Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

‘Nugaruke, ukomeze bene wanyu’

‘Nugaruke, ukomeze bene wanyu’

PETERO ahejeje kwihakana Yezu, yararize arabogoza. Naho iyo ntumwa yobwirijwe kwihata kugira isubirane mu vy’impwemu, Yezu yashaka kumukoresha kugira afashe abandi. Ni co gituma Yezu yari yamubwiye ati: “Niwamara kugaruka, ukomeze bene wanyu.” (Luka 22:32, 54-62) Petero yarateye imbere araba imwe mu nkingi z’ishengero rya gikirisu ryo mu kinjana ca mbere. (Gal. 2:9) Muri ubwo buryo nyene, umuntu yahoze ari umukurambere yoshobora gusubira kurangura iryo banga, kandi agahimbarwa no gukomeza mu vy’impwemu abo basangiye ukwemera.

Hari abahoze ari abacungezi usanga baratswe iryo banga, kandi ivyo vyoshobora gutuma bumva umenga baruhiye ubusa. Uwitwa Julio, * akaba yari amaze imyaka irenga 20 ari umukurambere muri Amerika y’Epfo, yavuze ati: “Naramara umwanya munini ndiko ndategura insiguro, ntemberera abavukanyi nongera ngendera cungere abagize ishengero. Mu kanya isase vyari biheze, nsigara umenga nta co mfise nkora. Muri make, cari ikiringo kitoroshe.” Ubu Julio yarasubiye kuba umukurambere.

“MUBIBONE NK’AKANYAMUNEZA GUSA”

Umwigishwa Yakobo yanditse ati: “Mubibone nk’akanyamuneza gusa, bene wacu, igihe muhuye n’ibigeragezo bitari bimwe.” (Yak. 1:2) Yakobo yariko avuga ibigeragezo bidushikira kubera uruhamo canke agasembwa dufise. Yaravuze ibijanye n’ivyipfuzo vy’ubwikunzi, ukugira nkunzi, n’ibindi n’ibindi. (Yak. 1:14; 2:1; 4:1, 2, 11) Igihe Yehova adutoje indero vyoshobora kutubabaza. (Heb. 12:11) Ariko rero ivyo ntibikwiye kudutwara umunezero.

N’igihe nyene twoba twaratswe amabanga mw’ishengero, tuba tugifise akaryo ko gusuzuma ukuntu ukwizera kwacu kumeze no kugaragaza ko dukunda Yehova. Turashobora kandi kuzirikana ku catuma tumukorera.  Twoba twabitumwa n’inyungu zacu bwite, canke twarondeye gushikira ako gateka kubera ko twakunda Imana kandi tukaba twari twarajijutse ko ishengero ari iryayo be n’uko rikwiye kwitwararikanwa ikibabarwe? (Ivyak. 20:28-30) Abahoze ari abakurambere babandanya kurangura umurimo mweranda banezerewe, baba beretse abantu bose harimwo na Shetani, yuko bakunda Yehova bivuye ku mutima.

Igihe Umwami Dawidi yatozwa indero kubera ibicumuro bikomeye yari yakoze, yaremeye igikangiro maze arababarirwa. Dawidi yaririmvye ati: “Hahiriwe umuntu umugararizo wiwe uhariwe, uwo igicumuro ciwe gipfutswe. Hahiriwe umuntu Yehova adaharurako ikosa, mu mutima wiwe akaba ata buhendanyi buriyo.” (Zab. 32:1, 2) Gutozwa indero vyaratyoroye Dawidi kandi nta gukeka ko vyatumye aba umwungere mwiza w’abasavyi b’Imana.

Akenshi, abavukanyi basubiye kuba abakurambere usanga baca baba abungere beza kuruta uko bahora. Umwe muri mwene abo bakurambere yavuze ati: “Ubu ndatahura neza ukuntu nkwiye kwitwararika abakoze ikosa.” Uwundi mukurambere yavuze ati: “Ubu ndaha agaciro cane agateka mfise ko gukorera abavukanyi.”

WOBA USHOBORA KUGARUKA?

Umwanditsi w’amazaburi yanditse ati: “[Yehova] ntazoguma atora amahinyu ibihe vyose.” (Zab. 103:9) Ntidukwiye rero kwiyumvira yuko Imana itazokwigera isubira kwizigira umuntu yakoze ikosa rikomeye. Ricardo, akaba yaratakaje ibanga ry’ubukurambere yari amaze imyaka myinshi arangura, avuga ati: “Narababajwe cane n’amakosa nari nakoze. Kwiyumvamwo ko ntabereye vyaramaze igihe kirekire bimbuza gusubira gusukurira abavukanyi ndi umucungezi. Sinabona ko nosubiye kuba umwizigirwa. Mugabo kubera ko nkunda gufasha abandi, narashoboye kuyobora inyigisho za Bibiliya, ndaremesha abavukanyi ku Ngoro y’Ubwami nongera ndakorana na bo mu busuku bwo mu ndimiro. Ivyo vyaramfashije gusubira kwiyizigira, ubu nkaba narasubiye kuba umukurambere.”

Yehova yarafashije abagabo gusubira kugira umunezero n’icipfuzo vyo kwongera gusukura

Kubika inzika birashobora kubuza umuvukanyi kuba umukurambere. Ese ukuntu vyorushiriza kuba vyiza tubaye nk’umusavyi wa Yehova Dawidi, uwabwirijwe guhunga umwami w’umunyeshari Sauli!  Dawidi yaranse kwihora Sauli, n’igihe nyene uturyo two kubigira twaboneka. (1 Sam. 24:4-7; 26:8-12) Igihe Sauli yagwa ku rugamba, Dawidi yaramugandariye, avuga ko Sauli n’umuhungu wiwe bari abantu “bo gukundwa bakaba n’abahimbaye.” (2 Sam. 1:21-23) Dawidi ntiyabitse inzika.

Nimba ubona ko watahuwe nabi canke warenganijwe, ntureke ngo inzika iganze ivyiyumviro vyawe. Nk’akarorero, igihe uwitwa William yakwa amabanga y’ubukurambere yari amaze imyaka nka 30 arangura mu Bwongereza, yaragiriye inzika bamwebamwe mu bakurambere. Ni igiki none camufashije gusubira kubona ibintu mu buryo bubereye? Yavuze ati: “Gusoma igitabu ca Yobu vyarandemesheje cane. Nimba Yehova yarafashije Yobu kugiranira amahoro na ba bagenzi biwe batatu, ese ukuntu yorushirije kumfasha kugiranira amahoro n’abo bakurambere!”Yobu 42:7-9.

IMANA IRAHEZAGIRA ABASUBIRA KUBA ABUNGERE

Nimba warahisemwo guhagarika ibanga ryo kuragira ubusho bw’Imana, vyoba vyiza urimbuye icatumye ubigira. Woba wari urengewe n’ingorane zawe bwite? Ibindi bintu vyoba vyaracitse ibihambaye kuruta mu buzima bwawe? Woba waracitse intege kubera udusembwa tw’abandi? Icabitumye caba ikihe, niwibuke ko wari ufise ibanga ryo gufasha abandi mu buryo bwinshi igihe wari umukurambere. Insiguro zawe zarabakomeza, akarorero kawe kakabaremesha, ukuba warabagendera cungere na vyo bikabafasha kwihanganira ibigeragezo. Igikorwa warangura uri umukurambere w’umwizigirwa caratumye umutima wa Yehova unezerwa, nk’uko mbere canezereje uwawe.Imig. 27:11.

Niwerekane ko ukunda Yehova mu kugira uruhara mu murimo mweranda unezerewe

Yehova yarafashije abagabo gusubira kugira umunezero n’icipfuzo vyo kuja imbere abandi mw’ishengero. Nimba warahagaritse gusukura uri umukurambere canke ukaba waratswe amabanga, urashobora gusubira “[ku]rondera gushikira ibanga ry’umucungezi.” (1 Tim. 3:1) Paulo ntiyigeze ‘ahengeshanya gusenga’ asaba ko abakirisu b’Abakolosayi bokwuzuzwa ubumenyi butagira amakosa bw’ukugomba kw’Imana “kugira ngo [ba]gende nk’uko bibereye Yehova ngo [ba]mushimishe bimwe bishitse.” (Kol. 1:9, 10) Nimba usubiye guterwa agateka ko kuba umukurambere, nuhange amaso Yehova kugira aguhe inkomezi, ukwihangana n’umunezero. Muri iyi misi ya nyuma, abasavyi b’Imana barakeneye gufatwa mu mugongo mu vy’impwemu n’abungere b’abanyarukundo. Woba ushoboye gukomeza abavukanyi bawe kandi ukaba uvyipfuza?

^ par. 3 Bamwebamwe si ko basanzwe bitwa kubera ko bitashimwe ko bamenyekana.