UMUNARA W’INDERETSI (INTEGURO Y'UKWIGA) Myandagaro 2014

Iki kinyamakuru kirimwo ibiganiro vy’ukwiga kuva ku wa 29 Nyakanga gushika ku wa 26 Gitugutu 2014.

Woba uriko uraronka ‘ibifungurwa ku gihe kibereye’?

Umuntu yoba ategerezwa kuronka amayagwa yose umushumba w’umwizigirwa atanga kugira agume akomeye mu vy’impwemu?

Abagore barangura uruhara uruhe mu mugambi wa Yehova?

Raba ico kugarariza Imana vyakwegeye abagabo n’abagore. Rimbura inkuru zerekeye abagore bamwebamwe b’abizigirwa bo muri kahise. Raba kandi ukuntu abagore bakirisu bagira ico baterereye mu gikorwa c’Imana muri iki gihe.

Nukoreshe Ijambo ry’Imana—Ni rizima!

Ivyabona vya Yehova bose bipfuza kuba kirumara mu busuku. Raba ivyiyumviro ngirakamaro bimwebimwe bitwereka ukuntu twokoresha ububasha bw’Ijambo ry’Imana na twa dupapuro tw’inkuru nziza twacu igihe tuyaga n’abantu

Ukuntu Yehova atwiyegereza

Turakeneye kugiranira ubucuti somambike na Yehova. Raba ukuntu incungu na Bibiliya vyerekana ko Yehova atwiyegereza.

Niwumve ijwi rya Yehova aho uri hose

Raba ukuntu bihambaye kwumviriza ijwi rya Yehova no guseruranira na we akari ku mutima. Iki kiganiro kiradufasha kubona ukuntu twokwirinda ko Shetani n’impengamiro zacu zo gukora igicumuro bidusamaza ngo ntitwumvirize ijwi rya Yehova.

‘Nugaruke, ukomeze bene wanyu’

Nimba umuvukanyi yarigeze kuba umukurambere mugabo akaba atagifise ako gateka, yoba ashobora gusubira ‘kurondera gushikira ibanga ry’umucungezi’?

Ibibazo vy’abasomyi

Igihe Yezu yavuga ko abazutse “[bata]rongora canke ngo bashingirwe,” yoba yariko avuga ibijanye n’ukuzukira kw’isi?

IVYO MU BUSHINGURO BWACU

Isinema “Eurêka-Drame” yarafashije benshi kwubura ukuri kwo muri Bibiliya

Iyo nteguro y’incamake ya rwa “Rukurikirane rw’amafoto yerekeye ivyaremwe” yarashobora kwerekanwa mu turere turi iyo catawe, mbere n’ahatagira umuyagankuba.