Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Twibuke abari mu murimo w’igihe cose

Twibuke abari mu murimo w’igihe cose

“Tuguma twibuka igikorwa canyu kiva ku kwizera, ukubira akuya kwanyu kuvuye ku rukundo.”1 TES. 1:3.

1. Paulo yabona gute abakorera Yehova n’umwete?

INTUMWA Paulo yaribuka abakora bagatama ku bw’inkuru nziza. Yanditse ati: “Tuguma twibuka igikorwa canyu kiva ku kwizera, ukubira akuya kwanyu kuvuye ku rukundo, be n’ukwihangana kwanyu, kubera icizigiro mufise mu Mukama wacu Yezu Kristu imbere y’Imana yacu ikaba na Data.” (1 Tes. 1:3) Yehova na we nyene aribuka ukubira akuya kuvuye ku rukundo kw’abamukorera badahemuka bose, naho boba bakora vyinshi canke bike bivanye n’uko ivyabo vyifashe.Heb. 6:10.

2. Ni ibiki twihweza muri iki kiganiro?

2 Benshi mu basavyi b’Imana bagenzi bacu, aba kera n’ab’ubu, baragize ibintu vyinshi bahevye kugira bakorere Yehova mu murimo w’igihe cose. Reka twihweze ukuntu bamwebamwe babigize mu kinjana ca mbere. Turaza kandi kwihweza imice imwimwe y’umurimo w’igihe cose irangurwa mu bihe vya none, hanyuma turabe ukuntu twokwibuka abo twikundira bitanze kugira bakore mu buryo budasanzwe.

ABAKIRISU BO MU KINJANA CA MBERE

3, 4. (a) Abasuku bamwebamwe bakora gute mu kinjana ca mbere? (b) Baronka gute ivyo bakeneye mu vy’umubiri?

3 Haciye igihe gito Yezu abatijwe, yaratanguje igikorwa coshitse mu mihingo yose yo kw’isi. (Luka 3:21-23; 4:14, 15, 43) Amaze gupfa, intumwa ziwe zaciye zija imbere mu kwagura ico gikorwa co kwamamaza. (Ivyak. 5:42; 6:7) Abakirisu bamwebamwe nka Filipo, barabaye abamamaji b’injili n’abamisiyonari muri Palestina. (Ivyak. 8:5, 40; 21:8) Paulo be n’abandi baragiye mu tundi turere twa kure. (Ivyak. 13:2-4; 14:26; 2 Kor. 1:19) Bamwebamwe muri bo nka Silivano (ari we Silasi), Mariko na Luka, na bo nyene barabaye abimuzi n’abanditsi. (1 Pet. 5:12) Bashiki bacu barakoranye n’abo bavukanyi b’abizigirwa. (Ivyak. 18:26; Rom. 16:1, 2) Inkuru zishimishije ziberekeye ziratuma Ivyanditswe vy’ikigiriki biryoha cane gusoma zikongera zikerekana ko Yehova yibuka abasavyi biwe.

4 None abasuku b’igihe cose bo mu ntango baronka gute ivyo bakeneye mu vy’umubiri? Rimwe na rimwe abavukanyi bagenzi babo barabagaragariza ubwakiranyi canke bakabafasha mu bundi buryo, ariko ntibaba babasavye iyo mfashanyo. (1 Kor. 9:11-15) Abantu bamwebamwe be n’amashengero wasanga babashigikira babikunze. (Soma Ivyakozwe 16:14, 15; Abafilipi 4:15-18.) Vyongeye, Paulo n’abo bari bafatanije urugendo barakora igihe gitogito kugira bironse ivyo bakeneye.

ABASUKU B’IGIHE COSE BO MU BIHE VYA NONE

5. Umugabo umwe n’umugore wiwe bavuze iki ku bijanye no kuba bari mu murimo w’igihe cose?

5 No muri iki gihe, benshi baritanga mu mice itandukanye y’umurimo w’igihe cose. (Raba uruzitiro ruvuga ngo  “Imice itandukanye y’umurimo w’igihe cose.”) None biyumva gute ku bijanye n’igikorwa bahisemwo? Ico ni ikibazo wobibariza, kandi hari aho na wewe wohungukira ubigize. Nk’akarorero, hari umuvukanyi umwe yabaye umutsimvyi asanzwe, araba umutsimvyi adasanzwe n’umumisiyonari, ubu akaba ari umunyabeteli mu kindi gihugu. Avuga ati: “Mbona ko kuja mu murimo w’igihe cose ari ryo hitamwo ryiza kuruta ayandi yose maze kugira. Igihe nari mfise imyaka 18, vyarangoye cane guhitamwo hagati y’uturyo nari mfise two kwiga kaminuza, gukora akazi k’igihe cose no kuba umutsimvyi. Nariboneye ko Yehova atibagira utwigoro umuntu agira kugira amukorere igihe cose. Narashoboye gukoresha ububangukirwe ubwo ari bwo bwose Yehova yampaye mu buryo ntokwigeze nshobora kubukoresha iyo mpitamwo akazi ko mw’isi.” Umukenyezi wiwe avuga ati: “Igikorwa cose twashingwa caramfasha gukura mu vy’impwemu. Yehova yaradukingiye yongera aratuyobora kenshi, abigira mu buryo butokwigeze bushoboka iyo twigumira mu karere ata kintu kinini kadufasha. Imisi yose ndakengurukira Yehova kubona twibereye mu murimo w’igihe cose.” Woba wipfuza kugira ubuzima bumeze nk’ubwo?

6. Yehova abona gute umurimo tumurangurira?

6 Ariko ntiwumve, bamwebamwe ntibiborohera kugira uruhara mu murimo w’igihe cose muri ubwo buryo. Turashobora kwizigira ko utwigoro bagirana umutima wabo wose na two nyene Yehova aduha agaciro. Zirikana abo Paulo yavuze mu mazina muri Filemoni 1-3, ushizemwo n’abari mw’ishengero ry’i Kolosayi bose. (Soma.) Paulo yarabaha agaciro, kandi na Yehova kwari ukwo. Muri ubwo buryo nyene, Dawe wa twese wo mw’ijuru araha agaciro umurimo urangura. Ariko none woshobora gute gushigikira abari mu murimo w’igihe cose ubu?

UKUNTU TWOSHIGIKIRA ABATSIMVYI

7, 8. Abatsimvyi basabwa iki, kandi abandi bo mw’ishengero bobafasha gute?

7 Cokimwe n’abamamaji b’injili bo mu kinjana ca mbere, abatsimvyi b’abanyamwete bararemesha cane amashengero. Benshi barihatira kumara amasaha 70 mu busuku buri kwezi. None wobafasha gute?

8 Mushiki wacu umwe w’umutsimvyi yitwa Shari yavuze ati: “Abatsimvyi baboneka ko bakomeye mu vy’impwemu kubera ko baja mu murimo imisi yose. Mugabo rero barakeneye indemesho.” (Rom. 1:11, 12) Uwundi mushiki wacu yamaze imyaka itari mike akora ubutsimvyi yavuze ku bijanye n’abatsimvyi bo mw’ishengero arimwo ati: “Barakora cane badahagarika. Igihe abandi babemereye kubunguruza babajana mu busuku, igihe babatumiye ngo basangire udufungurwa, igihe babahaye udufaranga dukeyi tw’igitoro canke babafashije mu bundi buryo, barabikenguruka. Birabereka ko babitwararika vy’ukuri.”

9, 10. Ni ibiki bamwebamwe bakoze kugira bafashe abatsimvyi bo mw’ishengero ryabo?

9 Woba wipfuza gufasha abatsimvyi mu busuku? Umutsimvyi umwe yitwa Bobbi yavuze ati: “Turakeneye gufashwa cane hagati mu ndwi.” Uwundi mutsimvyi wo muri iryo shengero, yongeyeko ati: “Biragoye cane kuronka abo mukorana ku muhingamo.” Mushiki wacu umwe akorera kuri Beteli y’i Brooklyn aravugana akamwemwe ibijanye n’umurimo w’ubutsimvyi yaranguye. Yigana ati: “Umuvukanyikazi umwe yari afise umuduga yambwiye ngo ‘Igihe cose uzoba ubuze uwo mukorana, uzoce unterefona tujane.’ Iyo ataba we mba naratanye n’akabando.” Uwitwa Shari na we avuga ati: “Abatsimvyi batubatse akenshi baba ari bonyene iyo bavuye mu busuku. Woshobora rimwe na rimwe kubatumira mu gusenga kwanyu kwo mu muryango. Kwifatanya na bo mu bindi bikorwa na vyo nyene birabafasha kuguma bakomeye mu vy’impwemu.”

10 Mushiki wacu umwe aramaze imyaka nka 50 mu murimo w’igihe cose. Atereje amaso inyuma akibuka ukuntu yakoranye ubutsimvyi n’abandi bashiki bacu batubatse, avuga ati: “Abakurambere bacu wasanga bagendera abatsimvyi uko haciye amezi nk’angahe. Baratubaza ibijanye n’amagara yacu be n’akazi k’umubiri, bakanatubaza nimba hari ibindi bituraje ishinga. Mu vy’ukuri babikora bivuye ku mutima. Baraza aho twaba kugira barabe ko twoba dukeneye gufashwa.” Ivyo vyoshobora kukwibutsa ukuntu Paulo yakengurutse ivyo umugabo umwe w’i Efeso yamukoreye naho yari atunze umuryango.2 Tim. 1:18.

11. Umutsimvyi adasanzwe asabwa iki?

11 Amashengero amwamwe usanga yifitiye abatsimvyi basanzwe. Benshi muri abo bene wacu na bashiki bacu barihatira kumara amasaha 130 ku kwezi bari mu busuku. Kubera uwo mwanya bamara mu busuku bongera bafasha mu bundi buryo, nta mwanya baronka wo gukora akazi. Ibiro vy’ishami birabaronsa agafashanyo gatoyi buri kwezi kugira bashobore kwitunira ku busuku.

12. Abakurambere be n’abandi boshigikira gute abatsimvyi badasanzwe?

12 Twoshigikira gute abatsimvyi badasanzwe? Umukurambere umwe wo ku biro vy’ishami akunda kuyaga na benshi muri bo, asigura ati: “Abakurambere barakwiye kuyaga na bo, bakarondera kumenya ukuntu ivyabo vyifashe, gutyo bagaca bamenya ukuntu bobashigikira. Ivyabona bamwebamwe biyumvira yuko abatsimvyi badasanzwe bitwararikwa muri vyose kubera ko baronka agafashanyo, mugabo abavukanyi bo mw’ishengero barimwo barashobora kubafasha mu buryo bwinshi.” Cokimwe n’abatsimvyi basanzwe, abatsimvyi badasanzwe barabikenguruka iyo baronse abo bakorana mu busuku. Woba wofasha muri ubwo buryo?

UKUNTU TWOSHIGIKIRA ABACUNGEZI B’IMIZUNGURUKO

13, 14. (a) Ni igiki tudakwiye kwibagira ku bijanye n’abacungezi b’imizunguruko? (b) Wokora iki kugira ushigikire abari mu gikorwa co kugendera amashengero?

13 Abacungezi b’imizunguruko n’abakenyezi babo akenshi babonwa ko ari abantu bakomeye mu vy’impwemu. Ivyo ni ko biri, ariko na bo nyene barakeneye ababaremesha, abifatanya na bo mu busuku n’ababatumira mu biringo vyo kwisamaza biri ku rugero. Bite ho mu gihe barwaye canke bari mu bitaro, kumbure bakaba bakeneye kubagwa canke kuvurwa mu bundi buryo? Ese ingene bibaremesha igihe bene wacu na bashiki bacu babafashije mu vyo bakeneye bakongera bakabitwararika. Niwibaze ukuntu wa “muganga mukundwa” Luka yandika igitabu c’Ivyakozwe n’intumwa, ashobora kuba yaritwararika cane Paulo n’abandi bari bafatanije urugendo.Kol. 4:14; Ivyak. 20:5–21:18.

14 Abacungezi b’imizunguruko n’abakenyezi babo barakeneye abagenzi babakunda kandi babaremesha. Umucungezi w’umuzunguruko umwe yanditse ati: “Abagenzi banje umenga baramenya igihe mba nkeneye indemesho. Barambaza utubazo tugaragaza ugutahura, kandi ivyo biramfasha kubabwira ibindaje ishinga. Kuba gusa bantega yompi biramfasha cane.” Abacungezi b’imizunguruko n’abakenyezi babo barakenguruka cane igihe umwe wese muri bene wacu na bashiki bacu abitwararitse.

UKUNTU TWOFASHA ABANYABETELI

15, 16. Kubera iki igikorwa Abanyabeteli hamwe n’abakorera ku Ngoro z’amateraniro barangura gihambaye, kandi twobashigikira gute?

15 Hirya no hino kw’isi, abakorera kuri Beteli no ku Ngoro z’amateraniro barashigikira cane igikorwa c’Ubwami mu bihugu bihagarikiwe n’ibiro vy’ishami bakukira. Nimba mw’ ishengero ryanyu canke mu muzunguruko wanyu hari Abanyabeteli, wokwerekana gute ko ubibuka?

16 Igihe ari bashasha muri Beteli, boshobora gukumbura ab’iwabo kubera baba barasize imiryango yabo n’abagenzi bikundira. Ese ukuntu bakenguruka igihe abandi Banyabeteli be n’abo mw’ishengero ryabo rishasha babagize abagenzi! (Mrk. 10:29, 30) Urutonde rwabo rw’ibikorwa ruratuma baronka akanya ko kwitaba amakoraniro no kugira uruhara mu busuku buri ndwi. Ariko rero, vyoshobora gushika Abanyabeteli bakagira ibikorwa vyiyongereye. Biraba vyiza igihe amashengero atahura ico kintu kandi akerekana ko aha agaciro abo Banyabeteli be n’igikorwa barangura.Soma 1 Abatesalonika 2:9.

UKUNTU TWOFASHA ABASUKU B’IGIHE COSE BAKORERA MU BINDI BIHUGU

17, 18. Ni ibikorwa ibihe abasukurira mu bindi bihugu barangura?

17 Abemera kuja gukorera mu bindi bihugu vyoshobora kuba ngombwa ko bafungura ibindi bifungurwa, biga urundi rurimi, bisunga iyindi mico kama canke bakabaho mu buryo batari bamenyereye. Ni ibiki none baba bagiye gukorayo?

18 Bamwe ni abamisiyonari, umwanya munini bakaba bawumara mu busuku aho abandi benshi bashobora kwungukira ku kumenyerezwa kudasanzwe baronse. Ibiro vy’ishami birabaronsa uburaro bubayabaye hamwe n’agafashanyo kugira bironse ivya nkenerwa. Abandi bararungikwa mu bindi bihugu kugira bakorere ku biro vy’ishami kanaka canke bafashe mu bwubatsi bw’inyubakwa z’ishami, mu biro vy’ubuhinduzi biri ukwa vyonyene, mu vy’Ingoro z’amateraniro canke z’Ubwami. Bararonswa ibifungurwa, uburaro bubayabaye n’ibindi. Cokimwe n’Abanyabeteli, baritaba amakoraniro badahorereza bakagira n’uruhara mu busuku mu karere baba barimwo, amashengero akaba rero abungukirako cane.

19. Ni igiki dukwiye kugumiza ku muzirikanyi ku bijanye n’abakorera mu bindi bihugu?

19 Ushobora gute kugumiza ku muzirikanyi abo basuku b’igihe cose? Uribuka yuko vyoshobora kubagora kumenyera ibifungurwa kavukire bimwebimwe, na canecane mu ntango. Ivyo urashobora kuvyitwararika igihe ubatumiye ngo musangire udufungurwa. Woshobora kubanza kubabaza ivyo boshima canke bogerageza gufungura. Nubihanganire igihe bariko bariga ururimi rwo ng’aho be n’imico kama yaho. Vyoshobora gusaba igihe kugira batahure ivyo uvuga, mugabo urashobora kubigisha kwatura amajambo ubigiranye umutima mwiza. Barashashaye kumenya.

20. Ni mu buryo bwiza ubuhe dushobora kwibuka abasuku b’igihe cose n’abavyeyi babo?

20 Abasuku b’igihe cose barasaza, kandi n’abavyeyi babo ni uko. Igihe abo bavyeyi ari Ivyabona, hari aho baba bipfuza cane yuko abana babo baguma mu mirimo barimwo. (3 Yoh. 4) Ego ni ko, abasuku b’igihe cose barakora ivyo bashoboye vyose mu gihe abavyeyi baba bakeneye kwitwararikwa kandi baraja kubaraba kenshi gashoboka. Ariko rero, ababa basigaye i muhira boshobora gufasha abari mu murimo w’igihe cose mu kwitanga bagafasha igihe abavyeyi bageze mu zabukuru bakeneye kwitwararikwa. Ntiwibagire yuko abasuku b’igihe cose bafise amabanga akomeye mu gikorwa gihambaye kuruta ibindi vyose kw’isi. (Mat. 28:19, 20) Vyoba none vyoshoboka ko wewe canke ishengero urimwo mugira ico muterereye igihe abavyeyi babo bakeneye gufashwa?

21. Abari mu murimo w’igihe cose biyumva gute igihe abandi babafashije canke babaremesheje?

21 Abaja mu murimo w’igihe cose ntibajayo kugira baronke amahera, ahubwo bajayo kugira bagire ico bahaye Yehova hamwe n’abandi. Barakenguruka cane imfashanyo iyo ari yo yose wobaha. Mushiki wacu umwe akorera mu kindi gihugu araserura ukuntu benshi muri bo biyumva, ati: “Igihe abandi bakwandikiye agakete ko gukenguruka, vyonyene birakwereka ko bakuzirikana be n’uko bahimbarwa n’ivyo ukora.”

22. Ubona gute umurimo w’igihe cose?

22 Gukorera Yehova igihe cose ni bwo buryo bwo kubaho buhimbaye kuruta ubundi bwose. Birasaba akigoro, ariko birigisha kandi bivamwo ivyiza. Vyongeye, ni uburyo bwiza bwo kwitegurira umurimo uramba kandi uteye umunezero abasavyi ba Yehova b’abizigirwa bose bazokora igihe Ubwami bw’Imana buzoba buganza. Ese twese ‘twoguma twibuka igikorwa kiva ku kwizera abari mu murimo w’igihe cose barangura be n’ukubira akuya kwabo kuvuye ku rukundo.’1 Tes. 1:3.