Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Woba uriko uraronka ‘ibifungurwa ku gihe kibereye’?

Woba uriko uraronka ‘ibifungurwa ku gihe kibereye’?

TUBAYEHO mu gihe kigoye kuruta ibindi vyose vyabayeho muri kahise k’abantu. (2 Tim. 3:1-5) Urwo dukunda Yehova be n’umwiyemezo dufise wo kubaho twisunga ingingo mfatirwako ziwe zigororotse birageragezwa buri musi. Yezu yari yarabonye ivy’iki gihe kidurumbanye, aca asubiriza umutima mu nda abayoboke biwe yuko boronse indemesho bakeneye kugira bihangane gushika kw’iherezo. (Mat. 24:3, 13; 28:20) Kugira abakomeze, yaragenye umushumba w’umwizigirwa kugira ngo atange “ibifungurwa [vy’impwemu] ku gihe kibereye.”Mat. 24:45, 46.

Kuva uwo mushumba w’umwizigirwa agenywe mu 1919, ‘abakozi bo mu nzu’ amamiliyoni bo mu ndimi zose baramaze igihe begeranirizwa mw’ishirahamwe ry’Imana kandi bariko baragaburirwa mu vy’impwemu. (Mat. 24:14; Ivyah. 22:17) Ariko rero, amayagwa ntasohorwa mu ndimi zose ku rugero rumwe kandi si abantu bose bashobora gushikira ibisohokayandikiro vyacu vyo mu buhinga bwa none. Nk’akarorero, benshi ntibafise amavidewo n’ibiganiro bisohorwa gusa ku muhora wa jw.org. Ivyo none vyoba bisobanura ko hari abataronka ibifungurwa bakeneye kugira bagume bakomeye mu vy’impwemu? Kugira dushike ku ciyumviro c’ukuri, reka turimbure inyishu z’ibibazo bine bihambaye.

 1. Ikintu nyamukuru kiri mu bifungurwa Yehova atanga ni ikihe?

Igihe Shetani yosha Yezu ngo ahindure amabuye imikate, Yezu yishuye ati: “Umuntu ntakabeshweho n’umukate gusa, mugabo azobeshwaho n’ijambo ryose rizanana mu kanwa ka Yehova.” (Mat. 4:3, 4) Ivyo Yehova yavuze tubisanga muri Bibiliya. (2 Pet. 1:20, 21) Ku bw’ivyo, Bibiliya ni co kintu nyamukuru kiri mu bifungurwa vyacu vy’impwemu.2 Tim. 3:16, 17.

Ishirahamwe rya Yehova ryaratumye Bibiliya y’isi nshasha iboneka mu ndimi zirenga 120, yaba yose canke igice cayo, kandi buri mwaka iguma iboneka no mu zindi ndimi. Uretse iyo Bibiliya, haraboneka n’izindi Bibiliya amamiliyoni mu ndimi ibihumbi, zaba zose canke ibice vyazo. Ico kintu kidasanzwe cashitsweko kirahuye n’igomba rya Yehova ry’uko “abantu b’uburyo bwose bakizwa bagashika ku bumenyi butagira amakosa bwerekeye ukuri.” (1 Tim. 2:3, 4) N’ikindi kandi, kubera ko “[a]ta kiremwa na kimwe kitibonekeza imbere” ya Yehova, turashobora kwizigira tudakeka yuko azokwegera “abazi ko bakeneye ivy’impwemu” bakaza mw’ishirahamwe ryiwe kandi akabaronsa ibifungurwa vy’impwemu.Heb. 4:13; Mat. 5:3, 6; Yoh. 6:44; 10:14.

2. Ibisohokayandikiro vyacu birangura uruhara uruhe mu gutanga ibifungurwa vy’impwemu?

Kugira umuntu agire ukwizera gukomeye, arakeneye gukora n’ibindi uretse gusoma Bibiliya. Ategerezwa gutahura ivyo asoma no gushira mu ngiro ivyo yiga. (Yak. 1:22-25) Inkone y’Umunyetiyopiya yo mu kinjana ca mbere yaratahuye ico kintu. Yariko iraraba mw’Ijambo ry’Imana igihe wa mwamamaji w’Injili Filipo yayibaza ati: “Uratahura vy’ukuri ivyo uriko urasoma?” Iyo nkone yishuye iti: “Mu vy’ukuri, noshobora gute kubitahura hatagize uwundongōra?” (Ivyak. 8:26-31) Filipo yaciye afasha iyo nkone kuronka ubumenyi nyakuri bwo mw’Ijambo ry’Imana. Iyo nkone yarakozwe ku mutima cane n’ivyo yize ku buryo yaciye ibatizwa. (Ivyak. 8:32-38) Muri ubwo buryo nyene, ibisohokayandikiro vyacu bishingiye kuri Bibiliya vyaradufashije kuronka ubumenyi batagira amakosa bwerekeye ukuri. Vyaradukoze ku mutima cane vyongera bituma twipfuza gushira mu ngiro ivyo twize.Kol. 1:9, 10.

Biciye ku bisohokayandikiro, abasavyi ba Yehova barahabwa umukimba w’ibintu vy’impwemu vyo gufungura no kunywa. (Yes. 65:13) Nk’akarorero, Umunara w’Inderetsi, uwuboneka mu ndimi zirenga 210, urasigura ubuhanuzi bwo muri Bibiliya, ugatuma turushiriza gutahura ukuri kwimbitse kw’ivy’impwemu, ukanatuvyurira umutima wo kubaho twisunga ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya. Ikinyamakuru Be maso!, igisohorwa mu ndimi nka 100, kiratuma turushiriza kumenya ivyerekeye ibikorwa vya Yehova vy’irema kikongera kikatwereka ukuntu twoshira mu ngiro impanuro ngirakamaro zo muri Bibiliya. (Imig. 3:21-23; Rom. 1:20) Wa mushumba w’umwizigirwa aratanga amayagwa ashingiye kuri Bibiliya mu ndimi zirenga 680. Woba utegekanya umwanya wo gusoma Bibiliya buri musi? Woba usoma ikinyamakuru cose gishasha be n’ibisohokayandikiro bishasha vyose biboneka mu rurimi rwawe buri mwaka?

Uretse ko ishirahamwe rya Yehova risohora ibisohokayandikiro, riranategura incacagu z’insiguro zishingiye kuri Bibiliya zishikirizwa ku makoraniro, ku materaniro no ku mahwaniro tugira. Woba uhimbarwa n’insiguro, ibikino, imyerekano be n’ibiganiro vyo kubaza ibibazo bishikirizwa kuri iyo mitororokano? Emwe, Yehova araturonsa inzimano zo mu vy’impwemu!—Yes. 25:6.

 3. Nimba utaronka mu rurimi rwawe ibisohokayandikiro vyose bisohorwa, vyoba bica bituma ufungura nabi mu vy’impwemu?

Inyishu ni oya, kandi ntibikwiye kudutangaza kuba rimwe na rimwe vyoshika abasavyi ba Yehova bamwebamwe bakaronka ibifungurwa vy’impwemu vyinshi kuruta abandi. Uti kubera iki? Rimbura akarorero k’intumwa. Wasanga zironka inyigisho nyinshi kuruta abandi bigishwa bo mu kinjana ca mbere. (Mrk. 4:10; 9:35-37) Naho vyari ukwo, abo bandi bigishwa ntibafungura nabi mu vy’impwemu; bararonka ivyo bari bakeneye.Ef. 4:20-24; 1 Pet. 1:8.

Birahambaye kandi ko tumenya yuko vyinshi mu vyo Yezu yavuze n’ivyo yakoze igihe yari kw’isi bitanditswe mu nkuru zo mu Njili. Intumwa Yohani yanditse ati: “Kukaba nkako, hari n’ibindi vyinshi Yezu yakoze, iyo biramuka vyanditswe ido n’ido, nibaza ko isi ubwayo itoshoboye gukwirwamwo imizingo yokwanditswe.” (Yoh. 21:25) Naho abayoboke ba Yezu bo mu kinjana ca mbere bari bafise amakuru menshi yerekeye uwo muntu atunganye kuruta ayo dufise, ntidukehaniwe. Yehova yaritwararitse ko tumenya ibihagije ku bijanye na Yezu kugira dushobore gukurikira intambuko ziwe.1 Pet. 2:21.

Zirikana kandi ku makete intumwa zarungikiye amashengero yo mu kinjana ca mbere. Hariho n’imiburiburi ikete rimwe Paulo yanditse ritazigamwe muri Bibiliya. (Kol. 4:16) None ibifungurwa vyo mu vy’impwemu turonka vyoba bidakwiye ngo ni uko tudafise iryo kete? Uwokubesha. Yehova arazi ivyo dukeneye kandi yaraturonkeje ibihagije kugira tugume dukomeye mu vy’impwemu.Mat. 6:8.

Yehova arazi ivyo dukeneye kandi yaraturonkeje ibihagije kugira tugume dukomeye mu vy’impwemu

Muri iki gihe, abasavyi ba Yehova bamwebamwe bararonka ibifungurwa vy’impwemu vyinshi kuruta abandi. Ibisohokayandikiro bikeyi gusa vyoba ari vyo biboneka mu rurimi uvuga? Nimba ari ukwo biri, numenye ko Yehova akwitwararika. Niwige amayagwa ufise, kandi nimba bishoboka, witabe amakoraniro yo mu rurimi utahura. Vyongeye, nuhere amazinda ko Yehova azogufasha kuguma ukomeye mu vy’impwemu.Zab. 1:2; Heb. 10:24, 25.

.4 Nimba udashobora kuronka amakuru asohorwa ku muhora wa jw.org, vyoba bica bituma ugoyagoya mu vy’impwemu?

Ku muhora wacu jw.org, turasohora ibinyamakuru be n’ibindi bisohokayandikiro bifasha kwiga Bibiliya. Uwo muhora uriko kandi amayagwa afasha abubakanye, imiyabaga n’abafise abana batoyi. Imiryango irahungukira cane igihe irimbura ayo mayagwa mu biringo yahariye Ugusenga kwo mu muryango. Vyongeye, uwo muhora wacu uratanga amakuru yerekeye porogarama zidasanzwe, nk’ibirori vyo guha impapuro z’umutsindo abasohotse Ishure rya Gileyadi hamwe na rya koraniro rigirwa buri mwaka. Uratuma kandi umuryango wacu w’abavukanyi ukwiye kw’isi yose uguma uronka amakuru yerekeye ivyago vy’ivyaduka bishikira abasavyi ba Yehova be n’imanza tuburana. (1 Pet. 5:8, 9) N’ikindi kandi, uwo muhora ni igikoresho gikomeye co kwamamaza, ukaba utuma inkuru nziza ishika no mu turere aho usanga igikorwa cacu kiburabuzwa canke kibujijwe.

Ariko rero, urashobora kuguma ukomeye mu vy’impwemu, waba ushobora gushika kuri uwo muhora canke utabishobora. Wa mushumba yarakoze aratama kugira atange amayagwa acapuye ahagije atuma umukozi wo mu nzu uwo ari we wese aguma afungurirwa neza mu vy’impwemu. Ku bw’ivyo, ntukwiye kubona ko utegerezwa kugura igikoresho kanaka kugira gusa ushike kuri jw.org. Hari aboshobora kwitunganiriza ivyo gucapura amayagwa makeyi yasohowe kuri uwo muhora wacu maze bakayaha abadashobora kuwushikako, mugabo amashengero ntasabwa gukora ico kintu.

Turakengurukira cane Yezu kubona abandanya gushitsa umuhango yatanze wo kwitwararika ivyo dukeneye mu vy’impwemu. Uko iyi misi igoye ya nyuma yegereza kw’iherezo yihuta, turashobora guhera amazinda ko Yehova azobandanya gutanga “ibifungurwa [vy’impwemu] ku gihe kibereye.”