Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Nukoreshe Ijambo ry’Imana—Ni rizima!

Nukoreshe Ijambo ry’Imana—Ni rizima!

“Ijambo ry’Imana [ni] rizima kandi rigira ububasha.”HEB. 4:12.

1, 2. Ni igikorwa ikihe Yehova yashinze Musa, kandi yamusubirije umutima mu nda gute?

WOBA ushobora kwibaza ukuntu wokwumva umerewe hamwe woba ubwirizwa guhagarara imbere y’umutegetsi akomeye gusumba abandi bose kw’isi kugira uvugire abasavyi ba Yehova? Hari aho wohagarika umutima, ukiyumvamwo ko utabereye, ukagira n’ubwoba. Wotegura gute ivyo uza kuvuga? Wokora iki kugira ngo ivyo uvuga userukiye Imana Mushoboravyose birushirize kugira ububasha?

2 Ukwo nyene ni ko vyari vyifashe kuri Musa. Yehova yari yabwiye uwo mugabo “[ya]tekereza kuruta kure n’iyo abantu bose bari ku buringanire bw’ubutaka,” yuko yagira amutume kwa Farawo kugira akure abasavyi b’Imana mu gahahazo n’ubushumba barimwo mu Misiri. (Guh. 12:3) Nk’uko ivyabaye vyabigaragaje, Farawo yari umugabo w’agasuzuguro n’ubwibone. (Kuv. 5:1, 2) Yamara, Yehova yashaka ko Musa ategeka Farawo kurekura abantu amamiliyoni atari make bo mu bashumba biwe ngo bave muri ico gihugu! Birumvikana kubona Musa yabajije Yehova ati: “Jewe ndi nde ngo nje kwa Farawo, ngo nkure bene Isirayeli mu Misiri?” Musa ategerezwa kuba yabona ko atabereye be n’uko atabishoboye. Mugabo Imana yaramusubirije umutima mu nda ko atobaye ari wenyene. Yehova yavuze ati:“Nzoba ndi kumwe nawe.”Kuv. 3:9-12.

3, 4. (a) Kubera iki Musa yagize ubwoba? (b) Ni ryari woshobora kugira ingorane isa n’iyashikiye Musa?

 3 Kubera iki Musa yagize ubwoba? Biboneka ko yatinya yuko Farawo atokwakiriye canke ngo yumvirize uwuserukira Yehova Imana. Musa yaratinya kandi yuko igisata ciwe kitokwemeye ko Yehova yari yamugenye ngo abakure mu Misiri. Musa rero yabwiye Yehova ati: “Ariko dufate ko batanyemeye kandi ntibumvirize ijwi ryanje, kuko bazohava bavuga ngo: ‘Yehova ntiyakubonekeye.’ ”Kuv. 3:15-18; 4:1.

4 Inyishu Yehova yahaye Musa hamwe n’ivyakurikiye birashobora kwigisha umwe wese muri twebwe ikintu gihambaye. Ego ni ko, woshobora kutazokwigera ubwirizwa kurenguka imbere y’umutegetsi akomeye. Ariko none vyoba bimaze kukugora kuvuga ivyerekeye Imana n’Ubwami bwayo, ubibwira mbere abantu basanzwe muhura buri musi? Nimba bimaze kugushikira, raba ico wokwigira ku vyashikiye Musa.

“ICO KIRI MU KUBOKO KWAWE NI IGIKI?”

5 Ni ububasha ubuhe Yehova yahaye Musa, kandi ni gute ivyo vyamumaze ubwoba? (Raba ishusho itangura.)

5 Igihe Musa yaserura ubwoba yari afise bw’uko batofatanye uburemere amajambo yiwe, Imana yaramufashije kwitegurira ivyari biraririye gushika. Inkuru iri muri Kuvayo igira iti: “Yehova [abwira Musa] ati: ‘Ico kiri mu kuboko kwawe ni igiki?’ Na we ati: ‘Ni inkoni.’ Arasubira ati: ‘Yiterere hasi.’ Nuko ayiterera hasi, ica icika inzoka; Musa na we atangura kuyihunga. Buno Yehova abwira Musa ati: ‘Tuma ukuboko kwawe uyicakire ku murizo.’ Nuko atuma ukuboko kwiwe arayicakira, ica icika inkoni mu kiganza ciwe. Ati: ‘Ni kugira ngo bemere yuko Yehova . . . yakubonekeye.’ ” (Kuv. 4:2-5) Egome, Yehova yarahaye Musa ububasha yokoresheje mu kwerekana ko ubutumwa bwiwe bwava kuri Yehova. Ikintu abandi babona ko ari inkoni isanzwe carabaye kizima biciye ku bubasha bw’Imana. Ese ukuntu ico gitangaro gishobora kuba caratumye amajambo ya Musa arushiriza kugira ububasha, kiba cemeje neza ko yari ashigikiwe na Yehova! Yehova yaciye amubwira ati: “Iyo nkoni uzoyitwara mu kuboko, kugira ngo uyikoreshe vya bimenyetso.” (Kuv. 4:17) Kubera ko Musa yari afise mu kuboko kwiwe ico kimenyamenya c’ubukuru bw’Imana, yari kuja guserukira Imana y’ukuri imbere y’igisata ciwe n’imbere ya Farawo umutima uri mu nda.Kuv. 4:29-31; 7:8-13.

6. (a) Ni igiki gikwiye kuba kiri mu kuboko kwacu igihe twamamaza, kandi kubera iki? (b) Sigura ingene “ijambo ry’Imana ari rizima” be n’ingene “rigira ububasha.”

6 Igihe tuja kubwira abandi ubutumwa bwo muri Bibiliya, twoshobora kubazwa ca kibazo nyene ngo “Ico kiri mu kuboko kwawe ni igiki?” Akenshi tuba dufise mu kuboko Bibiliya, twiteguriye kuyikoresha. Naho hari abobona Bibiliya nk’igitabu gisanzwe, Yehova atuyagisha abicishije kuri iryo Jambo ryiwe ryanditse. (2 Pet. 1:21) Irimwo imihango Imana yatanze yerekeye ibintu bizoba igihe Ubwami bwayo buzoba butegeka. Ni co gituma intumwa Paulo yanditse ati: “Ijambo ry’Imana [ni] rizima kandi rigira ububasha.” (Soma Abaheburayo 4:12.) Imihango ya Yehova yose ntihagarara kuko aguma akora kugira ayishitse. (Yes. 46:10; 55:11) Umuntu amaze kubona ko Ijambo rya Yehova ari ukwo rimeze, ivyo asoma muri Bibiliya bica bigira ububasha bukomeye mu buzima bwiwe.

7. Dushobora gute ‘gukoresha neza ijambo ry’ukuri’?

7 Egome, Yehova yarashize mu kuboko kwacu Ijambo ryiwe rizima ryanditse dushobora gukoresha mu kwerekana ko ubutumwa dushikiriza ari ubwo kwizigirwa kandi buva kuri we. Ntibitangaje kubona Paulo amaze kwandikira Abaheburayo, yahimirije umwana wiwe wo mu vy’impwemu Timoteyo ‘gukora uko ashoboye kwose ngo akoreshe neza ijambo ry’ukuri.’ (2 Tim. 2:15) Twokurikiza gute iyo mpanuro ya Paulo? Twobigira mu gusoma n’ijwi ryumvikana icanditswe twacaguye neza gishobora gukora ku mutima abatwumviriza. Udupapuro  tw’inkuru nziza twasohowe mu 2013 tugenewe kubidufashamwo.

NUSOME ICANDITSE CACAGUWE NEZA

8. Umucungezi umwe w’umurimo yavuze iki ku bijanye na twa dupapuro tw’inkuru nziza?

8 Utwo dupapuro tw’inkuru nziza dushasha twose tumeze kumwe. Igihe rero tumaze kumenya gukoresha kamwe muri two, tuba tuzi kudukoresha twose. Twoba none tworoshe gukoresha? Umucungezi w’umurimo umwe wo muri Hawayi muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, yanditse ati: “Ntitwabona neza ukuntu ivyo bikoresho bishasha vyobaye ngirakamaro haba mu gikorwa c’inzu ku nzu canke mu busuku bwo kumugaragaro.” Yasanze utwo dupapuro tw’inkuru nziza twanditse mu buryo butuma abantu barushiriza guserura iryo bagona badatebaganye, akenshi bikaba bituma haba ibiyago bishimishije. Abona ko biri ukwo kubera ikibazo be n’inyishu zitandukanye biri mu ntango z’utwo dupapuro tw’inkuru nziza. Uwo tubwira inkuru nziza ntahagarika umutima ngo ahava atanga inyishu itari yo.

9, 10. (a) Twa dupapuro tw’inkuru nziza twacu tudufasha gute gukoresha Bibiliya? (b) Ni udupapuro utuhe wakoresheje ukaroranirwa cane, kandi kubera iki?

9 Buri gapapuro k’inkuru nziza usanga karimwo icanditswe cacaguwe neza dushobora gusomera uwo muntu. Nk’akarorero, raba agapapuro k’inkuru nziza kavuga ngo Imibabaro yoba izoteba igahera? Naho uwo ubwira inkuru nziza yokwishura ngo “egome,” “oya,” canke “kumbure” kuri ico kibazo, nuzingurure ako gapapuro maze utiriwe urongerako ikindi kintu, uvuge uti: “Raba ivyo Bibiliya ivuga.” Nuce usoma Ivyahishuwe 21:3, 4.

10 Muri ubwo buryo nyene, igihe ukoresha agapapuro k’inkuru nziza kavuga ngo Ubona gute Bibiliya?, nta ngorane uwo ubwira inkuru nziza ahisemwo iyo ari yo yose mu nyishu zitatu ziri mu ntango y’ako gapapuro. Nuzingurure gusa ako gapapuro, uce uvuga uti: “Bibiliya ivuga yuko ‘Icanditswe cose cahumetswe n’Imana.’ ” Woshobora kwongerako uti: “Mu vy’ukuri, iyo mirongo iravuga n’ibindi.” Nuce uzingurura Bibiliya maze usome ibivugwa muri 2 Timoteyo 3:16, 17.

11, 12. (a) Ni agahimbare akahe ukura mu busuku? (b) Twa dupapuro tw’inkuru nziza twogufasha gute kwitegurira gusubira kugendera abo mwaganiriye?

11 Ukuntu uwo ubwira inkuru nziza avyakiriye ni vyo bizogufasha kumenya amayagwa yo muri ako gapapuro mwosoma mukongera mukaganirako uko angana. Uko vyogenda kwose, uretse ko uhereza  abantu utwo dupapuro tw’inkuru nziza, urahimbarwa no kuba wabasomeye Ijambo ry’Imana, naho mbere wosoma umurongo umwe canke ibiri igihe ubagendeye ari bwo bwa mbere. Murashobora kuzobandanya ico kiyago hanyuma.

12 Inyuma kuri buri gapapuro k’inkuru nziza hariho ikibazo munsi y’agatwe kavuga ngo “Zirikana kuri ibi bintu” be n’ivyanditswe mushobora kuyagako usubiye kumugendera. Mu gapapuro k’inkuru nziza kavuga ngo Ubona gute kazoza?, ikibazo mwoyagako ugarutse kumugendera ni iki: “Ni gute Imana izohindura iyi si ikamera neza?” Ivyanditswe vyatanzwe ni Matayo 6:9, 10 na Daniyeli 2:44. Ku bijanye n’agapapuro k’inkuru nziza kavuga ngo Abapfuye boba vy’ukuri bashobora kwongera kubaho? ikibazo ni iki: “Kubera iki dusaza hanyuma tugapfa?” Ivyanditswe vyatanzwe ni Itanguriro 3:17-19 na Abaroma 5:12.

13.Sigura ukuntu twokoresha twa dupapuro tw’inkuru nziza mu gatanguza inyigisho za Bibiliya.

13 Nukoreshe utwo dupapuro nk’ingazi ucako kugira utanguze inyigisho za Bibiliya. Igihe umuntu aciye ku kamenyetso ntekeramakuru kari inyuma kuri ako gapapuro k’inkuru nziza, aca ashika ku bintu biri kuri wa muhora wacu wo kuri Internet vyoshobora kumuremesha kwiga Bibiliya. Utwo dupapuro turerekeza kandi kuri ka gatabu Inkuru nziza iva ku Mana! maze tukerekana ikigabane kanaka co muri ko. Nk’akarorero, agapapuro k’inkuru nziza kavuga ngo Ni nde vy’ukuri aganza isi? kakurungika ku cigwa ca 5 c’ako gatabu. Agapapuro k’inkuru nziza kavuga ngo Ni igiki cotuma mu rugo harangwa agahimbare? kakurungika ku cigwa ca 9. Niwakoresha utwo dupapuro tw’inkuru nziza nk’uko bitegerezwa, uzoba uriko urakurikiza akamenyero keza ko gukoresha Bibiliya igihe ugendera abantu ari bwo bwa mbere be n’igihe usubira kubagendera. Muri ubwo buryo, woshobora gutanguza inyigisho ziyongereye. Ni ikindi kintu ikihe wokora kugira ukoreshe neza Ijambo ry’Imana mu busuku bwawe?

NUYAGE N’ABANTU KU KINTU KIBARAJE ISHINGA

14, 15. Wokwigana gute agatima Paulo yari afise ku bijanye n’ubusuku?

14 Paulo yaripfuza cane guhuza n’ “abantu benshi bashoboka” mu busuku bwiwe. (Soma 1 Abakorinto 9:19-23.) Urabona ko Paulo yari yizigiye ‘kuronka Abayuda, kuronka abagabwa n’itegeko, kuronka abatagira itegeko no kuronka abagoyagoya.’ Egome, yashaka gushikira “abantu b’uburyo bwose, kugira ngo uko bishoboka kwose [a]gire abo [a]kiza.” (Ivyak. 20:21) Twokwigana gute agatima Paulo yari afise igihe twitegurira kubwira ukuri “abantu b’uburyo bwose” mu cibare cacu?1 Tim. 2:3, 4.

15 Buri kwezi Igikorwa dukorera Ubwami kiratwereka uburyo butandukanye bwo gushikiriza inkuru nziza. Nugerageze kubukoresha. Mugabo nimba hariho ibindi vyiyumviro biraje ishinga abo mu cibare cawe, nukoreshe uburyo buvyura ugushimishwa kugira uhuze n’uko ibintu vyifashe. Nuzirikane ku kuntu ibintu bimeze aho uba, ku bandi bantu bahaba no ku bibaraje ishinga cane. Nuce wiyumvira icanditswe gihuje n’ivyo bakeneye. Umucungezi umwe w’umuzunguruko aravuga ingene we n’umukenyezi wiwe bashimika kuri Bibiliya, ati: “Abo tubwira inkuru nziza nka bose baratwemerera gusoma umurongo umwe mu gihe duciye make kandi tukadomako. Tumaze kubaramutsa nk’uko basanzwe babigira dufise mu kuboko Bibiliya izinguruye, duca dusoma nya canditswe.” Raba uburorero bukeyi bw’ibiganiro, ibibazo n’ivyanditswe bwakoreshejwe mu ndimiro woshobora gukoresha mu cibare cawe.

Woba uriko urakoresha neza Bibiliya n’udupapuro tw’inkuru nziza mu busuku bwawe? (Raba ingingo ya 8-13)

16. Sigura ingene icanditswe co muri Yesaya 14:7 coshobora gukoreshwa mu busuku.

16 Nimba uba mu karere amahoro akunda guhungabana, woshobora kubaza umuntu uti: “Woba ushobora kwiha ishusho igihe iki kintu kizoba ari yo nkuru ivugwa hose ngo ‘Isi yose iraruhutse, ikize umudurumbanyo. Abantu bagize akamwemwe mu kwiha akamo k’umunezero’? Ivyo ni vyo Bibiliya  ivuga muri Yesaya 14:7. Nkako, Bibiliya irimwo imihango myinshi Imana yatanze yerekeye ibihe vy’amahoro bigiye kuza.” Nuce umusaba musome umwe muri iyo mihango muri Bibiliya.

17. Ushobora gute gukoresha icanditswe co muri Matayo 5:3 mu kiyago?

17 Abantu benshi bo mu cibare cawe vyoba bibagora cane kuronka ikibabeshaho? Nimba ari ukwo biri, woshobora gutanguza ikiyago mu kubaza uti: “Kugira ngo umuntu atume umuryango wiwe uhimbarwa, abwirizwa kuronka amahera angana gute?” Uwo muyaga ahejeje kwishura, nuce uvuga uti: “Abantu benshi bararonka amahera aruta ayo, mugabo imiryango yabo ntihimbawe. None vy’ukuri haba hakenewe iki?” Nuce usoma Matayo 5:3 hanyuma umusabe ko mwokwigana Bibiliya.

18. Wokoresha gute icanditswe co muri Yeremiya 29:11 kugira uhumurize abandi?

18 Abantu bo mu karere kanyu boba bariko barashikirwa n’ingaruka z’icago giherutse gutera? Woshobora gutanguza ikiyago mu kuvuga uti: “Nari nje hano kugira ndabahumurize. (Soma Yeremiya 29:11.) Woba wabonye ibintu bitatu Imana itwipfuriza? Itwipfuriza ‘amahoro,’ ‘kazoza,’n’ ‘icizigiro.’ Ntibishimishije none kumenya yuko itwipfuriza ubuzima bwiza? Mugabo none ivyo bishoboka gute?” Nuce umujana ku cigwa kibereye co mu gatabu Inkuru nziza.

19. Sigura ingene twokoresha icanditswe co mu Vyahishuwe 14:6, 7 igihe tuyaga n’abantu bakunda gusenga.

19 Woba uba mu karere aho abantu bakunda gusenga? Nimba ari uko vyifashe, woshobora gutanguza ikiyago mu kubaza uti: “Nka hamwe umumarayika yogira ico akubwiye, woba womwumviriza? (Soma Ivyahishuwe 14:6, 7.) Uwo mumarayika atubwira ngo ‘dutinye Imana twongere dusenge Uwaremye ijuru n’isi.’ Woba uzi izina ry’uwo yaremye ijuru n’isi?” Nuce usoma muri Zaburi 124:8, ahagira hati: “Ugutabarwa kwacu kuri mw’izina rya Yehova, wa Muhinguzi w’ijuru n’isi.” Nuce umusaba nimba yoshima ko umusigurira vyinshi ku vyerekeye Yehova Imana.

20. (a) Twoshobora gute gukoresha icanditswe co mu Migani 30:4 kugira dufashe umuntu kumenya izina ry’Imana? (b) Hoba hariho icanditswe kanaka ukoresha ukaroranirwa?

20 Woshobora gutangura kuyaga n’uwukiri muto mu kuvuga uti: “Nashaka kugusomera icanditswe kitubaza ibibazo bihambaye cane. (Soma Imigani 30:4.) Kubera ko ata muntu n’umwe ashobora gukora ivyo bintu, iki canditswe gitegerezwa kuba kiriko kivuga Umuremyi wacu. * None dushobora gute kumenya izina ryiwe? Nohimbarwa no kurikwereka muri Bibiliya.”

NUKORESHE UBUBASHA BW’IJAMBO RY’IMANA MU BUSUKU BWAWE

21, 22. (a) Icanditswe cacaguwe neza gishobora gute guhindura ubuzima bw’umuntu? (b) Ni igiki wiyemeje gukora igihe urangura ubusuku bwawe?

21 Ntushobora kumenya ingene abantu bavyakira ubasomeye icanditswe wacaguye neza. Nk’akarorero, Ivyabona babiri bo muri Ostraliya baradodoye ku muhana w’umugore umwe akiri muto. Umwe muri bo yamubajije ati: “Woba uzi izina ry’Imana?”, aca amusomera muri Zaburi 83:18. Uwo mugore avuga ati: “Narajongorotse! Bahavuye, naciye mfata urugendo rw’ibilometero 56 n’umuduga nja aho badandariza ibitabu vya gikirisu kugira ndabe mu zindi Bibiliya, maze ndarondera iryo zina muri kazinduzi. Maze kujijuka ko Imana yitwa Yehova, nariyumviriye ibindi noba nari nkeneye kumenya.” Bidatevye, we hamwe n’uwari amureheje baratanguye kwiga Bibiliya, mu nyuma barabatizwa.

22 Ijambo ry’Imana rirahindura ubuzima bw’abantu barisoma maze bakizera imihango ikomeye Yehova yatanze. (Soma 1 Abatesalonika 2:13.) Ubutumwa bwo muri Bibiliya burafise ububasha kuruta ikindi kintu cose twovuga turondera gushikira umutima w’uwundi muntu. Ni co gituma dukwiye gukoresha Ijambo ry’Imana igihe cose bishoboka. Emwe, ni rizima!

^ par. 20 Raba ikiganiro kivuga ngo “Ibibazo vy’abasomyi” mu Munara w’Inderetsi (mu gifaransa) wo ku wa 15 Mukakaro 1987, urupapuro rwa 31.