Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ibibazo vy’abasomyi

Ibibazo vy’abasomyi

Yezu yabwiye Abasadukayo yuko abazutse “[bata]rongora canke ngo bashingirwe.” (Luka 20:34-36) Yoba yariko avuga ibijanye n’abazozukira kuba kw’isi?

Ico kibazo kirahambaye na canecane ku babuze abo bubakanye bikundira. Abantu nk’abo boshobora kuba bashashaye cane kuzosubira kwubakana mw’isi nshasha n’uwo bahoranye azoba yazutse. Umupfakare umwe yavuze ati: “Twe n’umukenyezi wanje ntitwashaka ko umubano wacu uhagarara. Twari dufise icipfuzo kivuye ku mutima co kuguma twunze ubumwe mu gusenga turi umugabo n’umugore ibihe vyose. Izo nyiyumvo ntizahindutse kuri jewe.” Hoba hari imvo yumvikana yo kwizigira yuko abazoba bazutse bazoshobora kwubaka izabo? Muri make, nta wovyemeza.

Ibisohokayandikiro vyacu biramaze imyaka bivuga yuko amajambo ya Yezu yerekeye izuka no kurongora ashobora kuba yerekeza ku kuzukira kw’isi be n’uko abazozukira kuba mw’isi nshasha biboneka ko batazokwubaka izabo. * (Mat. 22:29, 30; Mrk. 12:24, 25; Luka 20:34-36) Naho tudashobora kuvyemeza ijana kw’ijana, ubwo ntivyoba bishoboka ko ayo majambo ya Yezu yerekeza ku kuzukira ijuru? Reka turabe ivyo Yezu yavuze.

Rimbura ukuntu ibintu vyari vyifashe. (Soma Luka 20:27-33.) Abasadukayo, bano bakaba batemera izuka, baragerageje gutega Yezu bakoresheje ikibazo cerekeye izuka be n’ivyo gucura umugore wa mwene wanyu. * Yezu yishuye ati: “Abana b’iki gihe bararongora kandi bagashingirwa, mugabo ababonywe ko babereye gushika muri ca gihe kigiye kuza no kuzuka mu bapfuye, ntibarongora canke ngo bashingirwe. Nkako, ntibashobora no kwongera gupfa, kuko bameze nk’abamarayika, bakaba n’abana b’Imana mu kuba abana b’izuka.”Luka 20:34-36.

Ni kubera iki none ibisohokayandikiro vyacu vyavuze ko Yezu ashobora kuba yariko aravuga ibijanye n’ukuzukira kw’isi? Ico ciyumviro gishingiye ahanini ku bintu bibiri. Ubwa mbere, biriyumvirwa ko abo Basadukayo bashobora kuba bari bafise mu bwenge ivyo kuzukira kw’isi be n’uko Yezu ashobora kuba ari vyo yisunze mu kubishura. Ubwa kabiri, Yezu yasozereye inyishu yiwe mu kuvuga ibijanye na Aburahamu, Izahaki na Yakobo, bakaba ari ba sekuruza b’imiryango b’abizigirwa bari mu bazozukira kuba kw’isi.Luka 20:37, 38.

Ariko rero, birashoboka ko Yezu yashaka kuvuga ibijanye no kuzukira ijuru. Twoshika kuri ico ciyumviro twisunze iki? Reka turimbure ivyiyumviro bibiri nyamukuru.

“Ababonywe ko babereye . . . kuzuka mu bapfuye.” Abarobanuwe b’abizigirwa ‘babonwa ko babereye ubwami bw’Imana.’ (2 Tes. 1:5, 11) Biswe abagororotsi kugira baronke ubuzima hishimikijwe incungu, akaba ari co gituma iyo bapfuye baba bakuweko igicumuro. (Rom. 5:1, 18; 8:1) Bitwa ‘abahiriwe kandi ni beranda,’ bakaba babereye kuzukira ijuru. (Ivyah. 20:5, 6) Mu bazozukira kuba kw’isi bobo hazoba harimwo “abatari abagororotsi.” (Ivyak. 24:15) Wumva none vyoshobora kuvugwa ko ari “ababonywe ko babereye” izuka?

 “Ntibashobora no kwongera gupfa.” Izindi Bibiliya zihindura iryo ryungane ngo “ntibaba bagishobora gupfa” canke ngo “urupfu ntiruba rugifise ububasha kuri bo.” Abarobanuwe barangije ubuzima bwabo bwo kw’isi ari abizigirwa bazukira ijuru bagaca bahabwa ukudapfa, ni ukuvuga ubuzima butagira iherezo kandi budashobora gusamburwa. (1 Kor. 15:53, 54) Urupfu nta bubasha ruba rugifise kuri abo bazukira ijuru. *

None turavye ivyo duhejeje kwihweza, twoshika ku ciyumviro ikihe? Birashoboka ko amajambo ya Yezu ajanye no kurongora be n’izuka, yerekeye ukuzukira ijuru. Nimba ari uko rero, amajambo yiwe aratubwira vyinshi ku vyerekeye abazukira kuba mw’ijuru: Ntibubaka izabo, ntibashobora gupfa, kandi hari ukuntu baba bameze nk’abamarayika, ni ukuvuga ibiremwa vy’impwemu biba mu karere k’impwemu. Ariko rero ico ciyumviro dushitseko gica kivyura ibibazo bitari bike.

Ubwa mbere, ni kubera iki Yezu yari kuvuga ivyo kuzukira ijuru kandi yariko yishura Abasadukayo, abashobora kuba bari bafise mu bwenge ivyo ukuzukira kw’isi? Yezu ntiyama yishura abamurwanya ibihuye n’ivyo baba bariko bariyumvira. Nk’akarorero, yabwiye Abayuda bari bamusavye ngo abereke ikimenyetso, ati: “Nimusenyure uru rusengero nanje mu misi itatu nzoruhagurutsa.” Birashoboka ko Yezu yamenye ko bariko biyumvira ibijanye n’inyubakwa y’urusengero, “mugabo yariko avuga urusengero rw’umubiri wiwe.” (Yoh. 2:18-21) Kumbure Yezu yarabonye ko bidakenewe ko yishura abo Basadukayo b’indyadya, bakaba batemera izuka canke ko abamarayika babaho. (Imig. 23:9; Mat. 7:6; Ivyak. 23:8) Ahubwo nyabuna, yoshobora kuba yashaka guhishura ukuri kwerekeye ukuzukira ijuru kwari kubikiwe abigishwa biwe b’inziraburyarya, umusi uri izina bakaba boshoboye kuba mu bazurwa muri ubwo buryo.

Ubwa kabiri, ni kubera iki Yezu yasozereye avuga ibijanye na Aburahamu, Izahaki hamwe na Yakobo, abazozukira kuba kw’isi? (Soma Matayo 22:31, 32.) Urabona ko Yezu yavuze ibijanye n’abo basekuruza b’imiryango abanje kuvuga ngo “ku vyerekeye izuka ry’abapfuye.” Iyo mvugo yo kuva ku ciyumviro uja ku kindi yoshobora gufasha mu guhindura ikiriko kirashimikwako. Yezu rero aciye ku vyanditswe vya Musa, ivyo Abasadukayo bavuga ko bemera, yarakoresheje amajambo Yehova yabwiye Musa kuri ca gisaka caka umuriro kugira atange ikindi kimenyamenya c’uko izuka ryo kw’isi ari umugambi ntakekeranywa w’Imana.Kuv. 3:1-6.

Ubwa gatatu, nimba amajambo ya Yezu ku vyerekeye izuka no kurongora ajanye n’ukuzukira ijuru, vyoba bisobanura ko abazozukira kuba kw’isi bazoba bashobora kwubaka izabo? Ijambo ry’Imana nta nyishu idomako ritanga kuri ico kibazo. Nimba koko Yezu yariko avuga ibijanye n’ukuzukira ijuru, amajambo yiwe rero ntasigura neza nimba abazozukira kw’isi bazoshobora kwubaka izabo mw’isi nshasha.

Yamara rero turazi ko Ijambo ry’Imana rivuga neza yuko urupfu ruhagarika ubucuti bw’ababiranye. Ku bw’ivyo, uwapfakaye ntakwiye kwiyagiriza nimba ahisemwo kwubakana n’uwundi. Iyo ni ingingo imwega, kandi nta wukwiye kumunegura kubera yarondeye uwo bubakana bogaragarizanya igishika.Rom. 7:2, 3; 1 Kor. 7:39.

Birumvikana ko twoshobora kuba dufise ibibazo vyinshi ku bijanye n’ubuzima bwo mw’isi nshasha. Aho kuvyura impari zidakenewe ku nyishu z’ivyo bibazo, dukwiye gusa kurindira tukazoraba. Ico dushobora kumenya ata mazinda coco ni iki: Abantu bagamburuka bazohimbarwa, kuko Yehova azobaronsa ivyo bakeneye vyose yongere ahaze ivyipfuzo vyabo vyose mu buryo bwiza kuruta ubundi bwose bushoboka.Zab. 145:16.

^ par. 4 Raba Umunara w’Inderetsi (mu gifaransa) wo ku wa 1 Ruheshi 1987, urupapuro rwa 30-31.

^ par. 5 Mu bihe vya Bibiliya, gucura umugore wa mwene wanyu wari umugenzo wasaba umugabo gucura umupfakazi mwene wabo yasize ata gahungu bavyaranye, kugira ngo haboneke uruvyaro rwo guhonora umuryango w’uwo muhisi.Ita. 38:8; Gus. 25:5, 6.

^ par. 9 Abazozukira kuba kw’isi bazoba bizigiye kuronka ubuzima budahera, aho kuronka ukudapfa. Kugira umenye vyinshi ku bijanye n’itandukaniro riri hagati y’ukudapfa n’ubuzima budahera, raba Umunara w’Inderetsi (mu gifaransa) wo ku wa 1 Mukakaro 1984, urupapuro rwa 30-31.