Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Woba ubona ubugoyagoye bw’abantu nk’uko Yehova abubona?

Woba ubona ubugoyagoye bw’abantu nk’uko Yehova abubona?

‘Ibihimba vy’umubiri bisa n’ibigoyagoya kuruta birakenewe.’1 KOR. 12:22.

1, 2. Kubera iki Paulo yashobora gutahura abagoyagoya?

TWESE birashika tukumva ubugoyagoye. Inyonko y’akanya gatoyi canke ibintu bitatuguye neza mu mubiri vyoshobora gutuma tugoyagoya ku buryo tudashobora kurangura ibikorwa vyacu vya misi yose. Ubu na ho, dufate ko utamaze gusa iyinga rimwe canke abiri ufise ubugoyagoye, ariko ko bumaze amezi n’ayandi. Ico gihe none ntiwobishima abandi bakugaragarije impuhwe?

2 Intumwa Paulo yari azi ico ari co gushikirwa n’imikazo ituruka hanze y’ishengero no mw’ishengero, eka mbere yari azi n’ico ari co kugoyagoya biturutse kuri yo kuko yari yarabiciyemwo. Incuro irenga imwe, vyarashitse ariyumvira ko yari yashitse ku rugero rwa nyuma. (2 Kor. 1:8; 7:5) Azirikanye ubuzima bwiwe be n’ingorane nyinshi yari yaraciyemwo bwa mukirisu w’umwizigirwa, yiyemereye ati: “Ni nde agoyagoya nanje singoyagoye?” (2 Kor. 11:29) Na yo ku bijanye n’abo mw’ishengero rya gikirisu batandukanye, bano bakaba bagereranywa n’ibihimba vy’umubiri w’umuntu, Paulo yavuze ko ‘abasa n’abagoyagoya kuruta bakenewe.’ (1 Kor. 12:22) Yashaka kuvuga iki? Kubera iki dukwiye kubona abasa n’abagoyagoya nk’uko Yehova ababona? Tubabonye nk’uko Yehova ababona ni ivyiza ibihe tuzokwironkera?

 INGENE YEHOVA ABONA UBUGOYAGOYE BW’ABANTU

3. Ni igiki coshobora gutuma tubona nabi abakeneye gufashwa mw’ishengero?

3 Tubaye mw’isi irangwamwo agatima ko guhiganwa, aho inkomezi n’ubuto vyama bihayagizwa. Benshi barakora ibishoboka vyose, akenshi bakirengagiza inyiyumvo z’abagoyagoya kugira bashike ku vyo bashaka. Naho tutarenza uruho rw’amazi kuri iyo nyifato, twoshobora tutabiciye n’ikanda kugira agatima ko kubona nabi mwene abo bantu bama bakeneye gufashwa, mbere no mw’ishengero. Ariko turashobora kurushiriza kubona ibintu mu buryo bwiza, tukabibona nk’uko Imana ibibona.

4, 5. (a) Ikigereranyo kiri mu 1 Abakorinto 12:21-23 kidufasha gute gutahura ukuntu Yehova abona ubugoyagoye bw’abantu? (b) Igihe dufashije abagoyagoya, bitugirira akamaro gute?

4 Ikigereranyo kiri mw’ikete rya mbere Paulo yandikiye Abakorinto kiradufasha gutahura ukuntu Yehova abona ubugoyagoye bw’abantu. Mu kigabane ca 12, Paulo aratwibutsa ko n’ibihimba vy’umubiri w’umuntu bitari vyiza cane canke bigoyagoya kuruta ibindi, biri n’ico bikora. (Soma 1 Abakorinto 12:12, 18, 21-23.) Hari abemera ihindagurika bavuze ko hari ibihimba vy’umubiri ata co bimaze. Ariko ivyigwa vyagizwe ku kuntu umubiri umeze vyerekana ko ibihimba vy’umubiri vyahora bibonwa ko ata co bimaze, mu vy’ukuri bifise akamaro cane. * Nk’akarorero, kera hari abavuze ko akano k’agahererezi ata co kamaze; ariko ubu birazwi ko gafasha kugira ngo umubiri wose ntuze urayumbayumba.

5 Ikigereranyo ca Paulo kirerekana ko abo mw’ishengero rya gikirisu bose bafise akamaro. Aho kuba nka Shetani yambura abantu iteka ryabo, Yehova abona ko abasavyi biwe bose ‘bakenewe,’ ushizemwo na barya basa n’abagoyagoya. (Yobu 4:18, 19) Ico ciyumviro gikwiye kudufasha twese guhimbarwa n’uruhara dufise mw’ishengero turimwo, tugahimbarwa kandi no kuba turi mu bagize ishengero ry’abasavyi b’Imana ryo kw’isi yose. Zirikana nk’akarorero igihe wafata ukuboko uwugeze mu zabukuru yari akeneye gufashwa. Bishobora kuba vyasavye ko uca utambuka buhorobuhoro. Kumufasha ntivyagize akamaro none kandi bigatuma wumva uryohewe? Vy’ukuri, igihe dufashije abakeneye gufashwa, turagira umunezero wo kubitwararika, kandi turarushiriza kugira ukwihangana, urukundo, n’ubuhumure. (Ef. 4:15, 16) Data wa twese wo mw’ijuru arazi ko igihe ishengero riha agaciro abarigize bose ata kuraba ivyo bashoboye n’ivyo badashoboye, riba ryerekana ko ribona ibintu neza kandi ko rifise urukundo.

6. Rimwe na rimwe Paulo yakoresha gute ijambo “goyigoyi” n’ijambo “bakomeye”?

6 Birashimishije kuba igihe Paulo yandikira Abakorinto yarakoresheje ijambo “goyigoyi” be n’ijambo “ubugoyagoye” mu kuvuga ukuntu abatemera babona abakirisu bo mu kinjana ca mbere be n’ukuntu ubwiwe yiyumva. (1 Kor. 1:26, 27; 2:3) Igihe Paulo yavuga ibijanye n’abari “bakomeye,” ntiyashaka gutuma abakirisu bamwebamwe babona ko baruta abandi. (Rom. 15:1) Ahubwo yariko avuga ko abakirisu bari bazi utuntu n’utundi bari bakwiye kwihanganira abatari bwashinge imizi mu kuri.

TWOBA DUKENEYE GUHINDURA UKO TUBONA IBINTU?

7. Ni ibiki vyoshobora gutuma tudafasha abari n’ivyo bakeneye?

7 Iyo dufashije “umuntu mutoyi,” tuba twiganye Yehova, kandi aradushima. (Zab. 41:1; Ef. 5:1) Ariko tuvugishije ukuri, kubona ukutari ko abari n’ivyo bakeneye, rimwe  na rimwe vyoshobora gutuma tutabafasha. Canke na ho, kubera ko tutaba tubona neza ico twovuga, twoshobora gutinya maze tugaca kure abari mu ngorane. Mushiki wacu yitwa Cynthia, * akaba yaratawe n’umugabo wiwe, avuga ati: “Iyo abavukanyi bagukumira canke ntibakore nk’uko wokwitega yuko abagenzi pfampfe bokora, birababaza. Iyo uri mu ngorane, urakenera ko abantu bakuba hafi.” Dawidi wa kera yaratahura ukuntu umuntu yiyumva igihe abandi bamukumira.Zab. 31:12.

8. Ni igiki kizodufasha kurushiriza kugira impuhwe?

8 Tuzorushiriza kumbure kugira impuhwe nimba twibuka ko bamwebamwe mu bavukanyi na bashiki bacu twikundira bǎgoyagoye bitumwe n’uko batorohewe, nk’ukuba barwaye, kuba baba mu rugo badasangiye idini, canke kuba bihebuye. Na twebwe umusi uri izina ivyo vyoshobora kudushikira. Imbere yo kwinjira mu Gihugu c’isezerano, Abisirayeli, abari bahoze ari aboro kandi bagoyagoya mu gihugu ca Misiri, baribukijwe ko botegerejwe ‘kudakomantaza umutima wabo’ ku biraba bene wabo bobaye bari mu marushwa. Yehova yari yiteze ko babona umukene nk’umuntu akwiye gufashwa.Gus. 15:7, 11; Lew. 25:35-38.

9. Ni igiki canecane dukwiye kwitwararika igihe dufasha abari mu ngorane? Tanga akarorero.

9 Aho gutora amahinyu abari mu bihe bitoroshe canke kubinuba, dukwiye kubahumuriza mu vy’impwemu. (Yobu 33:6, 7; Mat. 7:1) Tubitangire akarorero: Iyo uwutwara ipikipiki yagiriye isanganya mw’ibarabara agakomereka ashitse aho batabarira imbabare kwa muganga, none abaganga baba bariko baramuvura baca barondera kumenya nimba ari we yateje nya sanganya? Oya, baca bihutira kumuvura. N’igihe uwo dusangiye ukwizera yagoyagoye biturutse ku ngorane yifitiye, ico dukwiye canecane kwitwararika ni ukumufasha mu vy’impwemu.Soma 1 Abatesalonika 5:14.

10. Aboba basa n’abagoyagoya bamwebamwe boshobora gute kuba vy’ukuri “abatunzi mu kwizera”?

10 Dufashe akanya tukazirikana uko ivy’abavukanyi bacu vyifashe, twoshobora kubona mu bundi buryo ico twoba tubona ko ari ubugoyagoye bafise. Zirikana bashiki bacu bamaze imyaka barwanywa n’abo mu muryango. Bamwebamwe boshobora kuba baboneka ko baciye bugufi canke ari ba goyigoyi, ariko none ntibagaragaza ukwizera gukomeye n’inkomezi zo mu mutima? Igihe ubona umuvyeyi yireranye abana aza ku makoraniro adasiba ari kumwe n’umwana wiwe canke abana biwe, ntukorwa ku mutima none n’ukwizera kwiwe be n’umwiyemezo afise? Bite ho abakiri bato b’imiyabaga bumira ku kuri naho bahura n’utwosho tubi kw’ishure? Turemera n’ukwifata ruto kwose ko mwene abo bantu basa n’abagoyagoya boshobora kuba ari “abatunzi mu kwizera” nk’abo muri twebwe ivyabo vyifashe neza kuruta.Yak. 2:5.

NUBONE UBUGOYAGOYE NK’UKO YEHOVA ABUBONA

11, 12. (a) Ni igiki codufasha guhindura ukuntu tubona ubugoyagoye bw’abantu? (b) Ukuntu Yehova yavyifashemwo ku bijanye na Aroni bitwigisha iki?

11 Icodufasha kubona ubugoyagoye bw’abantu nk’uko Yehova abubona ni ukuzirikana ukuntu yavyifashemwo ku bijanye na bamwebamwe mu basavyi biwe. (Soma Zaburi 130:3.) Nk’akarorero, iyo uza kuba uri kumwe na Musa igihe Aroni yakora igishusho c’inyana y’inzahabu, wari kubona gute ivyitwazo bidafashe yashikirije? (Kuv. 32:21-24) Canke wari kubona gute agatima Aroni yagaragaje igihe yoshwa na mushikiwe Miriyamu akanebagura Musa ngo yabiriye umunyamahangakazi? (Guh. 12:1, 2) Wari kuvyifatamwo gute igihe Musa na  Aroni batatera iteka Yehova igihe yatanga amazi ku gitangaro i Meriba?—Guh. 20:10-13.

12 Muri ivyo bihe vyose, Yehova yari gushobora guca ahana Aroni. Ariko yabonye ko Aroni atari umuntu mubi canke ko atari yakosheje bikomeye. Biboneka ko Aroni yaretse ukuntu ibintu vyari vyifashe canke akosho k’abandi biramuhuvya. Ariko igihe yerekwa amakosa yiwe, yaciye ayemera maze arashigikira imanza za Yehova. (Kuv. 32:26; Guh. 12:11; 20:23-27) Yehova yahisemwo kubona canecane ukwizera kwa Aroni n’agatima kiwe ko kwigaya. Haciye ibinjana, Aroni n’abamukomokako bari bacibukwa ko bǎtinya Yehova.Zab. 115:10-12; 135:19, 20.

13. Twosuzuma gute ukuntu tubona ubugoyagoye bw’abantu?

13 Kugira tubone ibintu nk’uko Yehova abibona, dukwiye gusuzuma ukuntu tubona abasa n’abagoyagoya. (1 Sam. 16:7) Nk’akarorero, tuvyifatamwo gute igihe umuyabaga atiyubara mu kuntu ahitamwo ukwinezereza canke igihe yerekanye ko atitaho ibintu? Aho guca tumunebagura cane, ubwo ntitwozirikana ico twokora ngo tumufashe gushika ku kuba umuntu ahumuye? Twokwibwiriza gufasha uwukeneye gufashwa, kandi tumufashije, turarushiriza koko kumutahura no kumukunda.

14, 15. (a) Yehova yiyumvise gute igihe vyashika Eliya akabura umutima rugabo? (b) Ivyashikiye Eliya bitwigisha iki?

14 Ikindi kintu codufasha kubona abavukanyi bacu mu buryo bwagutse ni ukugereranya ukuntu tubona ibintu n’ukuntu Yehova yabona bamwebamwe mu basavyi biwe bari bihebuye. Eliya yari umwe muri bo. Naho yahigishije n’umutima rugabo abahanuzi 450 ba Bayali, yarahunze Umwamikazi Yezebeli igihe yamenya ko ariko arondera kumwica. Amaze kugenda nk’ibilometero 150 aja i Beyeri-sheba, yarinjiye cane mu gahinga. Kubera ko yari aruhijwe cane n’urwo rugendo yari yagize ku  ruzuba rukaze, yaricaye munsi y’igiti maze ‘asaba ko yokwipfira.’1 Abm. 18:19; 19:1-4.

Yehova ntiyirengagije yuko Eliya yari n’aho agarukiriza, aca arungika umumarayika kumuremesha (Raba ingingo ya 14, 15)

15 Yehova yiyumvise gute aravye hasi ari mw’ijuru akabona umuhanuzi wiwe w’umwizigira yihebuye? Yoba yaciye aheba uwo musavyi wiwe kubera ko vyari vyashitse akavunika umutima kandi akabura umutima rugabo? Ihibambewe. Yehova ntiyirengagije yuko Eliya yari n’aho agarukiriza, aca arungika umumarayika. Uwo mumarayika yararemesheje Eliya incuro zibiri ngo arye. Ivyo vyari gutuma urugendo rukurikira rutaba “rurerure birenze kuri [we].” (Soma 1 Abami 19:5-8.) Emwe, n’imbere y’uko Yehova aha uwo muhanuzi wiwe ubuyobozi, yaramuteze ugutwi maze aratera intambwe ngirakamaro zo kumufasha.

16, 17. Twokwigana gute ukuntu Yehova yitwararitse Eliya?

16 Twokwigana gute Imana yacu yitwararikana? Ntidukwiye kwihutira gutanga impanuro. (Imig. 18:13) Vyoba vyiza tubanje gufata umwanya wo kugaragariza impuhwe abantu boba biyumvira yuko ‘bateye iteka buhoro’ kubera ukuntu ivyabo vyifashe. (1 Kor. 12:23) Ivyo vyotuma dushobora gukora ibibereye, tukabafasha duhuje n’ivyo bakeneye koko.

17 Zirikana nk’akarorero umwe Cynthia twavuga, umugabo wiwe akaba yamutanye abakobwa babo babiri. Basigaye ari bonyene. None Ivyabona bagenzi babo bakoze iki? Asigura ati: “Tumaze kubamenyesha kuri telefone ivyari vyadushikiye, mu minuta 45 twari tureha. Barakoroye amosozi. Twaragumanye mu misi ibiri canke itatu ya mbere. Kubera ko tutafungura neza kandi tukaba twari tubabaye cane, baradutwaye iwabo tuba turahamaze imisi.” Ivyo bishobora kuba biciye bikwibutsa ivyo Yakobo yanditse ati: “Nimba mwene wacu canke mushiki wacu ari gusa kandi akenye ibifungurwa bikwiranye n’umusi, yamara uwo muri mwebwe akamubwira ati: ‘Genda amahoro, ugume ususurutse kandi urya neza,’ mugabo ntimumuhe ivyo umubiri wiwe ukeneye, bimaze iki? N’ukwizera nyene, iyo kudafise ibikorwa, ubwakwo kuba gupfuye.” (Yak. 2:15-17) Kubera ko Cynthia n’abakobwa biwe bafashijwe n’abavukanyi babo be na bene wabo mu gihe nyene bari bakeneye koko gufashwa, bararonse inkomezi zo gukora ubutsimvyi bwo gufasha haciye gusa amezi atandatu bashikiwe n’ico kintu kibabaje.2 Kor. 12:10.

NI BENSHI BAHUNGUKIRA

18, 19. (a) Twofasha gute abo bishika bakamara igihe kinaka bagoyagoya? (b) Igihe dufashije abagoyagoya ni nde ahungukira?

18 Ufatiye ku vyagushikiye, ushobora kuba uzi ko bishobora gufata umwanya kugira umuntu akire indwara itera ubugoyagoye. N’umukirisu yatewe ubugoyagoye n’ingorane canke ibintu bitoroshe vyamushikiye, yoshobora gukenera umwanya kugira asubire kugira inkomezi zo mu vy’impwemu. Ni ivy’ukuri yuko uwo dusangiye ukwizera azokenera gukomeza ukwizera kwiwe biciye ku kwiyigisha, isengesho, n’ibindi bikorwa vya gikirisu. Ariko none, twoba tuzomwihanganira gushika asubiranye? Muri ico gihe azoba ariko arasubirana, twoba tuzoguma tumugaragariza urukundo? Abo bishika bakamara igihe kinaka bagoyagoya, twoba tuzokwihatira kubafasha kwumva ko bafise agaciro be n’uko tubakunda?2 Kor. 8:8.

19 Ntitwigere twibagira ko igihe dufashije abavukanyi bacu, tugira umunezero ushobora gusa kuzanwa n’ugutanga. N’ikindi kandi, turatsimbataza ubushobozi bwacu bwo kugaragaza impuhwe n’ukwihangana. Ariko ntibigarukira aho. Ishengero ryose rirarushiriza kugira igishika n’urukundo. N’ikiruta vyose, turigana Yehova, we abona ko umuntu wese ari n’agaciro. Egome, twese turi n’imvo zumvikana zo gukurikiza impanuro duhabwa yo “gusahiriza abagoyagoya.”Ivyak. 20:35.

^ par. 4 Charles Darwin, mu gitabu ciwe Amamuko y’umuntu, yavuze ko hari ibihimba vy’umubiri “ata co bimaze.” Umwe mu bashigikira ivyiyumviro vyiwe yemeje ko mu mubiri w’umuntu hari “ibihimba ata co bigikora,” muri vyo hakaba harimwo agasunwa k’urura rukuru be n’agahimba ko mu ntango y’izosi kitwa thymus.

^ par. 7 Si ko asanzwe yitwa kubera ko bitashimwe ko amenyekana.