Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Woba uriko urajana n’ishirahamwe rya Yehova?

Woba uriko urajana n’ishirahamwe rya Yehova?

“Amaso ya Yehova ari ku bagororotsi.”1 PET. 3:12.

1. Ni ishirahamwe irihe ryasubiriye ihanga rya Isirayeli ry’irihuni, rica riba ari ryo ryitirirwa izina rya Yehova? (Raba ishusho itangura.)

YEHOVA arabereye kwitirirwa ishingwa ry’ishengero rya gikirisu ryo mu kinjana ca mbere be n’ugusubizwa umutamana kw’ugusenga kw’ukuri kwo mu bihe vya none. Nk’uko vyavuzwe mu kiganiro c’imbere y’iki, ishirahamwe ry’abayoboke ba Kristu bo mu ntango ryarasubiriye ihanga rya Isirayeli ry’irihuni, rica riba ari ryo ryitirirwa izina rya Yehova. Iryo shirahamwe rishasha Imana yatonesha cane ryararokotse igihe Yeruzalemu yatikizwa mu 70 inyuma ya Kristu. (Luka 21:20, 21) Ivyo bintu vyabaye mu kinjana ca mbere vyarerekanye ivyoshikiye abasavyi ba Yehova muri iki gihe. Iyi si ya Shetani igiye kuvaho ubu bwa vuba, ariko ishirahamwe ry’Imana rizorokoka imisi y’iherezo. (2 Tim. 3:1) Ivyo tuvyemezwa n’iki?

2. Ni ibiki Yezu yavuze ku bijanye n’ “amakuba akomeye,” kandi azotangura gute?

2 Ku bijanye n’ukuhaba kwiwe kutaboneka n’insozero y’ivy’isi, Yezu yavuze ati: “Hazoba amakuba akomeye atigeze abaho kuva mu ntango y’isi gushika n’ubu, kandi atazokwongera kubaho.” (Mat. 24:3, 21) Ayo makuba akomeye kuruta ayandi yose azotangura Yehova niyatikiza “Babiloni Akomeye,”  ya nganji y’isi yose y’idini ry’ikinyoma, akoresheje intwaro za politike. (Ivyah. 17:3-5, 16) Ni igiki kizoca gikurikira?

IGITERO CA SHETANI KIZOSHIKANA KURI HARUMAGEDONI

3. Idini ry’ikinyoma rimaze gukurwaho, ni igitero ikihe kizogabwa ku basavyi ba Yehova?

3 Idini ry’ikinyoma rimaze gukurwaho, Shetani n’isi yiwe bazoca batera abasavyi ba Yehova. Nk’akarorero ku bijanye na “Gogi wo mu gihugu ca Magogi,” Ivyanditswe vyavuze biti: “Uzoza nk’ikirura. Uzocika nk’ibicu bipfuka igihugu, mwe n’inteko zawe zose be n’ibisata vyinshi biri kumwe nawe.” Kubera ko Ivyabona vya Yehova ata ngabo za gisirikare bafise kandi bakaba ari bo bantu b’abanyamahoro kuruta abandi kw’isi, bazosa n’abatagira gitabara. Yamara, ese ukuntu kubatera azoba ari ukwihenda!—Ezk. 38:1, 2, 9-12.

45. Yehova azoca akora iki Shetani niyagerageza gutikiza abasavyi biwe?

4 Imana izoca ikora iki Shetani niyagerageza gutikiza abasavyi bayo? Yehova azoca abatabara, mu kwerekana ko ari we Mukama Segaba. Yehova abona ko uwuteye abasavyi biwe aba ari we ateye. (Soma Zekariya 2:8.) Ku bw’ivyo, Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru azoca ubwo nyene agira ico akoze kugira adutabare. Ukwo gutabarwa kuzoshika ku gihe c’agaheta isi ya Shetani niyatikizwa kuri Harumagedoni ya “ntambara yo kuri wa musi uhambaye w’Imana Mushoboravyose.”Ivyah. 16:14, 16.

5 Ku bijanye na Harumagedoni, ubuhanuzi bwo muri Bibiliya bugira buti: “ ‘Yehova afitaniye amatati n’amahanga. Ubwiwe azoburana n’igifise umubiri cose. Nayo ababisha, azobatanga ku nkota ata kabuza,’ ni ko Yehova avuze. Ibi ni vyo Yehova nyen’ingabo avuze: ‘Ehe ivyago bigira bisohoke biva kw’ihanga bija ku rindi, kandi igihuhusi gikomeye kizohaguruka kivuye mu mihingo ya kure kuruta iyindi y’isi. Abishwe na Yehova kuri uwo musi bazohera koko ku mpera imwe y’isi bashike ku yindi. Ntibazoborogerwa, eka kandi ntibazokwegeranywa canke ngo bahambwe. Bazoba nk’intabire ku buringanire bw’ubutaka.’ ” (Yer. 25:31-33) Harumagedoni izokuraho iyi si ya Shetani, ariko igice co kw’isi c’ishirahamwe rya Yehova kizogumaho.

IGITUMA ISHIRAHAMWE RYA YEHOVA RIBANDANYA GUTERA IMBERE

6, 7. (a) Abagize “isinzi rinini” baturuka hehe? (b) Ni iyongerekana irihe ryabaye muri iyi myaka ya vuba?

6 Ishirahamwe ry’Imana ribandanya gutera imbere kw’isi muri iki gihe kubera ko abarigize bemerwa n’Imana. Bibiliya idukura amazinda iti: “Amaso ya Yehova ari ku bagororotsi, n’amatwi yiwe akaba ku gutakamba kwabo.” (1 Pet. 3:12) Muri abo bagororotsi harimwo abagize “isinzi rinini” bazorokoka “ya makuba akomeye.” (Ivyah. 7:9, 14) Abo bazorokoka si “isinzi” gusa. Ni “isinzi rinini,” ni ukuvuga abantu benshi cane. Woba ushobora kwiha ishusho uri muri bo warokotse ya “makuba akomeye”?

7 Abagize iryo sinzi rinini baturuka mu mahanga yose. Bakoranirizwa hamwe biciye ku gikorwa co kwamamaza. Yezu yari yaravuze ati: “Iyi nkuru nziza y’ubwami izokwamamazwa mw’isi yose ngo bibe intahe ku mahanga yose; maze iherezo rizoca riza.” (Mat. 24:14) Muri iyi misi ya nyuma, ico ni co gikorwa nyamukuru ishirahamwe ry’Imana rirangura. Biciye ku gikorwa Ivyabona vya Yehova barangura co kwamamaza no kwigisha kw’isi yose, abantu amamiliyoni barize gusenga Imana “mu mpwemu no mu kuri.” (Yoh. 4:23, 24) Nk’akarorero, mu kiringo c’imyaka cumi iheze, kuva mu mwaka w’umurimo wa 2003 gushika mu 2012, abantu barenga 2.707.000 barabatijwe mu  kwerekana ko biyeguriye Imana. Ubu kw’isi yose hari Ivyabona vya Yehova barenga 7.900.000, n’abandi bantu amamiliyoni bifatanya na bo, canecane mu gihe c’Icibutso bagira buri mwaka. Ntitwishima ngo turi benshi kuko ‘Imana ari yo iguma ikuza.’ (1 Kor. 3:5-7) Naho ari ukwo, biragaragara ko isinzi rinini riguma ryongerekana rikarushiriza kuba rinini uko umwaka utashe.

8. Ni igiki gituma ishirahamwe rya Yehova ryo muri iki gihe ryongerekana bimwe bidasanzwe?

8 Igitigiri c’abasavyi b’Imana carongerekanye bimwe bidasanzwe kuko Yehova ashigikiye Ivyabona vyiwe. (Soma Yesaya 43:10-12.) Iryo yongerekana ryari ryaravuzwe mu buhanuzi bugira buti: “Umutoyi azocika igihumbi, uwo hasi na we acike ihanga rikomeye. Jewe Yehova, nzovyihutisha mu gihe cavyo.” (Yes. 60:22) Amasigarira y’abarobanuwe yarigeze kuba ameze nk’ “umutoyi,” ariko igitigiri cabo carongerekanye igihe abandi Bisirayeli bo mu buryo bw’impwemu bazanwa mw’ishirahamwe ry’Imana. (Gal. 6:16) Kubera ko Yehova yagumye ahezagira uko imyaka yagiye irarengana, iryo yongerekana rirabandanya biciye ku kwegeranya abagize isinzi rinini.

IVYO YEHOVA ADUSABA

9. Ni igiki dutegerezwa gukora kugira tuze twironkere kazoza keza Ijambo ry’Imana risezerana?

9 Twaba turi abakirisu barobanuwe canke abo mu bagize isinzi rinini, turashobora kwironkera kazoza keza cane Ijambo ry’Imana risezerana. Ariko rero kugira tubishikeko, dutegerezwa gushitsa ivyo Yehova adusaba. (Yes. 48:17, 18) Rimbura ibijanye n’Abisirayeli mu gihe c’Itegeko rya Musa. Imwe mu ntumbero y’iryo Tegeko kwari ugukingira Abisirayeli mu kubaha amategeko ngirakamaro agenga ivy’inyifato runtu, urudandaza, kurera abana, gufata neza abandi, n’ibindi. (Kuv. 20:14; Lew. 19:18, 35-37; Gus. 6:6-9) Na twebwe nyene gushitsa ivyo Imana idusaba biratugirira akamaro, kandi gukora ivyo igomba si umuzigo na gato kuri twebwe. (Soma 1 Yohani 5:3.) Nka kurya nyene Itegeko ryakingira Abisirayeli, iyo twisunze amategeko n’ingingo ngenderwako vya Yehova Imana ntibidukingira gusa ariko kandi bituma tugumana “amagara meza mu kwizera.”Tito 1:13.

10. Kubera iki dukwiye gutegekanya umwanya wo kwiga Bibiliya no kugira buri ndwi Ugusenga kwo mu muryango?

10 Igice co kw’isi c’ishirahamwe rya Yehova kiguma gitera imbere mu buryo butandukanye. Nk’akarorero, tuguma turushiriza gutahura ukuri kwo muri Bibiliya. Ivyo ni vyo dukwiye kwitega kuko “umunyuro w’abagororotsi umeze nk’umuco wakaka ugenda urushiriza gukayangana gushika umurango utamanzuye rwose.” (Imig. 4:18) Ariko twokwibaza duti: ‘Noba ntahura ibintu biheruka kuryohorwa ku bijanye n’ukuri kwo mu Vyanditswe? Noba mfise akamenyero ko gusoma Bibiliya ku musi ku musi? Noba nsoma ibisohakayandikiro vyacu n’umwete? Jewe n’abo mu rugo rwanje twoba tugira buri ndwi wa mugoroba uhariwe Ugusenga kwo mu muryango?’ Benshi muri twebwe bokwemera ko bitagoye cane gukora ivyo bintu. Kenshi bisaba gusa kubitegekaniriza umwanya. Ese ukuntu bihambaye kwironsa ubumenyi butagira amakosa bw’Ivyanditswe, kubushira mu ngiro, no gutera imbere mu vy’impwemu narirya ubu ya makuba akomeye yegereje cane!

11. Ni mu buryo ubuhe imisi mikuru ya kera, amakoraniro, amateraniro n’amahwaniro yo muri iki gihe vyamye ari ngirakamaro?

11 Ishirahamwe rya Yehova rituremesha kwumvira impanuro ya Paulo igira iti: “Twiyumvirane kugira tuvyuriranire ugukundana n’ibikorwa vyiza, tudaheba  kwa gukoranira hamwe kwacu, nk’uko bamwe babimenyereye, mugabo turemeshanya, kandi birushirize kumera gutyo uko mubona wa musi wegereza.” (Heb. 10:24, 25) Imisi mikuru yaba buri mwaka n’iyindi mitororokano y’ugusenga yarakomeza Abisirayeli mu vy’impwemu. Vyongeye, ivyo biringo nka wa Musi mukuru w’Insago udasanzwe waba mu gihe ca Nehemiya vyari biteye umunezero. (Kuv. 23:15, 16; Neh. 8:9-18) Ku makoraniro, amateraniro n’amahwaniro tugira tarahakura ivyiza nk’ivyo. Nimuze twungukire bimwe bishitse kuri izo ndinganizo kugira tugire amagara meza mu vy’impwemu be n’agahimbare.Tito 2:2.

12. Dukwiye kwiyumva gute ku vyerekeye igikorwa co kwamamaza Ubwami?

12 Kubera ko turi mu bagize ishirahamwe ry’Imana, turafise umunezero wo kugira uruhara mu “gikorwa ceranda c’inkuru nziza y’Imana.” (Rom. 15:16) Kugira uruhara muri ico “gikorwa ceranda” bituma tuba “abakozi bakorana” na Yehova, “wa Mweranda.” (1 Kor. 3:9; 1 Pet. 1:15) Kwamamaza inkuru nziza biragira ico bitereye mu gutuma izina ryeranda rya Yehova ryezwa. Kandi ni agateka ntangere kuzezwa “inkuru nziza y’ubuninahazwa ya ya Mana ihimbawe.”1 Tim. 1:11.

13. Kugira tugire amagara meza mu vy’impwemu be n’ubuzima dusabwa iki?

13 Imana ishaka ko tugumana amagara meza mu vy’impwemu mu kuyumirako no mu gushigikira ibikorwa bitandukanye ishirahamwe ryayo rirangura. Musa yabwiye Abisirayeli ati: “Uno musi ntanze amajuru n’isi kw’ivyabona vyo kubagiriza, yuko nshize imbere yawe ubuzima n’urupfu, umuhezagiro n’umuvumo; kandi utegerezwa guhitamwo ubuzima kugira ubandanye kubaho, wewe n’uruvyaro rwawe, mu gukunda Yehova Imana yawe, mu kwumviriza ijwi ryiwe no mu kumata kuri we; kuko ari we buzima bwawe n’uburebure bw’imisi yawe, kugira ube ku butaka Yehova yarahiye ba sogokuruza bawe Aburahamu, Izahaki na Yakobo ko azobaha.” (Gus. 30:19, 20) Kugira turonke ubuzima bisaba ko dukora ivyo Yehova agomba, tukamukunda, tukagamburuka ijwi ryiwe, tukongera tukamata kuri we.

14. Umuvukanyi umwe yabona gute igice kiboneka c’ishirahamwe ry’Imana?

14 Umuvukanyi Pryce Hughes, uwumiye ku Mana adahemuka kandi akaguma agendana n’ishirahamwe ryayo, igihe kimwe yanditse ati: “Ndakenguruka cane kuba nabayeho mfise ubumenyi bwerekeye imigambi ya Yehova kuva mu myaka y’imbere gatoya ya 1914 . . . Nimba hari ikintu namye mbona ko gihambaye kuruta ibindi, ni ukuguma niyegereje ishirahamwe rya Yehova riboneka. Ibintu vyari vyaranshikiye vyaranyeretse ko kwiheka ku vyiyumviro vy’abantu ari ubujuju. Igihe iciyumviro nk’ico caba kinje mu bwenge, naca niyemeza kuguma nifatanije n’iryo shirahamwe ridahemuka. None hari ubundi buryo umuntu yotoneshwa akongera agahezagirwa na Yehova?”

NUBANDANYE KUJANA N’ISHIRAHAMWE RY’IMANA

15. Tanga akarorero ko mu Vyanditswe kerekana ukuntu dukwiye kwakira ibiryohorwa mu bijanye n’ingene dutahura Bibiliya.

15 Nimba twipfuza gutoneshwa no guhezagirwa na Yehova umwe wese ku giti ciwe, dutegerezwa gushigikira ishirahamwe ryiwe tukongera tukemera ibihinduka mu bijanye n’ukuntu dutahura Ivyanditswe. Rimbura iki kintu: Inyuma y’aho Yezu apfiriye, hariho abakirisu b’Abayuda ibihumbi bari bafitiye umwete Itegeko bikaba vyarabagora kuriheba. (Ivyak. 21:17-20) Ariko rero babifashijwemwo n’ikete Paulo yandikiye Abaheburayo, baratahuye ko batejejwe biciye ku  bimazi “bishikanwa hisunzwe Itegeko” ahubwo ko “[ba]bikesheje ugushikanwa kw’umubiri wa Yezu Kristu rimwe rizima.” (Heb. 10:5-10) Nta gukeka ko benshi muri abo bakirisu b’Abayuda bahinduye ivyiyumviro maze baratera imbere mu buryo bw’impwemu. Na twebwe turakeneye kwiga tubigiranye umwete no kwemera ibiryohorwa mu bijanye n’ukuntu dutahura Ijambo ry’Imana no mu gikorwa turangura co kwamamaza.

16. (a) Ni imihezagiro iyihe izotuma ubuzima bwo mw’isi nshasha buba bwiza igitangaza? (b) Ni igiki witeganye igishika mw’isi nshasha?

16 Yehova azobandanya guhezagira abo bose baguma ari intahemuka kuri we no kw’ishirahamwe ryiwe. Abarobanuwe b’abizigirwa bazoterwa uduteka duhambaye babe abaraganwa na Kristu mw’ijuru. (Rom. 8:16, 17) Nimba dufise icizigiro co kuba kw’isi, ese ingene bizoba bihimbaye kuba mw’Iparadizo. Mbega umunezero dufise ubu wo kubwira abandi ivyerekeye isi nshasha Imana yasezeranye kubera ko turi mu bagize ishirahamwe rya Yehova! (2 Pet. 3:13) Muri Zaburi 37:11 hagira hati: “Abatekereza bazokwigabira isi, kandi bazokwinovora amahoro menshi.” Abantu “bazokwubaka amazu bayiberemwo” kandi bazokwinovora “igikorwa c’amaboko yabo.” (Yes. 65:21, 22) Agahahazo, ubukene n’ikigoyi ntibizoba bikiriho. (Zab. 72:13-16) Babiloni Akomeye ntazosubira guhenda umuntu n’umwe kuko atazoba akiriho. (Ivyah. 18:8, 21) Abapfuye bazozurwa baronke akaryo ku kubaho ibihe bidahera. (Yes. 25:8; Ivyak. 24:15) Ese ibintu biteye umunezero abantu amamiliyoni biyeguriye Yehova bazokwironkera! Kugira umwe wese muri twebwe yungukire kuri iyo mihango yo mu Vyanditswe, ategerezwa kubandanya atera imbere mu vy’impwemu, akaguma ajana n’ishirahamwe ry’Imana.

Woba ushobora kwiha ishusho uri mw’Iparadizo?(Raba ingingo ya 16)

17. Dukwiye kubona gute Yehova n’ishirahamwe ryiwe?

17 Ko iherezo ry’iyi si ryegereje cane, nimuze tugume dushikamye mu kwizera twongere twerekane ko dukenguruka cane intunganyo Imana yashizeho kugira tuyisenge. Ukwo ni ko umwanditsi w’amazaburi Dawidi yabona ibintu, uwaririmvye ati: “Nasavye Yehova ikintu kimwe, ni co nzorondera, ni uko nokwibera mu nzu ya Yehova imisi yose y’ubuzima bwanje, ngo nitegereze ubwiza bwa Yehova, no kugira ngo ndabe urusengero rwiwe nikugura.” (Zab. 27:4) Ese umwe wese muri twebwe yokwumira kuri Yehova, akaguma yifatanije n’abasavyi biwe kandi akaguma ajana n’ishirahamwe ryiwe.