Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ni igiki cakujijuye ko uri mu kuri?

Ni igiki cakujijuye ko uri mu kuri?

“Mwiyemeze neza ukugomba kw’Imana kwiza, kwemerwa kandi kutagira akanenge ukwo ari kwo.”ROM. 12:2.

1. Abakuru bo mu madini y’abiyita abakirisu bavyifashemwo gute mu gihe c’intambara?

IMANA yoba igomba ko abakirisu b’ukuri baja mu ntambara bakica abantu badasangiye ubwenegihugu? Abiyita abakirisu benshi ivyo barabikoze akatari gake muri iyi myaka 100 iheze. Abamenyeshamana b’abasirikare bo muri Gatolika barahezagiye inteko z’abasoda n’ibirwanisho vyabo mu ntambara zo kurwanya abagatolika bo mu gihugu badacana uwaka. Ivyo ni vyo n’abamenyeshamana b’abaporotisanti bagize. Intambara ya kabiri y’isi yose ni akarorero gakomeye k’ubwicanyi bwakurikiye.

2, 3. Ni impagararo iyihe Ivyabona vya Yehova bagize mu gihe c’Intambara ya kabiri y’isi yose n’inyuma yaho, kandi kubera iki?

2 None Ivyabona vya Yehova bavyifashemwo gute muri ico gihe c’intambara? Inkuru za kahise zerekana ko bagumye ataho bahengamiye mu vya politike. None ivyo babitumwe n’iki? Ahanini babitumwe n’akarorero ka Yezu be n’inyigisho ziwe. Yavuze ati: “Iki ni co bose bazomenyerako yuko muri abigishwa banje: nimwagiriranira urukundo hagati yanyu.” (Yoh. 13:35) N’ikindi kandi, barafashe nkama ingingo ngenderwako ziri mu majambo intumwa Paulo yashikirije abakirisu b’i Korinto maze barazihuza n’uko ivyabo vyari vyifashe.Soma 2 Abakorinto 10:3, 4.

3 Abakirisu b’ukuri rero, bano bakaba bafise ijwi ryo mu mutima ryamenyerejwe na Bibiliya, ntibiga kurwana canke ngo bagire uruhara mu ntambara. Ivyabona ibihumbi, abato n’abakuze, abagabo n’abagore, barahamwe bahorwa iyo mpagararo yabo ya gikirisu. Benshi barashizwe mu makambi y’ibikorwa vy’agahato no mu mabohero. Bamwebamwe mbere barishwe mu gihe c’intwaro y’Abanazi mu Budagi. Naho Ivyabona bashikiwe n’urwo ruhamo rukaze i Buraya, ntibigeze bibagira igikorwa bashinzwe co kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami bwa Yehova. Ivyo barabigize badahemuka bari mu mabohero, mu makambi y’itunatuniro no mu buhungiro. * Mu nyuma, Ivyabona ntibagize uruhara muri ya ntambara y’ihonyabwoko yaba mu Rwanda mu 1994. Bagumye kandi batagira aho bahengamiye mu bwicanyi bw’agahomerabunwa bwabaye muri ya mishamirano yaba igihe icahoze ari Yugoslaviya casambuka.

4. Kuba Ivyabona vya Yehova batagira aho bahengamiye mu vya politike vyagize ico bikoze gute ku bavyitegereza?

4 Kuba Ivyabona vya Yehova batagira aho bahengamiye na gato mu vya politike, vyarajijuye abantu ibihumbi babihweza hirya no hino kw’isi yuko Ivyabona bakunda vy’ukuri Imana n’abantu nka bo. Mu yandi majambo, ni abakirisu b’ukuri. Ariko rero, hariho iyindi mice y’ugusenga kwacu yajijuye abantu benshi yuko igihe babonye Ivyabona vya Yehova baba babonye abakirisu b’ukuri.

IGIKORWA CO KWIGISHA GIHAMBAYE KURUTA IBINDI VYOSE VYARANGUWE

5. Ni ihinduka irihe ryabaye ku bayoboke ba Kristu bo mu ntango?

5 Kuva Yezu atanguye ubusuku bwiwe, yarashimitse ku kamaro ko gutangaza inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana. Yaracaguye abigishwa 12 kugira ngo bafashe mu gushiraho umushinge w’igikorwa co kwamamaza coranguwe kw’isi yose; mu nyuma na ho amenyereza umugwi w’abigishwa 70. (Luka 6:13; 10:1) Yezu yarabateguye kugira baje kubwira abandi inkuru nziza, bakaba bari guhera ku Bayuda. Abo bigishwa ba Yezu bahavuye batangura kuyibwira n’abantu batagenyerewe bo mu mahanga. Emwe, iryo ritegerezwa kuba ryari ihinduka rikomeye kuri abo bigishwa b’abanyamwete b’Abayuda!—Ivyak. 1:8.

6. Ni igiki catumye Petero atahura ko Yehova atagira nkunzi?

6 Intumwa Petero yarungitswe ku rugo kwa Koruneliyo, akaba yari Umunyamahanga atagenyerewe. Petero yaciye atahura ko Imana itagira nkunzi. Koruneliyo n’abo mu rugo rwiwe barabatijwe. Ubukirisu rero bwariko burakwiragira n’ahandi; abantu bo mu mahanga yose bakaba bari gushobora kwumva ukuri no kukwemera. (Ivyak. 10:9-48) Kuva ico gihe, Petero n’izindi ntumwa baciye batangura kubwira inkuru nziza abantu bo mu mahanga yose.

7, 8. Ni utwigoro utuhe ishirahamwe rya Yehova ryagize? (Raba ishusho itangura.)

7 Muri iki gihe, abaja imbere abandi mu Vyabona vya Yehova bararemesheje n’umwete ivyo kwamamaza no kwigisha inkuru nziza hirya no hino kw’isi. Ivyabona b’abanyamwete hafi imiliyoni umunani bariko barakora uko bashoboye kwose kugira bakwiragize ubutumwa bwa Kristu mu ndimi zirenga 600, kandi n’izindi ziri inyuma! Ivyabona vya Yehova bamenyekanira ku kwamamaza inzu ku nzu no ku mabarabara, rimwe na rimwe bakaba bakoresha uburyo bwo gushira ibisohokayandikiro ku mameza canke ku tuntu dufise amapine bagenda barasunika.

8 Abahinduzi barenga 2.900 baramenyerejwe mu buryo budasanzwe guhindura Bibiliya n’ibitabu bishingiye kuri yo. Mu vy’ukuri, ntibahindura gusa mu ndimi zibonwa ko ari zo nyamukuru. Barahindura no mu ndimi amajana usanga zitazwi cane mugabo zikaba zivugwa n’abantu amamiliyoni. Nk’akarorero muri Espanye, abantu amamiliyoni bo mu karere ka Catalogne usanga bavuga ururimi kavukire rwitwa Catalan mu bikorwa vyabo vya misi yose. Na canecane mu bihe vya vuba, urwo rurimi rwarasubiye gukoreshwa hamwe n’indimi zigomba kumera nka rwo zivugwa mu turere twa Andorre, Alicante, mu mazinga ya Baléares no muri Valence. Ubu Ivyabona vya Yehova barasohora ibitabu bishingiye kuri Bibiliya mu rurimi rwa Catalan, kandi amakoraniro ya gikirisu aragirwa muri urwo rurimi rukora ku mutima abantu bo muri ako karere ka Catalogne.

9, 10. Ni igiki cerakana ko ishirahamwe ry’Imana ryitwararika ivyo abantu bose bakeneye mu vy’impwemu?

9 Ico gikorwa nyene c’ubuhinduzi n’ukwigisha kiriko kirarangurwa hirya no hino kw’isi. Megizike ni igihugu gikoresha igisupanyoli mugabo kikaba kibamwo imigwi myinshi y’abantu bavuga izindi ndimi. Umwe muri iyo migwi ni uw’Abamaya. Ishami ryo muri Megizike ryararungitse umugwi w’abahindura mu rurimi rw’ikimaya ngo baje kuba mu gice c’ico gihugu aho bashobora kuvuga no kwumva urwo rurimi buri musi. Akandi karorero ni ak’ururimi rw’ikinepali, rukaba ari rumwe mu ndimi zo mu gihugu ca Népal ruvugwa n’abantu barenga imiliyoni 29. Muri ico gihugu havugwa indimi nka 120, ariko abantu barenga imiliyoni cumi ni bo bavuga ikinepali abandi benshi na bo bakagikoresha nk’ururimi rugira kabiri. Ibisohokayandikiro vyacu bishingiye kuri Bibiliya birasohorwa no muri urwo rurimi.

10 Ishirahamwe rya Yehova rirafatana uburemere igikorwa co kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami kw’isi yose, bikaba bibonekera ku kuntu rishigikira cane imigwi myinshi y’ubuhinduzi iri hirya no hino kw’isi. Udupapuro tw’inkuru nziza, udutabu n’ibinyamakuru amamiliyoni n’amamiliyoni biramaze igihe bitangwa ku buntu mu masekeza agirwa hirya no hino kw’isi. Amahera akoreshwa ni intererano Ivyabona vya Yehova batanga bavyishakiye, bakaba bakurikiza ubuyobozi Yezu yatanze bugira buti: “Mwahawe ku buntu, mutange ku buntu.”Mat. 10:8.

Umugwi w’abahinduzi bariko barategura ibisohokayandikiro mu kidagi kivugwa mu buraruko bw’Ubudagi (Raba ingingo ya 10)

Ibisohokayandikiro vyo mu kidagi kivugwa mu buraruko bw’Ubudagi birafasha cane muri Paraguay (Raba kandi ishusho itangura)

11, 12. Igikorwa co kwamamaza kw’isi yose kirangurwa n’Ivyabona vya Yehova cagize ico gikoze gute ku bandi?

11 Kubera ko Ivyabona vya Yehova ari abamamaji n’abigisha bakirisu bamwihebeye, barajijutse rwose yuko bubuye ukuri akaba ari co gituma bitanga cane kugira babwire ubutumwa abantu bo mu bindi bihugu no mu yandi moko. Benshi baroroheje ubuzima bwabo, bariga urundi rurimi bongera barisunga iyindi mico kama kugira bagire uruhara muri ico gikorwa ca gikirisu gihambaye cane. Ico gikorwa co kwamamaza no kwigisha kw’isi yose ni ikindi kintu kijijura abantu benshi ko Ivyabona vya Yehova ari abayoboke b’ukuri ba Kristu Yezu.

12 Ivyabona bakora ivyo vyose kubera ko bajijutse yuko bubuye ukuri. Ariko ni ikindi kintu ikihe cajijuye abantu amamiliyoni yuko Ivyabona vya Yehova bari mu kuri?—Soma Abaroma 14:17, 18.

IVYATUMYE BAJIJUKA

13. Ni gute Ivyabona batumye ishirahamwe riguma ridahumanye?

13 Turashobora kwungukira ku vyavuzwe n’abakirisu bihebeye Imana bo mu gihe cacu, bakaba barajijutse yuko bari mu kuri. Umuvukanyi umwe amaze igihe kirekire asukurira Yehova yaraseruye ukuntu yiyumva, ati: “Haragirwa akigoro kose gashoboka kugira ngo ishirahamwe rya Yehova rigume ridahumanye kandi ritanduye mu nyifato runtu, bataravye uwutegerezwa guhanurwa canke gutozwa indero.” None ni gute abasavyi ba Yehova baguma bisunga ingingo ngenderwako zigenga inyifato runtu ziri hejuru? Ni mu gukurikiza ingingo mfatirwako ziri mw’Ijambo ry’Imana be n’akarorero Yezu n’abigishwa biwe badusigiye. Ku bw’ivyo, mu Vyabona vya Yehova bo mu bihe vya none, ni bake babwirijwe gucibwa mw’ishengero rya gikirisu kubera batisunze ingingo mfatirwako z’Imana. Abenshi baguma babayeho mu buryo budahumanye kandi bw’akarorero, ushizemwo na bamwebamwe bahoze babayeho mu buryo budahimbara Imana mugabo bakaba barahindutse.Soma 1 Abakorinto 6:9-11.

14. Ni igiki abaciwe benshi bakoze, kandi vyavuyemwo iki?

14 Tuvuge iki ku bijanye n’abo vyabaye ngombwa ko bacibwa mw’ishengero, hisunzwe ubuyobozi bwo mu Vyanditswe? Abashika ibihumbi barigaye ibikorwa vyabo bitari ivya gikirisu maze baragarukanwa mw’ishengero. (Soma 2 Abakorinto 2:6-8.) Kwumira ku ngingo mfatirwako ziri hejuru zo muri Bibiliya zigenga inyifato vyaratumye haboneka ishengero rya gikirisu ridahumanye kandi ryo kwizigirwa. Kuba Ivyabona vya Yehova bumira ku ngingo mfatirwako z’Imana, ivyo bikaba bitandukanye cane n’agatima ko kurekerana ibintu karangwa mu madini menshi, ubwavyo birajijura abantu benshi yuko tugize igisata cisunga ukuri.

15. Ni ibiki vyajijuye umuvukanyi umwe yuko ari mu kuri?

15 Ni kubera iki ibindi Vyabona bazi utuntu n’utundi bemera yuko bubuye ukuri? Umuvukanyi umwe ageze mu myaka 50 yasiguye ati: “Kuva nkiri umuyabaga nemera yuko ukwizera kwanje gushingiye ku nkingi zitatu ari vyo vyiyumviro nyamukuru: (1) ko Imana iriho; (2) ko yahumetse Bibiliya; (3) ko ikoresha kandi igahezagira ishengero rya gikirisu ry’Ivyabona vya Yehova muri iki gihe. Uko mara imyaka niga, nguma nsuzuma ivyo bintu maze nkibaza nimba vy’ukuri mfise imvo zumvikana zo kuvyemera. Ibimenyamenya binjijura kuri kimwekimwe cose vyagiye birongerekana buri mwaka, birakomeza ukwizera kwanje kandi bituma ndushiriza kwemera yuko turi mu kuri koko.”

16. Ni ibiki vyatumye mushiki wacu umwe ajijuka ko ari mu kuri?

16 Mushiki wacu umwe yubatse akorera ku cicaro gikuru i New York avuga yuko ishirahamwe rya Yehova ari ryo ryonyene ritangaza izina rya Yehova ritadohoka, iryo zina rikaba riboneka incuro nka 7.000 muri Bibiliya. Araremeshwa kandi n’ibivugwa mu 2 Ngoma 16:9, ahagira hati: “Yehova amaso yiwe anyuragira mw’isi yose kugira ngo yerekane inkomezi ziwe ku bw’abafise umutima ukwiye kuri we.” Abandanya ati: “Ukuri kwaranyeretse ingene nogira umutima ukwiye kugira Yehova yoroherwe no kwerekana inkomezi ziwe ku bwanje. Mbona ko ubucuti mfitaniye na Yehova ari ubw’agaciro kuruta ibindi vyose. Vyongeye ndakenguruka uruhara Yezu arangura mu gutanga ubumenyi bwinshi bwerekeye Imana, bukaba bunkomeza.”

17. Ni ibiki vyajijuye umuntu umwe yahoze ari umuhakanamana, kandi kubera iki?

17 Umuntu umwe yahoze ari umuhakanamana yiyemereye ati: “Ivyaremwe biranjijura ko Imana ishaka yuko abantu babaho bamerewe neza be n’uko rero itazoreka ngo imibabaro ibandanye ibihe bidahera. N’ikindi kandi, uko isi iguma irushiriza kwivobeka mu ngeso ziranga ukudatinya Imana, ni ko abasavyi ba Yehova baguma batera imbere mu kwizera, mu mwete no mu rukundo. Impwemu ya Yehova ni yo yonyene ishobora gukora ico gitangaro co mu bihe vya none.”Soma 1 Petero 4:1-4.

18. Ni ibiki vyatumye abavukanyi babiri bajijuka ko bari mu kuri, kandi ivyo bituma wiyumva gute?

18 Ikindi Cabona amaze igihe kirekire yaratanze imvo zatumye yemera ukuri twamamaza ati: “Ivyo maze imyaka niga vyaranjijuye ko Ivyabona bagize utwigoro dukomeye kugira basubire kwisunga akarorero k’ubukirisu bwo mu kinjana ca mbere. Uko naja hirya no hino kw’isi, naribonera ubumwe buranga Ivyabona vya Yehova kw’isi yose. Ukuri kwo muri Bibiliya kwaratumye ngira agahimbare.” Igihe mwene wacu umwe w’imyaka irenga 60 yabazwa icamujijuye ko yari yubuye ukuri, yarashimitse ku vyerekeye Yezu Kristu, asigura ati: “Twarasuzumye twitonze ubuzima bwa Yezu n’ubusuku yaranguye maze turakorwa ku mutima n’akarorero kiwe. Twaragize ivyo duhinduye mu buzima bwacu kugira turushirize kwiyegereza Imana biciye kuri Kristu Yezu. Twaratahuye ko inkuka y’incungu ya Kristu ari yo izotuma turonka ubukiriro. Vyongeye turazi ko yazuwe mu bapfuye. Turafise intahe yashinzwe n’abavyiboneye bo kwizigira.”Soma 1 Abakorinto 15:3-8.

TUBWIRE ABANDI UKURI

19, 20. (a) Ni ibanga irihe Paulo yashimitseko mw’ikete yandikiye ishengero ry’i Roma? (b) Ni agateka akahe twebwe abakirisu biyeguriye Imana dufise?

19 Kubera ko twebwe abakirisu dukunda abantu nkatwe, ntidushobora kwigumizamwo ubumenyi bw’agaciro bwerekeye ukuri. Paulo yarafashije abavukanyi biwe bo mw’ishengero ry’i Roma kuzirikana, ati: “Niwatura icese iryo ‘jambo mu kanwa kawe bwite,’ yuko Yezu ari Umukama, kandi ukizera mu mutima wawe yuko Imana yamuzuye mu bapfuye, uzokizwa. Kuko umutima ari wo umuntu yizeresha kugira ngo aronke ubugororotsi, mugabo akanwa kakaba ari ko yaturisha icese kugira ngo aronke ubukiriro.”Rom. 10:9, 10.

20 Twebwe Ivyabona vya Yehova bamwiyeguriye, twarajijutse ko turi mu kuri kandi turatahura neza agateka dufise ko kwigisha abandi inkuru nziza yerekeye ubutegetsi bw’Ubwami bw’Imana. Uko tubandanya kwamamaza, abandi ntibakwiye gusa gukorwa ku mutima n’ibintu vyo muri Bibiliya tubigisha, ariko kandi barakwiye gukorwa ku mutima n’ukuntu twajijutse cane ko turi mu kuri.

^ ing. 3 Raba igitabu Les Témoins de Jéhovah:Prédicateurs du Royaume de Dieu, urupapuro rwa 191-198, 448-454.