Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ibibazo vy’abasomyi

Ibibazo vy’abasomyi

Amajambo ya Dawidi ari muri Zaburi 37:25 be n’amajambo ya Yezu ari muri Matayo 6:33 yoba asobanura ko Yehova atokwigeze areka ngo umukirisu abure ibifungurwa?

Dawidi yanditse ati: “Sinabonye umugororotsi yahebwe buhere, canke uruvyaro rwiwe rusēga umukate.” Ng’aho yari avuze ikintu co muri rusangi afatiye ku vyo yiboneye. Yari azi neza ko Imana yama yitwararika abasavyi bayo. (Zab. 37:25) Ariko rero ayo majambo ya Dawidi ntasobanura ko ata musavyi w’Imana yigeze abura ivya nkenerwa canke azokwigera abibura.

Vyarashitse Dawidi ubwiwe araca mu bihe bigoye. Nk’akarorero, ivyo vyarashitse igihe yariko arahunga Sauli. Dawidi yari yakehaniwe ibifungurwa, aca arisabira umukate awusabira n’abo bari kumwe. (1 Sam. 21:1-6) Ico gihe rero, Dawidi yariko ‘arasēga umukate.’ Yamara muri ico gihe kitoroshe, yari azi yuko Yehova atari yamuhevye. Ikizwi co ni uko ata na hamwe handitswe ko Dawidi yabwirijwe gusegerereza kugira aronke ibimubeshaho.

Muri Matayo 6:33, Yezu adukura amazinda yuko abasavyi b’Imana b’abizigirwa bashira ivy’Ubwami imbere mu buzima izobaronsa ivyo bakeneye. Yezu yavuze ati: “Gume rero mubanza kurondera ubwami n’ubugororotsi bw’Imana, ivyo bindi vyose na vyo [ushizemwo ibifungurwa, ibinyobwa n’ivyambarwa] muzovyongerwa.” Ariko rero, Yezu yarerekanye kandi ko ‘bene wabo’ vyoshitse bagasonza kubera uruhamo. (Mat. 25:35, 37, 40) Ivyo vyarashikiye intumwa Paulo. Rimwe na rimwe yarasonza kandi akanyoterwa.2 Kor. 11:27.

Yehova atubwira yuko tuzohamwa mu buryo butandukanye. Yoshobora kureka tukabura ivyo dukeneye kugira tugire uruhara mu kwishura vya birego Shetani yavyura. (Yobu 2:3-5) Abakirisu bagenzi bacu bamwebamwe, nk’akarorero abapfungiwe mu makambi y’itunatuniro y’Abanazi, barashikiwe n’amakuba akomeye kubera uruhamo. Bumwe mu buryo Shetani yakoresheje arondera gusenyura ugutungana kw’ivyo Vyabona kwari ukubima ibifungurwa. Ivyabona b’abizigirwa bagumye bagamburukira Yehova kandi ntiyabahevye. Yararetse barashikirwa n’ico kigeragezo, nk’uko nyene areka abakirisu bose bagashikirwa n’ibigeragezo bitandukanye. Ariko rero, nta gukeka ko Yehova ashigikira abo bose bashikirwa n’ingorane bahorwa izina ryiwe. (1 Kor. 10:13) Turashobora gufata nkama amajambo ari mu Bafilipi 1:29 agira ati: “Mwatewe agateka ku bwa Kristu, atari ako kumwizera gusa, ariko n’ako gucumukura ku bwiwe.”

Yehova asezerana ko azoba hafi y’abasavyi biwe. Nk’akarorero muri Yesaya 54:17 havuga hati: “Ikirwanisho ico ari co cose kizocurirwa kukurwanya ntikizororanirwa.” Uwo muhango hamwe n’iyindi isa n’uwo ni ikimenyamenya c’uko abasavyi b’Imana uko bagize umugwi bazokwiberaho ata nkomanzi. Yamara rero, umukirisu ku giti ciwe yoshobora gushikirwa n’ibigeragezo, mbere no gupfa akaba yopfa.