Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

“Sena inzira y’ikirenge cawe” ijana kw’iterambere

“Sena inzira y’ikirenge cawe” ijana kw’iterambere

IGIHE abasavyi b’Imana bava i Babiloni mu 537 Imbere ya Kristu, Yehova yaritwararitse inzira bojanye basubiye i Yeruzalemu. Yababwiye ati: “Nimutunganye inzira y’abantu. Nimutsindagire, nimutsindagire inzira y’ikirari. Nimuyikuremwo amabuye” (Yes. 62:10) Ibaze ukuntu Abayuda bamwebamwe bashobora kuba barakoze ico gikorwa. Abari bitangiye imbere abandi bashobora kuba barakoze ibarabara, kumbure barafurira ibinogo, barasena n’ahantu hatari haringaniye. Ivyo vyari gufasha bene wabo bariko babakurikira muri iyo nzira yo gusubira mu gihugu cabo.

Ivyo twobigereranya n’inzira ijana ku migambi yo mu vy’impwemu. Yehova ashaka ko abasavyi biwe bose bajana iyo nzira ata kibatangira bidakenewe. Ijambo ryiwe riduhimiriza riti: “Sena inzira y’ikirenge cawe, kandi inzira zawe zose zibe izishimangiwe.” (Imig. 4:26) Waba ukiri muto canke ukuze, urashobora kubona ubukerebutsi buri muri iyo mpanuro yatanzwe n’Imana.

TEGURA INZIRA MU GUFATA INGINGO NZIZA

Ushobora kuba warumvise abantu bavuga ku bijanye n’umuyabaga ngo: ‘Arafise uturyo twinshi two kuzororanirwa’ canke ngo: ‘Arafise kazoza.’ Muri rusangi abakiri bato usanga bafise amagara meza, ubwenge bubangutse, ugasanga kandi bipfuza cane kuroranirwa. Bibiliya ivuga ata kwihenda iti: “Ubwiza bw’imisore ni inkomezi zayo.” (Imig. 20:29) Mu gihe uwukiri muto akoresha ububangukirwe bwiwe n’inguvu ziwe mu gukorera Yehova, arashobora gushika ku migambi yo mu vy’impwemu maze akaronka agahimbare nyako.

Ariko nk’uko ubizi, ububangukirwe bw’abakiri bato burashimwa cane mw’isi. Iyo Icabona akiri muto afise ubwenge bwinshi mw’ishure, umuyobozi, umwigisha canke umunyeshure mugenziwe yoshobora kumuhata ngo aze yige amashure aminuze kugira ngo azororanirwe muri iyi si. Canke na ho umuvukanyi kibure mushiki wacu akiri muto afise ububangukirwe mu vyo kwinonora imitsi, yoshobora  kwoshwa ngo akurikirane ivy’inkino. Ivyo vyoba bimaze kugushikira canke woba uzi uwo bimaze gushikira? Ni igiki kizofasha umukirisu guhitamwo neza?

Inyigisho zo muri Bibiliya zirashobora gufasha umuntu kwitegurira kugira urugendo mu nzira y’ubuzima nziza kuruta izindi zose. Mu Musiguzi 12:1 hagira hati: “Niwibuke rero Umuremyi wawe Ahambaye mu misi y’[ubuto] bwawe.” None wewe canke uwukiri muto muzinanyi mwoshobora gute ‘kwibuka Umuremyi wanyu Ahambaye’ mu buryo bwiza bubaho?

Zirikana ivyashikiye Eric * wo muri Afrika y’Uburengero. Yarakunda gukina umupira w’amaguru. Afise imyaka 15, yaratowe ngo aje mu mugwi nserukiragihugu. Ivyo vyasobanura ko bidatevye yoronse ukumenyerezwa gukomeye mu vy’inkino i Buraya, bikaba kumbure vyotumye aba muri ba bakinyi bakinira amahera menshi. Mugabo none, impanuro yo ‘kwibuka Umuremyi wawe Ahambaye’ yoshirwa mu ngiro gute? Kandi ni icigwa ikihe wewe canke umugenzi wawe akiri muto mwohakura?

Eric akiri ku ntebe y’ishure, yaratanguye kwigana Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova. Yaratanguye rero kumenya ko Umuremyi wiwe yotoreye umuti rimwe rizima ingorane zugarije abantu. Yaratahuye akamaro ko gukoresha umwanya wiwe n’inguvu ziwe mu gukora ivyo Imana igomba. Amaze gutahura ico kintu kiranga ubukerebutsi, yahisemwo kudakurikirana umwuga w’ivy’inkino. Aho gukurikirana ivyo, yarabatijwe maze yitunira ku vy’impwemu. Yahavuye aba umukozi w’ishengero, mu nyuma aratumirwa kwitaba rya Shure ry’ivya Bibiliya ry’abavukanyi batubatse.

Iyo akurikirana ivy’inkino, yari gushobora kuba rurangiranwa akaronka n’itunga. Ariko yarabonye ko iyi ngingo ngenderwako yo muri Bibiliya ari iy’ukuri: “Ibintu vy’agaciro vy’umutunzi ni co gisagara ciwe gikomeye, kandi mu vyiyumviro vyiwe, bimeze nk’uruhome rukingira.” (Imig. 18:11) Egome, ugutekanirwa umuntu yosa n’uwuronka biciye ku butunzi, mu vy’ukuri ni indoto nsa. Vyongeye, abakurikirana amatungo bayahahamiye, akenshi “bitobekeranisha hose imibabaro myinshi.”1 Tim. 6:9, 10.

Birashimishije kubona abakiri bato benshi barironkeye umunezero n’ugutekanirwa kuramba mu gukora umurimo w’igihe cose. Eric avuga ati: “Narinjiye mu ‘mugwi’ munini w’abasuku b’igihe cose ba Yehova. Nta wundi mugwi woza undutira uwo, kandi ndakengurukira Yehova kubona yaranyeretse inzira imwe rudende ishikana ku gahimbare nyakuri n’ukuroranirwa nyakuri mu buzima.”

Weho bite? Aho gukurikirana imigambi yo mw’isi, ubona gute utumye “inzira zawe” ziba izishimangiye imbere ya Yehova mu kugira uruhara mu murimo w’ubutsimvyi?—Raba uruzitiro ruvuga ngo “ Narironkeye ivyiza ntari kuronka muri kaminuza.”

NUKURE INTAMBAMYI MU NZIRA YAWE

Igihe umuvukanyi umwe n’umukenyezi wiwe bagendera ibiro vy’ishami vyo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, bariboneye ukuntu Abanyabeteli baho bakorera Yehova bahimbawe. Mu nyuma uwo mushiki wacu yanditse ati: “Twari dusigaye twibereyeho twidibamiye.” We n’umunega wiwe baciye bafata ingingo yo guhebera umwanya n’inguvu uduteka tw’umurimo duhambaye kuruta.

Barageze aho babona umengo amahinduka bashaka kugira ni amananiza. Ariko umusi umwe, barazirikanye ku canditswe c’uwo musi. Cari icanditswe co muri Yohani 8:31, ahari amajambo ya Yezu agira ati: “Nimwaguma mw’ijambo ryanje, muri abigishwa banje vy’ukuri.” Baciye bazirikana bati: “Akigoro kose tugira ngo tworoshe ubuzima si ak’impfagusa.” Baragurishije inzu yabo nini, barikurako ibindi bintu vyabaremera, maze barimukira mw’ishengero rikeneye gufashwa. Ubu ni abatsimvyi, ariko kandi barafasha mu vyo kwubaka Ingoro z’Ubwami bakongera bakitanga ku mahwaniro y’intara. None biyumva gute? Bavuga bati: “Turatangazwa n’umunezero twifitiye kubera tubayeho ubuzima busanzwe dukora ibintu nyene ishirahamwe rya Yehova rituremesha gukora.”

NUGUME MU NZIRA IJANA KW’ITERAMBERE RYO MU VY’IMPWEMU

Salomo yanditse ati: “Amaso yawe, akwiye kuraba imbere adakebaguzwa, emwe amaso aca ibibatsi yawe akwiye kuguma ahanze imbere yawe adakebaguzwa.” (Imig. 4:25) Nka kurya nyene umushoferi aguma araba imbere iyo ariko araja, na twebwe nyene dukwiye kwirinda ibisamaza vyoshobora kutubuza kwishingira imigambi yo mu vy’impwemu no kuyishikako.

Ni imigambi yo mu vy’impwemu iyihe wokwishingira kandi ugashikako? Nta gukeka ko kuja mu murimo w’igihe cose ari umwe mu migambi myiza wokwishingira. Uwundi na wo ni uwo gukorera mw’ishengero ryo hafi yanyu rikeneye abamamaji bazi  utuntu n’utundi kugira urifashe guhetura icibare caryo kinini. Canke na ho ishengero rinaka ryoshobora kuba rifise abamamaji benshi beza ariko rikaba ridafise abakurambere n’abakozi b’ishengero bakwiye. Woba woshobora gufasha muri bumwe muri ubwo buryo? Ubona gute uganiriye n’umucungezi w’umuzunguruko kugira urabe nimba wofasha? Nimba na ho wipfuza kuja mu turere twa kure, urashobora gusaba amakuru yerekeye amashengero ya kure akeneye gufashwa. *

Tugaruke kuri bimwe bidondorwa muri Yesaya 62:10. Bamwe mu Bayuda bashobora kuba barakoze cane mu kuringaniza ibarabara rija mu gihugu cabo c’amavukiro no mu kurikuramwo intambamyi kugira ngo abasavyi b’Imana bashobore gushika iyo baja. Nimba uriko wihatira gushika ku migambi ijanye n’umurimo mweranda, nturambirwe. Ubifashijwemwo n’Imana, na wewe urashobora gushika kuri iyo migambi. Bandanya usaba Yehova aguhe ubukerebutsi uko wihatira gukura intambamyi ziri imbere yawe. Igihe kibereye kigeze, uzoshobora kwibonera ukuntu agufasha “[gusena] inzira y’ikirenge cawe.”Imig. 4:26.

^ par. 8 Si ko asanzwe yitwa kubera ko bitashimwe ko amenyekana.

^ par. 18 Raba igitabu Twagizwe ishirahamwe ngo dukore ivyo Yehova agomba, urupapuro rwa 111-112.