Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Dufashe abandi bavemwo ico bashoboye kuvamwo cose

Dufashe abandi bavemwo ico bashoboye kuvamwo cose

“Nzokugīra inama ijisho ryanje riri kuri wewe.”ZAB. 32:8.

1, 2. Yehova abona gute abasavyi biwe bo kw’isi?

IGIHE abavyeyi bihweza abana babo bariko barakina, akenshi baratangazwa n’ubushobozi mvukanwa abo bana bafise. Ivyo woba nawe umaze kuvyibonera? Umwana umwe yoshobora kuba aboneka ko abangutse canke afise ububangukirwe mu vyo kwinonora imitsi, ariko mwene wabo akaba aboneka ko yoroherwa cane n’udukino, kugira utugenegene, canke guhingura utuntu. Ingabirano izo ari zo zose abana boba bafise, abavyeyi barahimbarwa no kubona hari ico bazovamwo.

2 Na Yehova aritwararika cane abana biwe bo kw’isi. Abona ko abasavyi biwe bo muri iki gihe ari “ibintu bihimbaye [canke, “ibintu vy’agaciro”] vyo mu mahanga yose.” (Hag. 2:7) Ikintu canecane gituma abona ko ari ab’agaciro ni ukwizera kwabo be n’ukuba bamwihebera. Ariko ushobora kuba warabonye ko Ivyabona bagenzawe bo muri iki gihe bafise ububangukirwe bwinshi butandukanye. Abavukanyi bamwebamwe usanga bafise ingabirano yo gushikiriza insiguro, abandi na bo ugasanga barakanongoreye mu vyo gutunganya ibintu. Bashiki bacu benshi usanga boroherwa cane no kwiga izindi ndimi no kuzikoresha mu busuku ariko abandi ugasanga barakanongoreye mu vyo gushigikira abakeneye kuremeshwa canke mu vyo kwitwararika abarwaye. (Rom. 16:1, 12) Ntidushima none kubona turi kumwe n’abo bakirisu bose mw’ishengero?

3. Ni ibibazo ibihe tugiye kwihweza muri iki kiganiro?

 3 Ariko rero, hari abo dusangiye ukwizera, ushizemwo n’abavukanyi bakiri bato canke baheruka kubatizwa, boshobora kuba batarabona ikibanza bafise mw’ishengero. Twobafasha gute kuvamwo ico bashoboye kuvamwo cose? Kubera iki dukwiye kwihatira kubaronderanwo iciza, gutyo tukaba tubabona nk’uko Yehova ababona?

YEHOVA ARABONA ICIZA MU BASAVYI BIWE

4, 5. Inkuru iri mu Bacamanza 6:11-16 yerekana gute ko Yehova abona ico abasavyi biwe bashoboye kuvamwo?

4 Inkuru zitari nke zo muri Bibiliya zirerekana neza ko Yehova abona iciza mu basavyi biwe kandi akabona ko hari ico bashoboye kuvamwo. Nk’akarorero, igihe Gideyoni yatorwa ngo akize abasavyi b’Imana agahahazo bagirirwa n’Abamidiyani, ategerezwa kuba yaratangaye igihe umumarayika yamuramutsa ati: “Yehova ari kumwe nawe, yewe ntwari, munyenkomezi.” Biboneka ko ico gihe Gideyoni yabona ko atari “umunyenkomezi.” Yariyemereye ko yakekeranya be n’uko yabona ko ata co amaze. Nk’uko ikiyago caciye gikurikira cavyerekanye, naho Gideyoni yabona ko ata co amaze, nta gukeka ko Yehova we yabona ko uwo musavyi wiwe hari ibintu bikomeye ashoboye kurangura.Soma Abacamanza 6:11-16.

5 Yehova yari yizigiye ko Gideyoni yorokoye Isirayeli kuko yari yaritegereje ububangukirwe afise. Kimwe coco, umumarayika wa Yehova yari yabonye ukuntu Gideyoni akubita ingano n’inkomezi ziwe zose. Hari n’ikindi kintu uwo mumarayika yari yabonye. Mu bihe vya Bibiliya, akenshi abarimyi bakubitira intete hanze kugira ngo umuyaga ubafashe kugurura ibikumbi. Igitangaje, Gideyoni yariko akubitira ingano mu ruganiro rw’umuvinyu yiherereye kugira ngo ahishe Abamidiyani umwimbu wiwe w’intica ntikize. Emwe, ubwo bwari ubwenge yari yagize! Ntibitangaje rero kuba Yehova yabona ko Gideyoni atari gusa umurimyi yiyubara, ariko kandi ko yari umugabo w’umunyabwenge. Ni vyo, Yehova yarabonye ko hari ico Gideyoni yari ashoboye kuvamwo maze arakorana na we.

6, 7. (a) Ukuntu Yehova yabona umuhanuzi Amosi kwari gutandukanye gute n’ukuntu Abisirayeli bamwebamwe bamubona? (b) Ni igiki cerekana ko Amosi yari umuntu azi ibintu?

6 N’inkuru y’umuhanuzi Amosi iratwereka ko Yehova yabona ico umwe mu basavyi biwe ashoboye kuvamwo, naho benshi bashobora kuba babona ko ata co avuze canke ko adahambaye. Amosi yidondoye ko yari umwungere w’intama n’umurasazi w’insukoni z’ibiti vy’imisukomora, bino bikaba vyabonwa ko ari ibifungurwa vy’aboro. Igihe Yehova yagena Amosi ngo acire urubanza bwa bwami bwa Isirayeli bwari bugizwe n’imiryango cumi, Abisirayeli bamwebamwe bashobora kuba biyumviriye ko Yehova yari yahisemwo nabi.Soma Amosi 7:14, 15.

7 Amosi yava mu kagwati ka kure, ariko kuba yari azi imigenzo be n’abategetsi bo mu gihe ciwe vyarerekanye ko atari umuntu ata co azi. Ashobora kuba yari azi neza ingene ivyo muri Isirayeli vyari vyifashe akaba kandi yari azi ivyerekeye amahanga yari abakikije kubera ko yabonana n’abadandaza b’ingenzi. (Am. 1:6, 9, 11, 13; 2:8; 6:4-6) Muri iki gihe, abahinga bamwebamwe mu vya Bibiliya baravuga ko Amosi yari afise ubuhanga mu vyo kwandika. Uretse ko uwo muhanuzi yahisemwo amajambo yoroshe kandi akomeye, yaranakoresheje cane imvugo z’ugusanisha ibintu be n’imvugo ziryoshe. Mu vy’ukuri, kuba Amosi yarishuye adatinya wa muherezi Amaziya yari yarononekaye, vyarerekanye ko Yehova yari yahisemwo umuntu abereye be n’uko yari yamubonyemwo ububangukirwe abandi bashobora kuba batari babonye.Am. 7:12, 13, 16, 17.

8. (a) Yehova yakuye amazinda gute Dawidi? (b) Kubera iki amajambo ari muri Zaburi 32:8 asubiriza umutima mu nda ababona ko ata co bashoboye canke ko ata bubangukirwe bafise?

8 Ni vyo, Yehova arabona ico umwumwe wese mu basavyi biwe ashobora kuvamwo.  Yakuye amazinda Umwami Dawidi ko yokwamye amuyobora, ‘ijisho ryiwe riri kuri we.’ (Soma Zaburi 32:8.) Woba ubona igituma ivyo bituremesha? Naho twoba tubona ko ata co dushoboye, Yehova arashobora kudufasha kurenga aho twiyumvira ko tutorenga, tugashika ku migambi tutaziga. Nk’uko nyene umuvyeyi ayobora umwana wiwe igihe ariko ariga gutambuka, ni ko na Yehova yiteguriye kutuyobora uko dutera imbere mu vy’impwemu. Yehova yoshobora kandi gukoresha abo dusangiye ukwizera ngo badufashe kuvamwo ivyo dushoboye kuvamwo vyose. Uti gute?

TURONDERE ICIZA MU BANDI

9. Twokurikiza gute inkeburo Paulo yatanze yo ‘kuraba’ ivy’abandi?

9 Paulo yahimirije abakirisu bose ‘kuraba’ ivy’abo basangiye ukwizera. (Soma Abafilipi 2:3, 4.) Iyo mpanuro ya Paulo isobanura yuko dukwiye kwihweza ingabirano abandi bafise kandi tukemera ko bazifise. Twiyumva gute igihe umuntu yitwararitse iterambere twagize? Kenshi biratuma tugira n’ayandi materambere, bigatuma turushiriza gutanga ivyiza kuruta ibindi vyose. N’igihe twemera ko abo dusangiye ukwizera bafise agaciro, tuba tubafashije gusagamba no gukura mu vy’impwemu.

10. Ni bande canecane bokenera ko tubitwararika?

10 Ni bande canecane bokenera ko tubitwararika? Ni ivy’ukuri ko rimwe na rimwe twese dukenera kwitwararikwa bidasanzwe. Ariko abavukanyi bakiri bato canke baheruka kubatizwa barakeneye koko kwiyumvamwo ko ibikorwa vyo mw’ishengero bibaraba. Ivyo bizobafasha gutahura ko bafise koko ikibanza muri twebwe. Ariko tutabitwararitse nk’uko bibereye, vyoshobora gutuma batabandanya kugira icipfuzo co kurondera gushikira amabanga yiyongereye kandi ari vyo Ijambo ry’Imana ribahimiriza gukora.1 Tim. 3:1.

11. (a) Umukurambere umwe yafashije gute uwukiri muto gutsinda amasoni? (b) Ivyashikiye Julien bikwigisha iki?

11 Ludovic, akaba ari umukurambere yitwararitswe muri ubwo buryo igihe yari akiri muto, avuga ati: “Iyo nitwararitse koko umuvukanyi, aca atera imbere ningoga na ningoga.” Avuga ku bijanye n’uwukiri muto umwe yitwa Julien yari umunyamasoni ati: “Kubera ko vyashika Julien akavuga canke agakora ibintu ukutari kwo, inyifato yiwe yari imeze ukuntu. Ariko narabona ko afise umutima mwiza kandi ko ashaka vy’ukuri gufasha abandi mw’ishengero. Rero, aho gukekeranya ku mvo zatuma akora ibintu, naribanze kuri kamere nziza yari afise, ndagerageza kumuremesha.” Julien yahavuye akwiza ibisabwa araba umukozi w’ishengero, kandi ubu ni umutsimvyi asanzwe.

TUBAFASHE BAVEMWO ICO BASHOBOYE KUVAMWO COSE

12. Ni kamere nziza iyihe ikenewe kugira dufashe umuntu kuvamwo ico ashoboye kuvamwo cose? Tanga akarorero.

12 Birumvikana ko kugira ngo dufashe abandi bavemwo ico bashoboye kuvamwo cose dukwiye kuba abantu bihweza. Ivyashikiye Julien birerekana ko dukwiye kurengera ubugoyagoye bw’umuntu tukabona kamere nziza n’ububangukirwe afise vyorushiriza gutsimbatazwa. Ukwo ni ko Yezu yabona intumwa Petero. Naho vyashika Petero agasa n’umuntu adashikamye, Yezu yavuze ko yoshikamye nk’igitandara.Yoh. 1:42.

13, 14. (a) Barunaba yerekanye gute ugutahura ku bijanye n’umusore Mariko? (b) Umuvukanyi umwe akiri muto yungukiye gute ku mfashanyo isa n’iyo Mariko yaronse? (Raba ishusho itangura.)

13 Barunaba yarerekanye mwene ukwo gutahura ku bijanye na Yohani, uwari afise izina ry’iritazirano ry’ikiroma rya Mariko. (Ivyak. 12:25) Mu gihe c’urugendo rw’ubumisiyonari rwa mbere Paulo yagize ari kumwe na Barunaba, Mariko yari “umusuku,” akaba kumbure yabafasha mu vyo bakenera ku mubiri. Ariko bashitse i Pamfiliya, bagiye babona Mariko abataye arigira. Vyaciye biba ngombwa ko bagira urugendo batari  kumwe na we baja mu buraruko baca mu karere kari kazwi ko karimwo abasuma. (Ivyak. 13:5, 13) Ariko biboneka ko Barunaba yirengagije inyifato itabereye Mariko yari yaragaragaje maze mu nyuma arafata akaryo ko gusozera ukumenyerezwa kwiwe. (Ivyak. 15:37-39) Ivyo vyarafashije uwo musore kuba umusuku wa Yehova ahumuye. Birashimishije kubona Mariko yari i Roma ari kumwe na Paulo igihe yari apfunzwe, akaba yarifatanije na we mu kurungikira indamukanyo abakirisu bo mw’ishengero ry’i Kolosayi. Vyongeye, Paulo yaramuvuze neza. (Kol. 4:10) Iyumvire ukuntu Barunaba ategerezwa kuba yaranezerewe igihe mbere Paulo yasaba ko Mariko yomufasha.2 Tim. 4:11.

14 Alexandre, akaba ari umukurambere aherutse kugenwa, aribuka ingene yungukiye ku nama nziza yagiriwe n’umuvukanyi umwe ati: “Nkiri muto, gutura isengesho imbere y’abantu vyarambera urugamba koko. Hari umukurambere yanyeretse ukuntu nokwitegura kandi nkarushiriza gushira umutima mu nda. Aho kudasubira kuntera agateka, yarampa uturyo two kuza ndasenga mu makoraniro yo gusohoka mu ndimiro. Nahavuye ndushiriza gushira umutima mu nda.”

15. Paulo yerekanye gute ko ashima abavukanyi biwe?

15 Iyo tubonye kamere nziza uwundi mukirisu afise, twoba tumubwira ko dushima cane iyo kamere nziza afise? Mu Baroma ikigabane ca 16, Paulo yaravuze abo bari basangiye ukwizera barenga 20 kubera bari bafise kamere zatuma abakunda cane. (Rom. 16:3-7, 13) Nk’akarorero, Paulo yariyemereye ko Andoroniko na Yuniya bari bamaze igihe kirekire kumurusha bakorera Kristu, arashimika ku kwihangana kwabo kwa gikirisu. N’ikindi kandi, Paulo yaravuganye igishika ibijanye na nyina wa Rufo, kumbure akaba yariko avuga ukuntu yari yaramwitwararikanye urukundo.

Frédéric (ibubamfu) yararemesheje Rico kuguma yiyemeje gukorera Yehova (Raba ingingo ya 16)

16. Gukeza uwukiri muto vyoshobora kuvamwo ivyiza ibihe?

16 Dukeje abandi tubikuye ku mutima, harashobora kuvamwo ivyiza. Zirikana ivy’agahungu kamwe kitwa Rico ko mu Bufaransa kacitse intege kubera ko se wako atari Icabona yanse ko kabatizwa. Rico yiyumviriye ko yociye arindira gushika akwije imyaka isabwa n’amategeko akabona gukorera Yehova bimwe bishitse. Yarababazwa kandi n’uko kw’ishure bamutwenga. Umukurambere umwe wo mw’ishengero yitwa Frédéric yasabwe kumwigisha Bibiliya yigana ati: “Narakeje Rico kubera ko nya kurwanywa kwagaragaza ko yari yaraseruye ukwizera kwiwe adatinya.” Ayo majambo Rico yabwiwe yo kumukeza yaratumye arushiriza kwiyemeza kuguma ari intangakarorero yongera aramufasha kurushiriza kwiyegereza se wiwe. Rico yarabatijwe afise imyaka 12.

Jérôme (iburyo) yarafashije Ryan gukwiza ibisabwa vyo kuba umumisiyonari (Raba ingingo ya 17)

17. (a) Twofasha gute abavukanyi bacu gutera imbere? (b) Umumisiyonari umwe yitwararitse gute abavukanyi bakiri bato, kandi havuyemwo ivyiza ibihe?

17 Igihe cose dukengurukiye abo dusangiye ukwizera ku vyo baba baranguye neza canke ku twigoro twiza baba bagize, bituma barushiriza gukorera Yehova bimwe  bishitse. Sylvie, * akaba amaze imyaka akorera kuri Beteli yo mu Bufaransa, yavuze yuko bashiki bacu na bo nyene bashobora gukeza abavukanyi. Yavuze ko abagore boshobora gushima utuntu dutandukanye canke utwigoro dutandukanye babona. Gutyo “amajambo y’indemesho [yabo] arashobora kwunganira ivyo abavukanyi bazi utuntu n’utundi bavuga.” Yongeyeko ati: “Mbona ko gukeza abandi ari ibanga njejwe.” (Imig. 3:27) Umumisiyonari umwe yitwa Jérôme wo muri Guyane yarafashije abasore benshi gukwiza ibisabwa kugira babe abamisiyonari. Avuga ati: “Narabonye ko iyo nkeje abavukanyi bakiri bato ku bintu binaka baba baranguye mu busuku canke ku nsasanuro nziza baba batanze, baca barushiriza kubona ko hari ivyo bashoboye. Ivyo bituma barushiriza gutsimbataza ububangukirwe bwabo.”

18. Kubera iki gukorana n’abavukanyi bakiri bato ari ngirakamaro?

18 Turashobora kandi gutuma abo dusangiye ukwizera batera imbere mu vy’impwemu, mu gukorana na bo. Umukurambere yoshobora gusaba umuvukanyi akiri muto azi gukoresha orodinateri ngo acapure ku muhora wacu wa jw.org amakuru amwamwe yoshobora kuremesha abageze mu zabukuru batazi gukoresha orodinateri. Canke na ho, nimba uriko urakora hanze y’Ingoro y’Ubwami, ubona gute usavye umuvukanyi akiri muto ngo mukorane? Utwigoro nk’utwo tuzotuma uronka akaryo ko kwihweza abakiri bato no kubakeza, maze wibonere ivyiza bivamwo.Imig. 15:23.

TEGEKANIRIZA KAZOZA

19, 20. Kubera iki dukwiye gufasha abandi gutera imbere?

19 Igihe Yehova yagena Yosuwa ngo ayobore Abisirayeli, yategetse kandi Musa ‘kumuremesha’ no ‘kumukomeza.’ (Soma Gusubira mu vyagezwe 3:28.) Ubu, hari abantu benshi baguma bifatanya natwe mw’ishengero rikwiye kw’isi yose. Abakurambere si bo bonyene bajejwe gufasha abakiri bato n’abashasha kuvamwo ivyo bashoboye kuvamwo vyose. Ni ibanga ryega abakirisu bose bazi utuntu n’utundi. Ivyo bizotuma abarushiriza kuba benshi bakora umurimo w’igihe cose, vyongere bitume abarushiriza kuba benshi baba “abakwije . . . ibisabwa kugira bigishe abandi.”2 Tim. 2:2.

20 Twaba turi mw’ishengero ryamaze gushinga imizi canke tukaba turi mu mugwi uriko utera imbere ugana ku kuba ishengero, nimuze dutegekanirize kazoza. Ikintu kimwe cobidufashamwo ni ukwigana Yehova, we yama arondera iciza mu basavyi biwe.

^ par. 17 Si ko asanzwe yitwa kubera ko bitashimwe ko amenyekana.