Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ukuntu Yehova atwiyegereza

Ukuntu Yehova atwiyegereza

“Mwiyegereze Imana, na yo izobiyegereza.”YAK. 4:8.

1. Ni igiki abantu bakenera, kandi ni bande bashobora kukituronsa?

ABANTU barakenera cane kwumva ko biyegereje abandi. Bivugwa ko umuntu “yiyegereje uwundi igihe bakundanye cane kandi bakaba bazinanyi neza.” Mu bisanzwe turahimbarwa cane iyo dufise incuti n’abagenzi badukunda, baduha agaciro kandi badutahura. Ariko rero, Umuremyi wacu Ahambaye ni we dukwiye kugiranira ubucuti somambike kuruta abandi bose.Umus. 12:1.

2. Yehova adusezeranira iki, mugabo ni kubera iki abantu benshi batemera ico kintu?

2 Yehova aduhimiriza mw’Ijambo ryiwe ‘kumwiyegereza’, kandi adusezeranira ko tumwiyegereje na we ‘azotwiyegereza.’ (Yak. 4:8) Ese ukuntu ico ari iciyumviro ceza umutima! Ariko rero, abantu benshi babona ko kwiyumvira yuko Imana yokwipfuza kubiyegereza ari indoto nsa. Babona ko batabereye kuyiyegereza canke ko iri kure cane ku buryo bitoshoboka ko bayiyegereza. Vyoba vy’ukuri bishoboka ko twiyegereza Yehova?

3. Ni ikintu c’ukuri ikihe dutegerezwa kumenya ku vyerekeye Yehova?

3 Ico twomenya coco ni uko Yehova “[a]tari kure y’umwe wese muri twebwe” yipfuza kumushikira. Birashoboka ko tumumenya. (Soma Ivyakozwe 17:26, 27; Zaburi 145:18.) Umugambi w’Imana yacu wari uko n’abantu badatunganye boyiyegereza, ikaba yiteguriye kubakira no kubatonesha nk’abagenzi somambike, kandi iripfuza kubigira. (Yes. 41:8; 55:6) Umwanditsi w’amazaburi yaranditse ivyerekeye Yehova afatiye ku vyo yiboneye  ati: “Wewe wumva amasengesho, emwe, abantu b’ubwoko bwose bazoza kuri wewe. Hahiriwe uwo utora ukamwiyegereza.” (Zab. 65:2, 4) Inkuru yo muri Bibiliya yerekeye Asa Umwami wa Yuda iratanga akarorero k’umuntu yiyegereje Imana, ikerekana n’ukuntu Yehova yavyakiriye. *

TWIGIRE KU KARORERO KA KERA

4. Ni akarorero akahe Umwami Asa yahaye abantu bo muri Yuda?

4 Umwami Asa yarerekanye ko afitiye umwete udasanzwe ugusenga gutyoroye, mu gukuraho ugusenga ibigirwamana be n’ubumaraya bwo ku rusengero vyari vyarabaye ndanse muri ico gihugu. (1 Abm. 15:9-13) Kubera ko yari afise umwidegemvyo wo kuvuga, yarahimirije abantu “kurondera Yehova Imana ya ba sekuruza babo no gushitsa itegeko n’ibwirizwa.” Mu myaka cumi ya mbere y’ingoma ya Asa, Yehova yaramuhezagiye mu gutanga amahoro menshi. None ni nde Asa yitiriye uwo mutekano? Yabwiye abanyagihugu ati: “Igihugu kiracari icacu, kuko twarondeye Yehova Imana yacu. Twaramurondeye, na we aduhaye akaruhuko impande zose.” (2 Ngo. 14:1-7) Raba ivyaciye bikurikira.

5. Ni ikintu ikihe cerekanye ko Asa yiheka ku Mana, kandi vyavuyemwo iki?

5 Niwishire mu kibanza ca Asa. Zera Umunyetiyopiya aje gutera Yuda ari kumwe n’inteko za gisirikare 1.000.000 hamwe n’imikogote 300. (2 Ngo. 14:8-10) Wovyifatamwo gute ubonye igitero kingana gutyo gisugereje ubwami bwawe? Ingabo zawe zose hamwe ni 580.000 gusa! None ko umuntu 1 abwirizwa kurwana na 2, woba wokwibaza igituma Imana iretse ugashikirwa n’igitero nk’ico? Muri ukwo gusugerezwa, woba wogerageza kugira ico ukoze wisunze ubwenge bwawe bwite? Ukuntu Asa yavyifashemwo kwarerekanye ko afitaniye na Yehova ubucuti somambike be n’uko amwizigiye. Yashize ijwi hejuru ashikamye ati: “Dufashe, ewe Yehova Mana yacu, kuko ari wewe twishimikije, kandi mw’izina ryawe ni ho tuje kurwanya iri sinzi. Ewe Yehova, uri Imana yacu. Umuntu buntu ntakurushe inkomezi.” None Imana yishuye gute ukwo gutakamba kwa Asa kuvuye ku mutima? Dusoma duti: “Yehova atsind[a] Abanyetiyopiya.” Nta n’umwe muri abo bansi yarokotse mu ntambara yaciye ikurikira!2 Ngo. 14:11-13.

6. Ni gute twokwigana Asa?

6 Ni igiki cashoboje Asa kwizigira aherejeko yuko Imana imuyobora ikongera ikamukingira? Bibiliya ivuga yuko ‘Asa yakoze ivyari bigororotse mu maso ya Yehova’ be n’uko ‘umutima wiwe wabaye uwukwiye kuri Yehova.’ (1 Abm. 15:11, 14) Na twebwe turakwiye gukorera Imana n’umutima ukwiye. Birahambaye cane ko ivyo tubigira nimba dushaka kugiranira na yo ubucuti somambike ubu no muri kazoza. Ese ukuntu dukenguruka kubona Yehova ari we yateye intambwe ya mbere yo kutwiyegereza yongera aradufasha kugiranira na we ubucuti bwa hafi no kubuzigama! Rimbura uburyo bubiri Imana yakoresheje mu kubigira.

YEHOVA YARATWIYEGEREJE ABICISHIJE KU NCUNGU

7. (a) Ni ibiki Yehova yakoze bituma tumwiyegereza? (b) Uburyo buhambaye kuruta ubundi bwose Imana ikoresha mu kutwiyegereza ni ubuhe?

7 Yehova yaragaragaje urwo akunda abantu mu kurema isi tubako iteye igomwe. Arabandanya kutugaragariza urwo adukunda mu kutubungabungira ubuzima biciye ku bintu vy’umubiri vyiza cane aturonsa. (Ivyak. 17:28; Ivyah. 4:11) N’igihambaye kuruta, Yehova aritwararika kuturonsa ivyo dukeneye mu vy’impwemu. (Luka 12:42) Aranadukura amazinda ko adutega yompi umwe wese ku giti ciwe igihe tumusenga. (1 Yoh. 5:14) Ariko rero,  uburyo buhambaye kuruta ubundi bwose Imana itwiyegereza na twe tukayiyegereza ni mu kutugaragariza urukundo biciye ku ncungu. (Soma 1 Yohani 4:9, 10, 19.) Yehova yararungitse “Umwana [wiwe] w’ikinege” kw’isi kugira dushobore gukurwa mu gicumuro n’urupfu.Yoh. 3:16.

8, 9. Yezu afise uruhara uruhe mu mugambi wa Yehova?

8 Yehova yaratumye bishoboka ko n’abantu babayeho imbere y’igihe ca Kristu bungukira ku ncungu. Kuva igihe Yehova yavuga ubuhanuzi bwerekeye Umukiza yoje kurokora abantu, kuri we ni nk’aho incungu yari yamaze kurihwa, kubera yari azi yuko umugambi wiwe worangutse ata kabuza. (Ita. 3:15) Haciye ibinjana n’ibindi, intumwa Paulo yaravuze ukuntu akengurukira Imana kubera “ukubohorwa biciye ku ncungu yarishwe na Kristu Yezu.” Paulo yongeyeko ati: “Yariko ibabarira ibicumuro vyabaye kera igihe Imana yagira ukwirengagiza.” (Rom. 3:21-26) Ese ukuntu Yezu afise uruhara rudasanzwe mu gutuma twiyegereza Imana!

9 Biciye kuri Yezu ni ho gusa abantu bicisha bugufi bashobora kumenya Yehova no kugiranira na we ubugenzi n’ubucuti somambike. Ivyanditswe bishimika gute kuri ico kintu c’ukuri? Paulo yanditse ati: “Imana irashimagiza urukundo rwayo bwite kuri twebwe, kuko Kristu yadupfiriye tukiri abacumuzi.” (Rom. 5:6-8) Inkuka y’incungu ya Yezu ntiyatanzwe kubera ko tubikwiye, ariko yatanzwe kubera ko dukundwa cane. Yezu yavuze ati: “Nta muntu ashobora kuza kuri jewe kiretse Data yandungitse amukwegereye.” Ikindi gihe, yavuze ati: “Nta wuza kuri Data adaciye kuri jewe.” (Yoh. 6:44; 14:6) Yehova akoresheje impwemu nyeranda, ariyegereza abantu biciye kuri Yezu akongera akabafasha kuguma mu rukundo rwiwe, biteze ubuzima budahera. (Soma Yuda 20, 21.) Rimbura ubundi buryo Yehova atwiyegereza.

YEHOVA ARATWIYEGEREZA ABICISHIJE KW’IJAMBO RYIWE RYANDITSE

10. Ni ibiki Bibiliya itwigisha bidufasha kurushiriza kwiyegereza Imana?

10 Gushika aha, muri iki kiganiro turamaze gutanga canke gusubiramwo mu majambo ivyanditswe bivuye mu bitabu 14 vyo muri Bibiliya. Iyo hataba Bibiliya, twomenye gute ko dushobora kwiyegereza Umuremyi wacu? Iyo hataba yo, twoshoboye gute kwiga ivyerekeye incungu n’ivyerekeye ukuntu Yehova atwiyegereza biciye kuri Yezu? Yehova abicishije ku mpwemu yiwe, yarahumekeye abantu barandika Bibiliya, ino ikaba iduhishurira kamere ziwe zikwegera hamwe n’imigambi yiwe ihambaye. Nk’akarorero, muri Kuvayo 34:6, 7, Yehova yabwiye Musa ko ari “Imana y’inyembabazi n’inyempuhwe, iteba gushavura kandi igwije ubuntu bwuzuye urukundo be n’ukuri, izigama ubuntu bwuzuye urukundo ku bw’ibihumbi, ikababarira ikosa n’ikigabitanyo n’igicumuro.” Ni nde ga yemwe atokwiyegereza umuntu nk’uwo? Yehova arazi ko uko turushiriza kwiga ibimwerekeye muri Bibiliya ari ko turushiriza kubona uwo ari we koko tukongera tukarushiriza kwumva tumwiyegereje.

11. Ni kubera iki dukwiye kwigora tukiga kamere z’Imana n’inzira zayo? (Raba ishusho itangura.)

11 Mu gusigura ukuntu dushobora gushika ku kugiranira n’Imana ubucuti somambike, akajambo k’intangamarara mu gitabu Niwiyegereze Yehova kagira gati: “Mu bugenzi bwose twunga n’umuntu, ubumwe buba bushingiye ku kumenya nya muntu, ku gushima no ku guha agaciro kamere zimuranga. Gutyo rero, kamere z’Imana n’inzira zayo nk’uko bihishurwa muri Bibiliya, ni ibintu bihambaye cane dutegerezwa kwiga.” Ese rero ukuntu dukenguruka kuba Yehova yaratumye Ijambo ryiwe ryandikwa mu buryo twebwe abantu dushobora gutahura!

12. Kubera iki Yehova yakoresheje abantu mu kwandika Bibiliya?

 12 Yehova yari gushobora kubwira abamarayika bakandika Bibiliya. Nakare, baratwitwararika cane bakitwararika n’ivyo dukora. (1 Pet. 1:12) Nta gukeka ko abamarayika bari kwandikira abantu ubutumwa buva ku Mana. Ariko none, boba bari kubona ibintu nk’uko abantu babibona? Boba bari gushobora gutahura ivyo dukeneye, ubugoyagoye bwacu be n’ivyo twipfuza? Oya, Yehova yari azi ko bari n’aho bagarukiriza muri ivyo. Mu gukoresha abantu ngo abe ari bo bandika Bibiliya, Yehova yaratumye turushiriza kuyitahura. Turashobora gutahura ingene abanditsi ba Bibiliya be n’abandi bantu bavugwa mu Vyanditswe biyumvira be n’ingene biyumva. Turashobora gutahura ukuvunika umutima, ugukekeranya, ubwoba be n’udusembwa vyabo, tugatahura umunezero wabo be n’ukuroranirwa kwabo. Cokimwe n’umuhanuzi Eliya, abanditsi ba Bibiliya bose wasanga “[b]iyumva nk’uko twiyumva.”Yak. 5:17.

Ukuntu Yehova yafashe Yona na Petero bidufasha gute kurushiriza kumwiyegereza? (Raba ingingo ya 13, 15)

13. Isengesho rya Yona rituma wiyumva gute?

13 Nk’akarorero, woba wibaza ko umumarayika yari guserura neza inyiyumvo Yona yagize igihe yahunga igikorwa Imana yari yamushinze? Ese ukuntu vyarushirije kuba vyiza kubona Yehova yakoresheje Yona mu kwandika inkuru imwerekeye, harimwo n’isengesho yatuye Imana abigiranye ubwira igihe yari ibwina mu kiyaga! Yona yavuze ati: “Igihe umutima wanje wadendebukira muri jewe, Yehova ni we nibutse.”Yona 1:3, 10; 2:1-9.

14. Ni kubera iki woshobora gutahura ivyo Yesaya yanditse ku bimwerekeye?

14 Rimbura kandi ivyo Yehova yabwiye Yesaya ngo yandike ku bimwerekeye. Uwo muhanuzi amaze kwerekwa ubuninahazwa bw’Imana, yaciye avuga ku bijanye n’ukuba ari umunyabicumuro, ati: “Ndigorewe! Kuko mbaye nk’uwunumijwe, kubera ko ndi umuntu w’iminwa ihumanye,  nkaba mba mu bantu b’iminwa ihumanye; kuko amaso yanje abonye Umwami, Yehova nyen’ingabo, ubwiwe!” (Yes. 6:5) Hoba hari umumarayika yari guca avuga amajambo nk’ayo? Yesaya we yarayavuze, kandi twoshobora gutahura ukuntu yumvise amerewe.

15, 16. (a) Ni kubera iki dushobora gutahura ukuntu abantu nkatwe biyumva? Tanga uburorero. (b) Ni igiki kizodufasha kurushiriza kwiyegereza Yehova?

15 Abamarayika boba bari kuvuga ko ‘badakwiriye,’ nka kumwe Yakobo yavuga ko yari ameze, canke ko ari ‘abanyabicumuro,’ nka kumwe Petero yiyumva? (Ita. 32:10; Luka 5:8) Boba bari “[ku]gira ubwoba” nka kumwe kw’abigishwa ba Yezu, canke abamarayika bagororotse boba bari gukenera ‘kugira ubutinyutsi,’ nka kumwe Paulo n’abandi babwirijwe kubugira igihe bahamwa bariko baravuga inkuru nziza? (Yoh. 6:19; 1 Tes. 2:2) Oya namba, abamarayika baratunganye mu buryo bwose kandi bararengeye abantu. Ariko rero, igihe abantu badatunganye baseruye inyiyumvo nk’izo, duca ubwo nyene dutahura ukuntu biyumva kubera ko natwe turi abantu buntu. Igihe dusoma Ijambo ry’Imana, turashobora vy’ukuri ‘kunezeranwa n’abanezerewe; tukarirana n’abarira.’Rom. 12:15.

16 Iyo tuzirikanye ku vyo Bibiliya ivuga ku bijanye n’ivyo Yehova yagiriye abasavyi biwe b’intahemuka ba kera, turashobora kuhigira ibintu vyinshi vyiza cane ku vyerekeye Imana yacu, iyiyegereje abo bantu badatunganye ibigiranye ukwihangana n’urukundo. Gutyo, turashobora kumenya neza Yehova kandi tukamukunda cane. Ivyo bica bituma turushiriza kumwiyegereza.Soma Zaburi 25:14.

TUGIRANIRE N’IMANA UBUCUTI BW’INTAMENWA

17. (a) Ni impanuro nziza iyihe Azariya yahaye Asa? (b) Asa yirengagije gute impanuro Azariya yamuhaye, kandi vyavuyemwo iki?

17 Umwami Asa amaze gutsinda bimwe bikomeye ingabo z’Abanyetiyopiya, umuhanuzi w’Imana Azariya yarabwiye Asa hamwe n’abantu biwe amajambo aranga ubukerebutsi. Azariya yavuze ati: “Yehova azobana namwe nimwabana na we; nimwamurondera, azoreka mumuronke, mugabo nimwamuheba azobaheba.” (2 Ngo. 15:1, 2) Mugabo mu myaka yo hanyuma, Asa ntiyakurikije iyo mpanuro nziza. Igihe yari asugerejwe n’ubwami bwa Isirayeli bwo mu buraruko batacana uwaka, yaciye arondera gufashwa n’Abashuri. Aho gusubira gutakambira Yehova ngo amufashe, yarondeye kugiranira amasezerano n’abapagani. Birabereye kubona Asa yabwiwe ati: “Wakoze ivy’ubupfu muri ivyo, kuko kuva ubu hazobaho intambara zo kukurwanya.” Iyindi myaka Asa yamaze atwara yaranzwe n’intambara z’urutavanako. (2 Ngo. 16:1-9) Ni igiki none tuhigira?

18, 19. (a) Ni igiki dukwiye gukora nimba twaretse hakaba ikintu kidutandukanya n’Imana? (b) Ni gute tworushiriza kwiyegereza Yehova?

18 Ntidukwiye kwigera tuja kure ya Yehova. Bishitse tugasanga twaretse hakaba ikintu kidutandukanya na we, dukwiye guca twisunga ibivugwa muri Hoseya 12:6, ahagira hati: “Ubwirizwa kugaruka ku Mana yacu, ukagumya ubuntu bwuzuye urukundo be n’ubutungane; niwame witeze Imana yawe.” Nimuze rero turushirize kwiyegereza cane Yehova mu kuzirikana ku ncungu tubigiranye ugukenguruka no mu kwiga n’umwete Ijambo ryiwe Bibiliya.Soma Gusubira mu vyagezwe 13:4.

19 Umwanditsi w’amazaburi yanditse ati: “Nayo jewe, kwegera Imana bimbera vyiza.” (Zab. 73:28) Ese twese twobandanya kwiga ibintu bishasha kuri Yehova, gutyo tukarushiriza kugira imvo zo kumukunda! Ese kandi Yehova yorushiriza kutwiyegereza ubu no mu bihe bidahera!

^ par. 3 Raba ikiganiro kivuga ivya Asa, gifise umutwe ugira uti: “Igikorwa canyu kiri n’impera,” mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 15 Myandagaro 2012.