Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Abo dusangiye ukwizera bahukanye twobafasha gute?

Abo dusangiye ukwizera bahukanye twobafasha gute?

Ushobora kuba uzi umuntu umwe canke kumbure abantu nka bangahe bahukanye. Ivyo bitumwa n’uko kwahukana bisigaye vyeze. Nk’akarorero, ubushakashatsi bwagizwe muri Polonye bwerekanye ko abantu b’imyaka 30 bamaze imyaka iva kuri itatu gushika kuri itandatu bubatse bishoboka rwose ko bazokwahukana; ariko si abo bonyene bahukana.

Nkako, Urwego rujejwe ivy’imiryango muri Espanye ruvuga ko “ibiharuro vyerekana yuko [i Buraya] ica kabiri c’abubaka izabo bazokwahukana.” No mu bindi bihugu biteye imbere ni ko vyifashe.

BARAGIRA INYIYUMVO ZITANDUKANYE

Iyo ngorane ikunda gushika iterwa n’iki? Umuhanuzikazi umwe yakanongoreye mu vy’imibano y’abubatse wo mu Buraya bwo mu buseruko yavuze ati: “Kwahukana kwemeza imbere y’amategeko ibiba vyaramaze kuba, ari vyo vy’ibi: ugusambuka kw’ubucuti be n’ugutandukana guca gukurikira, bino bikaba bibabaza rwose mu mutima.” Yongeyeko ati: “Akenshi haca hakurikira inyiyumvo zikomeye kandi zirenze urugero, nk’ishavu, ukwicuza, ukuvunika umutima, ukwihebura n’ukumaramara.” Rimwe na rimwe, ivyo bituma umuntu aca yiyumvira kwiyahura. “Igihe amaherezo sentare yemeye ko haba ukwahukana, intambwe ikurikira ica itangura. Kubera ko uwahukanye aba asigaye yiyumvamwo ko ata co amaze be n’uko ata wukimuha nirwere, yoshobora kwibaza ati: ‘None ko nahukanye, maze iki? Mbereyeho iki?’ ”

Ewa aribuka ukuntu yǔmva amerewe mu myaka nk’ingahe iheze. Avuga ati: “Tumaze kwahukana n’umugabo, naramaramara cane igihe ababanyi n’abo dukorana bavuze ko ndi ‘uwahukanye.’ Narashavura cane. Kubera ko umugabo yari yantanye abana babiri, nabwirizwa kuba nyina wabo nkaba na se wabo.” * Uwitwa Adam, akaba yamaze imyaka 12 ari umukurambere yubahwa, avuga ati: “Ubu nsigaye numva umengo nta co maze ku buryo bishika ngashavura cane kandi nkumva noca kure abantu bose.”

URUGAMBA RWO GUSUBIRA KUBONA IBINTU NEZA

Bamwebamwe, kubera ko baba bahagaritswe umutima cane na kazoza kabo, bararwana urugamba rutoroshe kugira basubire kubona ibintu neza, naho haba haciye imyaka bahukanye. Boshobora kwibaza yuko abandi batabitaho. Vyongeye, umumenyeshamakuru umwe yandika amakuru ajanye no kwahukana, avuga ko abahukanye baca babwirizwa “guhindura ivyo bari bamenyereye gukora maze bakiga kwirwanako mu ngorane.”

Stanisław yibuka ibi: “Igihe twahukana, umugore twahora twubakanye yarambujije ko nza ndaja kuraba udukobwa twanje tubiri. Ivyo vyatumye mbona ko ata wukimbabaye, ko mbere na Yehova ategerezwa  kuba yarampevye. Sinabaye ncipfuza kubandanya kubaho. Nahavuye mbona ko ivyo niyumvira bitari vyo.” Wanda, akaba yarahukanye, na we nyene yarabura amahoro kubera yumva umenga ntabona neza kazoza kiwe. Avuga ati: “Nabona neza ko haciye igihe kinaka, abantu, ushizemwo n’abo dusangiye ukwizera, batotwitayeho na gato twe n’abana banje. Ariko ubu ndabona ko abavukanyi batubaye hafi cane, baramfasha mu rugamba rwo kurera abana banje kugira babe abasavyi ba Yehova.”

Ufatiye kuri ivyo abo bavuze urashobora kubona ko inyuma yo kwahukana bamwebamwe barengerwa n’inyiyumvo zica intege. Boshobora gutangura kubona nabi ibiberekeye, bakiyumvira ko ata co bakimaze be n’uko batabereye kwitwararikwa. Vyongeye, boshobora gutangura gutora amahinyu abandi bantu. Ivyo vyoshobora gutuma batangura kubona ko ishengero ritabagaragariza igishika kandi ko ritabumvira impuhwe. Ivyo vyashikiye Stanisław na Wanda birerekana ko abahukanye bashobora kubona ko abavukanyi na bashiki babo batabitwararika koko. Mu vy’ukuri, abakirisu bagenzi babo barabitwararitse bimwe bidasanzwe, naho mu ntango wamenga ntibabibona.

IGIHE BAGIZE IRUNGU KANDI BAKIYUMVAMWO KO ATA WUBAHA NIRWERE

Twibuke ko naho twogira utwigoro twiza gute, abo dusangiye ukwizera bahukanye vyoshika bakaza barumva irungu. Canecane bashiki bacu bahukanye boshobora kubona umenga abantu bake ni bo babitwararika. Alicja yiyemerera ati: “Ubu haraciye imyaka umunani nahukanye. Yamara n’ubu birashika nkumva umengo nta co maze. Muri ivyo bihe ndakunda kwikumira, nkarira kandi nkiganyira.”

Naho izo nyiyumvo duhejeje kuvuga zikunda gushikira umuntu ariko yihanganira ukwahukana, Bibiliya ivuga ko atari vyiza ko umuntu yigungira ukwa wenyene. Gukora ibihushanye n’iyo mpanuro vyoshobora gutuma umuntu atera akagere “ubukerebutsi ngirakamaro bwose.” (Imig. 18:1) Ariko rero, nyene kwumva irungu akwiye gutahura ko yoba agaragaje ubukerebutsi ngirakamaro yirinze kuza araronderera impanuro canke uruhoza ku wo badasangiye igitsina. Ivyo vyotuma atsimbataza inyiyumvo z’urukundo zitabereye.

Abo dusangiye ukwizera bahukanye boshobora kugira inyiyumvo nyinshi zitoroshe, nko guhagarika umutima ku bijanye na kazoza, kwumva irungu, no kwiyumvamwo ko ata wubaha nirwere. Turatahura yuko izo nyiyumvo zikunze gushika kandi ko zitoroshe gutsinda, ari na co gituma dukwiye kwigana Yehova mu kubandanya gufata mu mugongo mwene abo bavukanyi na bashiki bacu. (Zab. 55:22; 1 Pet. 5:6, 7) Nta nkeka ko imfashanyo iyo ari yose tubaha bazoyikenguruka cane. Nakare, bazoba bafashijwe n’abagenzi nyakuri bo mw’ishengero.Imig. 17:17; 18:24.

^ par. 6 Bamwebamwe si ko basanzwe bitwa kubera ko bitashimwe ko bamenyekana.