Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Nukorere Imana udahemuka naho woca mu “makuba menshi”

Nukorere Imana udahemuka naho woca mu “makuba menshi”

“Dutegerezwa kwinjira mu bwami bw’Imana duciye mu makuba menshi.”IVYAK. 14:22.

1. Kubera iki abasavyi b’Imana badatangara iyo bashikiwe n’amakuba?

WOBA ubabazwa n’uko woshobora gushikirwa n’ “amakuba menshi” imbere y’uko uronka agashimwe k’ubuzima budahera? Kumbure si ko biri. Waba uri mushasha mu kuri canke umaze igihe kirekire uri umusavyi wa Yehova, urazi yuko ingorane ari kimwe mu biranga isi ya Shetani.Ivyah. 12:12.

2. (a) Uretse ingorane zishikira abantu bose badatunganye, ni amakuba y’ubundi bwoko ayahe ashikira abakirisu? (Raba ishusho itangura.) (b) Ni nde atuma dushikirwa n’amakuba, kandi tubimenyeshwa n’iki?

2 Uretse ingorane ‘zisanzwe zishikira abantu’ bose badatunganye, abakirisu barashikirwa n’amakuba y’ubundi bwoko. (1 Kor. 10:13) Uti ni ayahe? Bararwanywa bimwe bikomeye bahorwa ko bagamburuka amategeko y’Imana ata guca ku ruhande. Yezu yabwiye abayoboke biwe ati: “Umushumba ntaruta shebuja. Nimba barampamye, bazobahama na mwebwe.” (Yoh. 15:20) Ni nde atuma haba ukwo kurwanywa? Nta wundi atari Shetani, uwo Bibiliya ivuga ko ari ‘intambwe iroha irondera kurotsa’ abasavyi b’Imana. (1 Pet. 5:8) Shetani arakoresha uburyo ubwo ari bwo bwose ashoboye kugira atume abigishwa ba Yezu bava ku gutungana kwabo. Rimbura ivyashikiye intumwa Paulo.

AMAKUBA YASHIKIYE PAULO I LUSITIRA

3-5. (a) Ni amakuba ayahe yashikiye Paulo i Lusitira? (b) Amajambo yiwe yerekeye amakuba yoshitse yakomeje gute abigishwa?

3 Paulo yarahamwe akatari gake ahorwa ukwizera kwiwe. (2 Kor. 11:23-27) Ivyo vyaramushikiye i Lusitira. Paulo na mugenziwe Barunaba bamaze gukiza umuntu yari yavutse ari ikimuga, isinzi ry’abantu ryarabahayagije ngo ni imana. Bompi babwirijwe kwinginga iryo sinzi ryari ryarengewe n’umunezero ngo ntiribasenge. Ariko rero bidatevye, Abayuda babarwanya barashitse maze bakoresha ibinyoma kugira bonone ivyiyumviro vy’abo bantu. Ubwo nyene ibintu vyaciye bihinduka! Abo bantu baciye batangura gutera amabuye Paulo, bamusiga ari intere.Ivyak. 14:8-19.

4 Igihe Paulo na Barunaba bava i Derube, baciye “basubira i Lusitira no muri Ikoniyo n’i Antiyokiya, bakomeza imitima y’abigishwa, babaremesha kuguma mu kwizera bavuga kandi bati: ‘Dutegerezwa kwinjira mu bwami bw’Imana duciye mu makuba menshi.’” (Ivyak. 14:21, 22) Mu ntango, ayo majambo ashobora kuba yasa n’ayatumvikana. Nakare, kuvuga ko bazoca mu “makuba menshi” vyasa n’ibivuna umutima aho kuba ibiremesha. None vyashobotse gute ko Paulo na Barunaba “bakomeza imitima y’abigishwa” mu kubabwira ibijanye n’amakuba menshi?

5 Twihweje neza ayo majambo ya Paulo, turashobora kuronka inyishu. Ntiyavuze ngo: “Dutegerezwa gushikirwa n’amakuba menshi.” Ahubwo yavuze ati: “Dutegerezwa kwinjira mu bwami bw’Imana duciye mu makuba menshi.” Paulo rero yarakomeje abo bigishwa mu gushimika ku vyiza biva ku kuguma ari abizigirwa. Iyo mpera boronse ntirwari uruhendo. Nkako, Yezu yavuze ati: “Uwihanganye gushika kw’iherezo ni we azokizwa.”Mat. 10:22.

6. Ni impera iyihe abihanganye bazokwironkera?

6 Nitwihangana tuzoronka impera. Abakirisu barobanuwe bazoronka impera y’ubuzima budapfa mw’ijuru bafatanije na Yezu kuganza. Abo mu “zindi ntama” na bo bazoronka ubuzima budahera kw’isi, aho “ubugororotsi buzoba.” (Yoh. 10:16; 2 Pet. 3:13) Ariko rero nk’uko Paulo yabivuze, tuzoshikirwa n’amakuba menshi igihe ivyo bitaraba. Rimbura ibigeragezo bibiri vyoshobora kudushikira.

IBITERO VY’IMBONANKUBONE

7. Ni amakuba ayahe twovuga ko ari ibitero vy’imbonankubone?

7 Yezu yavuze ati: “Bazobashengeza mu masentare, kandi muzokubitirwa mu masinagogi mwongere muhagarikwe imbere ya ba buramatari n’abami.” (Mrk. 13:9) Nk’uko ayo majambo avyerekana, abakirisu bamwebamwe bazoshikirwa n’amakuba mu guhamwa, bitumwe kumbure n’indongozi mu vy’idini canke mu vya politike. (Ivyak. 5:27, 28) Subira urimbure akarorero ka Paulo. Kumenya ko yohamwe vyoba vyaratumye ajugumira? Haba n’intete.Soma Ivyakozwe 20:22, 23.

8, 9. Paulo yerekanye gute ko yari yiyemeje kwihangana, kandi bamwebamwe bo mu bihe vya none bagaragaje gute umwiyemezo nk’uwo?

8 Paulo yarananiye ibitero vya Shetani vy’imbonankubone abigiranye umutima rugabo maze avuga ati: “Simbona ubuzima bwanje nk’uburi n’ico bumaze, nk’aho ari ubw’agaciro kuri jewe, ahubwo riho icompa nkarangiza urugendo rwanje n’ubusuku nahawe n’Umukama Yezu, ni kwo gushingira intahe inogangije inkuru nziza ya bwa buntu ata wari abukwiriye bw’Imana.” (Ivyak. 20:24) Biragaragara ko Paulo atatewe ubwoba n’uko yohamwe. Ahubwo nyabuna yari yiyemeje kwihangana naho hoza iki. Ahanini icari kimuraje ishinga kwari ‘ugushinga intahe inogangije’ naho hoje amakuba ameze gute.

9 Muri iki gihe, benewacu na bashiki bacu benshi barerekanye ko bafise umwiyemezo nk’uwo. Nk’akarorero mu gihugu kimwe, hari Ivyabona bari bamaze hafi imyaka 20 mw’ibohero bahorwa ko baguma ata ho bahengamiye mu vya politike. Urubanza rwabo ntirwigeze rwumvirizwa kubera ko muri ico gihugu ata na kimwe amategeko yavuga ku bijanye n’abanse kuja mu gisirikare kubera ijwi ryabo ryo mu mutima. Mbere n’abagize imiryango yabo ntibari bemerewe kuza kubaraba mw’ibohero, kandi bamwe muri abo banyororo barakubitwa bakongera bagasinzikarizwa ubuzima mu buryo butandukanye.

10. Ni kubera iki tudakwiye gutinya amakuba aza giturumbuka?

10 Benewacu bo mu yindi mihingo barashikirwa n’amakuba aza giturumbuka. Ivyo bigushikiye, nturengerwe n’ubwoba. Niwibuke Yozefu. Yaragurishijwe ngo aje kuba umushumba, ariko Yehova “[yaramurokoye] mu makuba yiwe yose.” (Ivyak. 7:9, 10) Na wewe Yehova arashobora kugukorera ikintu nk’ico. Ntiwigere wibagira yuko “Yehova [azi] kurokora mu kigeragezo abantu bari n’ukwihebera Imana.” (2 Pet. 2:9) Woba uzobandanya kwizigira Yehova, uzi yuko ashobora kukurokora muri iyi si mbi maze agatuma wironkera ubuzima budahera urongowe n’ubutegetsi bw’Ubwami bwiwe? Urafise imvo yumvikana yo kumwizigira no kwihanganira uruhamo ubigiranye umutima rugabo.1 Pet. 5:8, 9.

IBITERO BIDASHOKA VYIBONEKEZA

11. Ibitero vya Shetani bidashoka vyibonekeza bitandukaniye he n’ibitero vyiwe vy’imbonankubone?

11 Ayandi makuba ashobora kudushikira ni ibitero bidashoka vyibonekeza. Ivyo bitero none bitandukaniye he na vya bitero vy’imbonankubone? Ibitero vy’imbonankubone bimeze nk’igihuhusi gihuhutira mu gisagara kigahitana inzu yawe bukwi na bukwi. Ibitero bidashoka vyibonekeza vyo bimeze nk’umugina w’imiswa inyengetera mu mushinge w’inzu yawe ikaguguna ibiti biyigize gushika itemvye. Ku bijanye n’ibitero bidashoka vyibonekeza, umuntu yoshobora mbere kutabona akaga, akakabona amazi yarenze inkombe.

12. (a) Kimwe mu bintu bidashoka vyibonekeza Shetani akoresha ni ikihe, kandi ni kuki gituma aroranirwa cane? (b) Ni kubera iki Paulo yacitse intege?

12 Shetani ashaka kwonona ubucuti ufitaniye na Yehova, haba mu gukoresha ibitero vy’imbonankubone canke mu kuguguna buhorobuhoro ukwizera kwawe biciye ku bitero bidashoka vyibonekeza. Kimwe mu bintu bidashoka vyibonekeza Shetani akoresha akaroranirwa cane ni ugucika intege. Intumwa Paulo yariyemereye ko vyashika akumva acitse intege. (Soma Abaroma 7:21-24.) None ni kubera iki Paulo, uwo twovuga ko yari igihangange mu vy’impwemu, akaba kumbure yari umwe mu bari bagize inama nyobozi yo mu kinjana ca mbere, yavuze ati: “Ewe jewe ndagowe!”? Paulo yavuze gutyo kubera utunenge yari afise. Yashaka vy’ukuri gukora ibigororotse mugabo akumva iyindi nguvu imurwanya. Nimba bishika ukanyinyana n’inyiyumvo nk’izo, none ntuhumurizwa no kumenya ko n’intumwa Paulo yahanganye n’ingorane nk’iyo?

13, 14. (a) Ni ibiki bituma abasavyi b’Imana bamwebamwe bacika intege? (b) Ni nde ashaka kubona ukwizera kwacu gutemvye, kandi kubera iki?

13 Birashika benewacu na bashiki bacu benshi bagacika intege, bakiganyira canke kumbure bakumva umengo ntaco bamaze. Nk’akarorero, umutsimvyi umwe w’umunyamwete twise Debora, avuga ati: “Kenshi ndibuka ikosa nakoze, nkumva niyanse igihe cose ndavyibutse. Igihe nibutse ibibi vyose nakoze, ndashobora guca numva umengo ntivyoshoboka ko hagira umuntu n’umwe ankunda, eka mbere na Yehova.”

14 Ni igiki gituma abasavyi ba Yehova bamwebamwe b’abanyamwete nka Debora bacika intege? Bishobora guterwa n’ibintu bitari bike. Bamwe boshobora kuba bafise agatima ko kubona nabi ibiberekeye be n’ivyabashikiye mu buzima. (Imig. 15:15) Abandi na bo boshobora gucika intege bitewe n’indwara igira ico ikoze ku kuntu biyumva. Ikibitera caba ikihe, dutegerezwa kwibuka uwushaka gufatira kuri izo nyiyumvo uwo ari we. Ni nde mu vy’ukuri ashaka ko ducika intege ku buryo dutana n’akabando? Ni nde yipfuza ko nawe wumva yuko uhanzwe n’urubanza rukomeye rumurindiriye? (Ivyah. 20:10) Nta wundi atari Shetani. Ikizwi coco ni uko Shetani yaba akoresha ibitero vy’imbonankubone canke ibidashoka vyibonekeza, intumbero yiwe ni ya yindi nyene: kuduteza amaganya, kugabanya umwete dufise no gutuma duteshwa tugata. Ntiwihende, abasavyi b’Imana bari mu ntambara yo mu buryo bw’impwemu!

15. Twokwerekana gute ko twiyemeje kutarengerwa n’ugucika intege?

15 Niwiyemeze kudaheba urwo rugamba. Nugumize umutima ku gashimwe. Paulo yandikiye abakirisu b’i Korinto ati: “[Ntidu]heba; ahubwo naho umuntu turi inyuma ariko arashira, mu vy’ukuri umuntu turi imbere aguma agirwa mushasha ku musi ku musi. Kuko naho amakuba ari ay’akanya gato kandi ahwahutse, atuzanira ubuninahazwa bw’uburemere burushiriza kuba ubuhebuje kandi bw’ibihe bidahera.”2 Kor. 4:16, 17.

TWITEGURIRE AMAKUBA UBU

Abakirisu bakiri bato n’abakuze barimenyereza kuburanira ukwizera kwabo (Raba ingingo ya 16)

16. Ni kubera iki bihambaye ko twitegurira amakuba ubu?

16 Nk’uko twabibonye, Shetani arafise “amayeri” atari make. (Ef. 6:11) Umwe wese muri twebwe arakwiye gukurikiza impanuro iri muri 1 Petero 5:9 igira iti: “Mumurwanye mukomeye mu kwizera.” Kugira tubishobore, turakeneye twitegura mu bwenge no mu mutima, tukimenyereza gukora ikibereye ubu. Tubitangire akarorero: Akenshi abasoda baragira imyimenyerezo iruhisha, mbere hagisigaye igihe kinini ngo urugamba rutangure. Ni na ko bimeze mu ngabo za Yehova. Ntituzi ico urugamba rwacu ruzodusaba muri kazoza. Ntivyoba none biranga ubukerebutsi tugize imyimenyerezo ikomeye igihe hasa n’ahari agahengwe? Paulo yandikiye Abakorinto ati: “Gume musuzuma yuko muri mu kwizera, gume mwerekana ico mwebwe ubwanyu muri.”2 Kor. 13:5.

17-19. (a) Ni mu buryo ubuhe twokwisuzuma? (b) Abakiri bato bokwitegurira gute kuburanira ukwizera kwabo kw’ishure?

17 Uburyo bumwe twokurikiza iyo mpanuro ya Paulo yahumetswe ni ukwisuzuma ata gufyina. Niwibaze uti: ‘Noba nshishikara gusenga? Igihe abo mu runganwe rwanje banshizeko umukazo, noba ngamburukira Imana nka yo mutegetsi aho kugamburukira abantu? Noba nitaba amakoraniro ntahorereza? Noba mvugana ubutinyutsi ivyo nemera? Noba vy’ukuri ngerageza kwihanganira utunenge tw’abo dusangiye ukwemera nk’uko na bo bihanganira utwanje? Noba nyobokera abatuja imbere mw’ishengero ndimwo hamwe n’abafise iryo banga mw’ishengero rikwiye kw’isi yose?’

18 Urabona ko bibiri muri ivyo bibazo bijanye no kuburanira ivyo twemera tubigiranye ubutinyutsi be no kunanira akosho k’urunganwe. Benshi mu rwaruka rwacu bategerezwa kubigira kw’ishure. Ntibaterwa isoni n’ivyo bemera. Ahubwo nyabuna, barabivuga ata gutinya. Ivyiyumviro bibafasha vyarasohowe mu binyamakuru vyacu. Nk’akarorero, Umunara w’Inderetsi wo ku wa 15 Rusama 2013 ku rupapuro rwa 6 warasiguye ukuntu umunyeshure yorushiriza guturura igihe abwira abandi ivyo yemera, mu kubaza ibibazo bimwebimwe uwo bigana kugira amufashe kuzirikana. Bavyeyi, nimwitwararike kwama mugirana n’abana banyu udukino two kwimenyereza kugira bitegurire kunanira imikazo urunganwe rubashirako kw’ishure.

19 Ego ni ko ntivyama vyoroshe kuvugana ubutinyutsi canke gukora ibindi bintu Yehova adusaba. Igihe tuba twamaze umusi wose ku kazi, vyoshobora gusaba ko twinanata kugira tuje ku makoraniro. Kuvyuka mu gitondo kugira tuje mu busuku vyoshobora gusaba ko duheba agatiro karyoshe. Ariko rero niwibuke iki kintu: Nimba usanzwe ufise urutonde rwiza rw’ivy’impwemu, ibigeragezo bikomeye nivyashika ntuzobura kuvyifatamwo neza.

20, 21. (a) Kuzirikana ku ncungu bishobora kudufasha gute gutsinda ugucika intege? (b) Dukwiye kwiyemeza iki ku bijanye n’amakuba?

20 Tuvuge iki ku bitero bidashoka vyibonekeza? Nk’akarorero, dushobora gute gutsinda ugucika intege? Bumwe mu buryo bukomeye kuruta ubundi bwose bwo kubigira ni ukuzirikana ku ncungu. Ivyo ni vyo intumwa Paulo yagize. Yari azi ko vyashika akumva ko agowe. Ariko kandi yari azi ko Kristu atapfiriye abantu batunganye, mugabo ko yapfiriye abacumuzi, Paulo na we akaba yari umwe muri bo. Nkako yanditse ati: “[M]bayeho ku bw’ukwizera kwerekeye Umwana w’Imana yankunze akanyigura.” (Gal. 2:20) Ego cane, Paulo yaremera incungu. Yaratahura ko incungu yatanzwe ku bwiwe.

21 Kubona ibintu muri ubwo buryo, ukabona ko incungu ari ingabirano Yehova yaguhaye ku giti cawe, birashobora kugufasha cane. Ivyo ntibisobanura ko gucika intege bizoca ubwo nyene bihera. Bamwe muri twebwe boshobora kuba ku rugero kanaka babwirizwa kurwanya ico gitero kidashoka cibonekeza gushika isi nshasha ishitse. Ariko ntiwibagire yuko abumira kw’ibanga ari bo bazoronka impera. Turegereje cane wa musi uninahaye, aho Ubwami bw’Imana buzozana amahoro, butume abantu bose b’abizigirwa baba abatunganye. Niwiyemeze kwinjira muri ubwo Bwami, naho woca mu makuba menshi.