Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

‘Ibifungurwa vyanje ni ugukora ukugomba kw’Imana’

‘Ibifungurwa vyanje ni ugukora ukugomba kw’Imana’

Ni igiki kiguhimbara cane? Vyoba ari ibijanye n’imigenderanire hagati y’abantu, nk’umubano w’ababiranye, kwitwararika umuryango canke gutsimbataza ubugenzi? Ivyo ari vyo vyose urahimbarwa no gusangira udufungurwa n’abo wikundira. Ariko none, narirya turi abasavyi ba Yehova, ntiduhimbarwa canecane no gukora ivyo Imana igomba, kwiga Ijambo ryayo no kwamamaza inkuru nziza?

Mu ruririmbo rwo guhayagiza Umuremyi, Umwami Dawidi wa Isirayeli ya kera yaririmvye ati: “Gukora ukugomba kwawe, ewe Mana yanje, ni vyo vyampimbaye, kandi itegeko ryawe riri imbere muri jewe.” (Zab. 40:8) Naho Dawidi yashikiwe n’ingorane n’imikazo mu buzima, yarahimbarwa vy’ukuri no gukora ivyo Imana igomba. Ariko rero, Dawidi si we musavyi wa Yehova wenyene yahimbarwa no gukorera ya Mana y’ukuri.

Mu kwerekeza amajambo yo muri Zaburi 40:8 kuri Mesiya, ari we Kristu, intumwa Paulo yanditse ati: “Igihe [Yezu] aza mw’isi avuga ati: ‘ “Ibimazi n’amashikanwa nta vyo washatse, mugabo wanteguriye umubiri. Ntiwashimye amashikanwa aturiwe uko yakabaye be n’amashikanwa y’igicumuro.” Maze ndavuga nti: “Ehe ndaje (mu muzingo w’igitabu biranditswe kuri jewe) nje gukora ukugomba kwawe, ewe Mana.” ’ ”Heb. 10:5-7.

Igihe Yezu yari kw’isi, yaranezerwa no kwihweza ivyaremwe, kuba ari kumwe n’abagenzi no gusangira na bo ibifungurwa. (Mat. 6:26-29; Yoh. 2:1, 2; 12:1, 2) Ariko rero, ikintu yakunda cane kandi kikamuhimbara rwose kwari ugukora ukugomba kwa Se wiwe wo mw’ijuru. Nkako, Yezu yavuze ati: “Ibifungurwa vyanje ni ugukora ukugomba kw’uwandungitse no kurangiza igikorwa ciwe.” (Yoh. 4:34; 6:38) Abigishwa ba Yezu barigiye kuri Shebuja akabanga ko kuronka agahimbare nyakuri. N’umunezero mwinshi, barabwiye abandi ubutumwa bw’Ubwami babikunze kandi babishashaye.Luka 10:1, 8, 9, 17.

‘NIMUGENDE MUHINDURE ABANTU ABIGISHWA’

Yezu yategetse abayoboke biwe ati: “Nimugende . . . muhindure abantu bo mu mahanga yose abigishwa, mubabatiza mw’izina rya Data n’iry’Umwana n’iry’impwemu nyeranda, mubigisha kwubahiriza ibintu vyose nabategetse. Kandi ehe ndi kumwe namwe imisi yose gushika ku nsozero y’ivy’isi.” (Mat. 28:19, 20) Kurangura ico gikorwa bisaba kugendera abantu aho bari hose, gusubira kugendera abashimishijwe no kubayoborera inyigisho za Bibiliya.  Gukora ico gikorwa birashobora kuba isôko ry’agahimbare ntangere.

Urukundo ruratuma tubandanya kwamamaza naho twohura n’abantu batwakira nabi

Naho abantu boshimishwa n’ubutumwa dushikiriza canke ntibubashimishe, agatima tugaragaza karahambaye kugira turonke umunezero mu busuku. Ni kubera iki tubandanya kwamamaza inkuru nziza naho twoshobora guhura n’abantu batwakira nabi canke batabinegwa? Ni kubera dutahura yuko kugira uruhara mu gikorwa co kwamamaza Ubwami no guhindura abantu abigishwa ari uburyo bwo kwerekana urukundo dukunda Imana n’abantu nkatwe. Mu vy’ukuri, ubuzima burageramiwe, bwaba ubwacu canke ubw’abandi bantu. (Ezk. 3:17-21; 1 Tim. 4:16) Reka turabe ivyiyumviro bimwebimwe vyafashije benshi mu bakozi bagenzi bacu kugumana canke kuvyura umwete mu busuku mu vyibare bigoye.

NTUGISHE AKARYO NA KAMWE

Gukoresha ibibazo bibereye mu busuku akenshi biravamwo ivyiza. Umusi umwe mu gitondo, Amalia yarabonye umugabo yariko arasoma ikinyamakuru ahantu basamira akayaga. Yaramwegereye aramubaza nimba hari agakuru keza yasomye. Amaze guhakana, Amalia yaciye amubwira ati: “Ndakuzaniye inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana.” Uwo mugabo yarashimishijwe, aremera kwiga Bibiliya. Amalia yaratanguje inyigisho za Bibiliya zitatu muri ico kibanza.

Janice aho akorera yahagize nk’icibare yamamazamwo. Igihe umugabo umwe acungera aho hantu be n’uwo bakorana bashimishwa n’ikiganiro co mu Munara w’Inderetsi, Janice yaciye abasaba ko yoza arabazanira ibinyamakuru. Yabigenjeje gutyo nyene no ku wundi muntu bakorana yatangazwa cane n’ukuntu Umunara w’Inderetsi na Be maso! biba birimwo ibiganiro bivuga ibintu bitandukanye. Ivyo vyatumye uwundi mukozi asaba ivyo binyamakuru. Janice avuga ati: “Emwe, wari umuhezagiro wa Yehova!” Yahavuye aronka abantu 11 aza araha ibinyamakuru ku kazi.

NUBONE IBINTU MU BURYO BWIZA

Umucungezi w’ingenzi umwe yavuze ko mu busuku bw’inzu ku nzu abamamaji badakwiye gusozera ikiyago mu kubwira umunyamuhana gusa ko bazogaruka uwundi musi. Ahubwo boshobora kumubaza bati: “Woba woshima ko nogaruka nkakwereka ingene inyigisho ya Bibiliya iyoborwa?” canke bati: “Woshima ko ngaruka ryari kugira tubandanye ikiyago cacu?” Uwo mucungezi yavuze ko abavukanyi na bashiki bacu bo mw’ishengero rimwe yari yagendeye batanguje inyigisho 44 mu ndwi imwe bakoresheje ubwo buryo.

Gusubira kugendera abo twayaze tudatebaganye, naho hoba haciye imisi mikeya gusa, birashobora kuba ngirakamaro cane. Uti kubera iki? Kubigenza gutyo birerekana ko dushashaye gufasha abantu b’umutima nziraburyarya gutahura Bibiliya. Igihe umugore umwe bamubaza igituma yemeye kwiga Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova, yavuze ati: “Natanguye kwiga kuko bangaragarije ubwitwararitsi n’urukundo nyakuri.”

Woshobora kubaza umunyamuhana uti: “Woba woshima ko nogaruka nkakwereka ingene inyigisho ya Bibiliya iyoborwa?”

 Haciye igihe gitoya Madaí yitavye Ishure ry’umurimo w’abatsimvyi, yari afise inyigisho za Bibiliya 15 kandi yari yahaye abandi bamamaji izirenga 5. Benshi mu bo yigisha Bibiliya baratanguye kwitaba amakoraniro badahorereza. Ni igiki cafashije Madaí gutanguza inyigisho nyinshi gutyo? Iryo shure ryari ryamufashije gutahura igituma bikenewe kuguma asubira kuraba abashimishijwe gushika ababonye. Ikindi Cabona yafashije abantu benshi kwiga ukuri kwo muri Bibiliya avuga ati: “Naratahuye ko kudacika intege mu gusubira kuraba abo mwayaze ari co kintu gihambaye mu gufasha abantu bipfuza kumenya Yehova.”

Gusubira kugendera abo twayaze tudatebaganye birerekana ko twitwararika vy’ukuri abipfuza gutahura Bibiliya

Gusubira kugendera abantu no kuyobora inyigisho za Bibiliya bisaba akigoro gakomeye. Ariko ivyiza bivamwo biraruta kure n’iyo utwigoro twose umuntu agira. Twijukiye igikorwa co kwamamaza Ubwami, turashobora gufasha abandi “bagashika ku bumenyi butagira amakosa bwerekeye ukuri,” kandi ivyo birashobora gutuma baronka ubukiriro. (1 Tim. 2:3, 4) Kuri twebwe na ho, birashobora kutuviramwo ugushira akanyota n’agahimbare ntangere.