Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

 IVYO MU BUSHINGURO BWACU

Isinema “Eurêka-Drame” yarafashije benshi kwubura ukuri kwo muri Bibiliya

Isinema “Eurêka-Drame” yarafashije benshi kwubura ukuri kwo muri Bibiliya

“EURÊKA!” Iryo jambo risobanura ngo “Ndubuye!” Muri ca kiringo co kwiruka inyuma y’inzahabu mu kinjana ca 19 muri Kaliforniya muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, ako kamo warashobora kukumva igihe umucukuzi yaba yubuye inzahabu. Charles Taze Russell n’Abatohoji ba Bibiliya bagenziwe bobo bari bubuye ikintu c’agaciro kanini kuruta, ni ukuvuga ukuri kwo muri Bibiliya, bakaba bari bashashaye kukubwira abandi.

Mu ci ryo mu 1914, abantu amamiliyoni bo mu bisagara bininibinini barasidukanye n’iyonka baja kuraba “Urukurikirane rw’amafoto yerekeye ivyaremwe,” ikaba yari isinema yamara amasaha umunani yatunganijwe n’Ishirahamwe Mpuzamakungu ry’Abatohoji ba Bibiliya. Kubera ko iyo sinema y’ivya Bibiliya yari igizwe n’amafoto agendagenda meza cane aherekejwe n’amajambo akora ku mutima be n’akaziki katagiramwo amajambo, yaratuma abayiraba babona ivyabaye kuva kw’irema ukabandanya muri kahise k’abantu, gushika ku mpera ya ya Ngoma ya Yezu Kristu y’imyaka igihumbi.Ivyah. 20:4. *

Abantu baba mu bisagara bitobito no mu turere two mu gihugu hagati bobo bite? Kugira ntihagire abanyotewe ukuri bibagirwa, muri Myandagaro 1914, Ishirahamwe Mpuzamakungu ry’Abatohoji ba Bibiliya ryarasohoye isinema yitwa “Eurêka-Drame,” ikaba yari integuro ngendanwa ya rwa “Rukurikirane rw’amafoto” bakuyemwo uduce tumwetumwe. Hariho ubwoko butatu bwo guhitamwo, bumwebumwe bwose bukaba bwaraboneka mu ndimi zitari nke: Integuro “Eurêka X” yarimwo amajambo n’umuziki vyose vyafashwe amajwi. Integuro “Eurêka Y” yarimwo ivyafashwe amajwi vyose n’amashusho meza cane ari ku tuyo. Integuro “Eurêka-Drame pour les familles” na yo yari igenewe gukoreshwa mu ngo, ikaba yarimwo gusa amajambo n’umuziki vyacaguwe. Barashobora no kugura amafono be n’ivyuma bitazimvye vyo kwerekana iyo sinema.

Icuma cakoreshwa mu kwerekana ya mashusho y’amabara yaba ari ku tuyo

Kubera ko Abatohoji ba Bibiliya batari bakeneye gukoresha icuma cerekana amasinema canke uruteleviziyo runini, barashoboye kwerekana iyo sinema ku buntu mu gihugu hagati, barashikana ubutumwa bw’Ubwami mu turere dushasha. Ya nteguro “Eurêka X” yo kwumviriza gusa yarashobora kuvuzwa ku murango canke mw’ijoro. Integuro “Eurêka Y” y’amashusho ari ku tuyo yarashobora kwerekanwa ata muyagankuba, hakoreshejwe amatara yakishwa n’umwuka. Raporo imwe yo mu Munara w’Inderetsi mu gifinlande yagize iti: “Turashobora kwerekana ayo mashusho mu bibanza nka vyose.” Emwe, ukwo kwari ukuri nk’ukurima!

Aho gukota inyubakwa zagutse zaberamwo ibikino, abo Batohoji ba Bibiliya b’inkerebutsi akenshi wasanga barondera inyubakwa batariha, nk’amashure, inzu z’amasentare, ibituro vy’amagariyamoshi canke mbere n’amasalo y’inzu z’abantu zagutse. Kenshi isinema bayerekanira hanze, bakoresheje igitambara cera cagutse  bamanika ku ruhome rw’inzu babikamwo ivyimburwa. Uwitwa Anthony Hambuch yanditse ati: “Abarimyi barategura ahantu hatoyi ho kwicara mu mirima yabo y’ivyamwa, bakoresheje ibigegene vyinshi vy’ibiti abantu bashobora kwicarako maze bagakurikira porogarama.” Uwo mugwi werekana isinema “Eurêka” wakoresha ico bise ngo ni umukogote wa rwa Rukurikirane watwara ibikoresho vyabo, imizigo yabo, ivyo kuraramwo no gutekesha.

Abarorera isinema “Eurêka” batanguye ari inkehwa hanyuma bashika ku majana. Muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, abaje kuyiraba mu bihe bitandukanye mu nyubakwa y’ishure iri mu gisagara cabamwo abantu 150, barashitse ku 400. Hari ahandi wasanga abantu bagira urugendo rw’ibilometero umunani bagiye kuraba iyo sinema. Muri Suwede, ababanyi ba Charlotte Ahlberg bari bakoraniye mu kazu kiwe “barumvise bakozwe ku mutima” igihe bumviriza ivyari vyarafashwe amajwi. Abantu nka 1.500 baraje ahantu iyo sinema yariko irerekanwa mu gasagara bacukuramwo ubutare kari iyo catawe muri Ostraliya. Umunara w’Inderetsi wavuze ko mu mashure yisumbuye, “abigisha n’abanyeshure baryoherwa cane n’ayo mafoto hamwe n’amajwi meza igitangaza twafashe yavuzwa n’amafono.” Iyo sinema “Eurêka-Drame” yarakunzwe cane mbere no mu bibanza vyari bisanzwe birimwo amazu barabiramwo amasinema.

YARATERAGIYE IMBUTO Z’UKURI

Isinema “Eurêka-Drame” yaracitse igikoresho ngirakamaro mu “Gikorwa co gushinga iyindi migwi.” Imigwi y’Abatohoji ba Bibiliya ari yo mashengero yararungika abashikirizansiguro mu tundi turere gutanguza imigwi mishasha. Biragoye kumenya ibitigiri vy’abaravye isinema “Eurêka-Drame.” Integuro zayo nyinshi zaguma zerekanwa. Vyongeye mu 1915, mu migwi 86 yari ijejwe kwerekana iyo sinema, 14 yonyene ni yo yatanga raporo idahorereza. Yamara rero, mu kwerekana ko ibitigiri bitari vyose, raporo yatanzwe mu mpera z’uwo mwaka yavuze ko abarenga umuliyoni bari bararavye iyo sinema. Abashika 30.000 muri bo bari barasavye ibisohokayandikiro bishingiye kuri Bibiliya.

Isinema “Eurêka-Drame” yoshobora kuba itibukwa cane mu vya kahise, ariko kuva muri Ostraliya gushika muri Arjantine, kuva muri Afrika y’Epfo gushika mu mazinga agize Ubwongereza, mu Buhindi no mu mazinga ya Karayibe, biboneka ko abantu amamiliyoni baravye iyo sinema idasanzwe. Benshi muri bo barubuye ukuri kwo muri Bibiliya, ukurusha agaciro inzahabu, bakaba barihaye akamo bati: “Eurêka!”

^ par. 4 Raba ikiganiro kivuga ngo “Ivyo mu bushinguro bwacu—Isinema ikomeza ukwizera imaze imyaka 100” mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 15 Ruhuhuma 2014, urupapuro rwa 30-32.