Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Nukurikize rya Tegeko ry’agakura mu busuku bwawe

Nukurikize rya Tegeko ry’agakura mu busuku bwawe

“ibintu vyose . . . mushaka ko abantu babagirira, namwe nyene mutegerezwa kubibagirira.”MAT. 7:12.

1. Ukuntu dufata abantu mu busuku kwoba guhambaye? Tanga akarorero. (Raba ifoto itangura.)

HARAHEZE imyaka mikeyi, umugabo n’umukenyezi wiwe bo muri Fiji bariko baragira uruhara mw’isekeza ryo gutumira abantu ku Cibutso c’urupfu rwa Kristu. Imvura yaratanguye kugwa igihe bariko baraganira n’umugore umwe bari hanze. Umuvukanyi yaciye amuha umutaka, na we aca asangira n’umukenyezi wiwe uwusigaye. Abo bubakanye barahimbawe no kubona nya mugore yitavye Icibutso. Yariyemereye ko ata vyinshi yibuka mu majambo ivyo Vyabona bamubwiye igihe bamugendera. Ariko yarakozwe ku mutima cane n’ingene bamufashe ku buryo yumvise atoreka kwitaba Icibutso. Ni igiki catumye avyakira neza gutyo? Abo bubakanye bari bakurikije rya Tegeko ry’agakura.

2. Itegeko ry’agakura ni iki, kandi tworikurikiza gute?

2 None Itegeko ry’agakura ni iki? Ni impanuro Yezu yatanze igihe yavuga ati: “Ibintu vyose . . . mushaka ko abantu babagirira, namwe nyene mutegerezwa kubibagirira.” (Mat. 7:12) Twokurikiza gute iryo tegeko? Ahanini twobigira mu buryo bubiri. Ubwa mbere, dukwiye kwibaza duti: ‘Iyaba ari jewe, nari gushima ko bamfata gute?’ Ubukurikira, turakeneye  gukora ibishoboka vyose kugira ngo dufate abandi nk’uko twoshima ko badufata.1 Kor. 10:24.

3, 4. (a) Sigura igituma rya Tegeko ry’agakura ridakora gusa mu vyo tugirana n’abo dusangiye ukwemera. (b) Tugiye kurimbura ibiki muri iki kiganiro?

3 Akenshi turakurikiza Itegeko ry’agakura mu vyo dukorana n’abo dusangiye ukwemera. Ariko Yezu ntiyavuze ko ivyo dukwiye kubigirira abo dusangiye ukwemera gusa. Igihe yavuga ivy’iryo Tegeko ry’agakura yariko avuga ibijanye n’ingene twofata abantu muri rusangi, ushizemwo n’abansi bacu. (Soma Luka 6:27, 28, 31, 35.) Nimba dusabwa gukurikiza iryo tegeko ku bansi bacu, hari akantu abo tubwira inkuru nziza, narirya benshi muri bo bashobora kuba “bafise agatima kabereye kotuma baronka ubuzima budahera”!—Ivyak. 13:48.

4 Ubu na ho tugira turimbure ibibazo bine twogumiza ku muzirikanyi igihe turi mu busuku: Ni bande tuganira? Ndabasanga hehe? Nobagendera ryari? Novyifatamwo gute igihe ndabagendeye? Nk’uko tuza kubibona, ivyo bibazo birashobora kudufasha kwitwararika ukuntu abo tuganira biyumva, tugaca tumenya ukuntu twovyifatamwo.1 Kor. 9:19-23.

NI BANDE TUGANIRA?

5. Ni ibibazo ibihe twokwibaza?

5 Mu busuku turangura, turakunze kuganira n’abantu batandukanye. Usanga bakuriye mu bintu bitari bimwe kandi umwe wese akaba afise ingorane yisangije. (2 Ngo. 6:29) Igihe ubwira umuntu inkuru nziza, niwibaze uti: ‘Iyaba ari jewe ndi mu kibanza ciwe, nari gushima ko amfata gute? Vyoba vyonezera hamwe yomfata gusa nk’umuntu atazi wo muri iyo micungararo? Canke noshima ko agerageza kumenya?’ Kwibaza ivyo bibazo birashobora kutwibutsa ko dukwiye gufatana icubahiro umuntu wese.

6, 7. Twokora iki nimba mu busuku duhuye n’umuntu asa n’uwudukarira?

6 Nta n’umwe yoshima ko abandi bamwishiramwo nabi. Nk’akarorero, twebwe abakirisu turihatira gushira mu ngiro impanuro Bibiliya itanga yo ‘kwama dufise imvugo y’igikundiro.’ (Kol. 4:6) Ariko rero kubera yuko tudatunganye, birashika tukavuga ibintu mu nyuma tukicuza. (Yak. 3:2) Nka hamwe twobwira umuntu nabi, kumbure kubera tutiyumva neza kuri uwo musi, ntitwoshima ko uwo muntu aca yishiramwo ko tutagira urupfasoni. Twoshima ko adutahura. None wumva natwe tudakwiye gutahura abandi?

7 Nimba mu busuku uhuye n’umuntu asa n’uwugukarira, ubwo ntivyoba vyiza ugerageje kumutahura? Ubwo ntiwosanga yifitiye ingorane ku kazi canke kw’ishure? Yoba ariko aranyinyana n’ingorane ikomeye y’amagara? Akenshi hari abantu bavyakira nabi mu ntango mugabo mu nyuma bakavyakira neza igihe abasavyi ba Yehova babagaragarije ubwitonzi n’icubahiro.Imig. 15:1; 1 Pet. 3:15.

8. Ni kubera iki dukwiye kubwira ubutumwa bw’Ubwami “abantu b’uburyo bwose”?

8 Abantu tuganira mu busuku bava mu mice y’ubuzima itandukanye. Nk’akarorero, mu myaka mikeyi iheze, inkuru z’ubuzima zirenga 60 zarasohowe mu rukurikirane rw’ibiganiro vyo mu Munara w’Inderetsi ruvuga ngo “Bibiliya irahindura ubuzima bw’abantu.” Bamwe mu bantu bavugwa muri ivyo biganiro bahora ari abasuma, imborerwa, abo mu tugwi tw’inkozi z’ikibi canke abiziziwe n’ibiyayuramutwe. Abandi bari abanyapolitike, indongozi z’amadini canke abantu bihebeye akazi. Bamwebamwe bari babayeho mu buhumbu. Yamara bose barumvise inkuru nziza, baremera kwiga  Bibiliya, barahindura ubuzima bwabo, maze baraza mu kuri. Ku bw’ivyo, ntidukwiye kwigera twishiramwo yuko hari abantu badashobora kwakira ubutumwa bw’Ubwami. (Soma 1 Abakorinto 6:9-11.) Ahubwo turemera ko “abantu b’uburyo bwose” bashobora kwakira inkuru nziza.1 Kor. 9:22.

NDABASANGA HEHE?

9. Ni kubera iki dukwiye kwubahiriza aho abandi baba?

9 Igihe turi mu busuku, ni hehe dusanga abantu? Akenshi tubasanga i muhira iwabo. (Mat. 10:11-13) Turashima ko abandi bubahiriza aho tuba n’ivyo dutunze. Nakare, turaha agaciro ahantu tuba. Iyo tuhari twipfuza kwumva ko dutekanye be n’uko ata wutuvogera. Dukwiye kwubahiriza abandi muri ubwo buryo nyene. Ku bw’ivyo, igihe twamamaza inzu ku nzu, vyoba vyiza turavye neza ko twubahiriza aho baba.Ivyak. 5:42.

10. Twokwirinda gute kubabaza abandi mu busuku bwacu?

10 Muri iyi si yuzuye ubugizi bwa nabi, abantu benshi baragira amakenga ku bo batazi. (2 Tim. 3:1-5) Dukwiye kwirinda kwongereza ayo makenga. Nk’akarorero, dufate ko dushitse ku muhana tukadodora ku muryango. Hatagize uwitaba, twoshobora guca dushaka kurunguruka mw’idirisha canke kuzunguruka iyo nzu turondera uwuhaba. Aho ubaye, ivyo vyoba vyobabaza umunyamuhana? Ababanyi biwe bokwibaza iki? Ni ivy’ukuri yuko dukwiye kwamamaza mu buryo bunogangije. (Ivyak. 10:42) Turashashaye kwamamaza ubutumwa bwiza, kandi tubigirana imvo nziza. (Rom. 1:14, 15) Ariko rero, turirinda tubigiranye ubukerebutsi gukora ikintu ico ari co cose cobabaza abantu bo mu cibare bidakenewe. Intumwa Paulo yanditse ati: “Ntidutanga mu buryo na bumwe igitsitaza na kimwe, kugira ngo ubusuku bwacu ntibutorwe amahinyu.” (2 Kor. 6:3) Igihe twubahirije aho abantu bo mu cibare baba n’ivyo batunze, inyifato yacu yoshobora gutuma bamwebamwe baza mu kuri.Soma 1 Petero 2:12.

Nimuze twame twirinda kuvogera abandi kandi twubahirize ivyabo(Raba ingingo ya 10)

NDABAGENDERA RYARI?

11. Kubera iki tubishima igihe abandi bubahiriza umwanya wacu?

11 Benshi muri twebwe abakirisu usanga ducurumba muri vyinshi. Kugira turangure ivyo dusabwa, turashinga ibija imbere y’ibindi kandi tukagira urutonde tuvyitondeye. (Ef. 5:16; Flp. 1:10) Igihe hari ikiduciriyemwo twoshobora kwumva tubabaye. Turabishima rero igihe abandi bubahirije umwanya wacu, ntibitege ko tubahebera umwanya munini cane. Dufise ku muzirikanyi rya Tegeko ry’agakura, twokwerekana gute ko twubahiriza abo tubwira inkuru nziza?

12. Twomenya gute umwanya mwiza wo kugendera abantu bo mu cibare cacu?

12 Turakwiye kugerageza kumenya umwanya mwiza wo kugendera abantu. Mu cibare cacu, ni ryari abantu bakunze kuba bari i muhira? Ni ryari bashobora kutwakira neza? Biraba vyiza igihe duhinduye urutonde rwacu twisunze ivyo bintu. Mu mihingo imwimwe yo kw’isi, igikorwa cacu co kwamamaza inzu ku nzu usanga cimbuka cane ku mugoroba. Nimba ari ukwo biri mu cibare ukoreramwo, ubona gute ugiye uramamaza inzu ku nzu muri ico kiringo c’umusi? (Soma 1 Abakorinto 10:24.) Turashobora kwemera tudakeka ko Yehova azohezagira utwigoro twose tugira kugira ngo twamamaze mu mwanya worohereza abo mu cibare cacu.

13. Twokwerekana gute ko twubahiriza umunyamuhana?

13 Ni gute kandi twokwerekana ko twubahiriza umuntu? Igihe umuntu avyakiriye  neza, turakwiye gushinga intahe nziza ariko ntidukwiye kuriramwo mbege ngo tuhamare umwanya urenze. Uwo muntu ashobora kuba yategekanirije uwo mwanya ikindi kintu abona ko gihambaye. Avuze ko afatiriwe, twoshobora kuvuga ko tuza guca make kandi tukavyubahiriza. (Mat. 5:37) Mu gusozera ikiyago, vyoba vyiza tumubajije igihe yoshima ko tugaruka. Abamamaji bamwebamwe basanze birushiriza kuba vyiza bavuze bati: “Nohimbarwa no kugaruka. Woshima ko ndaguterefona canke ndakurungikira ubutumwa imbere y’uko ndahaca?” Igihe tugendeye abantu bo mu cibare ku mwanya uborohereza, tuba twiganye akarorero ka Paulo, we ‘atarondera akarusho kiwe bwite, ahubwo yarondera aka benshi, kugira bakizwe.’1 Kor. 10:33.

NOVYIFATAMWO GUTE IGIHE NDABAGENDEYE?

14-16. (a) Kubera iki dukwiye gutomorera umunyamuhana ikitugenza? Tanga akarorero. (b) Ni uburyo ubuhe umucungezi w’ingenzi umwe yasanze ari ngirakamaro?

14 Dufate ko hari umuntu aduterefonye ariko ntitumumenye. Aciye atangura kutubaza ibifungurwa dukunda. Turibaza uwo muntu uwo ari we be n’ico ashaka vy’ukuri. Kubera ko tumwubashe, twoshobora kuyaga na we gatoyi, mugabo tugaca tumumenyesha ko twoshima guhagarika ico kiyago. Ku rundi ruhande, dufate ko nya muntu yidondoye, akatubwira ko akora mu bijanye no gufasha abantu gufungura neza, agaca atubwira n’umutima mwiza ko afise amakuru yodufasha. Kumbure tworushiriza kumutega yompi. Nakare, turashima  ko abantu bataduhisha ico bari igihe batuyagisha. Twogaragariza gute urwo rupfasoni nyene abantu duhura mu busuku?

15 Mu vyibare vyinshi, turakenera gutomorera umunyamuhana ikitugenza. Ego ni ko turafise amakuru ngirakamaro uwo munyamuhana adafise, ariko dufate ko tutidondoye tugaca dupfa gutanguza ikiyago mu kubaza duti: “Hamwe woba ushoboye gutorera umuti ingorane zose zo mw’isi, wokora iki?” Turazi ko intumbero y’ico kibazo ari ukumenya iryo agona, tugaca twerekeza ico kiyago kuri Bibiliya. Ariko rero, uwo munyamuhana yoshobora kwibaza ati: ‘Uyu muntu ni nde? Kubera iki ambajije ico kibazo? Ashaka iki?’ Ku bw’ivyo, turakwiye gutuma umunyamuhana yumva yisanze. (Flp. 2:3, 4) None ivyo twobigira gute?

16 Umucungezi w’ingenzi umwe yasanze ubu buryo ari ngirakamaro. Amaze kuramukanya n’umunyamuhana, aca amuha agapapuro k’inkuru nziza kavuga ngo Woba ushaka kumenya ukuri? maze akavuga ati: “Turiko turaha aka gapapuro abantu bose bo muri aka karere. Karaca irya n’ino ibibazo bitandatu abantu benshi bibaza. Aka ni rwawe.” Uwo muvukanyi avuga ko abantu benshi barushiriza kwumva batekanye iyo bamenye ikitugenza. Muri ico gihe birarushiriza kworoha kubandanya ikiyago. Uwo mucungezi aca abaza uwo muntu ati: “Hari na kimwe muri ibi bibazo woba umaze kwibaza?” Nya muntu ahisemwo kimwe, uwo muvukanyi aca azingurura ako gapapuro bagaca baraba ico Bibiliya ivuga kuri ico kibazo. Canke na ho, arahitamwo ikibazo agaca abandanya ikiyago atiriwe aratera ubuyega umunyamuhana. Ariko ntiwumve, hariho uburyo bwinshi bwo gutanguza ikiyago. Mu mihingo imwimwe, abanyamuhana boshobora kwitega ko dukora n’ibindi imbere yo kuvuga ikitugenza. Ikintu nyamukuru ni ukumenya ingene duhuza uburyo dutanguza ikiyago n’ukuntu abantu bo mu karere iwacu bashima ko tubayagisha.

NUGUME UKURIKIZA RYA TEGEKO RY’AGAKURA MU BUSUKU BWAWE

17. Nk’uko vyerekanwa muri iki kiganiro, ni uburyo bumwebumwe ubuhe dukurikiza rya Tegeko ry’agakura?

17 None ni uburyo bumwebumwe ubuhe dukurikiza rya Tegeko ry’agakura mu busuku bwacu? Turagaragariza icubahiro umunyamuhana wese. Turubahiriza aho baba be n’ivyo batunze. Turihatira kuja mu busuku ku myanya abanyamuhana benshi baba bari muhira kandi bakaba biteguriye kutwumviriza. Vyongeye, turatanguza ikiyago mu buryo butuma abantu bo mu cibare cacu batwumviriza.

18. Ni ivyiza ibihe biva mu gufata abantu bo mu cibare nk’uko twipfuza ko bodufata?

18 Igihe dufata abantu bo mu cibare nk’uko twipfuza ko bodufata biravamwo ivyiza vyinshi. Mu gihe tugaragaje ubuntu n’ukwitwararika abandi, turareka umuco wacu ukaka, tugashira ahabona agaciro k’ingingo ngenderwako zo mu Vyanditswe, kandi tukaninahaza Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru. (Mat. 5:16) Turashobora gufasha abantu benshi kuza mu kuri bivanye n’ukuntu tubayagisha. (1 Tim. 4:16) Naho abo tubwira ubutumwa bw’Ubwami bobwemera canke ntibabwemere, turahimbarwa no kumenya ko turiko turakora ivyo dushoboye vyose ngo turangure ubusuku bwacu. (2 Tim. 4:5) Ese umwe wese muri twebwe yokwigana intumwa Paulo, uwanditse ati: “Nkora vyose ku bw’inkuru nziza, kugira ndayisangire n’abandi.” (1 Kor. 9:23) Ku bw’ivyo, nimuze twame dukurikiza rya Tegeko ry’agakura mu busuku bwacu.