaka ko duhimbarwa, kandi araducuncuburirako imihezagiro myinshi ikwiye gutuma tugira agahimbare. Kimwe coco, turafise ubuzima. Ku bw’ivyo, turashobora gukoresha ubuzima bwacu mu kumushemeza kuko yadukwegereye ku gusenga kw’ukuri. (Zab. 144:15; Yoh. 6:44) Yehova aradusubiriza umutima mu nda ko adukunda kandi aradufasha kwihangana mu murimo tumurangurira. (Yer. 31:3; 2 Kor. 4:16) Twibereye mw’iparadizo yo mu buryo bw’impwemu, aho twironkera ibifungurwa umukimba vyo mu buryo bw’impwemu tukaba twibereye no mu muryango w’abavukanyi urangwa urukundo. N’ikiruta ivyo, turafise icizigiro gihambaye cane cerekeye kazoza.

2. Abasavyi b’Imana b’abizigirwa bamwebamwe banyinyana n’iki?

2 Naho dufise izo mvo zo guhimbarwa, hari abasavyi b’Imana b’abizigirwa banyinyana n’ivyiyumviro bica intege ku biberekeye. Boshobora kubona ko yaba bo canke umurimo barangurira Yehova ata kintu kinini bimaze kuri we. Ku baguma bafise inyiyumvo zica intege, iciyumviro co kunezererwa “imyaka myinshi” coshobora gusa n’indoto nsa. Ubuzima bwoshobora gusa n’aho ari urukurikirane rw’imisi y’umwiza.Umus. 11:8.

3. Ni ibiki vyoshobora gutuma tugira inyiyumvo zica intege?

3 Kuri abo bene wacu na bashiki bacu, inyiyumvo zica intege  zoshobora guterwa n’ukuvunika umutima, indwara canke ikintu cerekana ko hari ivyo batagishoboye kubera bitereye mu myaka. (Zab. 71:9; Imig. 13:12; Umus. 7:7) Vyongeye, abakirisu bose bategerezwa kumenya ko umutima ari umuhemu, ko rero ushobora kutwagiriza naho Imana yoba idushima. (Yer. 17:9; 1 Yoh. 3:20) Shetani aragiriza ibinyoma abasavyi b’Imana. Kandi abafise ivyiyumviro vyiwe boshobora kugerageza gutuma tugira iciyumviro nk’ico umwe Elifazi atari afise ukwizera yaseruye c’uko ata co tumaze ku Mana. Ico cari ikinyoma mu gihe ca Yobu nk’uko n’ubu ari ikinyoma.Yobu 4:18, 19.

4. Ni ibiki twihweza muri iki kiganiro?

4 Yehova aratomora mu Vyanditswe ko azoba kumwe n’ “[aba]gendera mu mubande w’igitutu kizitanye.” (Zab. 23:4) Uburyo bumwe aba kumwe natwe, abicisha kw’Ijambo ryiwe. Bibiliya ‘iragirwa iy’ububasha n’Imana kugira dutembagaze ibintu bihamangiye,’ harimwo ivyiyumviro bica intege. (2 Kor. 10:4, 5) Reka twihweze ukuntu twokoresha Bibiliya kugira ngo idufashe kuguma tubona ibintu mu buryo bwiza. Wewe ubwawe woshobora kwungukira kuri ivyo, ukabona n’uburyo butandukanye bwo kuremesha abandi.

KORESHA BIBILIYA KUGIRA UGUME UBONA IBINTU MU BURYO BWIZA

5. Ni ukwisuzuma ukuhe gushobora kudufasha kubona ibintu mu buryo bwiza?

5 Intumwa Paulo yaravuze ibintu bimwebimwe vyodufasha kuguma tubona ibintu mu buryo bwiza. Yahimirije ishengero ry’i Korinto ati: “Gume musuzuma yuko muri mu kwizera.” (2 Kor. 13:5) “Ukwizera” ni ibintu vyose abakirisu bemera bihishurwa muri Bibiliya. Mu gihe ivyo tuvuga n’ivyo dukora bihuye n’ivyo bintu twemera, tuba turenganye isuzuma maze tukaba twerekanye ko turi “mu kwizera.” Ariko ntiwumve, dutegerezwa kandi kuraba ko ubuzima bwacu buhuye n’inyigisho zose za gikirisu uko zakabaye. Ntitwokwihitiramwo izo twokurikiza n’izo tutokurikiza.Yak. 2:10, 11.

6. Kubera iki dukwiye kwisuzuma kugira ngo turabe yuko ‘turi mu kwizera’? (Raba ishusho itangura.)

6 Woshobora kugonanwa kwisuzuma, canecane igihe ubona ko wohava usanga udakwije ibisabwa. Yamara, ukuntu Yehova atubona kurahambaye kuruta uko twebwe twibona, kandi ivyiyumviro vyiwe biri hejuru cane y’ivyacu. (Yes. 55:8, 9) Ntasuzuma abasavyi biwe kugira ngo abacire urubanza, ariko abasuzuma kugira arondere kamere nziza bafise no kugira abafashe. Igihe ukoresheje Ijambo ry’Imana mu kwisuzuma kugira ngo urabe yuko “uri mu kwizera,” urarushiriza kwibona nk’uko Imana ikubona. Ivyo birashobora kugufasha kwikuramwo iciyumviro ico ari co cose c’uko ata co umaze ku Mana, ukabona ibintu nk’uko Bibiliya ibivuga, yuko uri n’agaciro mu maso ya Yehova. Ni nk’aho rero woba ukinguye irido ngo umuco w’izuba wakire mu cumba kirimwo umwiza.

7. Twokwungukira gute ku burorero bw’abantu b’abizigirwa bavugwa muri Bibiliya?

7 Uburyo bwiza bwo kwisuzuma ni ukuzirikana ku burorero bw’abantu b’abizigirwa bavugwa muri Bibiliya. Gereranya uko ivyabo vyari vyifashe canke inyiyumvo bari bafise n’ivyawe, maze urabe ingene wari kuvyifatamwo iyo ushikirwa n’ivyabashikiye. Nimuze turabe uburorero butatu bwerekana ukuntu woshobora gukoresha Bibiliya mu gusuzuma yuko uri “mu kwizera,” bigatuma uguma wibona mu buryo bubereye.

WA MUPFAKAZI W’UMWORO

8, 9. (a) Ivya wa mupfakazi w’umworo vyari vyifashe gute? (b) Ni inyiyumvo zica intege izihe ashobora kuba yaragize?

8 Yezu ari mu rusengero i Yeruzalemu, yarihweje umupfakazi umwe w’umworo. Akarorero kiwe karashobora kudufasha kuguma tubona ibintu mu buryo bwiza naho hoba hari ivyo tudashoboye. (Soma Luka 21:1-4.) Rimbura ukuntu ivy’uwo mupfakazi vyari vyifashe. Yabwirizwa kwihanganira intuntu ivuye ku kuba yari yarabuze umugabo. N’ikindi kandi, ibintu  ntivyari vyifashe neza kuko indongozi z’idini “[za]rotsa inzu z’abapfakazi” aho gufasha bene abo bantu bari barigorewe. (Luka 20:47) Yari akenye cane ku buryo yashobora gutanga gusa ku rusengero ayo umukozi yashobora guca mu minuta mikeyi.

9 Gerageza kwiyumvira ukuntu uwo mupfakazi yiyumva ariko yinjira mu kigo c’urusengero afise uduceri tubiri. Yoba yariko yiyumvira ko agiye gutanga utuntu ata co tumaze ugereranije n’ivyo yari gushobora gutanga umugabo wiwe akiriho? Yoba yari kumaramara abonye intererano nyinshi zitanzwe n’abari imbere yiwe, kumbure akibaza nimba ishikanwa ryiwe hari ico rimaze vy’ukuri? Naho yoba yaragize bene izo nyiyumvo, yarakoze uko ashoboye kwose kugira ashigikire ugusenga kw’ukuri.

10. Yezu yerekanye gute ko wa mupfakazi yari afise agaciro ku Mana?

10 Yezu yarerekanye ko uwo mupfakazi n’intererano yiwe vyari bifise agaciro kuri Yehova. Yavuze ko “yatiburiyeyo vyinshi gusumba ivyo [abatunzi] bose batiburiyeyo.” Intererano yiwe yari kuvangana n’izo abandi bari batanze, ariko ni we wenyene Yezu yatoye mu bandi aramushimagiza. Abakora mw’ishikaniro bubutse kuri utwo duceri mu nyuma bashobora kuba batamenye ukuntu utwo duceri na nyene kudutanga vyari n’agaciro kuri Yehova. Ariko ukuntu Imana yabona ibintu ni kwo kwari guhambaye vy’ukuri, si ivyo abandi bantu biyumvira canke mbere ukuntu uwo mupfakazi yibona. Woba ushobora gukoresha iyo nkuru mu kwisuzuma kugira umenye ko uri mu kwizera?

Ni igiki wigira ku karorero ka wa mupfakazi w’umworo? (Raba ingingo ya 8-10)

11. Ni igiki ushobora kwigira ku nkuru ya wa mupfakazi w’umworo?

11 Uko ivyawe vyifashe kwoshobora kugira ico gukoze ku vyo ushobora guha Yehova. Kubera ubusaza canke ubumuga, umwanya bamwebamwe bashoboye kumara bamamaza inkuru nziza usanga ari muto cane. Boba bakwiye kwiyumvira ko umwanya bamara mu murimo wo mu ndimiro ata co umaze ku buryo batotanga raporo yawo? Naho utoba ufise ikigutangira cane, hari aho wobona umengo utwigoro ugira ni agace gatoyi gusa k’amasaha yose abasavyi b’Imana bamara ku mwaka bayisenga. Yamara, inkuru y’urya mupfakazi w’umworo iratwigisha ko Yehova  abona kandi aha agaciro ikintu cose tumukorera, na canecane igihe umuntu agikoze ari mu bihe bitoroshe. Zirikana ibikorwa wakoze mu mwaka uheze bijanye no gusenga Yehova. Mu masaha wamuhebeye, hoba hari iyasavye ko ugira akigoro kadasanzwe? Nimba ihari, numenye ko aha agaciro ivyo wamukoreye muri iyo saha. Cokimwe n’uwo mupfakazi w’umworo, igihe uriko ukora ivyo ushoboye vyose mu murimo wa Yehova, uba ufise imvo yumvikana yo kwemera ko uri “mu kwizera.”

“NKURAHO”

12-14. (a) Inyiyumvo zica intege zagize ingaruka iyihe kuri Eliya? (b) Vyagenze gute ngo Eliya yiyumve ukuraho?

12 Umuhanuzi Eliya yari intahemuka kuri Yehova akagira n’ukwizera gukomeye. Yamara vyarashitse aracika intege cane ku buryo asaba Yehova ngo amwice, mu kuvuga ati: “Biramaze! None rero, ewe Yehova, nkuraho.” (1 Abm. 19:4) Abatarashikirwa n’umwiheburo nk’uwo boshobora gukengera iryo sengesho rya Eliya bakabona ko kwari “uguhoromboka” gusa. (Yobu 6:3) Yamara yaseruye uko yiyumva koko. Ariko rero, urabona ko Yehova atahambariye Eliya kubera ko yipfuje gupfa, ahubwo yaramufashije.

13 Vyagenze gute ngo Eliya yiyumve gutyo? Gatoyi imbere y’aho, yari yahagarikiye muri Isirayeli ikintu gikomeye cagaragaje ko Yehova ari we Mana y’ukuri, ivyo bikaba vyatumye abahanuzi ba Bayali 450 bicwa. (1 Abm. 18:37-40) Eliya ashobora kuba yarizigiye ko abasavyi b’Imana bociye rero bagaruka ku gusenga gutyoroye, mugabo si ko vyagenze. Wa mwamikazi Yezebeli w’umubisha yararungikiye ubutumwa Eliya bw’uko yariko ategura kumwica. Eliya yaratinye kwicwa, aca ahungira mu bumanuko hakurya y’igihugu kibanyi ca Yuda mu gahinga, hakaba hari ahantu hatamera haba inyamaswa.1 Abm. 19:2-4.

14 Eliya ari wenyene yatwawe n’ivyiyumviro, yarabiravye abona umengo igikorwa ciwe co kuba umuhanuzi nta co kimaze. Yabwiye Yehova ati: “[Sinduta] ba sogokuruza banje.” Yashaka kuvuga ko yumva ata co amaze nka kurya kw’umukungugu n’amagufa ya ba sogokuruza biwe bari barapfuye. Ni nk’aho yari yisuzumye akoresheje ingingo ngenderwako ziwe abona ko ata co amaze, ko ata gaciro afise kuri Yehova canke ku wundi wese.

15. Yehova yasubirije umutima mu nda gute Eliya ko akimuha agaciro?

15 Mushoboravyose we yabona Eliya mu bundi buryo. Yagumye afise agaciro kuri Yehova, kandi Yehova yaragize ivyo akoze kugira amusubirize umutima mu nda ko ari n’agaciro. Yararungitse umumarayika gukomeza Eliya. N’ikindi kandi, Yehova yararonkeje Eliya ivyo kurya n’ivyo kunywa vyomubeshejeho mu kiringo c’imisi 40 yomaze ariko arava mu bumanuko aja ku Musozi Horebu. Vyongeye Yehova yarakosoye n’umutima mwiza iciyumviro kitari co ca Eliya c’uko ata bandi Bisirayeli bari bagumye ari abizigirwa kuri we. Birashimishije kuba Imana yarashinze Eliya ibindi bikorwa akavyemera. Eliya yarafashijwe na Yehova, maze asubira ku gikorwa ciwe co kuba umuhanuzi yagaruye agatege.1 Abm. 19:5-8, 15-19.

16. Ni uburyo bumwebumwe ubuhe Imana yoba yaragufashije?

16 Ivyashikiye Eliya birashobora kugufasha gusuzuma yuko uri mu kwizera no gutuma ubona ibintu mu buryo bwiza. Ubwa mbere, zirikana ku buryo butandukanye Yehova yagufashije. Hoba hari umwe mu basavyi biwe, kumbure umukurambere canke uwundi mukirisu ahumuye, yagufashije igihe wari ubikeneye? (Gal. 6:2) Woba wararemeshejwe mu buryo bw’impwemu na Bibiliya, ibisohokayandikiro vyacu vya gikirisu be n’amakoraniro y’ishengero? Ubutaha niwungukira kuri bumwe muri ubwo buryo, urazirikana uwo iyo mfashanyo waronse yavuyeko vy’ukuri uce utura isengesho ryo kumukengurukira.Zab. 121:1, 2.

17. Ni ibiki Yehova aha agaciro mu basavyi biwe?

17 Ubwa kabiri, numenye yuko kubona ibintu mu buryo bubi bishobora kuguhenda.  Ukuntu Imana itubona ni vyo bihambaye. (Soma Abaroma 14:4.) Yehova aha agaciro ukumwihebera kwacu be n’ukuba turi abizigirwa kuri we; ntadusuzuma afatiye ku vyo twaranguye. Nk’uko vyari biri kuri Eliya, vyoshoboka cane ko waranguriye Yehova ibintu vyinshi kuruta uko ubibona. Hashobora kuba hari abo mw’ishengero wagizeko akosho keza be n’abo mu cibare bamenye ukuri biciye ku twigoro wagize.

18. Igikorwa Yehova agushinga cerekana iki?

18 Ubwa nyuma, nubone igikorwa cose Yehova agushinze nk’ikimenyamenya c’uko ari kumwe nawe. (Yer. 20:11) Cokimwe na Eliya, woshobora gucika intege kubera ko umurimo urangura usa n’aho ata co uvamwo canke kubera ko hari umugambi wo mu vy’impwemu usa n’uwokugora gushikako. Yamara, uracafise agateka gahambaye kuruta utundi twose umwe wese muri twebwe ashobora kugira, na ko kakaba ari kwamamaza inkuru nziza no kwitirirwa izina ry’Imana. Nugume uri umwizigirwa. Ni nk’aho rero amajambo ari muri umwe mu migani ya Yezu ashobora kubwirwa wewe, na yo akaba agira ati: “Injira mu kanyamuneza ka shobuja.”Mat. 25:23.

“ISENGESHO RY’UMURUSHWA”

19. Ni ibiki vyashikiye umwanditsi wa Zaburi ya 102?

19 Umwanditsi wa Zaburi ya 102 yari yihebuye. Yari “umurushwa,” ni ukuvuga ko yari amerewe nabi ku mubiri canke mu mutima, kandi nta tuguvu yari afise two kwihanganira ingorane ziwe. (Zab. 102, akajambo k’intangamarara) Mu majambo yavuze turasangamwo ikintu cerekana ko yari yarengewe n’umubabaro yarimwo, irungu yari afise be n’inyiyumvo ziwe. (Zab. 102:3, 4, 6, 11) Yibaza ko Yehova yipfuza kumuta kure.Zab. 102:10.

20. Isengesho rishobora gute gufasha umuntu ariko arwanya ivyiyumviro bica intege?

20 Ariko rero, uwo mwanditsi w’amazaburi yari agishoboye gukoresha ubuzima bwiwe mu gushemeza Yehova. (Soma Zaburi 102:19-21.) Nk’uko Zaburi ya 102 ivyerekana, mbere n’abari mu kwizera barashobora kugira umubabaro maze bikabagora kwiyumvira ikindi kintu. Uwo mwanditsi w’amazaburi yabona ko ari “nk’akanyoni kari ukwa konyene ku gisenge,” nk’aho umenga nta kindi kintu cari kumwe na we atari ingorane ziwe gusa. (Zab. 102:7) Bishitse ukiyumva gutyo, nusukire Yehova ibiri ku mutima wawe nk’uko uwo mwanditsi w’amazaburi yabigize. Amasengesho y’umurushwa, ari yo masengesho yawe, arashobora kugufasha kurwanya ivyiyumviro bica intege. Yehova asezerana ko ‘azohindukira ngo yumve isengesho ry’abakobwe ibintu vyose, kandi ko atazosuzugura isengesho ryabo.’ (Zab. 102:17) Niwizigire uwo muhango.

21. Umuntu ariko arwanya inyiyumvo zica intege yoshobora gute kurushiriza kubona ibintu mu buryo bwiza?

21 Zaburi ya 102 irerekana kandi ukuntu woshobora kurushiriza kubona ibintu mu buryo bwiza. Umwanditsi w’iyo zaburi yabigize mu kureka kwiyumvira ingorane ziwe akiyumvira ubucuti afitaniye na Yehova. (Zab. 102:12, 27) Yararuhuriwe no kumenya ko Yehova yokwamye ahari kugira afashe abasavyi biwe igihe bari mu bigeragezo. Nimba rero inyiyumvo zica intege zitumye umara igihe kinaka udakora vyinshi mu murimo w’Imana nk’uko uvyipfuza, nusenge ku bijanye n’ico kintu. Nusabe Imana yumve amasengesho yawe atari ukugira gusa ngo amarushwa urimwo agabanuke, ariko kandi “kugira ngo izina rya Yehova rimenyeshwe.”Zab. 102:20, 21.

22. Umwe wese muri twebwe ashobora gute guhimbara Yehova?

22 Egome, turashobora gukoresha Bibiliya kugira ngo tumenye yuko turi mu kwizera be n’uko dufise agaciro kuri Yehova. Ni ivy’ukuri ko muri iyi si tutoshobora gukuraho inyiyumvo zose mbi canke ugucika intege. Ariko twese turashobora guhimbara Yehova maze tukironkera ubukiriro mu kwihangana tudahemuka mu murimo tumurangurira.Mat. 24:13.