Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Wari ubizi?

Wari ubizi?

Mu bihe vya Bibiliya, vyasobanura iki igihe umuntu atantamuye impuzu ziwe abishaka?

IVYANDITSWE biravuga ibiringo bitari bike aho abantu batabuye impuzu zabo. Ico kintu coshobora gusa n’igitangaje ku basomyi ba Bibiliya bo muri iki gihe, ariko ku Bayuda bwari uburyo bwo guserura inyiyumvo zikomeye zivuye ku mwiheburo, intuntu, ukumaramara, ishavu canke ikigandaro.

Nk’akarorero, Rubeni ‘yaratantamuye impuzu ziwe’ igihe yamenya ko umugambi wiwe wo kurokora mwene wabo Yozefu wapfuye kubera yuko Yozefu yari yagurishijwe ngo aje kuba umuja. Se wabo Yakobo ‘yaratantamuye imitamana yiwe’ igihe yibaza ko igikoko cari catabaguye Yozefu. (Ita. 37:18-35) Yobu ‘yaratantamuye umwitero wiwe utagira amaboko’ igihe yumva ko abana biwe bose bapfuye. (Yobu 1:18-20) Intumwa yambaye ‘impuzu zatantamutse’ ni yo yaje kumenyesha Umuherezi mukuru Eli ko Abisirayeli baneshejwe ku rugamba, ko abahungu biwe bishwe be n’uko isandugu y’isezerano yari yafashwe. (1 Sam. 4:12-17) Igihe Yosiya yasomerwa amajambo yo mw’Itegeko maze agatahura amakosa abanyagihugu biwe bari barakoze, ‘yaratantamuye impuzu ziwe.’2 Abm. 22:8-13.

Igihe Yezu yariko aracirwa urubanza, Umuherezi Mukuru Kayifa ‘yaratantamuye impuzu ziwe zo hejuru’ yumvise ivyo we yiyumvira ko ari ukurogota. (Mat. 26:59-66) Hari umugenzo w’Abarabi wavuga ko umuntu wese yumvise izina ry’Imana ririko rirarogotwako yategerezwa gutabura impuzu ziwe. Ariko rero, ikindi ciyumviro c’Abarabi caseruwe inyuma y’aho urusengero rw’i Yeruzalemu rusenyuriwe, cavuga ko “uwumvise Izina ry’Imana ririko rirarogotwako muri ico gihe bitasabwa ko atabura impuzu ziwe, kuko zari guhava zicika ubunywenywe.”

Ariko ntiwumve, gutabura impuzu nta co vyari bimaze mu nyonga z’Imana mu gihe intuntu umuntu afise itaba ivuye ku mutima. Ni co gituma Yehova yabwiye abasavyi biwe ngo ‘batantamure imitima yabo, atari impuzu zabo maze bagaruke kuri we.’Yow. 2:13.