UMUNARA W’INDERETSI (INTEGURO Y'UKWIGA) Rusama 2014

Iyi nomero iraca irya n’ino uburyo butatu dushobora gukoresha mu busuku bwacu kugira dutange inyishu zijijura igihe twishura ibibazo bigoye. Kubera iki bihambaye ko tuguma turi intahemuka kw’ishirahamwe ry’Imana?

‘Ibifungurwa vyanje ni ugukora ukugomba kw’Imana’

Umwami Dawidi, intumwa Paulo na Yezu Kristu baritwararika gukora ukugomba kw’Imana. Twoshobora gute kugumana canke kuvyura umwete mu busuku mu vyibare bigoye?

Dukwiye “kwishura umuntu wese” gute?

Twofasha gute abandi kuzirikana neza ku Vyanditswe igihe twishura ibibazo bigoye? Raba uburyo butatu dushobora gukoresha kugira dutange inyishu zijijura.

Nukurikize rya Tegeko ry’agakura mu busuku bwawe

Dukwiye gufata gute umuntu wese duhura mu busuku? Amajambo ya Yezu dusanga muri Matayo 7:12 agira ico akoze gute ku gikorwa cacu co kwamamaza?

INKURU Y’UBUZIMA

Yehova yaramfashije vy’ukuri

Kenneth Little arigana ingene Yehova Imana yamufashije gutsinda amasoni no kutiyizigira. Raba ingene Imana yahezagiye utwigoro yagize mu buzima bwiwe bwose.

Yehova ni Imana y’urutonde

Ni gute inkuru ya Isirayeli ya kera n’abakirisu bo mu kinjana ca mbere yerekana ko abasavyi ba Yehova bo kw’isi bakwiye kuba batunganijwe neza muri iki gihe?

Woba uriko urajana n’ishirahamwe rya Yehova?

Isi ya Shetani vuba izokurwaho. Ni kubera iki bihambaye ko tuguma turi intahemuka kw’ishirahamwe Imana iriko irakoresha kw’isi muri iki gihe?

IVYO MU BUSHINGURO BWACU

“Hariho akazi kenshi mu gikorwa c’iyimbura”

Hari Ivyabona vya Yehova barenga 760.000 bariko barakwiragiza ukuri kwa Bibiliya muri Brezile. Igikorwa co kwamamaza catanguye gute muri Amerika y’Epfo?