Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Woba uvyibuka?

Woba uvyibuka?

Woba warasomye witonze inomero z’Umunara w’Inderetsi za vuba? Raba rero nimba ushobora kwishura ibibazo bikurikira:

Ku wa 14 Nisani, umwagazi w’intama wa Pasika wategerezwa gukererwa ryari?

Bibiliya zimwezimwe zivuga ko wategerezwa gukererwa “hagati ya ya migoroba ibiri,” ni ukuvuga mu gahwibi izuba rirenze ariko butarira cane. (Kuv. 12:6)—15/12, urupapuro rwa 18-19.

Ni ingingo ngenderwako za Bibiliya izihe abakiri bato bokwisunga mu gufata ingingo nziza?

Zitatu ni izi: (1) Nubanze urondere Ubwami bw’Imana n’ubugororotsi bwayo. (Mat. 6:19-34) (2) Niwironkere agahimbare mu gukorera abandi. (Ivyak. 20:35) (3) Nuhimbarwe no gukorera Yehova mu buto bwawe. (Umus. 12:1)—15/1, urupapuro rwa 19-20.

Ni abagendera ku mafarasi bane abahe bariko bariruka kuva mu 1914?

Yezu, akaba ari we agendera kw’ifarasi yera, yarirukanye mw’ijuru Shetani n’amadayimoni yiwe. Uwugendera kw’ifarasi y’ibara ry’umuriro agereranya intambara zateje amarushwa abantu. Uwugendera kw’ifarasi yirabura agereranya amapfa. Uwugendera kw’ifarasi ibenjutse arateza urupfu biciye ku kiza, akagandagura abantu amamiliyoni. (Ivyah. 6:2-8)—1/2, urupapuro rwa 6-7.

“Ubugeni bwa wa Mwagazi w’intama” buzoba ryari? (Ivyah. 19:7)

“Ubugeni bwa wa Mwagazi w’intama” buzoba Umwami Yezu Kristu asozereye intsinzi yiwe, ni ukuvuga Babiloni Akomeye amaze gukurwaho n’intambara ya Harumagedoni imaze kuba.15/2, urupapuro rwa 10.

Kubera iki Abayuda bo mu gihe ca Yezu bari “biteze” Mesiya? (Luka 3:15)

Ntitwokwemeza ko Abayuda bo mu kinjana ca mbere batahura ubuhanuzi bwa Daniyeli bujanye na Mesiya nk’uko twebwe tubutahura. (Dan. 9:24-27) Ariko bashobora kuba barumvise ivy’itangazo umumarayika yashikirije abungere be n’ivyo umuhanuzikazi Ana yavuze aho aboneye akayoya Yezu ku rusengero. Vyongeye, abaragurira ku nyenyeri baraje kurondera “wa mwami w’Abayuda [yari] yavutse.” (Mat. 2:1, 2) Mu nyuma, Yohani Umubatizi yarerekanye ko Kristu vuba yari agiye kuza.15/2, urupapuro rwa 26-27.

Twokwirinda gute gutuma Ego yacu iba Oya? (2 Kor. 1:18)

Tuvugishije ukuri, vyoshika hakaba ikintu kiturengeye cotuma bidashoboka ko dushitsa ivyo twasezeranye. Ariko iyo dusezeranye canke tugize indagano, dukwiye gukora uko dushoboye kwose tukayishitsa.15/3, urupapuro rwa 32.

Twonanira gute inyosha mbi yo kuraba amasanamu y’ibiterasoni?

Ibintu bitatu bishobora kudufasha ni ibi: (1) Tubonye ishusho ivyura inambu, duce turaba hirya ningoga. (2) Turinde ivyiyumviro vyacu mu gushira umuzirikanyi ku bintu vyiza no mu gusenga Imana. (3) Turinde intambuko zacu mu kwirinda amasinema n’imihora yo kuri Internet birimwo amasanamu y’ibiterasoni.1/4, urupapuro rwa 10-12.

Ni ingaruka izihe zitari zitezwe zoshika hamwe umukirisu yosiga umuryango wiwe akaja guca amahera mu kindi gihugu?

Igihe abavyeyi bahisemwo kutabana uko bagize umuryango, abana boshobora kumererwa nabi mu vy’inyiyumvo no mu vy’inyifato runtu. Boshobora kugirira inzika umuvyeyi wabo canke abavyeyi babo. N’ikindi kandi, ababa kure y’abo bubakanye boshobora gushikirwa n’inyosha mbi z’ubuhumbu.15/4, urupapuro rwa 19-20.

Kubera iki amaguru y’inkozi z’ikibi zaba zamanitswe ku giti yategerezwa kuvunwa?

Abaroma bicira inkozi z’ikibi zimwezimwe ku giti. Abayuda barasavye ko amaguru ya za nkozi z’ikibi zari zamanikanywe na Yezu avunwa. Ivyo vyari gutuma bizigora guhema zigaca zinyaruka gupfa. Gutyo, ntivyaba nkenerwa ko zirara ku giti. (Gus. 21:22, 23)1/5, urupapuro rwa 11.

Ni ibibazo bine ibihe dukwiye kugumiza ku muzirikanyi igihe tubwira inkuru nziza abantu mu busuku?

Ni bande tuganira? Ndabasanga hehe? Nobagendera ryari? Novyifatamwo gute igihe ndabagendeye?15/5, urupapuro rwa 12-15.

Itabi ryica abantu bangana iki?

Mu kinjana giheze, ryishe abantu imiliyoni ijana. Ubu rihitana nk’abantu imiliyoni zitandatu ku mwaka.1/6, urupapuro rwa 3.