Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Niwumve ijwi rya Yehova aho uri hose

Niwumve ijwi rya Yehova aho uri hose

“Amatwi yawe azokwumva ijambo inyuma yawe rivuga ngo: ‘Iyi ni yo nzira.’ ”YES. 30:21.

1, 2. Yehova aronsa gute ubuyobozi abasavyi biwe?

KUVA kera na rindi, Yehova yagiye araronsa abantu ubuyobozi mu buryo butandukanye. Hari abo Imana yaronsa ubuyobozi ibicishije ku bamarayika, ku mayerekwa canke ku ndoto, gutyo ikabahishurira ivyobaye muri kazoza. Yehova yaranabashinga ibikorwa kanaka. (Guh. 7:89; Ezk. 1:1; Dan. 2:19) Abandi na bo bararonse ubuyobozi biciye ku bantu baserukira Yehova bakorera mu gice co kw’isi c’ishirahamwe ryiwe. Uko abasavyi ba Yehova boba bararonse ijambo ryiwe kwaba ukuhe, abakurikije ubuyobozi bwiwe barahezagiwe.

2 Muri iki gihe, Yehova arayobora abasavyi biwe akoresheje Bibiliya, impwemu nyeranda yiwe be n’ishengero. (Ivyak. 9:31; 15:28; 2 Tim. 3:16, 17) Ubuyobozi aturonsa buratomoye cane ku buryo ari nk’aho ‘amatwi yacu yumva ijambo inyuma yacu rivuga ngo: “Iyi ni yo nzira. Nimuyigenderemwo.” ’ (Yes. 30:21) Ni nk’aho na Yezu atuma ijwi rya Yehova ridushikira igihe ayobora ishengero abicishije kuri wa “mushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge.” (Mat. 24:45) Turakwiye gufatana uburemere ubwo buyobozi, kubera ko kugamburuka ari vyo bizotuma turonka ubuzima budahera.Heb. 5:9.

3. Ni ibiki vyoshobora gutuma tutakira neza ubuyobozi Yehova atanga? (Raba ishusho itangura.)

3 Shetani wa Mubesheranyi ashaka guhindura ubusa ubuyobozi burokora ubuzima Yehova aturonsa. Vyongeye, ‘umutima wacu w’umuhemu’ urashobora gutuma tutakira neza ubuyobozi  buva kuri Yehova. (Yer. 17:9) Ku bw’ivyo, nimuze twihweze ukuntu twotsinda intambamyi zituma bitugora kwumviriza ijwi ry’Imana. Nimuze kandi dusuzume ukuntu guseruranira na Yehova akari ku mutima bizozigama ubucuti dufitaniye na we ukwo ivyacu vyoba vyifashe kwose.

NUTSINDE AMAYERI YA SHETANI

4. Shetani agerageza gute kwosha ivyiyumviro vy’abantu?

4 Shetani aragerageza kwosha ivyiyumviro vy’abantu mu gutanga amakuru atari yo be n’ivyiyumviro vy’uruhendo. (Soma 1 Yohani 5:19.) Uretse amakuru asohorwa mu bitabu, isi yose ushizemwo n’uturere turi iyo catawe, usanga yuzuyemwo ibiganiro bica ku maradiyo, kuri televiziyo no kuri Internet. Naho ivyo bimenyeshamakuru vyoshobora gutanga amakuru ashimishije, akenshi biremesha inyifato be n’ingingo mfatirwako bitandukanye n’ivyo Yehova yigisha. (Yer. 2:13) Nk’akarorero, amakuru be n’inzego zijejwe ivyo kwinezereza vyerekana ko ivyo kubana kw’abasangiye igitsina ari nk’aho vyemewe, kandi abantu benshi babona ko ivyo Bibiliya ivuga ku bijanye n’ukuryamana kw’abasangiye igitsina ari ukurenza urugero.1 Kor. 6:9, 10.

5. Dushobora gute kwirinda gutwarwa n’ivyiyumviro vya Shetani?

5 Abakunda ubugororotsi bw’Imana bashobora gute kwirinda gutwarwa n’ivyiyumviro vya Shetani vyeze muri iki gihe? Boshobora gute gutandukanya ikibi n’iciza? Ni ‘mu kuguma birinze nk’uko ijambo ry’Imana rivuga.’ (Zab. 119:9) Ijambo ry’Imana ryanditse turarisangamwo ubuyobozi bwa nkenerwa budufasha gutandukanya amakuru y’ukuri n’ivyiyumviro vy’uruhendo. (Imig. 23:23) Mu gusubiramwo amajambo yo mu Vyanditswe, Yezu yavuze ko “umuntu . . . azobeshwaho n’ijambo ryose rizanana mu kanwa ka Yehova.” (Mat. 4:4) Turakeneye kwiga ukuntu twoshira mu ngiro ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya mu buzima bwacu. Nk’akarorero, kera cane imbere y’uko Musa yandika itegeko rya Yehova ribuza kurenga ibigo, wa musore Yozefu yaratahura ko gukora ico kintu ari ugucumura ku Mana. Ntiyigeze anarota kugambararira Yehova igihe muka Potifari yagerageza kumwosha gukora ikibi. (Soma Itanguriro 39:7-9.) Naho yamaze igihe amushirako umukazo, Yozefu ntiyaretse ngo ijwi ry’uwo mugore rimubuze kwumva ijwi ry’Imana. Kugira ngo dushobore gutandukanya ikibereye n’ikitabereye, birahambaye cane ko twumviriza ijwi rya Yehova maze tukirinda uruyogoyogo rudahera ruva ku vyiyumviro vya Shetani.

6, 7. Dutegerezwa gukora iki kugira ngo twirinde impanuro mbi za Shetani?

6 Isi yuzuyemwo inyigisho zivuguruzanya z’amadini ku buryo abantu benshi babona yuko kurondera idini ry’ukuri ari uguta umwanya. Ariko rero, Yehova yaratumye ubuyobozi bwiwe buba ubutomoye cane ku bashaka kubwungukirako. Tubwirizwa guhitamwo uwo twumviriza uwo ari we. Kubera ko bidashoboka ko twumviriza amajwi abiri icarimwe, turakeneye ‘kumenya ijwi’ rya Yezu kandi tukamwumviriza. Ni we Yehova yajeje intama ziwe.Soma Yohani 10:3-5.

7 Yezu yavuze ati: “Mwitwararike ivyo  muriko murumva.” (Mrk. 4:24) Impanuro za Yehova ziratomoye kandi ziragororotse, ariko dutegerezwa gutegura umutima wacu kugira uzakire. Tutabaye maso twoshobora gusanga twumvirije impanuro mbi za Shetani aho kwumviriza impanuro ziranga urukundo z’Imana. Ntitwigere twemera kuganzwa n’ibintu vyo muri iyi si, nk’imiziki, amavidewo, ibiganiro vyo kuri televiziyo, ibitabu, abagenzi, abigisha canke abitwa ngo ni abahinga.Kol. 2:8.

8. (a) Umutima wacu ushobora gute gutuma tugeramirwa n’amayeri ya Shetani? (b) Ni ibiki bishobora kudushikira twiregagije ibimenyetso bituburira?

8 Shetani arazi yuko dufise impengamiro zo gukora ibicumuro, akaba agerageza kutwosha ngo tuzisunge. Igihe Shetani aduteze muri ubwo buryo, bica bitubera urugamba rukomeye kugumana ugutungana kwacu. (Yoh. 8:44-47) None dushobora gute gutsinda urwo rugamba? Rimbura akarorero k’umuntu atwarwa n’ibinezereza vy’iki gihe ku buryo aruhira gukora ikintu kibi yahora yiyumvira ko atokwigeze akora. (Rom. 7:15) Ni igiki none kiba catumye ico kintu kibabaje kiba? Birashoboka ko uwo muntu aba yagiye arareka kwumva ijwi rya Yehova. Yoshobora kuba atabonye ibimenyetso bimuburira ku bijanye n’ivyariko birashikira umutima wiwe canke akaba yaravyirengagije. Yoshobora nk’akarorero kuba yarahagaritse gusenga, yaratakaje umwete mu busuku canke akaba yatanguye kuza arasiba amakoraniro. Amaherezo, yaratwawe n’ivyipfuzo vyiwe maze arakora ivyo yari azi ko ari bibi. Turashobora kwirinda ikosa rikwega akarambaraye nk’iryo mu gihe tugumye turi maso ku bimenyetso ivyo ari vyo vyose bituburira, tugaca tugira ico dukoze kugira dukosore ibintu. Vyongeye, nimba twumviriza ijwi rya Yehova, ntituzokwumviriza ivyiyumviro na bimwe vy’abahuni.Imig. 11:9.

9. Ni kubera iki bihambaye cane ko tumenya hakiri kare impengamiro dufise zo gukora igicumuro?

9 Kumenya indwara hakiri kare vyoshobora kurokora ubuzima bw’umuntu. Muri ubwo buryo nyene, turashobora kwirinda akaga mu gihe tumenye ningoga impengamiro zoshobora kudushikana mu nyosha mbi. Tukimara kumenya ko dufise izo mpengamiro, biraba vyiza tugize ico dukoze ubwo nyene, imbere y’uko ‘dufatwa na Shetani turi bazima.’ (2 Tim. 2:26) Twokora iki none tubonye ko twaretse ivyiyumviro n’ivyipfuzo vyacu bigatuma bukebuke tureka gukora ivyo Yehova adusaba? Tubwirizwa ubwo nyene kugaruka kuri we twicishije bugufi, tugatega yompi impanuro aduha kandi tukamwumviriza n’umutima wacu wose. (Yes. 44:22) Dutegerezwa gutahura yuko gufata ingingo itaranga ubukerebutsi bishobora kudusigamwo inkovu zikomeye cane ku buryo twoshobora gushikirwa n’ingaruka  zibabaje muri iyi si. Ese ingene vyorushiriza kuba vyiza twirinze kuzimira mu guca tugira ico dukoze kugira twirinde ikosa rikomeye nk’iryo!

Urutonde rwiza rw’ivy’impwemu rushobora gute kugukingira amayeri ya Shetani? (Raba ingingo ya 4-9)

NUTSINDE UBWIBONE N’UMWINA

10, 11. (a) Ubwibone bwigaragaza gute? (b) Ni icigwa ikihe dukura ku ngendo mbi ya Kora, Datani na Abiramu?

10 Dutegerezwa kumenya ko umutima wacu ushobora kutuzimiza. Impengamiro zacu zo gukora igicumuro ziratugirako ububasha bukomeye. Dufate nk’akarorero ubwibone n’umwina. Raba ukuntu imwe yose muri izo ngeso ishobora gutuma tutumviriza neza ijwi rya Yehova maze bikadushikana ku ngendo ikwega akarambaraye. Umuntu w’ubwibone usanga arenza urugero mu bijanye n’ukuntu abona ibimwerekeye. Yoshobora kubona ko afise uburenganzira bwo gukora ico ashatse cose be n’uko ata n’umwe ashobora kumubwira ico yokora. Yoshobora rero kubona ko arengeye ubuyobozi n’impanuro ahabwa n’abakirisu bagenziwe, abakurambere canke mbere ishirahamwe ry’Imana. Umuntu nk’uwo biramugora kwumva ijwi rya Yehova.

11 Igihe Isirayeli yari ku rugendo mu gahinga, Kora, Datani na Abiramu baragararije ubukuru bwa Musa na Aroni. Kubera ubwibone, abo bagarariji barishiriyeho intunganyo ziranga ubwigenge zijanye no gusenga Yehova. Yehova yavyakiriye gute? Yarabishe bose. (Guh. 26:8-10) Mbega icigwa gikomeye iyo nkuru itwigisha! Kugarariza Yehova bikwega akarambaraye. Twibuke kandi yuko “ubwishime buza imbere yo gusenyuka.”Imig. 16:18; Yes. 13:11.

12, 13. (a) Tanga akarorero kerekana ingene umwina ushobora gukwega akarambaraye. (b) Sigura ukuntu umwina ushobora kwongerekana ningoga na ningoga mu gihe udacungerewe neza.

12 Rimbura kandi ibijanye n’umwina. Umuntu w’umwina akenshi ariha uburenganzira maze akarenga uturimbi tugenga inyifato ibereye. Aho Namani wa mukuru w’ingabo z’Abasiriya amariye gukira indwara yiwe y’imibembe, yarahaye ingabirano umuhanuzi Elisha arazanka. Ariko rero Gehazi umusuku wa Elisha yaranohokeye izo ngabirano. Gehazi yibwiye ati: “Ndahiye ukubaho kwa Yehova, ngira niruke inyuma ya [Namani], ngire ico ndamukuyeko.” Ata na kimwe abwiye Elisha, yaciye yiruka inyuma ya Namani maze akoresha ibinyoma vyeruye mu kumusaba “italanto y’ifeza n’impuzu zo gukuranya zibiri.” Ni ibiki vyashitse kubera ko Gehazi yakoze ivyo bintu akongera agahenda umuhanuzi wa Yehova? Emwe, imibembe ya Namani yaciye ifata uwo munyamwina Gehazi!2 Abm. 5:20-27.

13 Umwina woshobora gutangura ari akantu gatoyi, ariko mu gihe umuntu atawucungereye neza, woshobora kwongerekana ningoga na ningoga maze ukamurengera. Inkuru yo muri Bibiliya yerekeye Akani irerekana ububasha bw’umwina. Raba ukuntu umwina wa Akani wongerekanye ningoga na ningoga. Yavuze ati: “Igihe nabona mw’isahu impuzu y’ibango iryoheye ijisho y’i Shinari, na shekeli amajana abiri z’ifeza n’ingegene imwe y’inzahabu ipima shekeli mirongo itanu, naciye ndavyipfuza, maze ndabitwara.” Aho kwamirira kure ico cipfuzo kibi, Akani yarivye n’umwina n’akantu ivyo bintu abinyegeza mw’ihema ryiwe. Igihe ikibi ca Akani camenyekana, Yosuwa yamubwiye ko Yehova yomuteje ivyago. Akani n’umuryango wiwe baciye bicishwa amabuye uwo musi nyene. (Yos. 7:11, 21, 24, 25) Umwina ni ikintu camaho giteye akaga, gishobora kutwigarurira. Nimuze rero “[t]wirinde ubwoko bwose bw’umwina.” (Luka 12:15) Naho vyoshika rimwe na rimwe tukiyumvira ibintu bitabereye canke vy’ubuhumbu, birahambaye cane ko ducungera umuzirikanyi wacu maze ntitureke ngo ivyipfuzo vyacu bikomere gushika aho dukora igicumuro.Soma Yakobo 1:14, 15.

14. Dukwiye gukora iki nimba tubonye ko dufise agatima ko gukora ikintu tubitumwe n’ubwibone canke umwina?

14 Ubwibone n’umwina vyompi birashobora  gukwega akarambaraye. Tuzirikanye ku ngaruka ziva ku gukurikirana ingendo itabereye bizodufasha kutareka ngo izo mpengamiro zitubuze kwumva ijwi rya Yehova. (Gus. 32:29) Muri Bibiliya, Imana y’ukuri ntitubwira gusa inzira igororotse iyo ari yo mugabo kandi iradusigurira ivyiza biva ku kuyigenderamwo hamwe n’ingaruka ziva ku kugendera mu nzira mbi. Nimba twiyumviriye mu mutima wacu gukora ikintu tubitumwe n’ubwibone canke umwina, ese ukuntu vyoba biranga ubukerebutsi tuzirikanye ku ngaruka vyokwega! Turakwiye kurimbura ukuntu igicumuro gishobora kugira ingaruka kuri twebwe, ku bo dukunda, na canecane ku bucuti dufitaniye na Yehova.

NUGUME USERURANIRA NA YEHOVA AKARI KU MUTIMA

15. Akarorero ka Yezu katwigisha iki?

15 Yehova atwipfuriza ubuzima bwiza bushoboka. (Zab. 1:1-3) Araturonsa ubuyobozi buhagije igihe tubukeneye. (Soma Abaheburayo 4:16.) Naho Yezu yari atunganye, yarabona ko akeneye kuguma aseruranira akari ku mutima na Yehova, akaba yarasenga ubudahengeshanya. Yehova yarashigikiye Yezu yongera aramuyobora mu buryo bwiza igitangaza. Yararungitse abamarayika kugira bamukorere, aramuronsa impwemu yiwe nyeranda kugira imufashe, yongera aramuyobora mu guhitamwo za ntumwa 12. Yehova yaranavuze ari mw’ijuru kugira yerekane ko ashigikiye Yezu be n’uko amushima. (Mat. 3:17; 17:5; Mrk. 1:12, 13; Luka 6:12, 13; Yoh. 12:28) Cokimwe na Yezu, turakeneye gusuka ibiri mu mutima wacu imbere y’Imana mw’isengesho. (Zab. 62:7, 8; Heb. 5:7) Biciye kw’isengesho, turashobora kuguma duseruranira na Yehova akari ku mutima, tugashobora no kubaho mu buryo bumutera iteka.

16. Yehova adufasha gute kuronka ubushobozi bwo kwumva ijwi ryiwe?

16 Naho Yehova atuma impanuro ziwe ziboneka bitagoranye, nta n’umwe ahata ngo azikurikize. Turakeneye kumusaba impwemu yiwe nyeranda, kandi azoyiduha atitangiriye itama. (Soma Luka 11:10-13.) Ariko rero, birahambaye cane ko ‘twitwararika ukuntu twumviriza.’ (Luka 8:18) Nk’akarorero, umuntu asavye Yehova ngo amufashe gutsinda agatima k’ubuhumbu mugabo akabandanya kuraba amasanamu y’ibiterasoni canke amasinema y’ubuhumbu bwoba ari uburyarya. Mu vy’ukuri, turakeneye kuba turi ahantu impwemu ya Yehova iri no mu bintu irangwamwo, nko ku makoraniro y’ishengero. Abasavyi ba Yehova benshi baririnze ivyago mu gutega yompi Yehova mu gihe c’amakoraniro yacu. Ivyo vyatumye bamenya ko hari ivyipfuzo bibi vyariko biratsimbatara mu mutima wabo maze baragorora inzira zabo.Zab. 73:12-17; 143:10.

NUGUME WUMVIRIZA NEZA IJWI RYA YEHOVA

17. Kubera iki birimwo akaga kwiheka ku bushobozi bwacu?

17 Rimbura ivyerekeye Umwami Dawidi wa Isirayeli ya kera. Akiri muto yaratsinze ca kigatanya c’Umufilisitiya citwa Goliyati. Dawidi yarabaye umusoda w’ihanga, umwami waryo, uwurikingira n’uwurifatira ingingo. Ariko igihe Dawidi yiheka ku bushobozi bwiwe, umutima wiwe waramuhenze maze arakorana na Batisheba igicumuro gikomeye, mbere aricisha umugabo wiwe Uriya. Igihe Dawidi yatozwa indero, yaremeye ikosa ryiwe yicishije bugufi maze arasubira kugiranira na Yehova ubucuti bwiza.Zab. 51:4, 6, 10, 11.

18. Ni igiki codufasha kuguma twumviriza ijwi rya Yehova?

18 Nimuze dukurikize impanuro dusanga mu 1 Abakorinto 10:12 maze ntitwiyizigire birenze. Kubera ko tudashobora ‘kuyobora intambuko yacu,’ impera n’imperuka turumviriza ijwi rya Yehova canke irya wa Mwansi wiwe. (Yer. 10:23) Ese twosenga ubudahengeshanya, tugakurikiza ubuyobozi bw’impwemu nyeranda kandi tukama twumviriza neza ijwi rya Yehova.