Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Yehova ni Imana y’urutonde

Yehova ni Imana y’urutonde

“[Yehova si] Imana y’umuvurungano, ahubwo ni iy’amahoro.”1 KOR. 14:33.

1, 2. (a) Ni nde Imana yatanguye kurema, kandi Yehova yamukoresheje gute? (b) Ni igiki cerekana ko abamarayika batunganijwe neza?

YEHOVA, Umuremyi w’ibiriho vyose, akora ibintu ku rutonde. Yabanje kurema Umwana wiwe w’ikinege, akaba yitwa “Jambo” kubera ko ari umuvugizi mukuru w’Imana. Uwo Jambo yarakoreye Yehova imyaka n’iyindi, kuko Bibiliya igira iti: “Mu ntango Jambo yariho, kandi Jambo yari kumwe n’Imana.” Bibiliya yongerako iti: “Ibintu vyose vyabayeho biciye kuri we [Jambo], kandi bidaciye kuri we nta kintu na kimwe cabayeho.” Haraheze imyaka irenga gatoyi 2.000 Imana irungitse Jambo kw’isi, wa muntu atunganye Yezu Kristu, akaba yarakoze adahemuka ivyo Se agomba.Yoh. 1:1-3, 14.

2 Imbere y’uko aza kw’isi, Umwana w’Imana yarakoreye Se adahemuka ari “umukozi w’umuhanga.” (Imig. 8:30) Biciye kuri we, Yehova yararemye ibindi biremwa vy’impwemu amamiliyoni mw’ijuru. (Kol. 1:16) Ku vyerekeye abo bamarayika, Bibiliya itubwira iti: “Ibihumbi igihumbi baguma [bakorera Yehova], n’ibihumbi cumi kugwiza ibihumbi cumi baguma bahagaze imbere yiwe.” (Dan. 7:10) Ivyo biremwa vy’impwemu indiri vy’Imana vyitwa “ingabo” za Yehova zitunganijwe neza.Zab. 103:21.

3. Hari inyenyeri n’imibumbe bingana iki, kandi bitunganijwe gute?

3 Tuvuge iki ku biremwa biboneka, nk’inyenyeri zidaharurika be n’imibumbe? Ku vyerekeye inyenyeri, ikinyamakuru kimwe (Chronicle) c’i Houston muri Texas, kivuga yuko icigwa  giherutse kugirwa cerekana ko igitigiri c’inyenyeri “kiruta incuro zitatu ico abahinga bahora biyumvira.” Ico kinyamakuru kibandanya kivuga ko ico gitigiri kingana n’igiharuro 3 wongeyeko ubusa 23, ni ukuvuga imiliyaridi 3.000 kugwiza imiliyaridi 100. Izo nyenyeri ziri mu bigwibigwi bita amagalagisi, kimwe cose muri vyo kikaba kirimwo inyenyeri amamiliyaridi canke mbere amamiliyaridi ibihumbi, hamwe n’imibumbe myinshi. Amagalagisi menshi na yo usanga agizwe n’ibirundorundo (vyitwa amas), na vyo bikaba bigizwe n’ibirundo binini kuruta (vyitwa superamas).

4. Kubera iki vyumvikana gushika ku ciyumviro c’uko abasavyi b’Imana bo kw’isi bobaye bungunganijwe neza?

4 Cokimwe n’ibiremwa vy’impwemu vyo mw’ijuru bigororotse, ibiremwa biboneka vyo mu majuru na vyo nyene biri ku rutonde rutangaje. (Yes. 40:26) Birumvikana rero ko Yehova atobura kwungunganya abasavyi biwe bo kw’isi. Ashaka yuko bagumana urutonde, kandi ivyo birakenewe rwose kubera yuko bafise igikorwa gihambaye barangura. Ibintu vyinshi abasavyi ba Yehova ba kera n’ab’ubu bamaze kurangura biratanga ikimenyamenya ntaharirizwa c’uko Yehova yamye ari kumwe na bo be n’uko “atari Imana y’umuvurungano, ahubwo [ari] iy’amahoro.”Soma 1 Abakorinto 14:33, 40.

ABASAVYI B’IMANA BA KERA BARI BUNGUNGANIJWE NEZA

5. Ni gute umugambi Imana yari ifitiye isi wabaye urahagaze?

5 Igihe Yehova yarema abantu ba mbere, yababwiye ati: “Nimurondoke, mugwire, mwuzure isi kandi muyigabe, muganze amafi yo mu kiyaga, n’ibiremwa biguruka vyo mu kirere, n’ikinyabuzima cose kigendagenda kw’isi.” (Ita. 1:28) Umuryango w’abantu wari kugenda urarwira ku rutonde gushika ukwiye isi yose ku buryo umubumbe wose bawuhindura Iparadizo. Uwo mugambi wabaye urahagaze igihe Adamu na Eva bagarariza. (Ita. 3:1-6) Mu nyuma, “Yehova [yarabonye] ko ububi bw’umuntu bwari bugwiriye mw’isi be n’uko impengamiro yose y’ivyiyumviro vy’umutima wiwe yari mbi gusa igihe cose.” Ivyo vyatumye Imana ibona ko ‘isi yononekaye be n’uko yari yuzuye ubukazi.’ Imana rero yaciye ifata ingingo yo kuzana umwuzure ukwiye kw’isi yose wokuyeho abantu batibanga Imana.Ita. 6:5, 11-13, 17.

6, 7. (a) Ni kubera iki Nowa yagize ubutoni mu maso ya Yehova? (Raba ishusho itangura.) (b) Ni ibiki vyashikiye ba bantu bose batagira ukwizera bo mu gihe ca Nowa?

6 Ariko rero, “Nowa [yaragize] ubutoni mu maso ya Yehova” kuko “yari umuntu w’umugororotsi” akaba “yarerekana ko atagira amahinyu mu bo mu gihe ciwe.” Kubera yuko “Nowa yagendana n’Imana y’ukuri,” Yehova yaramusavye kwubaka ubwato bunini cane. (Ita. 6:8, 9, 14-16) Bwari bwubatswe ku buryo abantu n’ibikoko vyari muri bwo bishobora kurokoka. Abigiranye ukugamburuka, “Nowa [yakoze] yisunze ivyo Yehova yari yamutegetse vyose,” kandi afashijwe n’umuryango wiwe, yararangije ico gikorwa co kwubaka mu buryo buri ku rutonde. Amaze kwinjiza mu bwato ikiri n’ubuzima cose, “Yehova [yaciye] yugara umuryango.”Ita. 7:5, 16.

7 Mu 2370 imbere ya Kristu, igihe Umwuzure washika, Yehova “[yarazimanganije] ikintu cose kiri n’ubuzima cari ku buringanire bw’ubutaka” mugabo azigama wa mwizigirwa Nowa n’umuryango wiwe. (Ita. 7:23) Muri iki gihe abantu bose bari kw’isi bakomoka kuri Nowa, abahungu biwe n’abagore babo. Ariko rero, ba bantu bose batagira ukwizera bari hanze y’ubwato baratikiye kuko banse kwumviriza Nowa, “umwamamaji w’ubugororotsi.”2 Pet. 2:5.

Ugutunganya ibintu neza vyarafashije abantu umunani kurokoka Umwuzure(Raba ingingo ya  6, 7)

8. Igihe Imana yasaba Abisirayeli kwinjira mu Gihugu c’isezerano, ni ikimenyamenya ikihe cerekana ko bari batunganijwe neza?

 8 Haheze ibinjana birenga umunani Umwuzure ubaye, Imana yarungunganije Abisirayeli baba ihanga. Imice yose y’ubuzima bwabo yategerezwa kurangwa n’urutonde, canecane mu bijanye n’ugusenga. Nk’akarorero, uretse abaherezi n’Abalewi batari bake, hariho n’ “abagore b’abasukukazi bakora igikorwa gitunganijwe, ku bwinjiriro bw’ihema ry’ihuriro.” (Kuv. 38:8) Ariko rero, igihe Yehova Imana yasaba Abisirayeli kwinjira i Kanani, iryo yaruka ryarahemutse, aca ababwira ati: “Ntimuzokwinjira mu gihugu nadugijemwo ukuboko kwanje ndahira ko nzobana namwe, kiretse Kalebu mwene Yefune na Yosuwa mwene Nuni” kuko bazanye inkuru nziza bavuye gutata Igihugu c’isezerano. (Guh. 14:30, 37, 38) Nk’uko Imana yari yabivuze, Musa yahavuye agena Yosuwa ngo abe umusubirizi wiwe. (Guh. 27:18-23) Igihe Yosuwa yagira yinjize Abisirayeli i Kanani, Yehova yamubwiye ati: “Gira umutima rugabo. Nturanduke umutima canke ngo ucike ivutu, kuko Yehova Imana yawe azobana nawe aho uzoja hose.”Yos. 1:9.

9. Rahabu yabona gute Yehova n’abasavyi biwe?

9 Yehova Imana vy’ukuri yari kumwe na Yosuwa aho yaja hose. Nk’akarorero, rimbura ivyashitse igihe Abisirayeli bari bakambitse hafi y’igisagara Yeriko c’i Kanani. Mu 1473 imbere ya Kristu, Yosuwa yararungitse abagabo babiri gutata Yeriko, maze bahasanga umumaraya yitwa Rahabu. Yarabanyegeje ku gisenge c’inzu yiwe kugira ntibafatwe n’abantu barungitswe n’umwami w’i Yeriko. Rahabu yabwiye abo batasi b’Abisirayeli ati: “Emwe, ndazi yuko Yehova atazobura kubaha iki gihugu . . . , kuko twumvise ukuntu Yehova yakamije amazi y’ikiyaga Gitukura imbere yanyu . . . be n’ivyo mwakoreye ba bami babiri b’Abamori.” Yongeyeko ati: “Yehova Imana yanyu [ni] Imana mu majuru hejuru no kw’isi hasi.” (Yos. 2:9-11) Kubera yuko Rahabu yashigikiye ishirahamwe rya Yehova ry’ico gihe,  Imana yaritwararitse ko we n’umuryango wiwe barokoka igihe Abisirayeli bigarurira Yeriko. (Yos. 6:25) Rahabu yaragaragaje ukwizera, aratinya Yehova, yongera arubaha abasavyi biwe.

ISHIRAHAMWE RYO MU KINJANA CA MBERE

10. Ni igiki Yezu yabwiye indongozi z’idini ry’Abayuda zo mu gihe ciwe, kandi ni kubera iki yababwiye gutyo?

10 Barongowe na Yosuwa, Abisirayeli barafashe ibisagara vy’i Kanani kimwekimwe gushika bigaruriye igihugu cose. Ariko mu nyuma vyagenze gute? Mu binjana n’ibindi, Abisirayeli bagumye barenga ku mategeko y’Imana. Igihe Yehova yarungika Umwana wiwe kw’isi, bari barananiwe kugamburukira Imana no kwumviriza abahanuzi bayo ku buryo Yezu yavuze ko Yeruzalemu ari igisagara “[c]ica abahanuzi.” (Soma Matayo 23:37, 38.) Imana yariyamirije indongozi z’idini ry’Abayuda kubera bahemutse. Ni co gituma Yezu yababwiye ati: “Ubwami bw’Imana muzobwakwa buhabwe ihanga ryama ivyamwa vyabwo.”Mat. 21:43.

11, 12. (a) Ni igiki cerekana ko mu kinjana ca mbere Yehova yahevye ihanga ry’Abayuda atangura gutonesha ishirahamwe rishasha? (b) Iryo shirahamwe rishasha ryari rigizwe na bande?

11 Mu kinjana ca mbere inyuma ya Kristu, Yehova yarashibuye ihanga rya Isirayeli ry’irihemu. Ariko rero, ivyo ntivyasobanura ko atosubiye kugira ishirahamwe ry’abasavyi biwe b’intahemuka kw’isi. Yehova yaratanguye gutonesha ishirahamwe rishasha ryari rishingiye kuri Yezu Kristu n’inyigisho ziwe. Ryatanguye kuri Pentekoti yo mu 33 inyuma ya Kristu. Ico gihe, abigishwa ba Yezu bashika 120 bari bakoraniye mu kibanza kimwe i Yeruzalemu “maze bukwi na bukwi haza urwamo ruvuye mw’ijuru rumeze nk’urw’umuyaga ukomeye uhuhuta, rwuzura nya nzu yose bari bicayemwo.” Baciye “babona indimi zimeze nk’iz’umuriro hanyuma zirigabagura, rumwerumwe ruja kuri umwe wese muri bo, bose buzuzwa impwemu nyeranda, batangura kuvuga mu zindi ndimi nk’uko nya mpwemu yabaha kuvuga.” (Ivyak. 2:1-4) Ico ikintu gitangaje caratanze ikimenyamenya ntahinyuzwa c’uko Yehova yari ashigikiye iryo shirahamwe rishasha ryari rigizwe n’abigishwa ba Kristu.

12 Kuri uyo musi w’inkoramutima, “abantu nk’ibihumbi bitatu baronge[we]” ku gitigiri c’abayoboke ba Yezu. Vyongeye, “ku musi ku musi Yehova yaguma abongerako abaza barakizwa.” (Ivyak. 2:41, 47) Igikorwa c’abo bamamaji bo mu kinjana ca mbere carimbutse cane ku buryo “ijambo ry’Imana ribandanya . . . gukura, igitigiri c’abigishwa na co kiguma kigwira cane i Yeruzalemu.” Mbere “isinzi rinini ry’abaherezi [ryaratanguye] kugamburuka ukwizera.” (Ivyak. 6:7) Abantu benshi b’umutima nziraburyarya baremeye ukuri abagize iryo shirahamwe rishasha bamamaza. Mu nyuma, Yehova yarerekanye mu buryo busa n’ubwo ko ashigikiye iryo shirahamwe igihe yatangura kwinjiza “abanyamahanga” mw’ishengero rya gikirisu.Soma Ivyakozwe 10:44, 45.

13. Ni igikorwa ikihe Imana yashinze ishirahamwe ryayo rishasha?

13 Igikorwa Imana yashinze abayoboke ba Kristu caribonekeza. Yezu ubwiwe yari yarabahaye akarorero kuko akimara kubatizwa yaciye atangura kwamamaza “ubwami bwo mw’ijuru.” (Mat. 4:17) Yezu yarigishije abayoboke biwe gukora ico gikorwa nyene. Yababwiye ati: “Muzombera ivyabona i Yeruzalemu n’i Yudaya hose n’i Samariya, no gushika mu karere ka kure rwose k’isi.” (Ivyak. 1:8) Nta gukeka ko abayoboke ba Kristu bo mu ntango batahura neza ico basabwa gukora. Nk’akarorero, i Antiyokiya h’i Pisidiya, Paulo na Barunaba barabwiye batarya umunwa Abayuda bariko barabarwanya bati: “Vyari nkenerwa ko ijambo ry’Imana ribanza  kubwirwa mwebwe. Ko murishiburiye kure yanyu ntimubone ko mubereye ubuzima budahera, ehe duhindukiriye amahanga. Nkako, Yehova yaduhaye ibwirizwa muri aya majambo, ati: ‘Nkugenye kuba umuco w’amahanga, ngo ube ubukiriro gushika ku mpera y’isi.’ ” (Ivyak. 13:14, 45-47) Kuva mu kinjana ca mbere, igice co kw’isi c’ishirahamwe ry’Imana camye kimenyesha intunganyo yashizeho kugira iturokore.

BENSHI BARAPFUYE ARIKO ABASAVYI B’IMANA BARAROKOTSE

14. Ni ibiki vyashikiye Yeruzalemu mu kinjana ca mbere, mugabo ni bande barokotse?

14 Abayuda muri rusangi ntibakiriye inkuru nziza, kandi bari kwibonerako, kuko Yezu yari yaraburiye abigishwa biwe ati: “Nimwabona Yeruzalemu ikikujwe n’ingabo zishinze ikambi, muzoce mumenya yuko ugucika umusaka kwaho kwegereje. Abari i Yudaya bazoce batangura guhungira mu misozi, abari hagati muri Yeruzalemu na bo bazoce bavayo, abari hagati mu gihugu na bo ntibaze binjireyo.” (Luka 21:20, 21) Ivyo Yezu yavuze vyarabaye. Kubera Abayuda bagumutse, ingabo z’Abaroma zirongowe na Cestius Gallus zarakikuje Yeruzalemu mu 66 inyuma ya Kristu. Ariko rero izo ngabo zarasubiye inyuma ata wuvyiteze, bica biha abayoboke ba Yezu akaryo ko kuva i Yeruzalemu n’i Yudaya. Nk’uko umuhinga mu vya kahise Eusèbe abivuga, benshi barahunze baca mu Ruzi Yorodani baja i Pela muri Pereya. Mu 70 inyuma ya Kristu, ingabo z’Abaroma zaragarutse ziyobowe n’umujenerali yitwa Titus maze ziratikiza Yeruzalemu. Ariko rero, abakirisu b’abizigirwa bararokotse kuko bumviye imburi ya Yezu.

15. Ni ibiki bitabujije ubukirisu gusagamba?

15 Naho abayoboke ba Kristu bashikiwe n’ingorane, uruhamo, n’ibindi bintu bigerageza ukwizera, ubukirisu bwarasagamvye mu kinjana ca mbere. (Ivyak. 11: 19-21; 19:1, 19, 20) Abo bakirisu bo mu ntango barasagamvye mu vy’impwemu kubera ko Imana yabahezagiye.Imig. 10:22.

16. Kugira ngo umukirisu wese akomere mu vy’impwemu, yategerezwa gukora iki?

16 Kugira ngo umukirisu wese akomere mu vy’impwemu, yategerezwa kugira akigoro. Vyari bihambaye ko agira umwete wo kwiga Ivyanditswe, akitaba amakoraniro adahorereza akongera akagira umwete mu gikorwa co kwamamaza Ubwami. Ivyo bikorwa vyarafasha abasavyi ba Yehova kuguma bakomeye mu vy’impwemu, kandi n’ubu ni ko biri. Abifatanya n’ayo mashengero yo mu ntango barungukira cane ku twigoro tuvuye ku mutima abacungezi n’abakozi b’ishengero bagira kugira babafashe. (Flp. 1:1; 1 Pet. 5:1-4) Vyongeye, ese ukuntu bategerezwa kuba barahimbarwa igihe abacungezi b’ingenzi nka Paulo baba bagendeye amashengero! (Ivyak. 15:36, 40, 41) Amasano ari hagati y’ukuntu dusenga be n’ukuntu abakirisu bo mu kinjana ca mbere basenga aratangaje. Ese ingene dukenguruka kubona Yehova yamye yungunganya abasavyi biwe kuva kera! *

17. Tuzokwihweza iki mu kiganiro gikurikira?

17 Uko ishirahamwe rya Shetani ryegereza iherezo ryaryo muri iyi misi ya nyuma, igice co kw’isi c’ishirahamwe rya Yehova kiguma gitera imbere ningoga na ningoga. Woba uriko urajana na ryo? Woba uriko uratera imbere mu vy’impwemu? Ikiganiro gikurikira kizokwereka ingene wobigira.

^ par. 16 Raba ikiganiro kivuga ngo “Abakirisu basenga mu mpwemu no mu kuri” n’ikivuga ngo “Barabandanya kugendera mu kuri” vyasohotse mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 15 Mukakaro 2002. Amakuru aramvuye yerekeye igice co kw’isi c’ishirahamwe ry’Imana muri iki gihe yarasohotse mu gatabu Ni bande bariko barakora ivyo Yehova agomba muri iki gihe?