Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Niwigane ukwizera kwa Musa

Niwigane ukwizera kwa Musa

“Kubera ukwizera, Musa amaze gukura, yaranse kwitwa umuhungu w’umukobwa wa Farawo.”HEB. 11:24.

1, 2. (a) Ni ingingo iyihe Musa yafashe igihe yari afise imyaka 40? (Raba ishusho itangura.) (b) Ni kubera iki Musa yahisemwo gufatanwa nabi n’abantu b’Imana?

MUSA yari azi ivyiza yari kuronkera mu Misiri. Yarabona amazu maninimanini y’abatunzi. Yari yakuriye i bwami. Yari “yigishijwe mu bukerebutsi bwose bw’Abanyamisiri,” aho hakaba harimwo ibijanye n’utugenegene, ibisyo vyo mu kirere, ibiharuro, n’ubundi buhinga. (Ivyak. 7:22) Yari afise akaryo ko kuronka ubutunzi, ububasha n’agateka Umunyamisiri asanzwe atopfuye aronse!

2 Yamara igihe Musa yari afise imyaka 40, yarafashe ingingo itegerezwa kuba yaratangaje umuryango wa cami wo mu Misiri wari waramureze. Ese iyo apfuma ahitamwo ubuzima bw’Umunyamisiri asanzwe! Yahisemwo ntuze kubana n’abashumba! Uti kubera iki? Musa yari afise ukwizera. (Soma Abaheburayo 11:24-26.) Kubera ukwizera, Musa ntiyabona gusa ibintu bimukikuje. Yarizera “Umwe ataboneka,” ni ukuvuga Yehova Imana, hamwe n’iranguka ry’imihango yiwe.Heb. 11:27.

3. Ni ibibazo bitatu ibihe tuza kwishura muri iki kiganiro?

3 Na twebwe nyene, ntidukwiye kubona gusa ivyo amaso yacu ashobora kubona. Dutegerezwa kuba “muri bamwe bafise ukwizera.” (Heb. 10:38, 39) Kugira ngo dukomeze ukwizera kwacu, reka turimbure ibivugwa mu Baheburayo 11:24-26 ku bijanye na Musa. Uko tubirimbura, nurondere inyishu z’ibi bibazo: Ukwizera kwafashije gute Musa kwamirira kure ivyipfuzo vy’umubiri? Igihe yanebagurwa, ukwizera kwamufashije gute gukenguruka uduteka  yari afise? Vyongeye, ni kubera iki Musa “yashinze ijisho itangwa ry’impembo”?

YARAMIRIYE KURE IVYIPFUZO VY’UMUBIRI

4. Ni igiki Musa yatahura ku bijanye no “kunezererwa igicumuro”?

4 Akoresheje amaso y’ukwizera, Musa yaratahuye ko “kunezererwa igicumuro” vyari ivy’akanya gato. Abandi bashobora kuba babona ko naho Misiri yari yuzuyemwo ugusenga ibigirwamana be n’ubupfumu, yari yarakomeye ku buryo iba intwaro nganzasi, mu gihe abasavyi ba Yehova bobo bari abaja! Ariko Musa yari azi yuko Imana ishobora guhindura ibintu. Naho vyasa n’uko abikundira ibinezereza bari basagamvye, Musa yarizera ko ababisha botikiye. Ivyo vyatumye rero atarondera “kunezererwa igicumuro akanya gato.”

5. Ni igiki kizodufasha kwirinda “kunezererwa igicumuro akanya gato”?

5 Wokwirinda gute “kunezererwa igicumuro akanya gato”? Ntiwigere wibagira ko umunezero igicumuro kizana umara akanya urume rumara. Ukoresheje amaso y’ukwizera, nubone ko “isi iriko irahita, n’icipfuzo cayo ni ukwo.” (1 Yoh. 2:15-17) Nuzirikane kuri kazoza k’abacumuzi batigaya. Bari “ahanyerera. . . . Bashitse kw’iherezo ryabo!” (Zab. 73:18, 19) Igihe wohejwe gukora igicumuro, niwibaze uti: ‘Nipfuza kazoza kameze gute?’

6. (a) Ni kubera iki Musa yanse “kwitwa umuhungu w’umukobwa wa Farawo”? (b) Kubera iki wovuga ko Musa yahisemwo neza?

6 Ukwizera kwa Musa kwaramufashije kandi guhitamwo ico yokoze. “Kubera ukwizera, Musa amaze gukura, yaranse kwitwa umuhungu w’umukobwa wa Farawo.” (Heb. 11:24) Musa ntiyiyumviriye ko yari gushobora gukorera Imana ari ku kirimba, maze agakoresha ubutunzi bwiwe n’ikibanza afise mu gufasha Abisirayeli bene wabo. Ahubwo yari yiyemeje gukunda Yehova n’umutima wiwe wose, ubuzima bwiwe bwose, n’inguvu ziwe zose. (Gus. 6:5) Ingingo Musa yafashe yaramurinze intuntu nyinshi. Bwinshi mu butunzi bwo mu Misiri yari yarahevye ntibwatevye kwegukira ba Bisirayeli nyene! (Kuv. 12:35, 36) Farawo yaracishijwe bugufi maze arakurwaho. (Zab. 136:15) Ariko Musa wewe yarakingiwe maze Imana iramukoresha kugira ayobore ihanga ryose arishikane ahatagira inkomanzi. Ubuzima bwiwe bwari bufise intumbero koko.

7. (a) Twisunze ibivugwa muri Matayo 6:19-21, ni kubera iki dukwiye kuzirikana kazoza ka kure? (b) Niwigane akarorero kerekana itandukaniro riri hagati y’ubutunzi bw’umubiri n’ubutunzi bwo mu vy’impwemu.

7 Nimba uri umusavyi wa Yehova akiri muto, ukwizera kwogufasha gute guhitamwo ico uzokora? Ni vyiza gutegekanya kazoza. Ariko none, ukwizera imihango y’Imana kwoba kuzotuma witegekaniriza kazoza k’igihe gito canke k’ibihe bidahera? (Soma Matayo 6:19-21.) Uwitwa Sophie, akaba yari umutamvyi akomeye w’intambo bita ballet, yarahanganye n’ico kibazo. Amashirahamwe yo hirya no hino muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika akorera mu vy’iyo ntambo yaremeye kumurihira amashure no kumuha akazi gahambaye. Yiyemerera ati: “Vyari biryoshe guhayagizwa. Nkako, narumva ko hari ico ndusha bagenzanje. Ariko nta munezero nari mfise.” Sophie yahavuye araba ya videwo Urwaruka ruribaza—Nzokoresha gute ubuzima bwanje? (mu gifaransa) Avuga ati: “Naratahuye ko ugusenga Yehova n’umutima wanje wose nari nabikavye ukuroranirwa mw’isi be n’uguhayagizwa n’abakunzi b’umuziki. Narasenze Yehova nkobeje, nca ndaheba uwo mwuga wo gutamba.” None abona gute ingingo yafashe? Agira ati: “Sinicuza kubera ubuzima nahevye. Ubu ndafise umunezero ijana kw’ijana. Twe n’umunega wanje turi abatsimvyi. Ntituri ba rurangiranwa, kandi nta butunzi dufise. Ariko turafise Yehova, abatohoji ba Bibiliya, n’imigambi yo mu vy’impwemu. Sinicuza na gato.”

8. Ni impanuro iyihe yo muri Bibiliya ishobora gufasha uwukiri muto guhitamwo ico azokoresha ubuzima bwiwe?

8 Yehova arazi ivyokubera vyiza. Musa yavuze ati: “Hari ikindi Yehova Imana yawe agusaba atari ugutinya Yehova Imana yawe,  kugira ngo ugendere mu nzira ziwe zose no kugira ngo umukunde, wongere ukorere Yehova Imana yawe n’umutima wawe wose n’ubuzima bwawe bwose, ngo ugumye amabwirizwa ya Yehova n’ivyagezwe vyiwe ndagutegetse uno musi, ku neza yawe?” (Gus. 10:12, 13) Mu gihe ukiri muto, nuhitemwo umwuga uzotuma ukunda Yehova kandi ukamukorera “n’umutima wawe wose n’ubuzima bwawe bwose.” Urashobora kwemera udakeka ko ivyo niwabigira bizoba ari “ku neza yawe.”

YARAKENGURUKA UDUTEKA YARI AFISE

9. Sigura igituma bishobora kuba vyaragoye Musa kurangura ibanga yashinzwe.

9 Musa “yabonye ko iceyi ca Kristu ari ubutunzi buruta amatunga yo mu Misiri.” (Heb. 11:26) Musa yari yatowe ngo abe “Kristu,” ni ukuvuga “Uwarobanuwe,” kuko Yehova yari yamuhisemwo ngo ayobore Isirayeli ayikure mu Misiri. Musa yari azi ko kurangura iryo banga bitobaye vyoroshe, mbere vyotumye asigwa “iceyi.” Umwe mu Bisirayeli yari yamubwiye amucokora ati: “Ni nde yakugize umuganwa n’umucamanza kuri twebwe?” (Kuv. 2:13, 14) Mu nyuma, Musa ubwiwe yabajije Yehova ati: “Farawo . . . azonyumviriza ate?” (Kuv. 6:12) Kugira ngo Musa ashobore kwihanganira ico ceyi, yarabwiye Yehova amakenga yari afise n’ivyari bimuraje ishinga. None Yehova yafashije gute Musa kurangura iryo banga ritoroshe?

10. Yehova yaronkeje gute Musa ivyankenerwa kugira arangure ibanga yamushinze?

10 Ubwa mbere, Yehova yasezeraniye Musa ati: “Nzoba ndi kumwe nawe.” (Kuv. 3:12) Ubwa kabiri, Yehova yaramuremesheje mu kumusigurira umuce umwe w’insobanuro y’izina ryiwe, ati: “Nzocika ico nzocika.” * (Kuv. 3:14) Ubwa gatatu, yarahaye Musa ubushobozi bwo gukora ibitangaro bwemeza vy’ukuri ko yari yarungitswe n’Imana. (Kuv. 4:2-5) Ubwa kane, Yehova yarahaye Musa umufasha akaba n’umuvugizi, ari we Aroni, kugira amufashe kurangura iryo banga. (Kuv. 4:14-16) Mu mpera y’ubuzima bwiwe, Musa yari yarajijutse ko Imana ironsa abasavyi bayo ibikenewe kugira barangure ibanga iryo ari ryo ryose ibashinze, ku buryo yabwiye uwamusubiriye Yosuwa ati: “Yehova ni we agendera imbere yawe. Ubwiwe azogumana nawe. Ntazoguta canke ngo aguhebe buhere. Ntutinye canke ngo utekerwe n’ubwoba.”Gus. 31:8.

11. Ni kubera iki Musa yaha agaciro cane igikorwa yashinzwe?

11 Ashigikiwe na Yehova, Musa yarahaye agaciro cane igikorwa kitoroshe yari yashinzwe, abona ko gihambaye “[k]uruta amatunga yo mu Misiri.” Ubundi ho, gukorera Farawo vyari bihuriye he no gukorera Imana Mushoboravyose? Kuba umuganwa mu Misiri vyari bihuriye he no kuba “Kristu,” ni ukuvuga uwarobanuwe na Yehova? Musa yarahezagiwe kubera yari afise agatima ko gukenguruka. Yari afitaniye ubucuti somambike na Yehova, uwamuhaye kugaragaza “ububasha buteye akoba” igihe yariko ayobora Abisirayeli abajana mu Gihugu c’isezerano.Gus. 34:10-12.

12. Ni uduteka utuhe Yehova yaduteye dukwiye guha agaciro?

12 Na twebwe nyene turafise igikorwa twashinzwe. Biciye ku Mwana wiwe, Yehova yaradushinze ubusuku, nk’uko yabushinze intumwa Paulo n’abandi. (Soma 1 Timoteyo 1:12-14.) Twese turafise agateka ko kwamamaza inkuru nziza. (Mat. 24:14; 28:19, 20) Hariho abasuku b’igihe cose. Abavukanyi bahumuye babatijwe barasukurira abandi mw’ishengero ari abakozi b’ishengero n’abakurambere. Ariko rero, abo mu muryango wawe batizera canke abandi boshobora kubona ko utwo duteka ata gaciro dufise canke mbere bakanebagura agatima kawe ko kwitanga. (Mat. 10:34-37) Baramutse baguciye intege, woshobora  gutangura kwibaza nimba utwigoro ugira atari impfagusa canke nimba vy’ukuri ushoboye kurangura igikorwa washinzwe. Ivyo nivyagushikira, ukwizera kuzogufasha gute kwihangana?

13. Yehova aturonsa gute ivyankenerwa kugira turangure ibikorwa adushinga?

13 Nutakambire Yehova ngo agufashe ubigiranye ukwizera. Numuyagire ibiguhagaritse umutima n’ibikuraje ishinga. Nakare ni we yagushinze ico gikorwa, kandi azogufasha uroranirwe. Uti gute? Nka kumwe nyene yafasha Musa. Ubwa mbere, Yehova aragusubiriza umutima mu nda ati: “Nzogukomeza. Nzogufasha vy’ukuri. Emwe, nzogufata nkugumye n’ukuryo kwanje kw’ubugororotsi.” (Yes. 41:10) Ubwa kabiri, arakwibutsa ko imihango yiwe ari iyo kwizigirwa: “Narabivuze; no kubishitsa nzobishitsa. Naravyiyumviriye, no kubikora nzobikora.” (Yes. 46:11) Ubwa gatatu, Yehova araguha “ububasha burengeye ubusanzwe” kugira ushobore kurangura ubusuku bwawe. (2 Kor. 4:7) Ubwa kane, kugira ngo Umuvyeyi wacu munyarukundo agufashe kwihangana mu gikorwa cawe, arakuronsa umuryango ukwiye kw’isi yose ugizwe n’abasavyi biwe b’ukuri ‘baguma bahozanya bongera bubaka bagenzi babo.’ (1 Tes. 5:11) Uko Yehova akuronsa ivyankenerwa kugira urangure igikorwa cawe, ni ko uzorushiriza kumwizigira kandi uzoha agaciro uduteka ufise mu murimo wiwe ubone ko duhambaye kuruta ubutunzi ubwo ari bwo bwose bwo mw’isi.

“YASHINZE IJISHO ITANGWA RY’IMPEMBO”

14. Ni kubera iki Musa yari yizigiye ata mazinda ko yoronse impembo?

14 Musa “yashinze ijisho itangwa ry’impembo.” (Heb. 11:26) Ego cane, Musa yararetse ubumenyi afise ku vyerekeye kazoza buragira ico bukoze ku kuntu yabona ibintu, naho ubwo bumenyi bwari n’aho bugarukira. Cokimwe na sekuruza wiwe Aburahamu, Musa yari yizigiye ko Yehova ashoboye kuzura abapfuye. (Luka 20:37, 38; Heb. 11:17-19) Imihezagiro yo muri kazoza yarafashije Musa kutabona ko imyaka 40 yamaze mu buhungiro be n’iyindi 40 yamaze mu gahinga, yari impfagusa. Naho atari azi amakuru yose ku bijanye n’iranguka ry’imihango y’Imana, akoresheje amaso yiwe y’ukwizera yarashobora kubona impembo yari imbere yiwe.

15, 16. (a) Ni kubera iki dukeneye gushinga ijisho impembo yacu? (b) Ni imihezagiro iyihe witeganye umushasharo mu gihe c’intwaro y’Ubwami?

15 Woba “[u]shinze ijisho” impembo ya we? Nka kurya kwa Musa, na twebwe ntituzi amakuru yose yerekeye imihango y’Imana. Nk’akarorero, “[ntituzi] aho igihe cashinzwe” ca ya makuba akomeye kizogerera. (Mrk. 13:32, 33) Ariko rero, ivyo tuzi ku vyerekeye Iparadizo yo muri kazoza biraruta kure n’iyo ivyo Musa yari azi. Naho tutazi amakuru yose, Imana yaraduhaye imihango ihagije yerekeye ukuntu ubuzima buzoba bumeze mu gihe c’Ubwami bwayo ku buryo dushobora ‘kubushinga ijisho.’ Nitwabona neza mu bwenge iyo si nshasha, bizotuvyurira umutima wo kubanza kurondera Ubwami. Uti gute? Zirikana kuri iki kintu: Woba woshobora kugura inzu utazi neza ibiyerekeye? Nawe urumva ko utovyubahuka! Muri ubwo buryo nyene, ntitwohebera ubuzima bwacu icizigiro kidafashe. Ukwizera gukwiye kudufasha kubona neza ukuntu ubuzima buzoba bumeze mu gihe c’intwaro y’Ubwami.

Ese ukuntu bizoba bihimbaye kuganira n’abasavyi ba Yehova b’abizigirwa nka Musa! (Raba ingingo ya 16)

16 Kugira urushirize kubona ukuntu Ubwami bw’Imana buzoba bumeze, “nushinge ijisho” ubuzima bwawe uri mw’Iparadizo, ni ukuvuga use n’uwibona umaze gushikayo. Nk’akarorero, igihe uriko uriga ubuzima bw’abantu bo muri Bibiliya babayeho imbere y’ubukirisu, nuzirikane ibibazo woshobora kubabaza nibazuka. Niwiyumvire ibibazo bokubaza ku bijanye n’ubuzima bwawe bwo mu misi y’iherezo. Nuse n’uwubona umunezero uzogira usubiye kubonana n’incuti zawe zapfuye kera maze ukazigisha ibintu vyose Imana yazikoreye. Niwihe ishusho y’ukuntu bizoba bihimbaye kwiga ivyerekeye ibikoko vyinshi vyo mw’ishamba mu kuvyihweza muri ahantu hatekanye. Ibaze ukuntu uzorushiriza kwumva wiyegereje Yehova uko uzogenda wegereza kuba uwutunganye.

17. Kubona neza impembo yacu yo muri kazoza bidufasha gute muri iki gihe?

17 Kubona neza mu bwenge impembo yacu yo muri kazoza biradufasha kwihangana, kugira umunezero no gufata ingingo zishingiye ku cizigiro c’ubuzima budahera. Paulo yandikiye abakirisu barobanuwe ati: “Nimba twizigira ico tutabona, tuguma tukirindiriye twihanganye.” (Rom. 8:25) Ivyo ntivyerekeye abakirisu barobanuwe gusa, vyerekeye abakirisu bose bafise icizigiro c’ubuzima budahera. Naho tutararonka impembo yacu, ukwizera kwacu kurakomeye cane ku buryo turindira twihanganye “itangwa ry’impembo.” Nka kumwe kwa Musa, ntitubona ko umwanya twamaze mu murimo wa Yehova ari impfagusa. Ahubwo, turemera tudakeka ko “ibiboneka ari ivy’igihe gito, mugabo ibitaboneka bikaba ivy’ibihe bidahera.”Soma 2 Abakorinto 4:16-18.

18, 19. (a) Kubera iki dutegerezwa kurwana urugamba kugira tugumane ukwizera? (b) Tuzokwihweza iki mu kiganiro gikurikira?

18 Ukwizera kuratuma dutahura “ibintu biriho koko naho bitabonwa.” (Heb. 11:1) Umuntu abona ibintu mu buryo bw’umubiri ntabona agaciro kadasanzwe ko gukorera Yehova. Ku muntu nk’uwo, ubutunzi bwo mu vy’impwemu ni “ubupfu.” (1 Kor. 2:14) Ariko rero, twebwe turizigiye kubaho ibihe bidahera no kubona izuka, ivyo bikaba ari ibintu isi itabona. Cokimwe na ba bafilozofe bo mu gihe ca Paulo bamwita ngo ni “umuswaganyi” ata co azi, abantu benshi muri iki gihe bibaza yuko icizigiro twamamaza ari ubujuju gusa.Ivyak. 17:18.

19 Kubera yuko dukikujwe n’isi itagira ukwizera, dutegerezwa kurwana urugamba kugira tugumane ukwizera. Nutakambire Yehova kugira ngo “ukwizera kwawe ntikudegere.” (Luka 22:32) Nugume ubona neza ingaruka z’igicumuro, agaciro gahebuje ko gukorera Yehova hamwe n’icizigiro ufise c’ubuzima budahera. Ariko rero, ukwizera kwa Musa kwatumye abona ibirenze ivyo. Mu kiganiro gikurikira, tuzokwihweza ingene ukwizera kwafashije Musa kubona “Umwe ataboneka.”Heb. 11:27.

^ par. 10 Ku vyerekeye amajambo y’Imana dusanga muri Kuvayo 3:14, umuhinga umwe mu vya Bibiliya yanditse ati: “Nta na kimwe gishobora kumubuza gushitsa ivyo agomba . . . Iryo zina [Yehova] ryari kubera Abisirayeli igihome gikomeye, isôko ridakama ry’icizigiro n’impumurizo.”