Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Abasavyi ba Yehova ‘baravavanura n’ibitagororotse’

Abasavyi ba Yehova ‘baravavanura n’ibitagororotse’

Umuntu wese avuga izina rya Yehova avavanure n’ibitagororotse.”2 TIM. 2:19.

1. Ni igiki gifise ikibanza kidasanzwe mu gusenga kwacu?

WOBA umaze kubona izina Yehova ryanditse ku nyubakwa ihuriramwo abantu benshi canke ku kintu c’akagenegene kiri mw’iratiro ry’utwa kera? Nta gukeka ko vyagushimishije cane. Nakare kuri twebwe Ivyabona vya Yehova, izina ry’uruharo ry’Imana rifise ikibanza kidasanzwe mu gusenga kwacu. Kw’isi yose, nta bandi bantu muri iki gihe bakoresha cane izina ry’Imana nkatwe. Yamara, turazi ko ako gateka ko kwitirirwa izina ry’Imana kajana n’ibanga.

2. Agateka dufise ko kwitirirwa izina ry’Imana kajana n’ibanga irihe?

2 Gukoresha izina ry’Imana vyonyene ntibica bituma Yehova adushima. Dutegerezwa kubaho twisunga ingingo mfatirwako ziwe zigenga ikibereye n’ikitabereye. Ni co gituma Bibiliya itwibutsa ko abasavyi ba Yehova bategerezwa ‘kureka ikibi.’ (Zab. 34:14) Intumwa Paulo yaravuze atomora iyo ngingo ngenderwako igihe yandika ati: “Umuntu wese avuga izina rya Yehova avavanure n’ibitagororotse.” (Soma 2 Timoteyo 2:19.) Twebwe Ivyabona vya Yehova turazwi vy’ukuri ko tuvuga izina ryiwe. Ariko none twovavanura gute n’ibitagororotse?

“NIMWIGIRE KURE” IKIBI

3, 4. Ni icanditswe ikihe kimaze igihe kirekire kizazanira incabwenge mu vya Bibiliya, kandi kubera iki?

3 Raba ico Ivyanditswe bivuga ku bijanye n’amajambo ya Paulo dusanga muri 2 Timoteyo 2:19. Ico canditswe kiravuga ibijanye n’ “umushinge ukomeye w’Imana” kigaca kivuga ivyiyumviro bibiri biri kuri wo. Ica mbere ngo “Yehova arazi abiwe,” biboneka ko cakuwe mu Guharūra 16:5. (Raba ikiganiro c’imbere y’iki.) Ica kabiri ngo “Umuntu wese avuga izina rya Yehova avavanure n’ibitagororotse,” kimaze igihe kirekire kizazanira incabwenge mu vya Bibiliya. Uti kubera iki?

4 Ayo majambo ya Paulo yerekana ko yayavuze ayakuye ahandi hantu. Yamara, biboneka ko ata canditswe na kimwe co mu Vyanditswe vy’igiheburayo gihuye n’ivyo Paulo yavuze. None iyo ntumwa yariko yerekeza ku ki igihe yavuga ngo “Umuntu wese avuga izina rya Yehova avavanure n’ibitagororotse”? Imbere y’uko Paulo avuga ivyo bintu, ubwo nyene yari ahejeje gusubiramwo ibivugwa mu Guharūra ikigabane ca 16, ahigana inkuru y’ubugarariji bwa Kora. Ubwo none ca ciyumviro ca kabiri nticoba na co nyene cerekeye ivyabaye mu gihe c’ubwo bugarariji?

5-7. Ni ibiki vyabaye mu gihe ca Musa bidufasha gutahura amajambo ya Paulo dusanga muri 2 Timoteyo 2:19? (Raba ishusho itangura.)

5 Bibiliya ivuga yuko Datani na Abiramu bene Eliyabu bifatanije na Kora, baja imbere mu kugarariza Musa na Aroni. (Guh. 16:1-5) Barakengereye Musa imbonankubone bongera bariyamiriza ubukuru yahawe n’Imana. Abo bagarariji barabandanije kuba mu basavyi ba Yehova, barageramira mu vy’impwemu abantu b’abizigirwa. Igihe hagera ko Yehova atandukanya abasavyi biwe b’intahemuka n’abagarariji, yaratanze itegeko ritomoye.

6 Iyo nkuru igira iti: “Yehova na we abwira Musa ati: ‘Bwira ikoraniro uti: “Nimwigire kure y’amataberenakulo ya Kora na Datani na Abiramu!” ’ Inyuma y’ivyo, Musa arahaguruka, aja aho Datani na Abiramu bari; kandi abagabo b’inararibonye ba Isirayeli bajana na we. Maze abwira ikoraniro ati: ‘Ndabinginze mwigireyo muve imbere y’amahema y’aba bagabo b’ababisha kandi ntimukore ku kintu na kimwe cabo, kugira ngo ntimuzimanganywe kubera igicumuro cabo cose.’ Buno nyene bigira kure bavuye imbere y’itaberenakulo ya Kora na Datani na Abiramu, bavuye ku mpande zose.” (Guh. 16:23-27) Yehova yaciye yica abantu bose bari bagararije. Ku rundi ruhande, abasavyi b’Imana b’intahemuka, abavavanuye n’ibitagororotse mu kwigirayo, barazigurijwe.

7 Yehova arabona ibiri mu mutima. Arabona ukudahemuka kw’abiwe. Ariko rero, abantu biwe b’intahemuka babwirijwe guca bagira ico bakoze, baritandukanya n’abatagororotse. Birashoboka rero ko Paulo yariko yerekeza kuri iyo nkuru iri mu Guharūra 16:5, 23-27 igihe yandika ati: “Umuntu wese avuga izina rya Yehova avavanure n’ibitagororotse.” Ico ciyumviro dushitseko gishobora kuba gihuye n’ivyo Paulo yavuze ati: “Yehova arazi abiwe.”2 Tim. 2:19.

“WAMIRIRE KURE IBIBAZO VY’UBUPFU KANDI VY’UKUTAMENYA”

8. Ni kubera iki gukoresha izina rya Yehova canke kuba mw’ishengero rya gikirisu bidahagije?

8 Mu kuvuga ivyo bintu vyabaye mu gihe ca Musa, Paulo yariko aributsa Timoteyo yuko akeneye guca agira ico akoze kugira akingire ubucuti bw’agaciro yari afitaniye na Yehova. Kuba yari mw’ishengero rya gikirisu vyonyene ntivyari bihagije, nka kurya nyene kuvuga gusa izina rya Yehova bitari bihagije mu gihe ca Musa. Abasavyi b’Imana b’abizigirwa babwirizwa guca bavavanura n’ibitagororotse. None ivyo vyasobanura iki kuri Timoteyo? Kandi ni ivyigwa ibihe abasavyi b’Imana muri iki gihe bokura kuri iyo mpanuro ya Paulo yahumetswe?

9. “Ibibazo vy’ubupfu kandi vy’ukutamenya” vyagize ico bikoze gute kw’ishengero rya gikirisu ryo mu ntango?

9 Ijambo ry’Imana riratanga impanuro zitomoye ku bijanye n’ibintu bitagororotse abakirisu bategerezwa kuzibukira. Nk’akarorero, mu mirongo ikikuje 2 Timoteyo 2:19, turabona ko Paulo abwira Timoteyo ngo ategeke abandi “kutarwana bapfa amajambo” kandi “[a]zibukire amajambo ata co arimwo.” (Soma 2 Timoteyo 2:14, 16, 23.) Abantu bamwebamwe bo mw’ishengero bǎriko barakwiragiza inyigisho z’ubuhuni. Biboneka ko abandi na bo bǎriko barazana ivyiyumviro bituma haba impari. Naho umuntu atashoka abona ko ivyo vyiyumviro bidashingiye ku Vyanditswe, vyaratumye haba ukwica ibice. Vyaratumye kandi haba uguhazuka n’uguharira ku majambo, haca haba icuka kibi mu vy’impwemu. Ni co gituma Paulo yashimitse ku vy’uko bari bakeneye “[kwamirira] kure ibibazo vy’ubupfu kandi vy’ukutamenya.”

10. Dukwiye kuvyifatamwo gute igihe duhuye n’ikibazo c’ubuhuni?

10 Muri iki gihe, abasavyi ba Yehova ntibakunda guhura n’ikibazo c’ubuhuni mw’ishengero. Ariko rero igihe twumvise inyigisho zidashingiye ku Vyanditswe, aho zoba zivuye hose, dutegerezwa guca tuzamirira kure. Vyoba bitaranga ubukerebutsi guharira n’abahuni, haba imbonankubone canke mu kugira ivyo tubishuye ku mihora yabo yo kuri Internet, kibure mu bundi buryo ubwo ari bwo bwose bwo guhanahana amakuru. Naho twoba dufise intumbero yo gufasha uwo muntu, ico kiyago kiba giteye kubiri n’ubuyobozi bushingiye ku Vyanditswe duhejeje kwihweza. Ahubwo nyabuna twebwe abasavyi ba Yehova turirinda ubuhuni, emwe, tukabwiyamiriza.

Niwirinde guharira n’abahuni (Raba ingingo ya 10)

11. Ni igiki coshobora gutuma haba ‘ibibazo vy’ubupfu,’ kandi abakurambere botanga gute akarorero keza?

11 Uretse ubuhuni, hariho ibindi bintu vyoshobora guhungabanya amahoro y’ishengero. Nk’akarorero, kutabona kumwe ibijanye no kwisamaza vyoshobora gutuma haba “ibibazo vy’ubupfu kandi vy’ukutamenya.” Ego ni ko, igihe abantu baremesheje ivyo kwisamaza bihonyanga ingingo mfatirwako za Yehova zigenga ikibereye n’ikitabereye, abakurambere bakirisu ntibakwiye kurekerana iyo nyifato barondera gusa kwirinda impari. (Zab. 11:5; Ef. 5:3-5) Ariko rero, abakurambere bariyubara kugira ngo ntibatume abandi bisunga ivyiyumviro vyabo bwite. Barakurikiza ata guca ku ruhande impanuro ishingiye ku Vyanditswe yahawe abacungezi bakirisu igira iti: “Muragire ubusho bw’Imana mujejwe, . . . atari nko mu gukandamiza abari intoranwa y’Imana, ahubwo mu kubera uburorero ubusho.”1 Pet. 5:2, 3; soma 2 Abakorinto 1:24.

12, 13. (a) Ivyabona vya Yehova babona gute ibijanye no guhitamwo uburyo bwo kwisamaza, kandi ni ingingo ngenderwako izihe zo muri Bibiliya bakurikiza? (b) Ingingo ngenderwako twihweje mu ngingo ya 12 zerekeye gute ibibazo bitandukanye vyega umuntu ku giti ciwe?

12 Mu bijanye n’ukwisamaza, ishirahamwe ryacu ntirisuzuma amasinema kanaka, udukino two kuri videwo, ibitabu canke indirimbo kugira ngo ridushingire ivyo dukwiye kwirinda. Uti kubera iki? Bibiliya iremesha umwe wese kumenyereza ‘ububasha bwiwe bwo gutegera kugira butandukanye iciza n’ikibi.’ (Heb. 5:14) Ivyanditswe birerekana ingingo ngenderwako z’ishimikiro umukirisu ashobora gusuzuma igihe ahitamwo uburyo bwo kwisamaza. Mu mice yose y’ubuzima bwacu, intumbero yacu ikwiye kuba iyo “[kuguma twiyemeza] neza ivyemerwa ku Mukama ivyo ari vyo.” (Ef. 5:10) Bibiliya yigisha yuko ba serugo bafise ubukuru ku rugero kanaka, bakaba rero boshobora guhitamwo kutemerera abo mu rugo rwabo uburyo bunaka bwo kwisamaza. *1 Kor. 11:3; Ef. 6:1-4.

13 Ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya duhejeje kwihweza ntizerekeye gusa uburyo bwo kwisamaza duhitamwo. Ivyiyumviro vyerekeye ukuntu twambara n’ukuntu twitunganya, amagara be n’ibifungurwa, hamwe n’ibindi bintu vyega umuntu ku giti ciwe vyoshobora na vyo nyene kuvyura impari. Ku bw’ivyo, igihe ata ngingo ngenderwako yo mu Vyanditswe ihonyanzwe, abasavyi ba Yehova babigiranye ubukerebutsi baririnda guharira, kuko “umushumba w’Umukama [ata]bwirizwa kurwana, ahubwo abwirizwa kuba umuntu yengenga kuri bose.”2 Tim. 2:24.

TWIRINDE ABAGENZI BABI

14. Ni ikigereranyo ikihe Paulo yakoresheje mu kwerekana ko dukwiye kwirinda abagenzi babi?

14 Ni mu bundi buryo ubuhe ‘abavuga izina rya Yehova bavavanura n’ibitagororotse’? Ni mu kwirinda gucudika n’abantu bakora ibitagororotse. Birabereye kubona ikigereranyo ca Paulo cerekeye “umushinge ukomeye w’Imana” yagikurikijeko ikindi kigereranyo. Yanditse ibijanye n’ “inzu nini” itarimwo “gusa ivyombo vy’inzahabu n’ifeza, mugabo [irimwo] n’ivy’ibiti n’ivy’ivu, bimwe bigakoreshwa ibiteye iteka mugabo ibindi bigakoreshwa ibitagira iteka.” (2 Tim. 2:20, 21) Yaciye ahanura abakirisu kuguma ‘bitandukanije’ n’ivyombo bikoreshwa “ibitagira iteka.”

15, 16. Ikigereranyo cerekeye “inzu nini” kitwigisha iki?

15 None ico kigereranyo gisobanura iki? Paulo agereranya ishengero rya gikirisu n’ “inzu nini,” abarigize na bo akabagereranya n’ “ivyombo,” canke ibikoresho vyo mu rugo. Mu nzu, ibikoresho bimwebimwe vyoshobora guteza ingorane mu gihe vyoba vyanduye, ni ukuvuga bidasukuye neza. Ibikoresho vyanduye, nk’akarorero vyakoreshejwe mu guteka, nyene urugo aca aguma abitandukanije n’ivyombo bisukuye.

16 Abasavyi ba Yehova bo muri iki gihe, abihatira kubaho badahumanye, na bo nyene bakwiye kwirinda gucudika n’abantu bo mw’ishengero babandanya gukengera ingingo ngenderwako za Yehova. (Soma 1 Abakorinto 15:33.) Nimba ivyo ari ko biri ku bantu bamwebamwe bo mw’ishengero, ntidukwiye none kurushiriza ‘kureka’ gucudika n’abantu bo hanze y’ishengero, benshi muri bo bakaba ari ‘inkunzi z’amahera, abagambararira abavyeyi, ibihemu, abambika ibara abandi, inkazi, badakunda iciza, abaguranyi, abakunda ibibanezera aho gukunda Imana’?2 Tim. 3:1-5.

YEHOVA ARADUHEZAGIRA IGIHE DUCIYE TUGIRA ICO DUKOZE

17. Abisirayeli babaye intahemuka ku rugero rungana iki igihe berekana ko banka ibitagororotse?

17 Bibiliya iravuga ukuntu Abisirayeli baciye bagira ico bakoze igihe babwirwa “[kwigira] kure y’amataberenakulo ya Kora na Datani na Abiramu.” Iyo nkuru ivuga yuko baciye “buno nyene bigira kure.” (Guh. 16:24, 27) Ntibarinze gukekeranya canke gutebagana. Ico canditswe kiravuga n’urugero bagejejeko mu kugamburuka. Kivuga ko baciye “bigira kure . . . bavuye ku mpande zose.” Abantu b’intahemuka ntibari kwishira mu kaga mu buryo na bumwe. Baragamburutse n’umutima wabo wose. Barerekanye neza ko bari ku ruhande rwa Yehova be n’uko banka ibitagororotse. Ako karorero katwigisha iki?

18. Ni iciyumviro ikihe kiboneka mu majambo Paulo yanditse igihe yahanura Timoteyo ‘guhunga ivyipfuzo bijana n’ubuto’?

18 Igihe hageze ko dukingira ubucuti dufitaniye na Yehova, dutegerezwa guca tugira ico dukoze tudatebaganye. Ico ciyumviro kiraboneka mu majambo Paulo yanditse igihe yahanura Timoteyo ‘guhunga ivyipfuzo bijana n’ubuto.’ (2 Tim. 2:22) Ico gihe Timoteyo yari amaze kuba umuntu akuze, bikaba bishoboka ko yari ageze mu myaka 30. Ariko rero, n’abantu bakuze barashobora kugira “ivyipfuzo bijana n’ubuto” vy’ubupfu. Igihe Timoteyo yaba ashikiwe n’ivyipfuzo nk’ivyo, yategerezwa ‘kubihunga.’ Mu yandi majambo, yategerezwa “[kuvavanura] n’ibitagororotse.” Yezu yaraseruye iciyumviro nk’ico igihe yavuga ati: “Nimba ijisho ryawe rigutsitaza, rinogore urite kure yawe.” (Mat. 18:9) Muri iki gihe, abakirisu bafata nkama iyo mpanuro baca bagira ico bokoze igihe bashikiwe n’ibintu bibageramira mu vy’impwemu. Ntibakekeranya canke ngo batebagane.

19. Ni gute bamwebamwe baciye bagira ico bakoze kugira bikingire ivyobageramira mu vy’impwemu?

19 Abantu bamwebamwe bari bafise ingorane yo kuborerwa bataraba Ivyabona vya Yehova barahisemwo guheba rwose inzoga. Abandi baririnda uburyo bunaka bwo kwisamaza usanga ubwabwo atari bubi, ariko bukaba bwoshobora gutuma umuntu agoyagoya mu vy’inyifato runtu. (Zab. 101:3) Nk’akarorero, imbere y’uko umuvukanyi umwe aba Icabona, yararyoherwa n’ibintu vy’ubuhumbu vyarangwa mu biteramo vyo gutamba yakunda kujamwo. Ariko amaze kwiga ukuri, yaririnda rwose gutamba mbere no ku mitororokano y’Ivyabona kubera ko yatinya kuvyura ivyipfuzo canke ivyiyumviro bitabereye yari afise muri kahise. Ego ni ko abakirisu ntibasabwa kwirinda rwose inzoga, ugutamba canke ibindi bintu usanga ubwavyo atari bibi. Ariko rero, vyitezwe ko twese duca tugira ico dukoze ata gufyina kugira twikingire ibintu vyotugeramira mu vy’impwemu.

20. Naho vyoshobora kutugora ‘kuvavanura n’ibitagororotse,’ ni igiki kidukura amazinda kandi kiduhumuriza?

20 Agateka ko kwitirirwa izina ry’Imana kajana n’ibanga. Dutegerezwa ‘kuvavanura n’ibitagororotse’ kandi ‘tukareka ikibi.’ (Zab. 34:14) Ego ni ko, kubigira ntivyama vyoroshe. Mugabo, birahumuriza cane kumenya yuko Yehova azokwama akunda “abiwe” bumira ku nzira ziwe zigororotse.2 Tim. 2:19; soma 2 Ngoma 16:9a.

^ par. 12 Raba kuri jw.org ikiganiro kivuga ngo “Hoba hari amavidewo, ibitabu canke indirimbo bibujijwe ku Vyabona vya Yehova?” munsi y’ahavuga ngo “IBITWEREKEYE > IBIBAZO BIKUNZE KUBAZWA.”