Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Abagore barangura uruhara uruhe mu mugambi wa Yehova?

Abagore barangura uruhara uruhe mu mugambi wa Yehova?

“Abagore batangaza inkuru nziza ni ingabo nyinshi.”ZAB. 68:11.

1, 2. (a) Ni ingabirano izihe Imana yahaye Adamu? (b) Ni kubera iki Imana yahaye Adamu umugore? (Raba ishusho itangura.)

YEHOVA yaremye isi ayifitiye umugambi. “[Yayiremye] ngo ibeko abantu.” (Yes. 45:18) Umuntu wa mbere yaremye ari we Adamu yari atunganye, kandi yaramuhaye ahantu heza igitangaza ho kuba, ni ukuvuga itongo rya Edeni. Ese ingene Adamu yahimbarwa n’ibiti vyaho vy’inganzamarumpu, imigezi yaho ishororoka n’ibikoko vyaho vyikina amatavu! Mugabo hari ikintu gihambaye yari abuze. Yehova yarerekanye ico kintu ico ari co igihe yavuga ati: “Si vyiza ko uyu muntu aguma ari wenyene. Ngiye kumukorera umufasha bikwiranye.” Imana yaciye ituma Adamu asinzira ubutikoma, imukuramwo rumwe mu mbavu ziwe “[i]rukoramwo umugore.” Igihe Adamu yikangura, ntiworaba ingene yahimbawe! Yavuze ati:“ Uyu noneho ni igufa ryo mu magufa yanje be n’umubiri w’umubiri wanje. Uyu azokwitwa Umugore, kubera ko mu mugabo ari ho uyu yakuwe.”Ita. 2:18-23.

2 Umugore yari ingabirano idasanzwe Imana itanze kuko yari kuba umufasha atunganye w’uwo mugabo. Yari afise n’agateka kadasanzwe ko kwibaruka abana. Nkako, “Adamu yi[se] umugore wiwe Eva, kuko yobaye nyina w’abazima bose.” (Ita. 3:20.) Mbega ingabirano itangaje Imana yahaye uwo mugabo n’umugore ba mbere! Bari bashoboye kwibaruka abandi bantu batunganye.  Muri ubwo buryo, isi yohavuye icika Iparadizo ibamwo abantu batunganye boganje ibindi binyabuzima.Ita. 1:27, 28.

3. (a) Ni igiki Adamu na Eva bari bakwiye gukora kugira bahezagirwe n’Imana, ariko ni igiki cabaye? (b) Ni ibibazo ibihe tugiye kurimbura?

3 Kugira Adamu na Eva baronke imihezagiro bari bategekanirijwe, babwirizwa kugamburukira Yehova no kwemera ubutegetsi bwiwe. (Ita. 2:15-17) Aho honyene ni ho bari gushitsa umugambi Imana yari ibafitiye. Ariko ikibabaje ni uko bohejwe na “ya nzoka yo mu ntango” ari yo Shetani, maze bacumura ku Mana. (Ivyah. 12:9; Ita. 3:1-6) None ubwo bugarariji bwagize ico bukoze gute ku bagore? Ni ibiki abagore batinya Imana bo muri kahise baranguye? Ni kubera iki dushobora kuvuga ko abagore bakirisu bo muri iki gihe ari “ingabo nyinshi”?Zab. 68:11.

ICO UBUGARARIJI BWAVUYEMWO

4. Ni nde yabajijwe igicumuro umugabo n’umugore ba mbere bakoze?

4 Igihe Adamu yabazwa icatumye agarariza, yisiguye yikurayo ati: “Wa mugore wampa ngo tubane, ni we yampaye icamwa co kuri ca giti ndaheza ndarya.” (Ita. 3:12) Adamu ntiyanse gusa kwemanga igicumuro ciwe, ariko kandi yaragerageje kwegeka ikosa ku mugore Imana yari yamuhaye, aryegeka no kuri uwo Mutanzi w’umunyarukundo. Adamu na Eva bompi baracumuye, mugabo Adamu ni we yabajijwe ikosa bakoze. Ni co gituma intumwa Paulo yanditse ko “igicumuro cinjiye mw’isi biciye ku muntu umwe [Adamu] urupfu na rwo [ruzanwa] n’igicumuro.”Rom. 5:12.

5. Kuba Imana yararetse abantu baramara igihe bitegeka batayisunga vyagaragaje iki?

5 Umugabo n’umugore ba mbere barohejwe bashika ku kwiyumvira ko batari bakeneye ko Yehova ababera Umutegetsi. Ivyo vyavyuye iki kibazo gihambaye cane cerekeye ubusegaba: Ni nde afise uburenganzira bwo gutegeka? Kugira Imana yishure rimwe rizima ico kibazo, yararetse abantu baramara igihe bitegeka batayisunga. Yari izi ko ivyobaye vyogaragaje yuko ukwo kwitegeka batayisunga ata co kwovuyemwo. Uko ibinjana vyagiye birarengana, ubwo butegetsi bwatumye umuryango w’abantu ushikirwa n’ivyago bigenda birakurakuranwa. Mu kinjana giheze honyene, abantu nka 100.000.000 barahitanywe n’intambara, hakaba harimwo amamiliyoni y’abagabo, abagore n’abana ata co bazira. Haramaze rero kuboneka ibimenyamenya vyinshi vyerekana ko “umuntu agenda, [atari] ivyiwe kuyobora intambuko yiwe.” (Yer. 10:23) Kubera ko dutahura ico kintu, turemera icese ko Yehova ari we Mutegetsi wacu.Soma Imigani 3:5, 6.

6. Mu bihugu vyinshi, abantu b’igitsina-gore bafatwa gute?

6 Baba abagabo canke abagore, bose barakorewe ibibi muri iyi si iri mu bubasha bwa Shetani. (Umus. 8:9; 1 Yoh. 5:19) Bimwe muri ivyo bibi vy’agahomerabunwa ni amabi akorerwa abakenyezi. Kw’isi yose, bivugwa ko nk’abakenyezi 30 kw’ijana usanga barakubaguwe n’abagabo babo. Mu mihingo imwimwe usanga abana b’abahungu batoneshwa kubera vyiyumvirwa yuko bazokura bakabandanya kuzigama umuryango ngo ntuhone bakongera bakitwararika abavyeyi babo, ba sekuru na ba inakuru mu busaza. Mu bihugu bimwebimwe bavuga ngo ‘umukobwa nta mwana,’ kandi uravye inda zikororwa, iz’abakobwa ni zo nyinshi cane kuruta iz’abahungu.

7. Imana yahaye abagabo n’abagore intango imeze gute?

7 Nta gukeka ko gufata nabi abagore bidahimbara Imana. Ntirenganya abagore kandi irabubahiriza. Ukuntu Yehova abona abagore kurabonekera ku kuba Eva yaremwe atunganye kandi afise kamere zituma aba umufasha mwiza cane wa Adamu, aho kuba umushumba. Iyo ni imwe mu mvo zatumye Imana “yihweza ikintu cose yari yakoze, isanga cari ciza cane” igihe  umusi w’irema ugira gatatu wari urangiye. (Ita. 1:31) Egome, “ikintu cose” Yehova yaremye cari “ciza cane.” Baba abagabo canke abagore, bose yabahaye intango nziza cane.

ABAGORE BARI BASHIGIKIWE NA YEHOVA

8. (a) Dondora inyifato y’abantu muri rusangi. (b) Ni bande Imana yamye itonesha kuva kera?

8 Inyifato y’abagabo n’abagore muri rusangi yarononekaye inyuma y’ubugarariji bwo muri Edeni, mu kinjana giheze ho ikaba yaradabutse. Bibiliya yari yaravuze yuko inyifato mbi yobaye yiraye mu “misi ya nyuma.” Ibibi abantu bakora vyarakwiragiye hose ku buryo ibi ari “ibihe bitoroshe” koko. (2 Tim. 3:1-5) Ariko rero kuva kera na rindi, wa “Mukama Segaba Yehova” yamye atonesha abagabo n’abagore bamwizigiye, baragamburuka amategeko yiwe bongera baramuyobokera nka we Mutegetsi wabo.Soma Zaburi 71:5.

9. Ni abantu bangahe barokotse wa mwuzure, kandi kubera iki?

9 Igihe Imana yatikiza isi ya kera yari yuzuye ubukazi biciye kuri wa mwuzure wo mu gihe ca Nowa, harokotse abantu bari ku rushi. Nimba bene wabo na Nowa na bashikiwe bari bakiriho ico gihe, na bo nyene uwo mwuzure warabahitanye. (Ita. 5:30) Ariko rero harokotse abagabo bangana n’abagore, ni ukuvuga Nowa, umugore wiwe, abahungu biwe batatu n’abagore babo. Bazigurijwe kubera batinya Imana bagakora ivyo igomba. Abantu amamiliyaridi bariho ubu bakomotse kuri abo bantu umunani bari bashigikiwe na Yehova.Ita. 7:7; 1 Pet. 3:20.

10. Ni kubera iki Yehova yashigikiye abagore batinya Imana ba basekuruza b’imiryango?

10 Mu myaka yakurikiye, abagore batinya Imana ba basekuruza b’imiryango na bo nyene barashigikiwe n’Imana. Ivyo ntivyari gushoboka iyo baba abidogera umugabane wabo mu buzima. (Yuda 16) Umwe muri abo ni Sara, umugore yubaha cane wa Aburahamu. Yari gushobora kwidoga cane igihe baheba ibihinda vy’i Uri, bakaja kuba ba kavantara n’ingenzi mu mahema baza barimuka, ariko nta vyo yagize. Ahubwo nyabuna, “Sara ya[ra]gamburukira Aburahamu, akamwita ‘umukama’ wiwe” (1 Pet. 3:6) Rimbura kandi ivyerekeye Rebeka, uwabaye ingabirano nziza igitangaza ivuye kuri Yehova akaba n’umugore w’agahebuza. Ntibitangaje kubona umugabo wiwe ‘yaramukunze, akaronka uruhoza inyuma y’aho aburiye nyina.’ (Ita. 24:67) Ese ukuntu duhimbarwa no kuba muri iki gihe turi kumwe n’abagore batinya Imana, bameze nka Sara na Rebeka!

11. Abaheburayokazi babiri b’abakirizi bagaragaje gute umutima rugabo?

11 Mu myaka Abisirayeli bamaze ari abashumba mu Misiri, barongerekanye cane, Farawo aca atanga itegeko ry’uko abana b’abahungu b’Abaheburayo bose bicwa bakivuka. Ariko rero, rimbura ivyerekeye Abaheburayokazi b’abakirizi Shifura na Puwa, abashobora kuba bari bahagarikiye igikorwa c’ubwakirizi. Kubera ko batinya Yehova mu buryo buranga ko bamwubaha baranse n’umutima rugabo kwica abo bana. Ni co gituma yabahaye impera be n’imiryango yabo.Kuv. 1:15-21.

12. Ni ibintu bitangaje ibihe Debora na Yayeli bakoze?

12 Mu misi y’abacamanza ba Isirayeli, umugore umwe yari ashigikiwe na Yehova ni umuhanuzikazi Debora. Yararemesheje Umucamanza Baraki yongera aragira uruhara mu gufasha Abisirayeli kwikurako agahahazo, mugabo yari yaravuze yuko Baraki atari we yoninahajwe ku bw’iyo ntsinzi botahukanye ku Banyakanani. Ahubwo Imana yotanze Sisera umukuru w’ingabo z’Abanyakanani “mu minwe y’umugore.” Ivyo ni ko vyagenze igihe umugore atari Umwisirayelikazi Yayeli yamwica.Abac. 4:4-9, 17-22.

13. Bibiliya itubwira iki ku bijanye na Abigayili?

13 Abigayili yari umukenyezi w’akarorero yabayeho mu kinjana ca 11 Imbere  ya Kristu. Yarabona kure mu gihe umugabo wiwe Nabali yari inkazi, imburakimazi, n’uwutagira ubwenge. (1 Sam. 25:2, 3, 25) Dawidi n’ingabo ziwe baramaze igihe bakingira amatungo ya Nabali, ariko igihe bamusaba ibifungurwa, ‘yabateye imirarwe’ kandi ntiyabahaye namba. Vyarashavuje cane Dawidi ku buryo agira umugambi wo kwica Nabali n’abiwe. Abigayili avyumvise, yaciye ashira Dawidi n’abantu biwe ibifungurwa n’ibinyobwa, aba atumye amaraso adaseseka. (1 Sam. 25:8-18) Mu nyuma Dawidi yamubwiye ati: “Hahezagirwe Yehova Imana ya Isirayeli, we yakurungitse uyu musi guhura nanje!” (1 Sam. 25:32) Nabali amaze gupfa, Dawidi yaciye acura Abigayili.1 Sam. 25:37-42.

14. Abakobwa ba Shalumu bagize uruhara mu gikorwa ikihe, kandi abagore bakirisu bariko bakora gute ikintu nk’ico muri iki gihe?

14 Abagabo, abagore n’abana benshi barapfuye igihe ingabo z’Abanyababiloni zatikiza Yeruzalemu n’urusengero rwaho mu 607 Imbere ya Kristu. Impome z’ico gisagara zarasubiye kwubakwa mu 455 Imbere ya Kristu bihagarikiwe na Nehemiya. Mu bafashije gusanura izo mpome harimwo abakobwa ba Shalumu, umuganwa w’igice c’intara ya Yeruzalemu. (Neh. 3:12) Bararanguye babikunze ibikorwa biciye bugufi, naho bari abakobwa b’umuganwa. Ese ukuntu dukengurukira abagore bakirisu benshi bashigikira banezerewe amaporoje yo kwubaka inyubakwa zikorerwamwo ivya gitewokarasi muri iki gihe, bakabigira mu buryo butandukanye!

ABAGORE BATINYA IMANA BO MU KINJANA CA MBERE

15. Ni agateka akahe Imana yateye umwigeme umwe yitwa Mariya?

15 Hari ukuntu mu kinjana ca mbere Inyuma ya Kristu be n’imbere y’aho Yehova yateye uduteka duhambaye abakenyezi batari bake. Muri bo harimwo umwigeme w’isugi yitwa Mariya. Igihe yari arehejwe na Yozefu, yarasamye inda ku gitangaro biciye ku mpwemu nyeranda. Ni kubera iki Imana yamucaguye ngo abe nyina wa Yezu? Nta gukeka ko yamucaguye kubera yari afise kamere z’ivy’impwemu zikenewe kugira arere uwo mwana wiwe atunganye gushika akuze. Kari agateka kadasanzwe kuba nyina w’umuntu ahambaye kuruta ababaye kw’isi bose.Mat. 1:18-25.

16. Tanga akarorero kerekana ukuntu Yezu yafata abagore.

16 Yezu yaragaragariza umutima mwiza abakenyezi. Nk’akarorero, rimbura ivyerekeye umugore umwe yari amaze imyaka 12 ava amaraso. Yaregereye Yezu amuciye inyuma mw’isinzi ry’abantu akora ku mpuzu yiwe. Aho kumukankamira, Yezu yamubwiye n’umutima mwiza ati: “Mukobwa wanje, ukwizera kwawe kuragukijije. Genda amahoro, ukire indwara yawe isesereza.”Mrk. 5:25-34.

17. Ni igitangaro ikihe cabaye kuri Pentekoti yo mu 33 Inyuma ya Kristu?

17 Abagore bamwebamwe bari abigishwa ba Yezu baramukorera hamwe n’intumwa ziwe. (Luka 8:1-3) Kuri Pentekoti yo mu 33 Inyuma ya Kristu na ho, abantu nka 120 harimwo n’abagore bararonse impwemu y’Imana ku gitangaro. (Soma Ivyakozwe 2:1-4.) Ukwo gusuka impwemu nyeranda kwari kwaravuzwe muri aya majambo ngo: “[Jewe Yehova] nzosuka impwemu yanje ku bari n’umubiri b’ubwoko bwose, kandi abahungu banyu n’abakobwa banyu bazovuga koko ubuhanuzi . . . Kandi nzosuka impwemu yanje mbere no ku basuku n’abasukukazi.” (Yow. 2:28, 29) Biciye kuri ico gitangaro cabaye ku musi wa Pentekoti, Imana yarerekanye ko yari yaretse gushigikira ihanga ry’irihuni rya Isirayeli maze ishigikira “Isirayeli y’Imana” igizwe n’abagabo be n’abagore. (Gal. 3:28; 6:15, 16) Mu bagore bakirisu bagize uruhara mu busuku mu kinjana ca mbere harimwo n’abakobwa bane ba Filipo wa mwamamaji w’injili.Ivyak. 21:8, 9

 “INGABO NYINSHI” Z’ABAGORE

18, 19. (a) Ku bijanye n’ugusenga kw’ukuri, ni agateka akahe Imana yateye abagabo n’abagore? (b) Umwanditsi w’amazaburi yavuze iki ku vyerekeye abagore batangaza inkuru nziza?

18 Kuva nko mu 1875, abagabo n’abagore bakeyi barerekanye ko bitwararika cane ugusenga kw’ukuri. Bari abirutsi bitangiye imbere abagira uruhara muri iki gihe mw’iranguka ry’amajambo ya Yezu y’ubuhanuzi agira ati: “Iyi nkuru nziza y’ubwami izokwamamazwa mw’isi yose ngo bibe intahe ku mahanga yose; maze iherezo rizoca riza.”Mat. 24:14.

19 Uwo mugwi mutoyi w’Abatohoji ba Bibiliya warongerekanye ushika ku Vyabona vya Yehova nka 8.000.000 muri iki gihe. Mu 2013, abandi bantu barenga 11.000.000 barerekanye ko bashimishwa na Bibiliya be n’igikorwa turangura, baritaba Icibutso c’urupfu rwa Yezu kiba buri mwaka. Mu bihugu nka vyose, benshi mu bacitaba ni abakenyezi. Vyongeye, mu bamamaji b’Ubwami b’igihe cose barenga 1.000.000, abagore ni bo benshi. Mu vy’ukuri, Imana yarateye agateka abagore b’abizigirwa ko kugira uruhara mw’iranguka ry’amajambo y’umwanditsi w’amazaburi agira ati: “Yehova ubwiwe aravuga ijambo; abagore batangaza inkuru nziza ni ingabo nyinshi.”Zab. 68:11.

Abagore batangaza inkuru nziza ni “ingabo nyinshi” vy’ukuri (Raba ingingo ya 18, 19)

IMIHEZAGIRO IHAMBAYE IRINDIRIYE ABAGORE BATINYA IMANA

20. Ni ibiganiro ibihe bibereye ko twiga?

20 Twokwihweza abagore benshi b’abizigirwa bavugwa muri Bibiliya, ntitworonka aho tubakwiza. Ariko rero, twese turashobora kwisomera ibiberekeye mw’Ijambo ry’Imana no mu biganiro vyasohowe mu bisohokayandikiro vyacu. Nk’akarorero, turashobora kuzirikana ku bijanye n’ukudahemuka kwa Rusi. (Rusi 1:16, 17) Dusomye igitabu co muri Bibiliya citirirwa Umwamikazi Esiteri be n’ibiganiro bimwerekeye, ukwizera kwacu kurashobora gukomera. Turashobora gutegekanya kwiga mwene izo nkuru mu gihe c’umugoroba uhariwe Ugusenga kwo mu muryango maze tukahungukira cane. Nimba twibana, twoshobora kurimbura ivyo biganiro igihe twiyigisha.

21. Abagore batinya Imana berekanye gute ko bihebeye Yehova mu bihe bigoye?

21 Ego cane, Yehova arahezagira igikorwa co kwamamaza abagore bakirisu barangura akongera akabashigikira mu bihe vy’ibigeragezo. Nk’akarorero, abagore batinya Imana yarabafashije kugumana ugutungana kwabo mu gihe c’intwaro y’Abanazi n’Abakomunisita, benshi muri bo bakaba barashikiwe n’imibabaro, bamwe mbere barahasiga ubuzima bahowe ko bagamburukira Imana. (Ivyak. 5:29) Muri iki gihe cokimwe no muri kahise, bashiki bacu be n’abasavyi b’Imana bagenzi babo bose barashigikira ubusegaba bw’Imana. Nkako, nk’uko vyari mu gihe c’Abisirayeli ba kera, Yehova arabafata ukuboko kwabo kw’iburyo akabwira umwe wese ati: “Ntutinye. Jewe nzogufasha.”Yes. 41:10-13.

22. Ni uduteka utuhe dushashaye kwironkera muri kazoza?

22 Ubu bwa vuba, abagabo n’abagore batinya Imana bazohindura isi ibe Iparadizo bongere bafashe abantu amamiliyoni bazoba bazutse kwiga ivyerekeye imigambi ya Yehova. Mu kurindira, nimuze duhe agaciro agateka dufise ko kumukorera “[du]huje inama,” twaba turi abagabo canke abagoreZef. 3:9.