Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

 INKURU Y’UBUZIMA

Yehova yaramfashije vy’ukuri

Yehova yaramfashije vy’ukuri

Ndi kumwe na Evelyn uwo twari duherutse kwubakana, narururutse igariyamoshi i Hornepayne mu gihugu hagati mu buraruko bwa Ontario muri Kanada. Hari kare mu gatondo kandi hari hakanye cane. Umuvukanyi wo ng’aho yaraje kudutora, hanyuma tumaze gufata ibifungurwa bikwiye vyo kwitanga umusase turi kumwe na we, umukenyezi wiwe n’umuhungu wiwe, dufata inzira duca mu bibarafu dutangura kwamamaza inzu ku nzu. Kuri uwo muhingamo, naratanze insiguro yanje ya mbere ndi umucungezi w’umuzunguruko. Twari batanu gusa; nta wundi yaje.

MVUGISHIJE ukuri, ntivyanteye ingorane kubona abantu bari ku rushi ari bo bakurikiye iyo nsiguro nashikirije mu 1957. Impamvu ni uko namye ndi umuntu w’umunyamasoni birenze. Mbere nkiri umwana narinyegeza igihe abashitsi baba batugendeye, naho naba ndabazi.

Ntiwobura gutangara wumvise ko ibikorwa vyinshi nashinzwe mw’ishirahamwe rya Yehova vyasaba ko mbonana n’abantu benshi, baba abagenzi canke abo tutazinanyi. Ariko rero, ayo masoni no kutiyizigira ntivyigeze bihera, akaba ari co gituma ntokwiyitirira ikintu na kimwe nashoboye kurangura. Ahubwo nariboneye ko uyu muhango wa Yehova ari uw’ukuri: “Nzogukomeza. Nzogufasha vy’ukuri. Emwe, nzogufata nkugumye n’ukuryo kwanje kw’ubugororotsi.” (Yes. 41:10) Bumwe mu buryo nyamukuru Yehova yakoresheje mu kumfasha ni ugushigikirwa n’abakirisu bagenzanje. Reka ndabiganire ivyerekeye bamwe muri bo, mpereye igihe nari umwana.

YAKORESHA BIBILIYA N’AGATABU KIRABURA

Ndi mw’itongo ryacu mu bumanuko bushira uburengero bwa Ontario

Hari ku musi w’iyinga mu gatondo akazuba kariko karaka mu myaka ya 1940, igihe Elsie Huntingford yatugendera aho twaba mu bumanuko bushira uburengero bwa Ontario. Mawe yaramwitavye mu gihe  twe na dawe, uwari umunyamasoni nka jewe, twari twicaye mu nzu twumviriza. Kubera yuko dawe yiyumviriye ko Huntingford yari umudandaza be n’uko mawe yohava agura ibintu tudakeneye, yahavuye asohoka kugira amubwire ko ata co dukeneye kugura. Huntingford yaciye abaza ati: “Ntimukeneye kwiga Bibiliya?” Dawe na we ati: “Ego cane ivyo turabikeneye.”

Huntingford yatugendeye hageze. Abavyeyi banje bari bahoze ari abanyamwete cane mw’idini rimwe (Église unie du Canada) ariko bari baherutse kurivamwo. Uti kubera iki? Kubera yuko umupasitori yari yamanitse mu rusengero urutonde rw’abantu bose batanga ishikanwa ahereye ku batanga menshi. Kubera yuko abavyeyi banje bari bakenye, akenshi wabasanga amaja epfo ku rutonde, kandi abarongozi b’idini baguma babaremera ngo batange menshi. Uwundi mupasitori yariyemereye ko yigisha ibintu atemera kugira gusa ngo ntatakaze akazi kiwe. Ku bw’ivyo twaravuye muri iryo dini, ariko tubandanya kurondera icotumara inyota dufise mu vy’impwemu.

Kubera yuko ico gihe igikorwa c’Ivyabona vya Yehova cari kibujijwe muri Kanada, Huntingford yigisha umuryango wacu akoresheje Bibiliya gusa n’utuntu yari yaranditse mu gatabu kirabura. Igihe yabona ko tutari kumurega ku bategetsi, yaciye aduha ibitabu bishingiye kuri Bibiliya. Ivyo bitabu twaca tubinyegeza igihe cose duhejeje kwiga. *

Abavyeyi banje baremeye ukuri biciye ku busuku bw’inzu ku nzu maze barabatizwa mu 1948

Naho hariho uruhamo n’izindi ntambamyi, Huntingford yaramamaza inkuru nziza n’umwete. Umwete wiwe warankoze ku mutima bituma nemera ukuri. Haciye umwaka abavyeyi banje babatijwe bakaba Ivyabona vya Yehova, nariyeguriye Imana. Nabatijwe ku wa 27 Ruhuhuma 1949 mu kintu c’icuma aborozi bakoresha mu kunywesha ibitungwa. Nari mfise imyaka 17. Inyuma y’aho, naciye niyemeza gutangura umurimo w’igihe cose.

YEHOVA YARANDONKEJE UMUTIMA RUGABO

Naratangaye igihe natumirwa kuri Beteli mu 1952

Naratinye guca ntangura ubutsimvyi. Naramaze igihe nkorera mw’ibanki no mu bindi biro kuko nibaza ko nari nkeneye amahera nokwikozeko ndi umutsimvyi. Ariko rero kubera nari nkiri muto, amahera naronka sinamenya n’iyo yaciye. Umuvukanyi yitwa Ted Sargent yaciye andemesha kugira umutima rugabo no kwizera Yehova. (1 Ngo. 28:10) Maze kuronka iyo ndemesho iranga ubuntu,  naciye ntangura ubutsimvyi muri Munyonyo 1951. Nari mfise amadolari 40 gusa, ikinga rimaze gukora be n’isakoshi nshasha. Mugabo Yehova yamye yitwararika kundonsa ivyo nkeneye. Ndakenguruka cane kubona Ted yarandemesheje gutangura umurimo w’ubutsimvyi! Vyatumye ndonka iyindi mihezagiro.

Umusi umwe ku mugoroba mu mpera za Myandagaro 1952, nagiye numva telefone ivuye i Toronto. Ibiro vy’ishami vy’Ivyabona vya Yehova vyo muri Kanada vyarantumiye gutangura umurimo wo kuri Beteli muri Nyakanga. Naho nari umunyamasoni nkaba kandi ntari bwigere nshika ku biro vy’ishami, akamwemwe kari kose kubera abandi batsimvyi bari barambwiye ibintu vyiza vyerekeye Beteli. Maze kuhashika naciye numva nisanze.

“NIWEREKE ABAVUKANYI KO UBITWARARIKA”

Haciye imyaka ibiri nshitse kuri Beteli, naciye nsubirira Bill Yacos mba umusuku w’ishengero (uwitwa ubu umuhuzabikorwa w’inama y’abakurambere) mu mugwi wa Shaw i Toronto. * Kubera ko nari mfise imyaka 23 gusa, nabona ko ndi agahungu ko mu rutoki ata co kazi. Ariko umuvukanyi Yacos yaranyeretse abigiranye ukwicisha bugufi n’urukundo ukuntu novyifatamwo. Kandi Yehova yaramfashije vy’ukuri.

Umuvukanyi Yacos, uno akaba yari yugaye kandi akunda gutwenga, yaritwararika abantu. Yarakunda abavukanyi kandi na bo baramukunda. Yama abagendera mu mihana, atari igihe gusa baba bafise ingorane. Bill Yacos yandemesheje kubigenza gutyo nyene no gukorana mu busuku n’abavukanyi na bashiki bacu. Yavuze ati: “Ken niwereke abavukanyi ko ubitwararika. Ivyo bizopfuka amakosa indiri.”

UMUKENYEZI WANJE AGARAGAZA URUKUNDO RUDAHEMUKA

Yehova yaramfashije mu buryo budasanzwe kuva muri Nzero 1957. Muri ukwo kwezi narubakanye na Evelyn, uwari yasohotse umugwi ugira 14 w’Ishure rya Gileyadi. Imbere y’uko twubakana, yakorera mu ntara ya Québec ivugwamwo igifaransa. Muri ico gihe i Québec hari higanje Ekleziya Gatolika. Evelyn rero yakorera ahantu hatoroshe, ariko yarumiye ku murimo wiwe no kuri Yehova adahemuka.

Jewe na Evelyn twubakanye mu 1957

Evelyn kandi yaranyumiyeko adahemuka. (Ef. 5:31) Nkako, ukudahemuka kwiwe kwarageragejwe tukimara kwubakana! Twari twateguye ko tuzoca tuja i Floride muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, ariko ku musi wakurikiye ubugeni bwacu, ibiro vy’ishami vyaciye binsaba kwitaba inama imara indwi yabereye kuri Beteli yo muri Kanada. Ego ni ko iyo nama yarahungabanije imigambi yacu, ariko jewe na Evelyn twashaka gukora ico Yehova adusavye cose. Twaciye rero duheba urugendo rwacu rw’inyuma y’ubugeni. Muri iyo ndwi, Evelyn yaza aramamaza mu micungararo y’ibiro vy’ishami. Naho ico cibare cari gitandukanye cane n’ico muri Québec, yarumiyeko.

Iyo ndwi irangiye, naratangaye igihe nagenwa kuba umucungezi w’umuzunguruko mu buraruko bwa Ontario. Ni ho nari ncubaka urwanje, mfise imyaka 25 gusa kandi nta tuntu n’utundi nari nzi,  ariko twarizigiye Yehova turagenda. Hagati mu rushana ni ho twafata igariyamoshi yo mw’ijoro turi kumwe n’abandi bacungezi b’ingenzi bazi utuntu n’utundi bari basubiye aho bakorera. Baraturemesheje cane! Mbere hari umuvukanyi yadusavye ashimitse ngo tuje kuryama mu kibanza yari yifatishirije, kugira ntiturare twicaye ijoro ryose. Bukeye, haciye imisi 15 gusa tugize ubugeni, twariko tugendera umugwi mutoyi w’i Hornepayne nk’uko nabivuze mu ntango.

Hari n’ayandi mahinduka yari aturindiriye twe na Evelyn. Igihe nari umucungezi w’intara mu mpera z’umwaka wa 1960, nararonse ubutumire bwo kwitaba ivyigwa vy’umugwi ugira 36 w’Ishure rya Gileyadi vyamara amezi cumi, bikaba vyari gutangura mu ntango z’ukwezi kwa Ruhuhuma 1961 i Brooklyn muri New York. Ego ni ko naranezerewe, ariko umunezero ntiwari wose kuko Evelyn atari yatumiwe. Ahubwo riho, cokimwe n’abandi bakenyezi ivyabo vyari vyifashe gutyo, Evelyn yasabwe kwandika ikete rivuga ko yemeye yuko dutandukana n’imiburiburi amezi cumi. Evelyn yararize, ariko twarumvikanye ko nokwitaba iryo shure, kandi yarahimbawe n’uko noronse inyigisho ngirakamaro i Gileyadi.

Mu kurindira, Evelyn yabaye arakorera kw’ishami ryo muri Kanada. Yaratewe agateka ko kubana mu cumba na mushiki wacu yarobanuwe yitwa Margaret Lovell. Jewe na Evelyn twarakumburana cane. Ariko rero, dufashijwe na Yehova twaragumye mu bikorwa twari twashinzwe muri ico gihe gito. Narakozwe ku mutima cane no kubona yaremeye kumara igihe tutari kumwe kugira ngo Yehova n’ishirahamwe ryiwe badukoreshe bimwe bishitse.

Haheze nk’amezi atatu ndi i Gileyadi, umuvukanyi Nathan Knorr, uwari ahagarikiye igikorwa kw’isi yose ico gihe, yarampaye ubutumire budasanzwe. Yarambajije nimba nokwemera guhagarika Ishure rya Gileyadi ngasubira kw’ishami ryo muri Kanada kuba umwigisha mw’Ishure ry’ubusuku bw’Ubwami mu gihe gitoyi. Umuvukanyi Knorr yambwiye ko atari itegeko ngo nemere ubwo butumire. Yambwiye ko nimba ndavyipfuza noshobora gusozera Ishure rya Gileyadi maze kumbure nkagenwa kuba umumisiyonari. Yambwiye kandi ko hamwe nohitamwo gusubira muri Kanada, vyoshobora gushika sinzokwigere nsubira gutumirwa mw’Ishure rya Gileyadi be n’uko hari aho mu nyuma noca nsubira mu cibare muri Kanada. Yaciye andeka ngo nifatire ingingo maze kubiganira n’umukenyezi wanje.

Kubera yuko Evelyn yari amaze kumbwira ukuntu abona imirimo ya gitewokarasi, naciye mbwira umuvukanyi Knorr nti: “Ikintu cose ishirahamwe rya Yehova rishaka ko dukora, turahimbarwa no kugikora.” Twamye tubona ko dukwiye kuja aho ari ho hose ishirahamwe rya Yehova riturungitse, naho bitoba ari vyo twoshima.

Muri Ndamukiza 1961 rero, naravuye i Brooklyn nsubira muri Kanada kwigisha mw’Ishure ry’ubusuku bw’Ubwami. Twahavuye dutangura gukora  turi mu bagize umuryango wa Beteli. Mu nyuma, naratangaye igihe naronka ubutumire bwo kwitaba ivyigwa vy’umugwi ugira 40 w’Ishure rya Gileyadi, ivyari gutangura mu 1965. N’ico gihe nyene, Evelyn yabwirizwa kwandika ikete ryerekana ko yemeye ko dutandukana. Ariko haciye amayinga makeyi, twarahimbawe igihe na we nyene yaronka ubutumire bwo kuryitaba turi kumwe.

Tumaze gushika kw’Ishure rya Gileyadi, umuvukanyi Knorr yatubwiye ko abanyeshure biga mu gifaransa, na twebwe tukaba twarimwo, borungitswe muri Afrika. Ariko rero, ku musi wo gutanga impapuro z’umutsindo, twarungitswe muri Kanada! Nagenywe kuba umuhagarikizi w’ishami (ubu akaba yitwa umuhuzabikorwa wa Komite y’ishami). Kubera ko nari mfise imyaka 34 gusa, nabwiye umuvukanyi Knorr nti: “Erega ndacari muto.” Ariko yaransubirije umutima mu nda. Kandi kuva mu ntango, nama ngerageza kwitura abavukanyi bahumuye kandi bazi utuntu n’utundi bo kuri Beteli imbere yo gufata ingingo zihambaye.

BETELI NI IKIBANZA CO KWIGA NO KWIGISHA

Umurimo wo kuri Beteli warandonkeje uturyo tudasanzwe two kwigira ku bandi. Ndubaha kandi ngatangarira cane abandi turi kumwe muri Komite y’ishami. Narigiye kandi ku burorero bwiza bw’abavukanyi na bashiki bacu benshi cane, abato n’abakuze, twiboneye aha kuri Beteli no mu mashengero atandukanye twakoreyemwo.

Mpagarikiye ugusenga kwo mu gitondo kw’umuryango wa Beteli yo muri Kanada

Umurimo wo kuri Beteli warandonkeje kandi akaryo ko kwigisha abandi no gukomeza ukwizera kwabo. Intumwa Paulo yabwiye Timoteyo ati: “Ugume mu vyo wize.” Yavuze kandi ati: “Ibintu wanyumvanye bishigikiwe n’ivyabona vyinshi, ivyo bintu ubizeze abantu b’abizigirwa, abazoheza bakaba abakwije neza ibisabwa kugira bigishe abandi.” (2 Tim. 2:2; 3:14) Rimwe na rimwe abakirisu bagenzanje bahora bambaza ivyigwa nize mu myaka 57 maze mu murimo wo kuri Beteli. Inyishu yoroshe ndabaha ni iyi: “Kwemera n’umutima ukunze no gukora udatebaganye ivyo ishirahamwe rya Yehova rigusavye, ukizigira ko azogufasha.”

Womengo hari ejo igihe nashika kuri Beteli ndi agahungu k’amasoni kataramenya utuntu n’utundi. Ariko rero muri iyo myaka yose, Yehova ‘yaramfashe ukuboko kw’ukuryo.’ Abicishije canecane ku mutima mwiza w’abo dusangiye ukwemera hamwe n’imfashanyo yabo ije ku gihe, arabandanya kunkura amazinda ati: “Ntutinye. Jewe nzogufasha.”Yes. 41:13.

^ par. 10 Ku wa 22 Rusama 1945, Leta ya Kanada yaremeye igikorwa cacu.

^ par. 16 Ico gihe, bishitse mu gisagara kimwe hakaba hari amashengero menshi, ishengero rimwerimwe ryose ryaca ryitwa umugwi.